Adventist Pioneer
Library
aplib.orgLibrary
Table of Contents
01 / 31
01 / 31

Ijambo ry’ibanze

John Norton Loughborough

GSAM 3.1HARI ibitabu vyinshi vy’ingirakamaro bisanzwe biri mu minwe y’abantu. Igituma ndabongerako ikindi ni uko muri izi mpapuro mvuga ibintu vyinshi vyerekeye Abadiventiste, na canecane Abadiventiste b’umusi w’indwi, bitari bwigere bishikirizwa abantu muri ubu buryo. Vyongeye, benshi bemeye iki gikorwa mu myaka yakurikiye, batiboneye ivyo bintu bivugwa, barasavye bashimitse ko abatanguriye abandi muri ico gikorwa bobiganira ivyo vyabaye n’ivyo baciyemwo. Kubera ko nari nzi umugwi w’abiteze ukugaruka kwa Kristo mu 1843 no mu 1844, kandi nkaba kuva ku wa 2 Nzero 1849 naramenyesheje iyo nyigisho, ubwa mbere ndi Umudiventiste, hanyuma kuva mu 1852 ndi Umudiventiste w’umusi w’indwi, ndabona ko ari umunezero “kuvuga ivyo nabonye kandi numvise.”

GSAM 3.2Narashikirije inkuru yerekeye umugwi w’abiteze ukugaruka kwa Kristo, wakwiragiye kuva mu 1831 gushika mu 1844 mu mahanga yose yateye imbere yo kw’isi.

GSAM 3.3Kuva mu 1845, harabayeho iyindi migwi y’Abadiventiste yamenyesheje, kandi ikibandanya kumenyesha, ko ukuza kwa Kristo kuri hafi. Aho gukurikirana inkuru y’iyo migwi yose, umugambi wanje wabaye uwo kwigana mu buryo burambuye ukuntu Abadiventiste b’umusi w’indwi batanguye n’ukuntu bateye imbere. Nashatse kwerekana canecane uburyo, mu burinzi bw’Imana, bwafashije abantu gutera imbere bavuye mu bukene no mu ntango ntoyi. Naho bari nk’ibihumbi ijana gusa, bamwe mu babarwanya baravuze bati: “Uravye inguvu n’umwete bakorana, wokwiyumvira ko ari imiliyoni zibiri.”

GSAM 3.4Mbere n’abazi gatoya gusa inkuru y’Abadiventiste b’umusi w’indwi barazi ko kuva mu 1845 Madamu E. G. White yagize ikibanza gikomeye muri uwo mugwi, mu kuvuga no mu kwandika. Barazi kandi ko igikorwa ciwe cajanye n’ibikorwa bidasanzwe, ari vyo ngabire. Naratewe iteka ryo kuba mpari no kwibonera ukuntu iyo ngabire ikora nk’incuro mirongo itanu. Muri izi mpapuro nerekanye ubuhanuzi bumwebumwe bushika kuri mirongo ibiri na butandatu, bw’ibintu bitomoye Madamu White yavuze ko bizoba, kandi bwararangutse neza cane.

GSAM 4.1Uretse ivyo niboneye ubwanje, narashikirije n’intahe z’abandi bavyiboneye, zerekeye ivyo baciyemwo. Ibintu nk’ivyo bikwiye kugira uburemere bwinshi ku musomyi w’umutima ugororotse kuruta amajambo avugwa uko abonetse n’abatigeze baba aho ivyo vyabera.

GSAM 4.2Iki gitabu ndagishikirije abasomyi, nizigiye ko, ku bw’umuhezagiro w’Imana, gusoma izi mpapuro bizoba uburyo bwo guteza imbere igikorwa ca Kristo mu mitima ya benshi. Ndizigiye kandi ko bose, mu gusoma, bazokwibuka amajambo Paulo yabwiye Ab’i Tesalonike ati: “Mugerageze vyose; mugumye ivyiza.”

GSAM -J. N. Loughborough. Mountain View, California, ku wa 1 Rusama 1905.

Note

Back