Igice ca 6 — Ubutumwa n’Abatumwa Babwo
GSAM 108.1“Andika iyerekwa, uryandike ku bisate mu buryo butomoye, kugira ngo uwurisoma ashobore kwiruka. Kuko iryo yerekwa ari iryo igihe cashinzwe; ariko kw’iherezo rizovuga, ntirizobesha. Naho ryoteba, uririndire; kuko rizoshika ata kabuza, ntirizoteba.”1
GSAM 108.2“Maze mbona uwundi mumarayika aguruka hagati mw’ijuru, afise ubutumwa bwiza bw’ibihe bidashira bwo kubwira ababa kw’isi, n’amahanga yose, n’imiryango yose, n’indimi zose, n’amoko yose, avuga n’ijwi rirenga ati: Mwubahe Imana, muyihe icubahiro, kuko igihe c’urubanza rwayo gishitse; musenge iyaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasoko y’amazi.”2
GSAM 108.3Abamamaza ukugaruka kwa Kristo bavuga ko iryo “yerekwa” n’igihe caryo “cashinzwe”, vyavuzwe n’umuhanuzi Habakuki, vyarimwo amayerekwa yo mu buhanuzi bwa Daniyeli n’ayo uwanditse Ivyahishuriwe Yohana. Babishira ku bicapo vy’ubuhanuzi bwabo mu buryo butomoye cane, ku buryo uwusoma insobanuro yabyo yashobora vy’ukuri “kwiruka” akabimenyesha abandi.
GSAM 108Ubutumwa Butomoye
GSAM 108.4Ivyo Abadiventiste bamamaza ntivyari gusa ivyo Pawulo yabwiye Feliki, ati: “Ukugororoka, ukwirinda, n’urubanza ruzoba;” eka kandi ntivyari amajambo Martin Luther yavuze ahejeje guhindura Bibiliya mu rundi rurimi, igihe, nk’uko bivugwa, hasigaye igihe gito ngo apfe, yagira ati: “Ndemeza ko urubanza rutari kure; mbere, ko Umwami ubwiwe atazomara iyindi myaka irenga amajana atatu ataraza.” Eka kandi ntivyari amajambo John Wesley yavuze, ko “yiyumvira yuko imyaka igihumbi yoshobora gutangura haciye nk’imyaka ijana.” Abadiventiste bavuga ko bariko baratanga ubutumwa bugereranywa mu Vyahishuriwe Yohana 14:6, 7, ngo: “Igihe c’urubanza rwayo gishitse,” n’ugutaka kwo mu Vyahishuriwe Yohana 10:6, ngo: “Igihe ntikizoba kikiriho.” Ubuhanuzi nk’ubwo ntibwoshobora kuranguka mu gutangaza ikintu “kizoba”, kizoza “mu myaka amajana atatu”, canke “mu myaka ijana”, ahubwo bwerekeye igihe cashinzwe: “gishitse.” Ubutumwa nk’ubwo nyene, butomoye nk’uko ubwo buhanuzi buri aho hejuru bwabisaba, ni bwo Abadiventiste batangarije isi yose.
GSAM 109Urubanza mu Kugaruka kwa Kristo
GSAM 109.1Igihe ubu butumwa bwatangura kwamamazwa, idini ryose rya gikirisu ryemera ko urubanza rwobaye ku kugaruka kwa kabiri kwa Kristo. Ku bw’ivyo, abantu bari muri ivyo bihe, batanga ubutumwa bw’uko igihe c’urubanza gishitse, kandi bafise iyo nyigisho, bategerezwa kwamamaza ukugaruka kwa kabiri kwa Kristo. Mu vy’ukuri, icaha ubutumwa ububasha, kigakora cane ku mitima y’abantu, kwari ugutangaza igihe cashinzwe. Ubwa mbere bavuga ko iherezo ry’isi ryoshitse mu gihe kinaka co mu “mwaka w’Abayuda” wa 1843, kandi ko ico gihe cari hagati ya 21 Ntwarante 1843 na 21 Ntwarante 1844. Ico gihe kimaze kurengana, dusoma mu kinyamakuru Ugutaka kwa mu Gicugu co mu mwaka wa 1844 ko umusi nyawo washinzwe, aho ibihe vy’ubuhanuzi vyoherereye. Wari umusi wa cumi w’ukwezi kwa ndwi kw’Abayuda, wahurirana na 22 Gitugutu 1844.
GSAM 109Guharura Imisi 2300
GSAM 109.2Igihe ca 1843 cari gishingiye ku misi 2300 yo muri Daniyeli 8. Bavuga ko, kubera iyo “misi” yari ifatanye n’ubuhanuzi inyamaswa zagereranya ubwami, “imisi” na yo yategerezwa gukoreshwa nk’ikimenyetso c’imyaka, nk’uko Umwami yasobanuye igihe c’ikigereranyo mu Guharura 14:34 no muri Ezekiyeli 4:5, 6; kandi ko amayinga mirongo indwi, ni ukuvuga imisi 490, yo muri Daniyeli 9, yari igice ca mbere c’imisi 2300, n’uko ivyo bihe vyompi vyatangurira hamwe. Ikintu kivugwa muri Daniyeli 9, caranga intango y’amayinga mirongo indwi, kwari “ugusohoka kw’itegeko ryo gusubizaho no kwubaka Yerusalemu.” Iryo tegeko ryasohotse mu mwaka ugira indwi w’ingoma ya Aritazeruzi Longimanus, mu 457 imbere ya Kristo, nk’uko vyanditswe muri Ezira 7.
GSAM 110.1Ko uwo wari wo mwaka w’ukuri amayinga mirongo indwi yatanguriyeko, vyerekanwa n’uko, haciye amayinga mirongo itandatu n’icenda nyene, ni ukuvuga imyaka 483, guhera mu 457 imbere ya Kristo, canke mu 27 inyuma ya Kristo, Kristo yabatijwe na Yohana agatangura igikorwa ciwe, avuga ati: “Igihe kirashitse,”3 n’ibindi. Itangura ry’igikorwa ca Kristo mu 27 inyuma ya Kristo, ukubambwa kwiwe haciye imyaka itatu n’igice kuva ico gihe, “hagati [mu gice co hagati] mw’iyinga [rigira mirongo indwi]”, iherezo ry’igikorwa kidasanzwe mu Bayuda mu 34 inyuma ya Kristo, n’uguhinduka kwa Sawuli kudatevye, ari we ntumwa ku Banyamahanga, vyemeza ko ayo mayinga mirongo indwi yarangiye muri uwo mwaka, kandi rero ko yatanguye mu 457 imbere ya Kristo. Babiharura uku: muri 2300 kuramwo 457, hasigara 1843. Kubera ko iyo myaka 457 yari imbere ya Kristo, iherezo ry’imisi 2300 rishika kw’iherezo rya 1843.
GSAM 110Ivyo Abarwanya Ubutumwa Biyemerera
GSAM 110.2Vyavuzwe mu kuri ko “ivyo abarwanya ukuri biyemerera ku ruhande rwako bitanga ikimenyamenya gikomeye kuruta ibindi.” Nta n’umwe mu barwanya ubutumwa bw’ukugaruka kwa Kristo yigeze avuga ko urubanza rw’itohoza rw’ubwoko bw’Umwami rwobaye imbere y’ukugaruka kwa Kristo; ahubwo kuri ico kibazo biyumvira kumwe n’Abadiventiste. Kugira twemeze ivyo tuvuze, turasubiramwo amajambo y’abantu babiri bakomakomeye barwanya ubwo butumwa.
GSAM 110.3Umushingantahe N. Colver, ariko arigisha arwanya Abadiventiste mw’isengero ryo kw’ibarabara Marlboro, i Boston, mu 1842, yavuze ati:—
GSAM 111.1“Nimba iyo misi ari imyaka, isi izohera mu 1843; umwana wese w’umuhungu yiga arashobora kubibona; kuko nimba 490 yarangiye ku rupfu rwa Kristo, imisi 2300 yoherereye mu 1843; kandi isi itegerezwa guhera, kiretse bishobotse kwerekana ko hari ikindi kintu gitegerezwa kuba, kandi simbona ingene ivyo vyoshobora kwerekanwa.”
GSAM 111.2Umwigisha Stuart, muri ico gihe nyene, yavuze ati:
GSAM 111.2“Ni ikintu gitangaje ko benshi cane mu basobanura Ivyanditswe mu Bwongereza no muri Amerika, kuva mu myaka myinshi, bamenyereye gutahura imisi ivugwa muri Daniyeli no mu Vyahishuriwe Yohana nk’iyigereranya imyaka, canke nk’ibimenyetso vy’imyaka. Vyarangoye kurondera aho uwo mugenzo ukwiye hose, mbere novuga ko usa n’uwemewe na bose, wakomotse.”
GSAM 111Intahe y’Umwigisha Bush
GSAM 111.3Umwigisha Bush yavuze ati: “Umuntu wese arwanya Umushingantahe Miller ku kibazo c’igihe, aba amurwanije ku ruhande afiseko inkomezi kuruta izindi. Igihe yashizeho ni co; ariko yihenda ku kintu kizoba.” Bush yemera ko isi yose izokwihana imbere y’ukugaruka kwa Kristo. Inyigisho yiwe yari iy’uko imyaka igihumbi yotanguye mu 1844.
GSAM 111.4Abigisha b’ukwizera ukugaruka kwa Kristo bigisha mu nsiguro zabo imbere y’abantu ko kahise k’isi kerekana yuko amahanga atandukanye yari ameze neza na neza nk’uko vyagereranywa n’igishushanyo co muri Daniyeli 2, igihe rya buye ryari gukubita ico gishushanyo ku birenge, maze Imana yo mw’ijuru igashinga ubwami bwayo; no mu gice ca 7, igihe “ubwami n’ubutware n’ubukuru bw’ubwami buri munsi y’ijuru hose bizohabwa abera b’Isumbavyose.” Barerekana kandi ko ibimenyetso vyo mu vyaremwe, mu butegetsi no mu ngeso, vyari neza na neza ivyo Ivyanditswe vyavuze ko vyobonetse igihe Umwami yagira aze.
GSAM 111Ibitangaza vyo mu Majuru
GSAM 111.5Umwami avuga biciye ku muhanuzi Yoweli ati: “Nzokwerekana ibitangaza mu majuru no kw’isi, amaraso, umuriro n’inkingi z’umwotsi. Izuba rizohinduka umwiza, ukwezi guhinduke amaraso, imbere y’uko umusi uhambaye kandi uteye ubwoba w’Uhoraho uza.”4 Abadiventiste bemera kandi bakigisha ko umuco wo mu kirere co mu buraruko wo mu binjana biheruka (ukunze kwitwa amatara yo mu buraruko) ari wo “muriro n’inkingi z’umwotsi” bihuye n’ivyo umuhanuzi yavuze; kandi, dukurikije inkuru nziza kuruta izindi zishobora kuboneka muri kahise (twisunga Inkoranyabumenyi ya Edinburg nk’intahe), uwo muco wari warabonetse gake imbere y’ico gihe.
GSAM 112.1Nuko rero, igihe ubutumwa bw’ukugaruka kw’Umwami kwari hafi bwariko burashika mu mihingo ya kure cane y’isi, ibimenyetso vyaraboneka mu majuru, bigatuma ukuri kurushiriza kugira ubukomezi kandi bigakwegera amaso y’abantu.
GSAM 112.2Ku wa 25 Nzero 1837, habonetse umuco wo mu buraruko umeze nk’umuriro, w’ubwiza buhebuje, usa n’uwatumye ivyiyumviro vya benshi bica vyerekeza ku buhanuzi bwa Yoweli bw’ivyobanje umusi uhambaye w’Uhoraho. Insobanuro ikurikira y’ivyo babonye yavuye mu kinyamakuru Umwamamaji w’Urudandazwa wa New York co ku wa 22 Gitugutu 1839. Ihuye neza na neza n’ivyo umwanditsi yiboneye i Victor, mu ntara ya Ontario, N.Y.
GSAM 112Umuco wo mu Buraruko Umeze nk’Umuriro wo mu 1837
GSAM 112.3“Ku mugoroba wo ku wa 25 Nzero 1837, ivyo bintu nyene [ni ukuvuga umuco wo mu buraruko] vyarabonetsemwo ibitangaza mu mihingo itandukanye y’igihugu, nk’uko abasomyi bacu bavyibuka ata nkeka. Aho ubutaka bwari bupfutswe n’urubura, ivyo babona vyari bihambaye kandi ‘biteye ubwoba’ mu buryo butari bwigere buboneka. Mu kibanza kimwe hafi y’umusozi, abantu babonye ivyo bintu batubwiye ko vyasa n’‘imipfunda y’umuriro imanuka ku musozi’; kandi muri rusangi, nk’uko twabimenye, urubura rwari rupfutse ubutaka rwasa n’umuriro uvanze n’amaraso, hejuru na ho (nk’uko intumwa ivuga), ‘amajuru ariko arasha’, vyasa cane n’ivyo ubuhanuzi buvuga ku musi w’iherezo, ku buryo benshi batangaye; abana babibona baragize ubwoba, babaza ko kwoba ari ukuza kw’urubanza; mbere n’ibikoko vyarajugumira, bigaragara ko bitekewe n’ubwoba bwinshi.”
GSAM 113.1Ico kimenyetso c’umuhanuzi Yoweli nticabonetse muri Amerika honyene; ahubwo, igihe inyigisho y’ukugaruka kw’Umwami yarushiriza kumenyekana mu Bwongereza, ico kimenyetso nyene caraboneka mu majuru y’ico gihugu. Ikinyamakuru Umwamamaji w’Urudandazwa wa New York co ku wa 22 Gitugutu 1839 casubiyemwo aya majambo akuye mu binyamakuru vy’i Londres, yerekeye ikintu gitangaje cabonetse muri ico gihugu mw’ijoro ryo ku wa 3 Nyakanga:—
GSAM 113Umuco wo mu Buraruko wo mu 1839
GSAM 113.2“LONDRES, 5 NYAKANGA [1839].—Hagati y’isaha zine z’ijoro ryo ku wa kane n’isaha icenda zo mu gaturuturu k’ejo, mu majuru habonetse kimwe mu bintu vyiza cane muri ivyo bintu bidasanzwe vyabonetse mu myaka myinshi iheze: inyenyeri zikoroka n’amatara yo mu buraruko. Ikimenyetso ca mbere c’ico kintu kidasanzwe cabonetse habura iminota cumi ngo isaha zine zikwire, igihe umuco utukura udakaze, wasa n’umwuka, waduga uva mu ruhande rw’uburaruko bw’igice c’ikirere tubona, ugenda waguka gushika hagati mw’ijuru; ku saha zine canke zine n’iminota cumi n’itanu, kuva mu buseruko gushika mu burengero hose hari habaye nk’igitambara kinini c’umuco. Wasa n’uwuteye ubwoba cane, umeze neza na neza nk’uwuva ku muriro uteye ubwoba. Uwo muco waguma uhinduka cane; rimwe wasa n’uwumanuka, ako kanya ugaca usubira kuduga ukayangana cane. Hagati muri wo haboneka ibirundo vy’umwotsi vyizingazingira, kandi uwubibona wese yasa n’uwemeza ko wari ‘umuriro ukomeye cane’.”
GSAM 113.3“Ubwoba bwari bwateye mu gisagara gikuru bwari bwinshi cane; abantu ibihumbi biruka berekeza aho bibaza ko ivyago bikomeye vyabereye. Imiduga yo kuzimya umuriro yari mu bibanza vy’abazimya umuriro vyo kw’ibarabara Baker, iryitwa Farringdon, iryitwa Watling, iryitwa Waterloo, hamwe n’iyo mu bibanza vyo mu burengero bwa Londres — mu vy’ukuri, imiduga yose yo kuzimya umuriro y’i Londres — yarabohewe ku mafarasi, yiruka ningoga yerekeza aho bibaza ko hari ‘ahantu hariko haratikira’, yihuta kuruta uko vyari bisanzwe, ikurikiwe n’imikogote, abagendera ku mafarasi n’amasinzi y’abantu. Imiduga imwe yarashitse kure gushika i High Gate n’i Halloway [nk’amayili ane] imbere y’uko bamenya ko bari bihenda. Ivyo bintu vyamaze amasaha arenga abiri, kandi mu kwegera igitondo, ivyo babona vyararushirije kuba ibihambaye.”
GSAM 114.1“Ku saha umunani z’ijoro, ico kintu cabonetse mu bwiza buhebuje, bugoye cane kudondora. Londres yose yarabonesherejwe nk’aho hari ku mutaga, kandi ikirere caratomoye bidasanzwe. Muri ico gihe, igice c’ikirere co mu bumanuko, naho kitari gifise ibicu, cari cijimye cane; ariko inyenyeri zidaharurika zarakayangana mu bwiza. Ku rundi ruhande rw’ijuru haboneka ibinyuranye n’ivyo mu buryo budasanzwe kandi bwiza cane; haratomoye bimwe birenze, umuco na wo ukaka cane. Inyenyeri zikoroka zaguma zikurikirana, zikayangana mu buryo butandukanye; zasa n’iziremwa hagati mw’ijuru, zigashwiragira gushika aho zasa n’iziturika. Vyatera abavyihweza gutangara nk’abakubiswe n’umuyagankuba. Inyenyeri ntoyi amasinzi zarasa zirenga aho ijuru risa n’irihurira n’isi, zikanyaruka zerekeza kw’isi ku buryo ijisho ryagora gukurikira inzira yazo; na zo zasa n’iziturika, zigashwiragiza umwuka utukura wijimye ku gice cose c’ikirere. Amabara yari meza cane.”
GSAM 114.2“Ku saha umunani n’igice z’ijoro, ivyo bintu vyahindutse umwiza; uwo mwiza umaze gushwiragira, haboneka umunywamazi ukayangana hejuru nyene mw’ijuru no ku nkombe y’umwiza wari utwikiriye igice c’igihugu co mu bumanuko. Haciye umwanya muto, inkingi z’umuco zimeze nk’ifeza zarasashe ziwuvamwo. Zararushirije kwiyongera mu buryo butangaje, zivangana n’umwuka utukura waremwa muri ico gihe nyene; kandi zimaze gushika hejuru cane, ivyo umuntu yabona vyararenga ivyo yoshobora kwiyumvira vyose. Inyenyeri zaranyaruka mu mpande zose, zibandanya gushika ku saha cumi zo mu gaturuturu, aho vyose vyazimangana.”
GSAM 114Ibintu Bidasanzwe Biboneka ku Zuba
GSAM 114.3Igihe abigisha bazima bariko barashira ahabona ukuri kw’ukugaruka kw’Umwami, ibitangaza vyinshi kandi bitandukanye vyo mu majuru vyarabonetse mu mihingo itandukanye y’isi. Muri ivyo, umwanya dufise utwemerera kwerekana gusa uko izuba ryabonetse i Norwich, mu Bwongereza, muri Kigarama 1843. Ikintu nk’ico carabaye i New Haven, Conn., ku wa 9 Nyakanga 1844, mu masaha abiri imbere ya saa sita n’abiri inyuma yaho, kandi abantu ibihumbi barakibonye.
GSAM 115Ukuboneka kw’Izuba mu Buryo Budasanzwe
GSAM 115.1Uruziga rutoyi rw’imbere rugereranya izuba. Rwari rufise ibara risa n’umuhondo uvanze n’umutuku, ridakaze. Igice co hanze c’inziga zibiri zari zikikuje izuba, imwe iri kure yaryo kuruta iyindi, casa n’igifise iryo bara nyene; ariko igice co mu ndiba c’izo nziga cari umuhondo ukaze; ikirere cari muri izo nziga casa n’igifise ibara ry’ikigina ryijimye, kandi za nziga zitatu nini zaca mw’izuba no munsi yaryo zasa n’izigizwe n’umuco ukayangana utomoye.
GSAM 115.2Ku vyabaye mu Bwongereza, dusoma ibi bikurikira mw’ikete rya E. Lloyd, ryandikiwe i Londres, ku wa 3 Nzero 1844:—
GSAM 115.3“Habonetse ‘ikimenyetso ku zuba’ gitangaje, cabonywe n’abantu bakomakomeye b’i Norwich no mu gihugu kihakikuje, ikintu kitari bwigere kibonwa mu Bwongereza. Cabonetse muri Kigarama guheze, nk’isaha zitandatu ku mutaga, kimara amasaha abiri. Cateye ubwoba bwinshi abahaba. Cabaye imbere gatoyi y’uko Bene Data Winter, Burgess na Routon batangura igikorwa cabo c’ivugabutumwa muri ico gisagara. Casa n’icategurira ukuri inzira, ku buryo baroraniwe cane ngaho.”
GSAM 116.1Inkuru y’ico kintu nk’uko cabaye i New Haven, Conn., iri mu kinyamakuru Ugutaka kwa mu Gicugu co ku wa 10 Gitugutu 1844, ikaba yakuwe mu kinyamakuru Umurinzi wa New Haven co ku wa 10 Nyakanga 1844. Muri iyo nkuru yo mu Gutaka, umwanditsi avuga ati: “Nta mutohoji w’ivyaremwe yashoboye gutanga insobanuro y’icatumye ico kintu kiba, na we ubwiwe ashobora gushima.”
GSAM 116.2Inkuru y’ivyo bintu vyabonetse bifitaniye isano n’izuba i New Haven, Conn., ku wa 9 Nyakanga 1844, yarasohotse kandi mu kinyamakuru Intumwa ya Hartford co ku wa 12 Nyakanga 1844, ivuga ibi bikurikira:—
GSAM 116.3“Inziga zari zikikuje izuba ku wa mbere, 9 Nyakanga 1844, mu masaha abiri imbere ya saa sita n’abiri inyuma yaho, zisa n’izabonwe n’abanyagisagara bacu muri rusangi bazitayeho cane, zituma bipfuza kumenya neza ibindi ku bintu nk’ivyo biboneka no ku kibitera.
GSAM 116.4“Uruziga rw’umuco rwabonetse kuri uwo musi rwatangaza kubera umwanya rwamaze, rugatanga akaryo keza ko kurwihweza. Nk’isaha zitandatu ku mutaga, rwari rugizwe ahanini n’inziga zibiri zuzuye, rumwe rufise ubwaguke bw’ingero nk’45, rukikuje izuba ryari hagati yarwo, urundi rufise ubwaguke bw’ingero nk’72, hagati yarwo hari hejuru nyene mw’ijuru, urubibe rwarwo na rwo rugaca mw’izuba. Uruziga rutoyi rwari kumwe n’uruziga rurambuye rwari ku murongo muremure uruca hagati, rukaba rutari rutandukanye cane n’uruziga rusanzwe. Ahateganye n’izuba neza na neza, ku ngero 36 mu buraruko bw’aho hejuru nyene mw’ijuru, uruziga runini rwahurira n’izindi nziga zibiri zifise ubwaguke busa n’ubwarwo canke bungana na bwo neza; aho zahurira hakaboneka ikibanza cakaka, nk’uko vyari bisanzwe vyokwitezwe ku muco w’inziga zitatu ukoraniye hamwe. Uruziga rwari rukikuje izuba rwerekana amabara y’umunywamazi, kenshi akayangana cane kandi ari meza. Izindi nziga zari zera kandi umuco wazo ukaba muke uko zari kure y’izuba. Ariko uduce dutoduto tw’inziga dufise amabara y’umunywamazi twaraboneka mu bihe bitandukanye, mu buseruko no mu burengero.... Ukwo gusa mu kuntu zari zitunganijwe gutegerezwa kuba gushingiye kw’itegeko rinaka rigenga ukuntu inziga z’umuco zirema; ariko uko iryo tegeko rimeze ntikuratahuriwa neza.... Ntivyagoye cane gusobanura ukuntu uruziga rukikuje izuba rurema, kubera ko ikibitera gisa n’igituma umunywamazi uboneka; ariko gusobanura inkomoko y’uruziga urubibe rwarwo ruca hagati mw’izuba vyasanze bigoye kuruta.”
GSAM 117Ibitangaza Bishitsa Ivyari Vyaravuzwe mu Vyanditswe
GSAM 117.1Ingene ivyo bitangaza vyabonetse mw’ijuru vyakoreshejwe mu Bwongereza no muri Amerika, turashobora kubimenya mu gusoma igitabu Insobanuro z’Ikigabane ca Mirongo Ibiri na Kane ca Matayo, canditswe na Sylvester Bliss, casohorewe i Boston mu 1843. Amaze gusubiramwo zimwe mu nkuru zavuzwe aho haruguru, avuga ati:—
GSAM 117.2“Gutyo rero, ‘ibimenyetso bihambaye’ n’‘ibintu biteye ubwoba’ vyavuzwe imbere y’igihe mu Vyanditswe vy’ukuri bisa n’ivyashitse vyose, hamwe n’ivyo Umukiza yavuze ko vyobanje ukuza kwiwe.
GSAM 117.3“Nk’uko ukumera kw’amababi ku biti ari ikimenyetso ntakekeranywa c’uko ici kiri hafi, ni ko n’abakirisu, ivyo bimenyetso bishitse, bategerezwa kumenya badakekeranya ko ukuza kwa Kristo kuri hafi, mbere ku muryango. Si ukubaha gusa uruhusha rwo kubimenya, ariko Umukiza wacu arabategeka kubimenya.”5
GSAM 117ABATUMWA
GSAM 117.4Tumaze kwerekana bimwebimwe mu bintu nyamukuru vy’ubutumwa bw’ukugaruka kwa kabiri kwa Kristo, nk’uko bwatangajwe ubwa mbere, vyoba vyiza turavye bamwe mu bagize uruhara rukomeye muri iryo tangazo rihambaye. Twaramaze kuvuga amazina ya benshi mu bapasitori bari bafise ingabire zikomeye kuruta abandi muri ico gihe mu bihugu vyo hanze, batangaje ako kamo. Uko twerekana bamwe mu bayoboye ico gikorwa muri Amerika, abo Umwami yashizeko umutwaro w’igikorwa, bizorushiriza kwerekana ko ukuboko kw’Umwami kwari muri uwo mugwi vy’ukuri.
GSAM 118William Miller
GSAM 118.1Ubwa mbere turaraba ivyerekeye William Miller, uwari afise ikibanza gikomeye cane mu mugwi w’abiteze ukugaruka kwa Kristo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ku buryo abantu benshi bazi uwo mugwi gusa kw’izina ry’‘inyigisho za Miller.’
GSAM 118.2William Miller yavukiye i Pittsfield, Massachusetts, muri Ruhuhuma 1782. Akiri umwana mutoyi, yarerekana ibimenyetso vy’ubwenge bukomeye kandi bukora cane kuruta uko bisanzwe. Uko imyaka mikeyi yahera, ivyo bimenyetso vyarushirizaho kubonekera abo babana bose. Yari afise umubiri ukomeye, ubwenge bukora kandi buteye imbere neza muri kamere, n’ingeso nziza ata co zokemangwa. Yari amaze imyaka mikeyi gusa aronka inyigisho nke zashobora gutangwa n’ishure ryo mu karere, igihe abantu bose bemera ko ivyo yari azi vyaruta ivy’abigisha bakunda kuhigisha.
GSAM 118.3Umushingantahe Miller yarubatse mu 1802, aca aba i Poultney, Vermont. Abagabo yifatanya na bo kuva yimukiye i Poultney, kandi bari baramufashije cane mu vy’ubuzima bwo muri iyi si, bari baratwawe cane n’ivyiyumviro vyo gukekeranya n’inyigisho z’abemera Imana ariko bagahakana ko yihishurira abantu. Ntibari abantu b’ingeso mbi; muri rusangi bari abenegihugu beza, bakunda kugira inyifato ibereye, bafise impuhwe kandi bakunda gufasha abandi. Ariko baranka Bibiliya nk’igipimo c’ukuri kw’ivy’idini, kandi bagerageza gutuma ukwo kuyanka kuboneka nk’ukufise ishingiro, bakoresheje ivyobafasha mu vyanditswe na Voltaire, Hume, Volney, Paine, Ethan Allen n’abandi. Umushingantahe Miller yarize ivyo bitabu avyitondeye, amaherezo aratangaza ko na we yemera Imana ariko ahakana ko yihishurira abantu. We ubwiwe yavuze ko yamaze imyaka cumi n’ibiri muri iyo nyigisho, kuva nko mu 1804.
GSAM 118.4Amaze kugenwa kuba umukapitene, yinjiye mu gisirikare mu 1810. Agarutse avuye mu gisirikare, yimuranye n’umuryango wiwe aja i Low Hampton, New York, gutangurirayo igikorwa co kurima mu 1812. Kubera ko yari umurimyi, yarushirije kuronka umwanya wo gusoma. Yasanze ivyiyumviro vyiwe vyo kwemera Imana ariko agahakana ko yihishurira abantu bitamuha icizigiro na kimwe c’umunezero inyuma y’ubu buzima. Inyuma y’imva, vyose vyari umwijima n’umubabaro. Tubivuze mu majambo yiwe bwite:
GSAM 118.4“Iciyumviro c’uko umuntu yokurwaho burundu cari gikonje kandi giteye ubwoba, kandi kubazwa ivyo umuntu yakoze vyasobanura uguhona ntakekeranywa kuri bose. Ijuru ryari nk’umuringa hejuru y’umutwe wanje, isi na yo nk’icuma munsi y’ibirenge vyanje. Ibihe bidashira!—Vyari ibiki? Urupfu na rwo!—Kubera iki rwariho? Uko narushirizaho kwiyumvira, ni ko narushirizaho kuja kure y’inyishu ishingiye ku bimenyamenya. Uko niyumvira cane, ni ko ivyiyumviro nashikako vyarushirizaho gusanzara. Nagerageje guhagarika kwiyumvira, ariko ivyiyumviro vyanje ntivyashobora kuganzwa. Nari mu magorwa vy’ukuri, ariko sinatahura ikibitera.... Bidatevye inyuma y’ivyo, bukwi na bukwi, kamere y’Umukiza yaciye iboneka neza cane mu bwenge bwanje. Nabonye ko hoshobora kubaho uwufise ubuntu n’impuhwe nyinshi ku buryo yokwishurira ubwiwe ibicumuro vyacu, maze akadukiza igihano c’icaha. Ubwo nyene naciye numva ingene uwumeze atyo ategerezwa kuba uwo gukundwa cane; maze niyumvira ko noshobora kwishira mu maboko yiwe no kwizigira imbabazi ziwe.”
GSAM 119Uguhinduka kwa William Miller
GSAM 119.1Yabandanije avuga ati:
GSAM 119.1“Nabonye ko Bibiliya yerekana neza na neza Umukiza nk’uwo nari nkeneye; kandi naratangajwe no kwiyumvira ingene igitabu kitahumekewe n’Imana coshobora kwigisha ingingo zihuye neza gutyo n’ivyo isi yaguye mu caha ikeneye. Nabwirijwe kwemera ko Ivyanditswe bitegerezwa kuba uguhishurirwa kuva ku Mana. Vyabaye umunezero wanje; kandi muri Yesu nahasanze umugenzi.... Bibiliya yaciye iba co kintu nyamukuru niga, kandi ndashobora kuvuga ntabeshe ko nayisesanguye mfise umunezero mwinshi. Nasanze ntari narabwiwe n’ica kabiri cayo. Naribajije igituma ntari narabonye ubwiza n’ubuninahazwa bwayo imbere y’aho, ndatangara ingene nari narashoboye kuyanka.”
GSAM 119.2William Miller ubwiwe adondora gutya uburyo yiga Bibiliya:
GSAM 119.2“Nafashe ingingo yo gushira ku ruhande ivyiyumviro vyose nari nsanganywe, kugereranya neza icanditswe n’ikindi canditswe, no kubandanya kuciga mu buryo butunganijwe kandi bukurikira urutonde.... Igihe cose nabona ikintu kidatomoye, namenyerera kukigereranya n’ibice vyose bifitaniye isano na co; kandi, mfashijwe na Cruden, nasuzuma ibisomwa vyose vyo mu Vyanditswe vyabamwo rimwe mu majambo nyamukuru ari mu gice kitumvikana.... Muri ubwo buryo, namaze nko mu myaka ibiri niga Bibiliya, ari bwo bwanje bwa mbere ndayisoma yose, maze ndemezwa rwose ko yo ubwayo yisobanura.
GSAM 120.1“Muri ukwo kwiga, naremejwe ko, nimba ubuhanuzi bwashitse muri kahise ari igipimo co kumenya ingene ubwo muri kazoza buzoshika, ivyiyumviro vyari vyamamaye vyerekeye ingoma ya Kristo yo mu buryo bw’impwemu—imyaka igihumbi yo kuri iyi si imbere y’umuhero w’isi, n’ukugaruka kw’Abayuda—bidashigikiwe n’ijambo ry’Imana.... Nasanze Ivyanditswe vyigisha mu buryo butomoye ko Yesu Kristo azosubira kumanuka kuri iyi si, aje mu bicu vyo mw’ijuru, mu buninahazwa bwose bwa Se.
GSAM 120.2“Narumva umunezero mu kwiga Ivyanditswe ntari narigeze niyumvira ko umuntu yokura mu nyigisho zavyo. Natanguye kuvyiga ntiteze kumenya igihe c’ukuza kw’Umukiza, kandi mu ntango vyarangora cane kwemera ico nari nashitseko; ariko ibimenyamenya vyankozeko n’ububasha bwinshi ku buryo ntashobora guhakana ivyo nari nemejwe. Nari hafi yo gushikama rwose mu vyo nari natahuye, maze ntangura kurindira, kuba maso no gusengera ukuza kw’Umukiza.”
GSAM 120.3Yongeye avuga ati:
GSAM 120.3“Naremera; kandi ubwo nyene numva nshizweko igikorwa co kwamamaza iyo nyigisho, kugira ngo isi yemere kandi yitegurire gusanganira Umucamanza n’Umukwe niyaza. Si ngombwa ko hano ndondora neza ibigeragezo vyanje vyinshi, birebire kandi bikomeye. Birakwiye kuvuga ko, inyuma y’imyaka itari mike, nabwirijwe na Mpwemu w’Imana, ububasha bw’ukuri n’urukundo nkunda abantu, kwikorera umusaraba wanje no gutangariza ivyo bintu isi iri mu gupfa no mu guhona.”
GSAM 120.4Umushingantahe Miller, cokimwe n’abo ubu butumwa bwahagurukije mu bindi bihugu, yabanje kwiyumvira kurangura igikorwa yahawe mu kwandika no gusohora ivyiyumviro vyiwe mu binyamakuru no mu dutabu. Yabanje gusohora ivyiyumviro vyiwe mu kinyamakuru Itelegarafe ya Vermont, c’Ababatisita, cacapurirwa i Brandon, Vermont. Hari mu mwaka wa 1831. Yatanguye kuvuga kuri ico cigwa imbere y’abantu mu mwaka wa 1832. Yavuze kuri iryo koraniro ati: ‘Umwami yasutse ubuntu bwiwe kw’ikoraniro, kandi benshi baremeye baronka agakiza k’imitima yabo.’
GSAM 121.1Mu 1836, ivyigisho vyiwe vyaracapuwe muri bimwe mu binyamakuru vyo muri ico gihe. Mu gihe c’imbeho co mu 1837-38, ivyigisho vyiwe vyasohowe mu gatabu. Mu 1838 haracapuwe agatabu ka kabiri k’impapuro 204, kandi muri ako gatabu Umushingantahe Miller yavuze ko ububasha bw’Ingoma ya Otomani bwoshobora gusenyuka mu mwaka wa 1839 canke uwa 1840. Ivyigisho vya mbere yatangiye mu bisagara binini vyabaye mu mwaka wa 1836. Ico gihe yavugiye mu bisagara vya Randolph, Lowell, Groton na Lynn, Massachusetts.
GSAM 121.2Gushika mu 1840, Umushingantahe Miller yari hafi kuba wenyene mu kuvugira imbere y’abantu ivyerekeye ukugaruka kwa Kristo kuri hafi. Muri uwo mwaka, bukwi na bukwi, abantu amajana barifatanije na we mu gutangaza ubutumwa. Icateye iryo hinduka rikomeye tuzokibona mu kigabane gikurikira. Mu gihe c’imbeho co mu 1839-40, Umushingantahe Miller yatanze ivyigisho bikurikirana i Exeter, New Hampshire. Aho ni ho yabonanye ubwa mbere n’Umukuru J. V. Himes, ico gihe akemera ukwo kwizera, kandi kuva uwo musi agakorana n’Umukuru Miller, asohora ibitabu akongera akamamaza n’umwete ubutumwa buhambaye bw’ukugaruka kwa kabiri kwa Kristo.
GSAM 121Joshua V. Himes
GSAM 121.3Ku vyerekeye uwo mukozi w’umwete muri uwo mugwi uhambaye, nta ciza twokora kiruta gusubiramwo amajambo y’uwanditse inkuru y’ubuzima bwiwe, avuga ati:—
GSAM 121.4“Joshua V. Himes yavukiye i Wickford, Rhode Island, ku wa 19 Rusama 1805. Se yari azwi neza nk’umudandaza wo mu Mazinga ya Antilles, kandi yari umunywanyi akomeye w’Ishengero ry’Abepisikopali rya Pawulo Mweranda i Wickford. Nyina yari afise umutima mwiza, kandi yakunda Umukiza; urwo rukundo yararwigisha umuhungu wiwe, na we akamwumviriza abikunze.
GSAM 121.5“Se yari afise umugambi wo kwigisha umuhungu wiwe Joshua kugira ngo abe umupasitori mw’ishengero na we ubwiwe yarimwo, ariko ivyabaye birabibuza. Imana yari ifise ikindi gikorwa ishaka ko uwo muhungu akora, kandi yariko iratunganya ibintu mu buryo bwoshikanye ku co yashaka. Mu 1817, se yarungitse ibidandazwa vy’agaciro kanini, ashinga Kapitene Carter ubwato, Alexander Stewart na we ashingwa ivyo bidandazwa. Abo bagabo ntibabaye abizigirwa; bamaze gushika ku kivuko co mu Mazinga ya Antilles, bagurisha ubwato n’ibidandazwa vyose, barahunga. Ico kintu cahinduye imigambi yose yari yarateguriwe kazoza k’umusore Joshua, yari agiye kurungikwa muri Kaminuza ya Brown, i Providence, Rhode Island. Ahubwo, muri Ndamukiza 1821, yajanywe i New Bedford, Massachusetts, agiranirwa amasezerano yo kwiga umwuga wo kubaza ibikoresho vyo mu nzu kwa William Knights.
GSAM 122.1“Ashitse mu nzu nshasha yobayemwo, yaciye atangura n’umwete igikorwa yahawe, yiyemeje kuba umuhinga mu mwuga wiwe. Ariko ntiyatevye kubona ko uburyo bw’idini yari arimwo butamuhimbara neza. Avuga ati: ‘Databuja yari Umwunitari, kandi yanjana mw’ishengero ryiwe. Umupasitori yari Orville Dewey, yari aherutse kuva mu nyigisho zari zisanzwe zemerwa n’ishengero. Inyigisho nari nararonse kuri Musenyeri Griswold no ku Mupasitori William Burge, umuyobozi w’Ishengero rya Pawulo Mweranda i Wickford, hamwe no kuba narakunda kwumviriza Dogiteri Crocker, umuvugizi w’umuhanga wo mw’Ishengero rya Yohana Mweranda i Providence, Rhode Island, vyatuma ntashobora na gato kwemera amajambo meza y’Umushingantahe Dewey yahakana inyigisho za Kristo n’intumwa ziwe.’
GSAM 122.2“Kubera ko ico gihe ata shengero ry’Abepisikopali ryari i New Bedford, yahisemwo kuja mw’Ishengero rya Mbere rya Gikirisu [si iry’Abigishwa], hanyuma araryifatanya. Avuga ati: ‘Aha nahasanze Bibiliya yuguruye n’umwidegemvyo wo kwiyumvira, kandi ivyo vyompi narabikoresheje neza.’ Iryo shengero ryaragirwa n’Umupasitori Moses Howe. Umupasitori Clough yabatije Joshua V. Himes ku wa 2 Ruhuhuma 1823. Afise umutima ururumbamwo umwete ku bwa Shebuja, yaciye atangura, afise imyaka cumi n’umunani, kuvuga inkuru y’umusaraba no guhamagarira abantu kwihana. We ubwiwe avuga ati:—
GSAM 122.3“‘Sinatevye kuba uwuhimiriza abandi, kandi narahawe uruhusha rwo gukoresha no guteza imbere ingabire yanje.... Narahejeje neza igihe canje co kwiga umwuga, kandi ndashimwa. Ariko mu myaka itanu canke itandatu, namenyereye gukora amasaha arenze ayasabwa, gutyo nkaronka umusi umwe canke ibiri mu ndwi yo kwiga no gukora igikorwa c’ivugabutumwa mu micungararo yari ikennye cane; ivyamwa vy’ico gikorwa narabishikiriza umupasitori wanje.’
GSAM 123.1“Mu 1825, yaragenywe kuba umumisiyonari w’inama y’amashengero ya Gikirisu yo mu bumanuko bw’intara ya Massachusetts. Umukuru Himes avuga ati: ‘Nta mugambi canke uburyo bwo kubeshaho abamisiyonari bwariho, maze mfata ingingo yo gukora urudandazwa kugira ngo mbone ikimbeshaho, nce namamaza uko nshoboye.’
GSAM 123.2“Mu 1828 yavuye i New Bedford, atari kubera ugukekeranya canke ukubura inkomezi, ariko afise umwiyemezo wari utegerezwa gushikana ku ntsinzi, aja i Plymouth, aho yamamaza ijambo ry’Imana mu mashure, mu vyumba vyategurwa ku bw’ico gikorwa, n’ahandi hose yashobora kuronka abamwumviriza. Mu 1829 yabandanije ico gikorwa nyene i Fall River gushika mu 1830, igihe yimukira i Boston kuba umupasitori w’Ishengero rya Mbere n’irya Kabiri rya Gikirisu; ahamara imyaka mirongo itatu n’itatu. Mu 1839 yemeye inyigisho z’ukugaruka kwa Kristo, nk’uko zasigurwa n’Umukuru William Miller yari azwi cane. Yinjiye muri ico gikorwa gishasha n’umwete wiwe wose, kandi igikorwa ciwe co kuvuga ubutumwa cari cuzuye umuriro n’ububasha. Mu 1840 yatanguye gusohora Ibimenyetso vy’Ibihe, aburanira igikorwa yari yeguriye umutima wiwe wose. Amahera yiwe yose, igikorwa ciwe cose n’inkomezi ziwe zose yabishize muri ico gikorwa, maze abantu ibihumbi baremera.”
GSAM 123Ibikorwa Miller na Himes Bakoranye
GSAM 123.3Kuva mu 1840 gushika mu gihe c’ukugwa kw’amababi co mu 1844, Abakuru Miller na Himes bakunda gukorana, bava mu gisagara baja mu kindi, mu ci bakoresha ihema ryabo rinini cane, mu gihe c’imbeho bakavugira mu mashengero no mu ngoro rusangi. Inkomezi nyinshi z’umubiri w’Umukuru Himes zaramushigikiye gushika atanguye umwaka ugira mirongo icenda na kabiri w’ubuzima bwiwe. Ubwenge bwiwe bwagumye bukomeye gushika kw’iherezo. Mu mwaka wa 1894, ku wa 28 Nyakanga, yashikirije insiguro ikangura imitima cane ikoraniro ry’Abadiventiste b’umusi w’indwi barenga ibihumbi bitatu, ku kibanza c’amakoraniro y’amahema i Lansing, Michigan. Yasa n’uwuvugana umwete mwinshi n’inkomezi nk’ivyo mu misi ya kera. Ivyo vyari igitangaza vy’ukuri ku muntu yari amaze amezi atatu mu mwaka ugira mirongo icenda na rimwe w’ubuzima bwiwe, kandi yari arwaye indwara idakira yamuhitanye mu mwaka wakurikiye.
GSAM 124.1Abakuru Miller na Himes bari, nk’uko twobivuga, ‘ku murongo w’imbere w’intambara’ mu mugwi w’abiteze ukugaruka kwa Kristo muri Amerika. Bari babiri gusa mu bantu mirongo myinshi bakorana na bo mu kwamamaza inyigisho y’ukuza kwa Kristo, abantu barangwa cane no gushikama ku mugambi wabo n’ukugororoka kutagira agatosi. Abo bagabo ahanini bari abo isi yita ‘abantu biteje imbere ubwabo,’—abantu bari baratejwe imbere no guhangana n’ingorane zikomeye z’ubuzima, bari barize gushingira ingingo bafata ku gaciro k’igikorwa bakurikije ukuri, aho gukurikiza inyungu boronka. Bari bameze nka bamwe Umukuru Miller yavuze ko ari bo bakunda kuva mu mashengero bakemera ubutumwa: ‘abanywanyi bubaha Imana kuruta abandi, bayiyeguriye kandi bafise ubuzima bw’impwemu.’ Ivyo vyaremejwe n’abapasitori b’amashengero atandukanye, bavuze Abadiventiste bamaze gutandukana na bo burundu bati: ‘Iyo [nyigisho] yadutwaye abo mu busho bwacu baruta abandi bose.’
GSAM 124Abandi Bamamaji b’Abadiventiste Bari Bazwi Cane
GSAM 124.2Vyoba vyiza tuvuze amazina ya bamwe mu bagabo bagize uruhara rukomeye bafatanye n’Abakuru Miller na Himes muri uwo mugwi wo muri iyo misi ya mbere. Uwutangura urwo rutonde ni Charles Fitch, w’i Cleveland, Ohio, mu 1842 yashikirije iciyumviro co kugira ibicapo vyerekana amayerekwa yo muri Daniyeli no mu Vyahishuriwe Yohana. Ico ciyumviro cari gishingiye kuri Habakuki 2:2, 3. Charles Fitch yapfuye ku wa 10 Gitugutu 1844.
GSAM 124.3Dogiteri Josiah Litch, w’i Philadelphia, nk’uko tuzobibona mu kigabane gikurikira, yarahagurukijwe n’Umwami gutangaza ukuri, igihe kwaranguka kukaba kwatumye abantu batangura bukwi na bukwi, kandi bakongerekana ningoga, kwitwararika ubutumwa bw’ukugaruka kwa Kristo.
GSAM 124.4Elon Galusha, w’i Lockport, New York, yari umupasitori w’Umubatisita azwi cane. Ivyo yanditse n’ivyo yigishije ku vyerekeye ukuza kw’Umwami kuri hafi vyaranyiganyije cane iryo shengero.
GSAM 125.1E. R. Pinney, w’i Seneca Falls, New York, yari uwundi mupasitori w’Ishengero ry’Ababatisita yari yariyeguriye Imana, kandi igikorwa ciwe n’ivyanditswe vyiwe vyari bifise ububasha muri ico gikorwa. Yari akwiriye kwitwa ‘Umunyu w’isi.’
GSAM 125.2Geo. Storrs, wo mu gisagara ca New York, imbere y’uko yemera inyigisho y’ukugaruka kwa Kristo, yari umwamamaji azwi cane mu gukangura abantu mu vy’impwemu. Ivyanditswe vyiwe vyari bifise ububasha bukomeye bwo gutuma abantu barushiriza kwiyegurira igikorwa, ubwabo n’ivyo batunze; ivyo vyabaye cane cane mu ndwi za nyuma z’imisi 2300. Ni we, inyuma y’ugutenguhwa, yashikirije Abadiventiste n’isi kugira ngo bavyihweze, insiguro ziwe zitandatu zerekeye kamere y’umuntu, imimerere y’abapfuye n’igihano co muri kazoza.
GSAM 125.3Umukuru Stockman, w’i Portland, Maine, yari uwundi mukozi w’umwete mu makoraniro ya William Miller yo gukangura abantu mu vy’impwemu muri ico gisagara. Yapfuye hasigaye indwi nkeyi ngo umwaka w’Abayuda wa 1843 urangire, igihe Abadiventiste bari bizigiye kandi biteze ko Umwami yoje ico gihe.6
GSAM 125.4Hari abandi bagabo bazwi cane, ariko kubera ukubura ikibanza tuzovuga amazina yabo gusa, nka N. N. Whiting, yahinduye Isezerano Rishasha mu congereza, rikamenyekana nk’Impinduro ya Whiting; S. S. Snow, F. G. Brown, Apollos Hale, L. D. Mansfield, Geo. Needham, O. R. Fassett; George, Wesley na Edwin Burnham (abavukana batatu), bose bari abakozi b’abahanga mu butumwa.
Notes
- Habakuki 2:2, 3. ↩
- Ivyahishuriwe Yohana 14:6, 7. ↩
- Mariko 1:14, 15, ↩
- Yoweli 2:30, 31. ↩
- Insobanuro z’Ikigabane ca Mirongo Ibiri na Kane ca Matayo, imp. 49-60. S. Bliss, Boston, Mass., 1843. ↩
- Nk’uko vyerekanwa mu gitabu Ivyanditswe vya Mbere, rup. 17, biroroshe kubona igituma Abakuru Fitch na Stockman bari bashashaye kumenya ivyabaye kuva basinzira mu rupfu. ↩