Igice ca 3 — Ukuza kw’Uruvyaro Rwasezeranywe
GSAM 57.1“Igihe cashitse neza, Imana yarungitse Umwana wayo, ... yavukiye munsi y’amategeko, kugira acungure abari munsi y’amategeko, ngo dushobore kwakira ugutorwa kuba abana.”1
GSAM 57.2“None rero, uwushobora kubakomeza nk’uko ubutumwa bwanje n’ukwamamaza kwa Yesu Kristo biri, nk’uko ihishurwa ry’ibanga ryari ryaranyegejwe kuva isi ibayeho, ariko ubu rikaba ryamenyekanye, kandi rikamenyekanishwa mu vyanditswe vy’abahanuzi, nk’uko Imana y’ibihe bidashira yabitegetse, kugira amahanga yose ayumvire mu kwizera: Imana yonyene y’inkerebutsi ni yo ihabwe icubahiro, biciye kuri Yesu Kristo, ibihe bidashira.”2
GSAM 57.3“Mu guhishurirwa ni ho yammenyesheje ibanga; nk’uko nanditse imbere mu majambo make, ... iryo mu bindi bihe ritigeze rimenyeshwa abana b’abantu, nk’uko ubu ryahishuriwe intumwa ziwe n’abahanuzi biwe bera biciye kuri Mpwemu.... Jewe ndi muto kuruta uworoshe mu bera bose, nahawe iyi ngabire, kugira ngamamaze mu mahanga ubutunzi bwa Kristo budashobora gusobanurwa; no kumurikira abantu bose kugira bamenye uko bagabana iryo banga, iryo kuva mu ntango y’isi ryari ryaranyegejwe mu Mana, umuremyi w’ibintu vyose biciye kuri Yesu Kristo.”3
GSAM 57.4Baravuze ko mu Isezerano rya Kera ubutumwa bwiza buba bwihishije; mu Isezerano Rishasha na ho bukahishurwa. Nk’uko uwundi yabivuze ati: “Igihe Abayuda bava ku Mana, ku rugero runini batakaje inyigisho z’imigenzo y’ugusenga. Iyo mirimo yari yashinzwe na Kristo ubwiwe. Muri buri gice yari ikimenyetso ciwe; kandi yari yuzuye ubuzima n’ubwiza bwo mu mpwemu. Ariko Abayuda batakaje ubuzima bwo mu mpwemu mu mihango yabo, baguma ku buryo bwapfuye. Bishingikirije ku bitambo n’amategeko ubwavyo, aho kuruhukira kuri we vyerekeza.”
GSAM 58Kurondera Ubutegetsi bwo ku Isi
GSAM 58.1“Naho Abayuda bipfuza ukuza kwa Mesiya, ntibatahura ubutumwa bwiwe. Ntibarondeye gucungurwa icaha, ahubwo barondeye gukizwa Abaroma. Barindiriye ko Mesiya aza nk’umutsinzi, akamenagura ububasha bw’uwabahahaza, agashira Isirayeli ku butegetsi bwo kuganza amahanga yose. Ni ko inzira yateguriwe yo kwanka Umukiza.
GSAM 58.2“Abantu, mu mwijima no mu gakandamizo barimwo, n’abatware banyotewe ububasha, baripfuza ukuza kw’umwe yokubita abansi babo akagarura ubwami bwa Isirayeli. Bari barize ubuhanuzi, ariko ata gutahura kwo mu mpwemu. Ni co catumye birengagiza ivyanditswe vyerekana ukwicisha bugufi kwa Kristo mu kuza kwiwe kwa mbere, bagakoresha nabi ibivuga icubahiro co kuza kwiwe kwa kabiri. Ubwibone bwabazibije amaso; basigura ubuhanuzi bakurikije ivyipfuzo vyabo vy’ubwikunde.
GSAM 58.3“Abayuda bari bamaze imyaka irenga igihumbi barindiriye ukuza kw’Umukiza. Kuri ico kintu ni ho bari bashingiye ivyizigiro vyabo vyiza cane. Mu ndirimbo no mu buhanuzi, mu mihango yo mu rusengero no mu masengesho yo mu ngo, bari barashizemwo izina ryiwe. Yamara aho yazira ntibamumenye. Uwakundwa wo mw’ijuru kuri bo yari ‘nk’umuzi uvuye mu butaka bwumutse;’ nta ‘shusho canke ubwiza’ yari afise; kandi ntibabonye muri we ubwiza bwotumye bamwipfuza. ‘Yaje iwe, ariko abe ntibamwakiriye.’”4
GSAM 58Wo mu Ruvyaro rwa Dawidi
GSAM 58.4Igihe Daniyeli yari yaravuze c’uko “Mesiya Umuganwa”—Uwasizwe—yogaragaye carashika hafi, Abayuda bari gushobora kwiyumvira, kandi nta nkeka ko ari ko babigize, bati: Mesiya mu mubiri azoba uwo mu nzu no mu muryango wa Dawidi, rero ivuka ryiwe ritegerezwa kuba muri uwo muryango; kandi nk’uko amategeko n’imigenzo vy’Abayuda bitegekanya, ategerezwa gusigwa amavuta ngo akore umurimo wa rusangi ku myaka mirongo itatu; nimba azoseruka nk’uwasizwe kuri iyo myaka, ivuka ryiwe ritegerezwa kuba hasigaye imyaka mirongo itatu ngo indwi mirongo itandatu n’icenda z’imyaka zirangire, izo zikaba zishikana ku kuza kwa Mesiya.
GSAM 59Ubuhanuzi bwa Simeyoni na Ana
GSAM 59.1Muri ico gihe, Isirayeli yose yari yiteze. Abiga Ivyanditswe babigiranye umwete n’ukwiyegurira Imana barindiriye ukuvuka kw’uwobabera Umutware n’Umutegetsi. Simeyoni yari ashaje kandi yubaha Imana, ahishurirwa “na Mpwemu Yera ko atazobona urupfu atarabona Kristo w’Umwami.”5
GSAM 59.2Igihe Umukiza akiri uruhinja yazanwa mu rusengero, Simeyoni amenya ko uwo mwana ari we bavuze—Kristo. “Amuterura mu maboko yiwe, ahezagira Imana, avuga ati: Mwami, none urarekuriye umusavyi wawe kugenda amahoro, nk’uko ijambo ryawe riri; kuko amaso yanje abonye agakiza kawe, wateguriye amaso y’abantu bose: umuco wo kumurikira amahanga, n’ubwiza bw’abantu bawe Isirayeli....
GSAM 59.3“Simeyoni ahezagira bo [Yozefu na Mariya], abwira Mariya nyina ati: Raba, uyu mwana yashizweho ngo abatari bake muri Isirayeli bagwe bongere bahaguruke; kandi ngo abe ikimenyetso kizovugwa nabi (mbega, inkota izocumita no mu mutima wawe), kugira ivyiyumviro vyo mu mitima myinshi bihishurwe.
GSAM 59.4“Hariho na Ana umwe, umuvugishwa w’Imana, umukobwa wa Fanueli, wo mu muryango wa Asheri.... Na we ashika muri uwo mwanya, na we ashimira Umwami, avuga ibimwerekeye ku bantu bose barindiriye gucungurwa i Yerusalemu.”6
GSAM 59Abamarayika Basura Abungere
GSAM 59.5Mbere y’ivyo, inkuru nziza y’ukuvuka kw’Umukiza yari yatangajwe n’abamarayika ku bungere bari mu biyaya vya Betelehemu. Mu matwi y’abungere bari bateze amatwi, abamarayika baririmbye aya majambo aryoshe:—
GSAM 60Abanyabwenge Basura Betelehemu
GSAM 60.2Hanyuma haza abanyabwenge bavuye mu Buseruko bari babonye “inyenyeri iraseruka,” nk’uko Balamu yari yarabivuze. Bakurikije ubuyobozi bwayo bashika i Yerusalemu, aho vyabaye ngombwa kubaza ivy’Umwami yari amaze kuvuka. Bamaze kumenyeshwa ko Betelehemu ari ho Uwipfuzwa yovukiye, barabandanya urugendo; inyenyeri yongera kuboneka ibayobora ng’aho, ibashikana ahantu haciye bugufi aho Umukiza yari aryamye. Ng’aho barasenga Umwana wera, bamushikiriza inzahabu, imibavu n’imira, hanyuma bafata urugendo rurerure rwo gusubira iwabo.
GSAM 60Umukiza ku Myaka Cumi n’Ibiri
GSAM 60.3Kuva mu bwana gushika ku myaka cumi n’ibiri, nta vyinshi vyanditswe kuri Kristo Umukiza, kiretse ko yakura mu bukerebutsi no mu gihagararo, kandi akagamburukira abavyeyi biwe. Ariko ku myaka cumi n’ibiri, amaze kujana na Yozefu na Mariya i Yerusalemu kwitaba umusi mukuru w’umwaka, yatangaje abaherezi n’ubumenyi bwerekanwa mu bibazo yababaza no mu bisubizo yahaye ibibazo vyabo bigoye. Kuva ico gihe gushika atanguye ibikorwa vyiwe vya rusangi, yubahishije umurimo wicisha bugufi wo kubaza, akorana na Yozefu umugabo wa Mariya.
GSAM 60Ubutumwa bwa Yohana Umubatiza
GSAM 60.4Mu mezi atandatu imbere y’uko atangura igikorwa ciwe ca rusangi, ubutumwa bwa Kristo bwatangajwe na Yohana Umubatiza. Abantu baza ari amasinzi menshi kumwumva no kubatizwa na we. Kubera ko bari “biteze [bari biteze ukuza kwa Mesiya] kandi abantu bose bakibaza [“bagaharira canke bakaganira,” nk’uko biri ku ruhande] mu mitima yabo kuri Yohana, ko ari Kristo canke atari we; Yohana arabishura ati: Jewe ndababatiza amazi; ariko haza uwundusha ububasha, uwo ntakwiriye no kubohora umugozi w’inkweto ziwe: azobabatiza Mpwemu Yera n’umuriro: afise urutaro mu kuboko, kandi azokubura neza imbuga yiwe, akegeranya ingano mu bubiko bwiwe; ariko imishishi azoyiturira umuriro utazima.”7
GSAM 61Yesu Arabatizwa
GSAM 61.1Igihe Yohana yariko arakora umuhango w’umubatizo, yabonye Yesu aza kuri we ngo abatizwe, avuga ati: “Raba Umwagazi w’Imana ukuraho icaha c’isi.... Yohana atanga intahe ati: Nabonye Mpwemu amanuka ava mw’ijuru asa n’inuma, aguma kuri we. Jewe sinari ndamuzi; ariko uwandungitse kubatiza amazi ni we yambwiye ati: Uwo uzobonako Mpwemu amanuka akaguma kuri we, ni we abatiza Mpwemu Yera. Narabibonye, ntanga intahe yuko uyu ari Umwana w’Imana.”8
GSAM 61Ijwi Rituruka mw’Ijuru
GSAM 61.2Ubumesiya bwa Kristo ntibwemejwe gusa n’ukumanuka kuboneka kwa Mpwemu Yera mu mubiri usa n’inuma, ariko kandi n’ijwi ryavuye mw’ijuru. Mu butumwa bwa Matayo dusoma duti: “Yesu amaze kubatizwa aca arasohoka mu mazi, maze ijuru riruguruka, abona Mpwemu w’Imana amanuka asa n’inuma, amugwako; kandi ijwi riva mw’ijuru rivuga riti: Uyu ni Umwana wanje nkunda, ndamuhimbarira.”9
GSAM 61.3Naho “Yohana ata gitangaza yakoze,” abantu babonye ububasha bukomeye bwaherekeza umurimo wa Kristo, babwirizwa kuvuga bati: “Ivyo vyose Yohana yavuze kuri uyu muntu vyari ukuri.”10
GSAM 61Kristo Yasizwe Nk’uko Amategeko Abitegekanya
GSAM 61.4Mu bijanye n’inyandiko ya Luka ku mubatizo no gusigwa kumwe na Mpwemu Yera mu buryo bw’inuma, dusoma duti: “Yesu ubwiwe yatanguye kugira nk’imyaka mirongo itatu.”11
GSAM 62.1Inyuma y’uko Umwami wacu amara imisi mirongo ine yisonzesha, akageragezwa bikomeye na wa Murwanizi mu bugaragwa, ivyo vyakurikiye ubwo nyene umubatizo wiwe, “yaje i Nazareti, aho yari yararezwe; nk’uko yari amenyereye, yinjira mw’isinagogi ku musi w’Isabato, arahaguruka ngo asome.... Mpwemu w’Umwami ari kuri jewe, kuko yansize amavuta ngo mbwire aboro ubutumwa bwiza.... Atangura kubabwira ati: Uyu musi iki canditswe kirarangutse mu matwi yanyu.”12
GSAM 62Igihe Carashitse
GSAM 62.2Mariko, mu kwandika ivyo nyene vyabaye, avuga ati: “Igihe carashitse, ubwami bw’Imana buri hafi: mwihane kandi mwemere ubutumwa bwiza.”13 Igihe cari caravuzwe ko Uwasizwe azoseruka cari cashitse. Gusigwa na Mpwemu Yera kwari kwabaye ku mubatizo wiwe, none yari atanguye umurimo wiwe ku gihe no mu buryo abahanuzi bera ba kera bari barabivuze.
GSAM 62Ikimenyamenya Kiboneka c’Ubumesiya bwa Kristo
GSAM 62.3Umurimo wa Kristo waherekejwe n’ibitangaza vyama bikorwa, ivyo ku bantu, naho batashobora gutahura neza imigani n’amajambo yiwe, vyari ikimenyamenya kiboneka c’uko yari Immanueli, canke ko “Imana yari kumwe na we.”14 Muri ivyo bitangaza, Kristo yahaye isi ikimenyamenya c’ububasha bw’Imana muri we, ariko kandi ayereka mu bikorwa kamere y’Imana n’ubuntu bwayo bukundana. Filipo amaze imyaka itatu ahora ari kumwe na Kristo, abonye ibitangaza vyiwe bikomeye, avuga ati: “Mwami, twereke Data, biradukwiye,” Yesu na we amwishura ati: “Noba maze igihe kingana gutya ndi kumwe namwe, ariko ntunzi, Filipo? Uwubonye jewe aba abonye Data: none ni kuki uvuga uti: Twereke Data? ... Mwemere ko ndi muri Data, na Data ari muri jewe; canke nimwemere kubera ibikorwa ubwavyo.”15
GSAM 63Yohana Arayoberwa
GSAM 63.1Naho ku mubatizo wa Kristo Yohana yari yabonye Mpwemu Yera amanuka biboneka, akumva ijwi riva mw’ijuru rivuga ko ari Umwana w’Imana, kandi na we ubwiwe akavuga ko ari “Umwagazi w’Imana ukuraho icaha c’isi,” ibintu vyagenda mu buryo butandukanye n’ivyo yari yiteze, ku buryo ari mu munyororo wiwe w’umwijima yagaragaye afise umubabaro n’ukuyoberwa.
GSAM 63.2“Nka ba bigishwa b’Umukiza, Yohana Umubatiza ntiyatahura kamere y’ubwami bwa Kristo. Yari yiteze ko Yesu yicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi; uko igihe cagendana, kandi Umukiza ntasabe ububasha bw’ubwami, Yohana arayoberwa kandi aragira umubabaro.”16 “Ahamagara babiri mu bigishwa biwe, [arabarungika] kuri Yesu, ati: Mbega ni wewe uwari akwiye kuza? Canke dutegereze uwundi?” “Muri uwo mwanya nyene [Yesu] akiza benshi indwara n’ibyago vyabo, n’abafise impwemu mbi; kandi impumyi nyinshi aziha kubona. Yesu arabishura ati: Nimugende mubwire Yohana ivyo mwabonye n’ivyo mwumvise.”17
GSAM 63.3Vyagoye Abayuda, mbere n’abigishwa, kubona neza ukuri kwinshi Umukiza yavuze, kuko bari bashimangiye cane ukwizera ko Mesiya niyaza azovuna ingata y’Abaroma yari ibaremereye cane, ubwo nyene akagarura ubwami bwa Dawidi, akaganza nk’umwami wo ku isi.
GSAM 63.4Yesu yatanguye kwamamaza avuga ati: “Mwihane, kuko ubwami bwo mw’ijuru buri hafi.”18 Igihe intumwa ziwe cumi na zibiri zarungikwa, zatwaye ubwo butumwa nyene ziti: “Ubwami bwo mw’ijuru buri hafi.”19 Mu nyuma y’umurimo wiwe, igihe mirongo irindwi barungikwa, bari bafise aya majambo: “Ubwami bw’Imana burabegereye.”20
GSAM 64Abantu Batangazwa n’Umurimo wa Kristo
GSAM 64.1Amajambo n’inyigisho bitangaje vya Kristo vyatumye abantu bavuga bati: “Nta muntu yigeze avuga nka uyu muntu.”21 Igihe yakiza umuntu w’impumyi kandi atavuga, “abantu bose baratangara, bavuga bati: Mbega uyu si umwana wa Dawidi?”22 Mu yandi majambo, Mbega uyu si uruvyaro rwa Dawidi, Umukiza yasezeranywe? “Amaze gushika mu gihugu ciwe, abigisha mw’isinagogi yabo, bituma batangara bavuga bati: Uyu muntu yabonye hehe ubu bukerebutsi n’ibi bikorwa bikomeye? Mbega uyu si umwana w’umubaji? Nyina ntiyitwa Mariya? Na bene wabo si Yakobo, Yose, Simoni na Yuda?”23
GSAM 64.2Hafi y’umwaka ugira gatatu w’umurimo wa Kristo, igihe yari mu rusengero yitavye umusi mukuru wo kwegurira Imana urusengero, Abayuda baramukikuza bavuga bati: “Uzodushira mu gukekeranya gushika ryari? Nimba uri Kristo, tubwire ata guca ku ruhande.”24 Mu mwaka wabanje, amaze gukora igitangaza gikomeye co kugaburira abantu ibihumbi bitanu akoresheje “imigati itanu ya sayiri n’udufi tubiri,” “amenya ko bagiye kuza kumufata ku nguvu ngo bamugire umwami, [ni co gituma] asubira ku musozi.”25
GSAM 64Kristo Yigisha Abigishwa biwe Urupfu rwiwe
GSAM 64.3Mu kwigisha abigishwa biwe, Kristo yabishizeko umutima ko abanza gukuraho iciyumviro c’ubwami bwo ku isi bwoca butangura, akabereka ko ategerezwa gupfa no kuzuka, akagenda hanyuma akagaruka. Ni co catumye ababaza ati: “None nimwabona Umwana w’umuntu aduze aho yari ari ubwa mbere, bizomera gute?”26 Amaze kubategeka “kutagira uwo babwira ko ari Yesu Kristo,” dusoma duti: “Kuva ico gihe Yesu atangura kwereka abigishwa biwe ko ategerezwa kuja i Yerusalemu, akababazwa n’abashingantahe, abakuru b’abaherezi n’abanditsi, akicwa, akazurwa ku musi ugira gatatu. Petero aca amukwegera ku ruhande, atangura kumuhana avuga ati: Ntibikabe kuri wewe, Mwami; ivyo ntibizogushikeko.”27
GSAM 65.1Muri uwo mwanya nyene yababwiye ko hari bamwe bari bahagaze ng’aho batopfuye batarabona Umwana w’umuntu aza mu bwami bwiwe.28 Haciye nk’imisi umunani, ubwo buhanuzi buraranguka; intumwa Petero yerekeza kuri iryo “iyerekwa” rya Kristo aza mu bwami bwiwe nk’ikimenyamenya c’uko ukugaruka kwa kabiri kwa Kristo nyakuri kuzoba mu gihe kizoza.29
GSAM 65.2Igihe kimwe Kristo n’abigishwa biwe bari i Galilaya, Yesu arababwira ati: “Umwana w’umuntu azotangwa mu maboko y’abantu; bazomwica, kandi ku musi ugira gatatu azozuka. Barababara cane.”30 Yamara ntibashobora gutahura, ngo bumve ico yashaka kuvuga, kuko naho yariko aragerageza gushimangira mu bwenge bwabo ukuri guhambaye kw’urupfu n’izuka ryiwe, bo bariko baraharira hagati yabo ngo ni nde azoba mukuru mu bwami bwo mw’ijuru.31
GSAM 65.3Ikindi gihe Petero abwira Yesu ati: “Twararetse vyose, turagukurikira; none tuzogira iki? Yesu arababwira ati: Ndababwire ukuri, mwebwe mwankurikiye, mu gihe co gusubira kuremwa, Umwana w’umuntu niyicara ku ntebe y’ubwami bw’ubwiza bwiwe, namwe muzokwicara ku ntebe cumi na zibiri, mucire imanza imiryango cumi n’ibiri ya Isirayeli.”32 Ariko iciyumviro c’ubwami bwari bugiye gushingwa vuba ni co cari kiganje cane mu bwenge bwabo, maze nk’abantu basanzwe, batangura kurondera ikibanza co hejuru muri ubwo bwami.
GSAM 65.4Hanyuma haza nyina w’abahungu ba Zebedayo, Yakobo na Yohana, yuzuye ukwipfuza ubukuru, asaba Kristo ko abahungu biwe bahabwa ibibanza bikomeye—umwe iburyo, uwundi ibubamfu bw’intebe yiwe; canke kumbure umwe akabe umushikiranganji wa mbere, uwundi umunyamabanga wa Leta. Ariko Kristo arababwira ata guca ku ruhande ati: “Ntimwuzi ico musaba.”33
GSAM 66Kwinjira i Yerusalemu mu Ntsinzi
GSAM 66.1Haciye igihe gito ivyo bibaye, haba ikintu gikomeye kandi giteye ubwoba. Lazaro yarazuwe mu mva, uwari amaze imisi ine apfuye. Ico gitangaza gikomeye carakangura abantu kirabatangaza cane, ku buryo Abafarisayo bagira ubwoba; baca bahamagaza inama hamwe n’abaherezi, kandi mu vyiyumviro vyabo barabaza bati: “Tugire dute? Uyu muntu akora ibitangaza vyinshi. Nitumureka gutya, abantu bose bazomwizera; Abaroma baza kudutwara ikibanza cacu n’ihanga ryacu.”34 Mu gihe ububasha bwa Satani bwo hasi bwafata abatari bake barondera kurandura Kristo, ububasha buvuye hejuru bwo bwakoresha isinzi kugira rimuninahaze kandi bushitse ivyo bari baramuvuzeho.
GSAM 66.2Kuri wa musi twavuze haruguru, abantu basohoka ari benshi, atari ukugira gusa babone Yesu, ariko no kubona Lazaro uwo yari yarazuye mu bapfuye. Kuri bo vyasa n’ukuri kutagiramwo amakenga ko Yesu ari umwami bari bamaze igihe kirekire biteze; igihe bahura na we aza i Yerusalemu yicaye ku mwana w’indogoba, amajambo y’Ivyanditswe arabibutsa cane ati: “Ntutinye, mukobwa wa Siyoni: raba, umwami wawe araje, yicaye ku mwana w’indogoba.”35 Muri iryo sinzi rinini havuga induru ikomeye y’intsinzi, bihagarika cane umutima Abafarisayo b’imitima ikonje kandi b’abanyamayeri. Baravugana bati: “Mubona ko ata co muriko murashikako? Raba, isi yose yamukurikiye.”36 Igihe bamusaba ko ahagarika iyo nduru, arabishura ati: “Ndababwira ko aba nibaceceka, amabuye aca asemerera.”37 Umwami yari yaravuze kuri uwo musi ati: “Nimusemerere,” kandi abantu iyo batashitsa ijambo ryiwe, yari gushira ijwi mu mabuye yo mw’ibarabara, na yo agasemerera; kuko ijambo ryiwe ritegerezwa gushitswa.
GSAM 66Kristo Kugenda no Kugaruka Nanone
GSAM 66.3Umukiza wacu ntiyashatse gusa kuyobora ivyiyumviro vy’abigishwa ku vy’uko yari agiye gupfa no kuzuka, ariko yashaka no kubigisha ko ubwami butoza atabanje kugenda no kugaruka. Ku vyerekeye ukubambwa kwiwe, yavuze ati: “Nanje ni naduzwa hejuru nkava kw’isi, nzokwiyegereza abantu bose. Ivyo yabivuze yerekana urupfu yari agiye gupfa. Abantu baramwishura bati: Twarumvise mu vyagezwe yuko Kristo aguma ibihe bidashira; none uvuga ute ngo Umwana w’umuntu ategerezwa kuduzwa hejuru? Uwo Mwana w’umuntu ni nde?”38
GSAM 67.1Kugira ngo yinjize neza mu bwenge bw’abigishwa ko yari agiye kugenda no kugaruka, imbere y’uko ubwami bwiwe bushirwaho kw’isi, yavuze ati: “Bana bato, hasigaye akanya gato ndi kumwe namwe. Muzondondera; kandi nk’uko nabwiye Abayuda nti: Aho ngiye ntimushobora kuza; ni ko ndababwira ubu. ... Simoni Petero aramubaza ati: Mwami, ugiye hehe? Yesu aramwishura ati: Aho ngiye ntushobora kunkurikira ubu; ariko uzonkurikira hanyuma.”39 Hanyuma ahumuriza imitima yabo yari yuzuye amaganya n’intuntu, ababwira ati: “Ntimureke imitima yanyu ihagarike umutima: mwizera Imana, nimwizere nanje. Mu nzu ya Data harimwo amazu menshi; iyo bitaba bityo, mba nabibabwiye. Ngiye kubategurira ahantu. Kandi ni nagenda nkabategurira ahantu, nzogaruka ndabajane iwanje, kugira ngo aho ndi namwe abe ari ho muba.”40
GSAM 67Umugani w’Umukomangoma
GSAM 67.2Umukiza yongeye kugerageza gukosora iciyumviro kitari co c’uko ubwami bwari bugiye kuboneka ubwo nyene, akoresheje uyu mugani igihe we n’abigishwa bariko baraduga i Yerusalemu: “Hariho umukomangoma yagize urugendo aja mu gihugu ca kure kugira ngo ahabwe ubwami, hanyuma agaruke. Ahamagara abashumba biwe cumi, abaha amahera cumi yitwa mina, arababwira ati: Muyakoreshe gushika ngarutse. ... Nuko bimara kuba, agarutse amaze guhabwa ubwami, ategeka ko abo bashumba yaha amahera bahamagarwa imbere yiwe, kugira ngo amenye inyungu umwe wese yaronse mu kudandaza.”41 Muri uyu mugani, Umwami yigereranya n’uwo mukomangoma. Yari agiye kujayo mu gihugu ca kure—kwa Se—hanyuma ahabwe ubwami, imbere yo kugaruka kuganza.
GSAM 68.1Mu kwishura ikibazo c’abigishwa bati: “Ikimenyetso c’ukuza kwawe n’ic’iherezo ry’isi kizoba iki?”42 Umukiza yabahaye urutonde rw’ibintu vyari bigiye kuba muri ya marushwa akomeye yari agiye gushika kw’ishengero, hamwe n’ibimenyetso vyategekanijwe. Ivyo bimenyetso nivyaboneka, bobimenya ko ukuza kwiwe kwegereje, mbere ko ari ku muryango, kandi ko urunganwe rwobibonye rutokwigeze ruvaho mu bikorwa vy’isi ataraza.43
GSAM 68Yahebwe n’Abigishwa Bose
GSAM 68.2Ariko naho Kristo yari amaze guha intumwa inyigisho zose ku vyerekeye urupfu rwiwe n’ugucishwa bugufi kwiwe, ntibashoboye na gato gutahura ukuri yari yabigishije ku gucirwa urubanza kwiwe no ku kubambwa kwiwe. Ukutahura kwabo ukuri kwari guke cane ku buryo igihe ikigeragezo cashika, ivyizigiro vyabo vyarapfuye, bose “baramuta barahunga.”44 Mbere na Petero, uwo Petero yaguma afise umwete, yari yaravuze n’icizere cinshi ko naho abantu bose bomuta we atokwigeze amuta; ariko haciye amasaha makeyi, ahakana Umwami wiwe, ararahira avuga ko atamuzi. Kuba batatahura neza amajambo y’Umwami avuga ko ku musi ugira gatatu inyuma yo kubambwa kwiwe azozuka mu bapfuye, vyatumye babazanya kandi baja impaka hagati yabo bati: “Kuzuka mu bapfuye bisobanura iki?”45 Nkako, ukwizera kwabo kwari kure cane ku buryo amaze gupfa, umubiri wiwe ugashirwa mu mva nshasha ya Yozefu, bateguye kumusiga umuti wo kubika ikiziga. Ivyizigiro bimaze kubura—bihambwe hamwe na Kristo mu mva—ese uwo musi w’Isabato wari umeze gute ku bigishwa! Imitima yabo yari iremerewe n’intuntu n’ugucika intege, kandi Umukiza w’impuhwe n’imbabazi, ubuzima bwiwe bwari bwuzuye ibikorwa vy’ubwitonzi n’imbabazi, atari hafi ngo abahumurize kandi abakomeze; ese ukuntu bari bihebuye!
GSAM 69Ibintu Bitangaje vyo mu Gitondo c’Ukuzuka
GSAM 69.1Gitondo c’umusi wa mbere w’indwi kiratambika! Ese uruja n’uruza rwari mw’ijuru no kw’isi! Umumarayika w’inkomezi amanuka avuye mu bwiza aja ku mva ya Yozefu, azanye ubutumwa butegeka Umwana w’Imana kuzuka. “Ehe, haba umutingito ukomeye w’isi; kuko umumarayika w’Umwami yamanutse avuye mw’ijuru, araza akuraho ibuye ryari ku muryango w’imva, yicarako. Mu maso hiwe hari hameze nk’umuravyo, n’impuzu ziwe zera nk’urubura; abarinzi baratinya cane kubera we, baratigita bahinduka nk’abapfuye.”46 “Imibiri myinshi y’abera bari basinziriye yarazutse, iva mu mva inyuma y’ukuzuka kwiwe, yinjira mu gisagara cera, ibonekera benshi.”47 Iyumvire abo bashitsi nk’abo i Yerusalemu, ku miryango y’abagenzi babo, bazanye ubutumwa bw’uko Kristo yabambwe yazutse mu bapfuye, kandi ko na bo nyene yazuye kubera ubushobozi bwiwe kugira ngo bamushingire intahe y’ukuzuka kwiwe. Ese ukuntu abigishwa n’abagore bera bari bagize ibikorwa vyinshi—biruka hirya no hino kubwira abantu inkuru nziza bati: “Yazutse mu bapfuye, kuko twamubonye kandi tukaganira na we!”
GSAM 69Yesu Agendera mu Gihugu
GSAM 69.2“Ehe, babiri muri bo uwo musi nyene baja mu kigwati gito citwa Emawusi, cari ku furulongo mirongo itandatu uvuye i Yerusalemu [amamile indwi n’igice]. Baganira ku vyabaye vyose. Nuko bakiganira kandi bagaharira, Yesu ubwiwe arabegera, agendana na bo. Ariko amaso yabo yari apfutse kugira ngo ntibamumenye. Arababaza ati: Ibi muvugana hagati yanyu ni ibiki, mugihe mugenda kandi mubabaye? Umwe muri bo, yitwa Klewopa, aramwishura ati: Mbega ni wewe wenyene w’umunyamahanga i Yerusalemu utazi ivyahabereye muri iyi misi? Na we arababaza ati: Ibiki? Baramwishura bati: Ivya Yesu w’i Nazareti, uwari umuhanuzi w’umunyabushobozi mu bikorwa no mu majambo imbere y’Imana n’abantu bose; n’ingene abakuru b’abaherezi n’abatware bacu bamutanze ngo acirwe urubanza rwo gupfa, baramubamba. Ariko twari twizigiye ko ari we yari agiye gucungura Isirayeli; uretse n’ivyo vyose, uyu musi ni umusi ugira gatatu ivyo bibaye. Ego cane, n’abagore bamwe bo mu mugwi wacu baradutangaje, kuko bari bazindutse baja ku mva; basanze umubiri wiwe utarimwo, baza bavuga ko babonye n’iyerekwa ry’abamarayika, ababwira ko ari muzima. Bamwe muri twebwe baja ku mva, basanga vyari nk’uko abagore bari babivuze; ariko we ntibamubonye.”
GSAM 70.1“Maze arababwira ati: Yemwe bapfu, n’abateba umutima mu kwizera ivyo abahanuzi bavuze vyose! Mbega Kristo ntiyari akwiye kubabazwa n’ivyo, akinjira mu bwiza bwiwe? Ahera kuri Mose no ku bahanuzi bose, abasigurira mu Vyanditswe vyose ibimwerekeye.”48 Igihe yari agiye gusangira na bo, amanyura umutsima, arasenga, “amaso yabo aruguruka, baramumenya. ... Babwirana bati: Mbega imitima yacu ntiyari iriko iraka muri twebwe, igihe yavugana natwe turi mu nzira, akadusigurira Ivyanditswe?”49
GSAM 70.2Ubu noneho, abigishwa barashobora kubona, inyuma y’uko ico kibazo gisiguriwe neza rwose, ko hari urupfu n’ukuzuka vyari bifatanye n’igikorwa c’Umukiza. Ariko bazobona bate ikibazo c’ubwami bwiwe?
GSAM 70.2“Yiyeretse ari muzima inyuma y’imibabaro yiwe, abibemeza n’ibimenyetso vyinshi bidakekeranywa, abonwa na bo mu misi mirongo ine, ababwira ivyerekeye ubwami bw’Imana; kandi amaze gukoranira hamwe na bo, abategeka kudava i Yerusalemu, ahubwo kurindira isezerano rya Data, iryo yavuze ko mwumvise kuri jewe. Kuko Yohana yabatije mu mazi, ariko mwebwe muzobatizwa muri Mpwemu Yera haciye imisi mikeyi.”
GSAM 71Ubu Woba Ugiye Kugarura Ubwami?
GSAM 71.1“Nuko bamaze gukoranira hamwe, baramubaza bati: Mwami, muri iki gihe ni ho ugiye kugarura ubwami bwa Isirayeli? [nk’aho bovuga bati: Twamenye ko vyari bikenewe ko ubambwa, ukazuka mu bapfuye nk’uko Ivyanditswe bivuga; ariko none ntugiye kugarura ubwami ubu?] Arabishura ati: Si ivyanyu kumenya ibihe canke ibiringo Data yashize mu bubasha bwiwe. Ariko muzohabwa ubushobozi Mpwemu Yera niyabazako, kandi muzoba ivyabona vyanje i Yerusalemu, no mu Yudaya hose, no i Samariya, gushika ku mpera y’isi. Amaze kuvuga ivyo, bariko baramuraba, aduzwa mw’ijuru, igicu kiramukingiriza ntibaba bakimubona. Bakiraramye amaso mw’ijuru uko yagenda, ehe abagabo babiri bahagarara iruhande yabo bambaye impuzu zera; barababwira bati: Yemwe bagabo b’i Galilaya, ni kuki muhagaze muraba mw’ijuru? Uwo Yesu nyene, akuwe hagati yanyu aduzwa mw’ijuru, azogaruka muri ubwo buryo nyene mwamubonye aja mw’ijuru.”50
GSAM 71Yesu Azoguma Mw’ijuru Gushika ku Kugarurwa kw’Ivyose
GSAM 71.2Ubu Umukiza amaze kubasiga, kandi koko bari bamubonye “aduga aho yari ari mbere,” bari bafise icizere c’uko Mpwemu Yera yobigishije ivyerekeye igihe ubwami buzokwizira. Ni co gituma Petero, mu nyigisho yahaye abantu amaze kwakira Mpwemu, yavuze ati: “Azobarungikira Yesu Kristo, uwo bari barababwiye kera, uwo ijuru ritegerezwa kwakira gushika mu bihe vyo kugarurwa kw’ibintu vyose, Imana yavugiye mu kanwa k’abahanuzi bayo bera bose kuva isi ikiremwa.”51
GSAM 71.3Intumwa Petero yarahawe kandi na Mpwemu Yera ukuri kwerekeye isi zitatu: Iya mbere ni iyariho imbere y’umwuzure, yarasambuwe n’amazi; iya kabiri ni iyi si iriho ubu, yabikiwe umuriro—umuriro isi ibitsemo, nk’uko Bibiliya yasubiwemwo ibisoma—uwo muriro uzotuma abantu batubaha Imana bazimira, bagasenyuka kandi bagatikira; iya gatatu ni isi nshasha, “aho ukugororoka kuba”; canke nk’uko bamwe babihindura, “aho abagororotsi bazoba.”52
GSAM 72.1Intumwa Pawulo yarashize ahabona ukuzuka kw’abantu b’Imana, n’uguhinduka kw’abera bayo bose bakava ku vy’apfa bakaja ku bidapfa, “mu kanya nk’ako guhumbya, ku nzamba ya nyuma.” Yabwiye Abakorinto ko Kristo ubu ari ku ntebe y’ubwami ya Se, kandi ko azogumayo gushika abansi biwe bose bamwegukiye. Ni ukuvuga ko azohabwa ubwami—ubwami bwiwe—n’Imana Se, nk’uko vyavuzwe muri Daniyeli 7:13, 14; Zaburi 2:8, 9. Mw’ishengero ry’i Tesalonike yashize imbere ukuza kwa Kristo n’ukuzuka nk’icizere cabo conyene, kandi nk’ivyahumuriza vy’ukuri igihe ababo bakundwa batandukanywa na bo n’urupfu.53
GSAM 72Igihe co Kugaruka kw’Umwami Nticamenyekanye
GSAM 72.2Ishengero ntiryari ryaramanya neza igihe Umwami azogarukira. Igihe intumwa yavuze mw’ikete rya mbere yandikiye Abatesalonika iti: “Twebwe abazoba tukiriho, tugasigara, tuzoterurwa,” abavukanyi baciye batahura ko Kristo azoza bamwe muri bo bakiri bazima. Mw’ikete ryiwe rya kabiri akosora ugutahura kutari kwo kw’ikete ryiwe, ababwira ko “uwo musi utazoshika, kiretse habanje kubaho uguhakana ukwizera, kandi umuntu w’icaha akahishurwa, wa mwana wo kuranduka; uwo arwanya kandi akishira hejuru y’ibitwa Imana vyose, canke bigasengwa.”54
GSAM 72Uguhakana Ukwizera
GSAM 72.3Kandi ishengero ryarasigaye rikabakaba mu mwijima ku bijanye n’igihe c’ukugaruka kwa kabiri kwa Kristo. Abavukanyi bari bamenye ko hazoba uguhakana ukwizera; ariko ikibazo cari ic’igihe bizomara. Inyishu yaje guhabwa Yohana igihe yari mu iyerekwa ku kirwa ca Patimo, mu bimenyetso biri mu bigabane cumi na bibiri n’icumi na bitatu vy’Ivyahishuriwe—“igihe, ibihe n’igice c’igihe,” “amezi mirongo ine n’abiri,” “imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongo itandatu” (imyaka); ariko gushika ico gihe, ikintu cari gushiraho iyo ndambe ndende nticari bwabe. Ni co gituma ishengero ryari rigifise icizere kandi ririndiriye ukuza kwa Kristo ridatahura neza igihe nyaco azobonekera; kuko iryo gihe c’amakuba nikirangira, hazoba hasigaye akanya gato k’amahiganwa n’intsinzi ku “ishengero ry’amasigarira”.55
GSAM 73.1Iyo nyandiko z’Isezerano Rishasha zirangiye, insiguro y’ukugaruka kwa kabiri kwa Kristo irashirwa ahabona neza. Hafi umurongo umwe kuri mirongo itatu yose uravuga mu buryo bumwe canke ubundi ukugaruka kwa kabiri kwa Mwami wacu Yesu Kristo. Ku vyerekeye ivyo, hamwe n’ukuntu ishengero ryagiye rifata ico cizere mu bihe vyose gushika muri iki gihe, Robert Patterson, D.D., yarabivuze mu kinyamakuru citwa Interior, munsi y’umutwe ugira uti “Icizere c’Umugisha,” muri aya majambo:
GSAM 73Igihe c’Imyaka Igihumbi co kw’Isi—Patterson
GSAM 73.2“Igihe Umwami wacu yasiga ishengero ryiwe kw’isi akaja kwa Se, yararisize mu bihe vy’agahinda. Abigishwa biwe amajana atanu bari bakikijwe n’isi yose y’abansi biwe, bari bitunganije mu madini no mu ntwaro birwanya Kristo, bayobowe n’umwe mu banyabwenge bakomeye, batewe n’urwanko rwinshi cane, kandi bigishijwe n’uburambe bw’ibihe vyinshi uburyo bwo gusenya bwiza kuruta ubundi. Umwami ntiyari atazi akaga kacu; kandi mu nsiguro ziwe za nyuma ntiyagapfupfashije, eka ntiyasezeranye ko urwanko rw’isi canke amarushwa y’ishengero vyogabanuka. Ariko yasezeranye ko we nyene azogaruka agasenyura abansi biwe, kandi ko azodushigikira gushika uwo musi w’umugisha. ‘Isi irabanga. Mw’isi muzogira amarushwa. Muzorira muboroge, ariko isi izonezerwa. Muzogira umubabaro, ariko umubabaro wanyu uzohinduka umunezero. ... None namwe ubu murafise umubabaro, ariko nzosubira kubabona, imitima yanyu izonezerwa, kandi nta muntu azobaka umunezero wanyu. Ni nagenda, nzogaruka ndabajane iwanje, kugira ngo aho ndi namwe abe ari ho muba.’
GSAM 74.1“Ico ni co cizere c’umugisha c’ukugaruka kwiwe ubwiwe yahumurijemwo ishengero ryiwe igihe yagenda. Mu gihe cose atariho, yavuze ko dutegerezwa kugira amarushwa; kandi ni ko vyagenze. Nimba mu gihe atariho tworonka akanya k’amahoro yo hanze, nimba ishengero ryiwe rikurwa mu bitero vy’isi, nimba hobaho igihe c’ubweranda aho icatsi kibi kitokurira mu ngano, canke nimba igihe azozira azokwakirwa n’abantu bo kw’isi yuzuye ubwiza bw’Umwami, canke mbere nimba yosanga ukwizera kw’isi, ivyo vyomutangaza cane. Yesu ntiyari azi iyo myaka igihumbi. Turavuga ko atayimenye kuko atatubwiye ibiyerekeye; kandi avuga ati: ‘Nabise abagenzi, kuko ivyo numvise kuri Data vyose nabibamenyesheje.’ Ariko mu nsiguro ziwe zose no mu migani yiwe nta n’akantu na kamwe kerekana ko dukwiye kwitega igihe na kimwe c’amahoro canke ubwiza imbere y’ukuza kwiwe. Intumwa na zo ntizari zizi imyaka igihumbi itarimwo Kristo. Mu myaka amajana atatu inyuma y’ukugenda kw’Umwami wacu, icizere c’umugisha c’ishengero cari icizere c’ukugaruka kwiwe.
GSAM 74.2“Ariko, uko uguhakana ukwizera kwari kwaravuzwe kwagenda gutera imbere, umugeni wa Kristo atangura kwiruhurira mu gihe atariho, yishimira ubugenzi bw’abami b’isi; rero bisanzwe, aca akura amaso yiwe ku kirere co mu buseruko no ku kugaruka kw’Umwami wiwe, kwari kuzosozera ubukuru bwiwe bwo kw’isi. Igihe Abagorozi bashira inzamba y’ubutumwa mu kanwa kabo ... inzozi z’imyaka igihumbi itarimwo Kristo zaciye zikurwaho ubwo nyene, ... ishengero ryongera kuraba ukuza kw’Umwami kugira ngo asenye antikristo.... Mu makete yabo, mu nsiguro zabo no mu vyiyumviro vyabo vy’ukwizera, Abagorozi batangaje ivyizigiro vyabo vy’uko Kristo azoza imbere y’imyaka igihumbi.
GSAM 74.3“Inama y’i Westminster yarangije ukwatura kwayo ukwizera mu kuvuga ukwizera kwayo mu kugaruka kwa kabiri kw’Umwami, mu majambo asigura neza ukwizera kw’abiteze Kristo imbere y’imyaka igihumbi. Bavuga muri aya majambo aremereye bati: ‘Nk’uko Kristo ashaka ko twemera tudakekeranya ko hazoba umusi w’urubanza, kugira ngo abantu bose batinye icaha kandi abagororotsi bahumurizwe mu makuba yabo, ni ko ashaka ko uwo musi utamenyekana ku bantu, kugira ngo bareke ukwiyizigira kwose kwo mu mubiri, bagume bari maso, kuko batazi isaha Umwami azozira; kandi ngo babe biteguye kuvuga bati: Za, Mwami Yesu; kandi wihute!’56
GSAM 75.1“Abakurambere bacu b’Abagorozi barakomeje imitima yabo barindiriye ukuza kw’Umwami, kandi bararemeshanya induru igira iti: ‘Nimugume ku kibuga! Kuko aza azanye ingabo nyinshi zo kudufasha,’ iciyumviro giherutse gushirwa mu ndirimbo izwi cane yo kuvugurura, ariko cari kimenyerewe ku Banyaskoti ba kera bari baragiranye isezerano.
GSAM 75.2“Ariko haciye igihe gito, uguhakana ukwizera kwa kabiri kwadutse mu mashengero y’Abagorozi. Muri Ekose kwitwa Moderatism; mu Bwongereza kwitwa Arianism, hanyuma inyigisho y’Ishengero Ryagutse; muri Amerika kwiyita Unitarianism; mu Budagi na ho Rationalism. Mu gushira ubwenge bw’abantu kuba umucamanza, n’ukwihweza kwacu kwo muri iki gihe kugarukira kuba icabona, no guhakana ko ikintu na kimwe coshobora kuba kitakurikije ingene amategeko y’isi yihwejwe akora, vyagabanije Yesu bimushira ku rugero rw’umwigisha w’Abayuda, yari imbere y’igihe ciwe gatoyi ariko atazi na gato ubumenyi bwa none. Ni co gituma iciyumviro c’uko umuntu nk’uwo yogaruka avuye mw’isi itaboneka akaganza kw’isi cashizwe mu migani y’Abayuda.
GSAM 75Danieli Whitby ku Myaka Igihumbi
GSAM 75.3“Amasezerano y’ukugaruka kwiwe n’ukuganza kw’isi yasiguwe nk’aho ari ugukwiragiza gusa ubutumwa bwiza bwiwe, n’ukuyoboka igice kinini c’isi kikaba Abakristo mu kiringo c’imyaka igihumbi, canke nk’uko bamwe babibona, imyaka 360.000; muri ico gihe abantu bari gutera imbere mu buhinga bw’iterambere ry’imico, bakagira amahoro n’iterambere bitigeze bibaho. Kandi ico kiringo kirekire kirangiye, cari kinini ku buryo ubwenge busanzwe butoshobora kukirangamiza, kumbure hobaho ihinduka rikomeye ry’ibidukikije, maze bakavuga ko Umwami azoza agasenya isi, agahamagara abantu bose ngo bacirwe urubanza. Iyo nyigisho yaratunganyijwe kandi ikwiragizwa n’umusobanuzi w’Umwongereza yitwa Whitby [Danieli Whitby yapfuye mu 1726], uwo amakete yasohoye yerekana ko yari umu-Ariyani, ariko insiguro ziwe zari zizwi mu bantu bo mu mugwi wiwe, kandi imyaka yiwe igihumbi y’imigani yakiriwe neza n’abenshi mu bari mu madini yemewe n’abagenzi b’amashengero ya leta y’i Buraya, kuko yabaha icizere co kumara igihe kirekire baronka icumi n’iteka. Kubera akosho kabo, iyo nyigisho yarazanywe muri Amerika, aho yaciye ikoreshwa nk’ibikoresho vy’amajambo y’ubusa yo ku mbuga no mu majambo yo gusozera.
GSAM 76.1Ivyo ni vyo vyari ivyiyumviro mu mihingo itandukanye y’isi, igihe twegereza umwanya Umwami yarungika imburi ikomeye y’ukuza kwiwe, mbere ko ari “ku muryango.”
Notes
- Abagalatiya 4:4, 5. ↩
- Abaroma 16:25-27. ↩
- Abanyefeso 3:3-9. ↩
- Icipfuzo c’Ibihe, pp. 29, 30-34. ↩
- Luka 2:26. ↩
- Luka 2:28-38. ↩
- Luka 3:15-17. ↩
- Yohana 1:29-34. ↩
- Matayo 3:16, 17. ↩
- Yohana 10:41. ↩
- Luka 3:23. ↩
- Luka 4:16-21. ↩
- Mariko 1:15. ↩
- Ivyakozwe n’Intumwa 10:38; Yohana 3:2. ↩
- Yohana 14:8-11. ↩
- Icipfuzo c’Ibihe, p. 215. ↩
- Luka 7:19-22; Matayo 11:4. ↩
- Matayo 4:17. ↩
- Matayo 10:7. ↩
- Luka 10:9. ↩
- Yohana 7:46. ↩
- Matayo 12:23. ↩
- Matayo 13:54, 55. ↩
- Yohana 10:24. ↩
- Yohana 6:15. ↩
- Yohana 6:62. ↩
- Matayo 16:20-22; Mariko 9:31. ↩
- Matayo 16:28; Luka 9:27. ↩
- 2 Petero 1:16-19. ↩
- Matayo 17:22, 23. ↩
- Matayo 18:1; Mariko 9:33, 34. ↩
- Matayo 19:27, 28; Luka 22:28-30. ↩
- Matayo 20:20-24. ↩
- Yohana 11:47, 48. ↩
- Yohana 12:15. ↩
- Yohana 12:19. ↩
- Luka 19:40. ↩
- Yohana 12:32-34. ↩
- Yohana 13:33-36. ↩
- Yohana 14:1-3. ↩
- Luka 19:11-15. ↩
- Matayo 24:3, ↩
- Matayo 24: Luka 21; Mariko 13. ↩
- Mariko 14:50. ↩
- Mariko 9:10. ↩
- Matayo 28:2-4. ↩
- Matayo 27:52, 53. ↩
- Luka 24:13-27. ↩
- Luka 24:31, 32. ↩
- Ivyakozwe n’Intumwa 1:6-11. ↩
- Ivyakozwe n’Intumwa 3:20, 21. ↩
- 2 Petero 3:5-13. ↩
- 1 Abatesalonika 4:13-18. ↩
- 2 Abatesalonika 2:3, 4. ↩
- Ivyahishuriwe Yohana 12:17. ↩
- Ukwatura Ukwizera, Igice ca 33, ingingo ya 3. ↩