Adventist Pioneer
Library
aplib.orgLibrary
Table of Contents
13 / 31
13 / 31

Igice ca 10 — Ugutaka kwa mu Gicugu

John Norton Loughborough

GSAM 160.1“Mu gicugu humvikana ugutaka ngo: Ehe umukwe araje; nimusohoke mumusanganire. Maze za nkumi zose ziravyuka, zitunganya amatara yazo.”1

GSAM 160.2Tumaze kuvuga ivy’igihe co kurindira cerekanwa muri uyu mugani w’“inkumi cumi,” none tugiye kwitwararika cane igice cawo gitangurwa n’ayo majambo duhejeje gusoma, ico Abadiventiste bise “ugutaka kwa mu gicugu.” Umwanditsi azwi cane yanditse kuri ivyo, mu kinyamakuru citwa Ugutaka kwa mu Gicugu, co ku wa 3 Gitugutu 1844, avuga ati:—

GSAM 160.3“Ariko none twashitse gute muri iri joro ryo kurindira? Ni uko twatanguriye iyerekwa [iyerekwa ry’imisi 2300] mu mpeshi aho kuritangurira mu gatasi ko mu mwaka wa 457 imbere ya Kristo. Twasigaje amezi atandatu n’imisi mikeyi kugira dushike ku kivuko twari tujako. Ivyo vyadushize mw’ijoro ryo kurindira, rimara amezi atandatu.”

GSAM 160.4Uwundi mwanditsi, S. S. Snow, mu Gutaka kwo ku wa 22 Myandagaro 1844, avuga ivy’imisi 2300, yagize ati:—

GSAM 160.5“Yatanguranye n’ugusohoka kw’itegeko ryo gusubira kwubaka Yerusalemu no kuyisubiza uko yahora. Iryo tegeko ryabanje gutangwa na Kuro, risubira kwemezwa na Dariyo, hanyuma ryuzuzwa na Aritazeruzi Longimanusi mu mwaka ugira indwi ari ku ngoma. Ryatangajwe, ritangura gukurikizwa mu gatasi ko mu mwaka wa 457 imbere ya Kristo, igihe Ezira, amaze gushika i Yerusalemu afashijwe n’ukuboko kwiza kw’Umwami, yasubizaho ubutegetsi bw’Abayuda, agashiraho abatware n’abacamanza, agatangura no kwubaka uruzitiro.”2

GSAM 160.6Kubera ko igihe c’iyerekwa cari imyaka 2300 yuzuye, vyasaba imyaka 457 yose n’imyaka 1843 yose kugira haboneke 2300. Kandi nimba itegeko ritari ryasohotse gushika mu kwezi kw’indwi ko mu mwaka wa 457 imbere ya Kristo, bigishijwe ko ico kiringo kitorangiye ukwezi kw’indwi ko mu 1844 kutaragera. Kubera ko guhimbaza umusi ugira icumi w’ukwezi kw’indwi vyasa n’ivyabaye bigaragaza intango y’ico kiringo, vyarerekanywe neza rero ko ku musi ugira icumi w’ukwezi kw’indwi, nk’uko Abayuda baharura, ni ukuvuga ku wa 22 Gitugutu 1844, imisi 2300 yoheze, igihe co kweza ubuturo bwera kikaba kirashitse. Ibimenyamenya vyose vyakoreshejwe mu kwerekana ko ico kiringo coheze mu 1843 vyari bifise ububasha bungana no mu guharura gushikana ku 1844, bikajana kandi n’ukujijuka ko bari batoye icaboneka nk’inyishu idakekeranywa y’icatumye bagira ugucika intege. Uburyo Abadiventiste batangaje “ugutaka kw’ukuri kwa mu gicugu,” nk’uko kwitwa ico gihe, ntibwokwerekanwa neza kuruta mu gusubiramwo ivyanditswe n’abari bafise uruhara rukomeye muri ico gikorwa ico gihe.

GSAM 161“Nimusohoke Mumusanganire”

GSAM 161.1Mu Gutaka kwo ku wa 3 Gitugutu 1844, harimwo ikiganiro canditswe na George Storrs, gifise umutwe uvuga ngo: “Nimusohoke Mumusanganire,” aho yavuze ati:—

GSAM 161.2“Mfashe ikaramu mfise mu mutima ivyiyumviro ntari bwigere ngira. Mu bwenge bwanje nta nkeka namba ko ku musi ugira icumi w’ukwezi kw’indwi Umwami wacu Yesu Kristo azoboneka mu bicu vyo mw’ijuru. Dusigaje imisi mikeyi ngo ivyo bibe: ni akanya gateye ubwoba ku batiteguye, ariko k’ubwiza ku biteguye.

GSAM 161.3“‘Ehe umukwe araje’ muri uyu mwaka; ‘nimusohoke mumusanganire.’ Ivyacu n’amashengero y’izina gusa be n’abanyakibi bose birarangiye, kiretse aho uku gutaka gushobora kubashikira. Igikorwa cacu ubu ni ugukangura ‘inkumi zajanye amatara yazo, zisohoka gusanganira umukwe.’ Turi hehe ubu? ‘Iyerekwa niriteba, uririndire.’ Iyo si yo nyishu yacu kuva muri Ntwarante canke muri Ndamukiza guheze?—Egome. Habaye iki igihe umukwe yateba?—Za nkumi zose zarahunyije zirongera zirasinzira, si ko biri? Amajambo ya Kristo ntiyataye agaciro; kandi ‘Ivyanditswe ntibishobora kuvuguruzwa.’ Ntaco vyotumarira kwigira nk’abagumye bari maso; twarahunyije, tudakekeranya ivy’ukugaruka kwa Kristo, ariko tudatahura igihe. Twarinjiye mu gihe co kurindira; ntitwari tuzi ‘igihe kingana iki’ azoteba, kandi kuri ico kibazo twarahunyije. Bamwe muri twebwe bavuze basinziriye bati: ‘Ntimukongere gushinga ikindi gihe!’ Uko ni ko twasinziriye. Ubu ingorane ni ukudukangura. Mwami, dufashe, kuko gufashwa n’umuntu ata co kumara. Niwivugire wewe nyene, Mwami. Ese ‘Data’ ubu ‘yomenyesha’ igihe!

GSAM 162Igicugu c’Ubutumwa

GSAM 162.1“Igihe co kurindira kingana iki?—Igice c’umwaka. Mubizi gute?—Ni uko Umwami wacu avuga ngo: ‘mu gicugu,’ igihe umukwe yari agiteba. Iyerekwa ryari iry’‘imigoroba n’ibitondo 2300,’ canke imisi 2300. ‘Umugoroba,’ canke ijoro, ni igice c’umwe muri iyo misi y’ubuhanuzi, rero ni amezi atandatu. Ubwo ni bwo burebure bwose bw’igihe co kurindira. Ugutaka gukomeye kw’ubu kuvuga ivy’igihe kwatanguriye nko hagati muri Mukakaro, kandi kwakwiragiye n’umuvuduko mwinshi n’ububasha bwinshi, guherekejwe n’ukwiyerekana kwa Mpwemu ntari bwigere mbona igihe ugutaka kwavuga ngo: ‘1843.’ Ubu ni koko ngo: ‘Nimusohoke mumusanganire.’ Hariho ugusiga vyose ntari narigeze niyumvira ko kwoboneka. Iyo uku gutaka gufashe umutima, abarimyi basiga amatongo yabo n’ivyimburwa vyayo. Hariho ugutaka gukomeye kujana n’amarira, n’ukwegurira Imana vyose ntari bwigere mbona. Hari ukwizigira uku kuri kutari kwarigeze kwiyumvirwa ku rugero nk’urwo mu gutaka kwa mbere, kandi hari ubuninahazwa butera amarira bugashongesha imitima, burengeye ugutahura kwose kiretse ku babwiyumvisemwo.

GSAM 162.2“Ku bw’ubuntu bw’Imana, ndubahuka gushira vyose kuri uku kuri kw’iki gihe, nkumva ko kwemerera ugukekeranya kuri kwo kwoba ugucumura ku Mana no kwizanira ‘uguhona kwihuta.’ Ndajijutse ko ubu, aho uku gutaka kwatangajwe neza, ‘umuntu wese azorondera gukiza ubugingo bwiwe,’ mu kwemerera iciyumviro ngo: ‘hamwe bitoshika,’ canke mu gutinya kwizigira uku kuri atiziganya, ‘azobutakaza.’ Bisaba ukwizera kumwe kwatumye Aburahamu atanga Isaka, canke Nowa yubaka ubwato, canke Loti ava i Sodomu, canke abana ba Isirayeli bahagarara ijoro ryose biteguriye kuva muri Egiputa, canke Daniyeli yinjira mu rwobo rw’intambwe, canke ba Baheburayo batatu binjira mw’itanure ry’umuriro. Twari twiyumviriye ko tuzokwinjira mu bwami tudashikiwe n’ikigeragezo c’ukwizera nk’ico, ariko ndajijutse ko atari ko bizoba. Uku kuri kwa nyuma kuzana ikigeragezo nk’ico, kandi nta bazokwishimikiza kuri kwo atari abubahuka kwitwa ibipfu, abasazi, canke ikindi cose abo mu gihe ca mbere y’Umwuzure n’ab’i Sodomu, ishengero ry’akazuyazi, canke inkumi zisinziriye, bashaka kubagiriza. Nosubira gutaka nti: ‘Hunga ukize ubugingo bwawe;’ ‘Nturabe inyuma;’ ‘Mwibuke muka Loti.’”

GSAM 163Igitandara Gishashe ca Storrs

GSAM 163.1Mu Gutaka kwa mu Gicugu kwo ku wa 10 Gitugutu 1844, hasohotse aya majambo yanditswe na George Storrs, munsi y’umutwe uvuga ngo: “Iherezo,” ariko Abadiventiste bakaba bayise “Igitandara Gishashe ca Storrs”:—

GSAM 163.2“Tuzokwitegurira gute uwo musi?—Nimwizere ukuri kw’Imana, mukwishimikizeko mutiziganya, mufise ukwizera gukomeye guha Imana icubahiro. Dutegerezwa kugira umutima nk’uwo twogira hamwe twoba tuzi ko tuzopfa kuri uwo musi, tukiyegurira Imana bimwe bishitse kandi tukaba abapfuye ku vy’isi.

GSAM 163.3“Nta bundi buryo nokwerekana neza ico nshaka kuvuga atari ukwiyumvira igitandara kinini gishashe kiri hagati mw’ibahari. Umuganwa w’ubwiza kandi w’ububasha atanga isezerano ko ku gihe yashinze azorungika ubwato bwiza cane bugendeshwa n’umwuka w’amazi abira, bujane mu gihugu c’ubwiza abantu bose azosanga kuri ico gitandara bafise ikimenyamenya c’uko bizeye ijambo ryiwe bimwe bishitse. Benshi barubahuka bakaja kuri ico gitandara. Bamwe, bamaze gushika kuri ico gitandara amahoro, baca umugozi, maze utwato twabo bari baje barimwo tukabavako tugatwarwa n’amazi. Ntibasubira kuturaba, ahubwo bararindira ko bwa bwato bunini bushika. Ntibakekeranya ukuri kw’isezerano, kandi bashira vyose kuri ryo. Abandi baza ngaho biyumvira ko bihagije kuba bari kuri ico gitandara. Ariko bashaka kuba ‘abanyabwenge,’ ntibishire mu kaga gakomeye cane.

GSAM 164.1“‘Bikubere nk’ukwizera kwawe’ vyari vyaramaze gutangazwa imbere y’igihe ubwato bwari bwitezwe. Umusi urashika. Abiyubara kumbure biyumvira guca imigozi y’utwato twabo, bakatureka tugatwarwa n’amazi, nibabona bwa bwato buje. Buraboneka; ariko ubu baratevye cane kugira barekure utwato twabo ata wubibonye. Kandi kwa kwiyubara nyene ubu kwobabwira ko batoreka utwato twabo ngo tugende bataramenya neza ko batihenze kuri ubwo bwato buriko buregereza. Ubu burabegereye cane ku buryo batagishobora guca imigozi ata wubibonye.

GSAM 164.2“Bwa bwato burashika kuri ca gitandara. ‘Ni igiki cerekana ko mwizigiye bimwe bishitse isezerano ry’uko ubu bwato buzoza?’—‘Twaciye imigozi y’utwato twacu, maze utwato dutwarwa n’amazi turagenda, ku buryo tutari tugishobora namba gushika ku nkengera. Twari gupfa iyo ubu bwato butaza, kuko ari igitandara kitigera gicako ubundi bwato na bumwe.’ ‘Ivyo birahagije,’ ni ko umutware w’ubwato avuga n’ijwi rirenga; ‘nimwinjire; ukwizigira nk’ukwo ntikuzomaramara.’

GSAM 164.3“Abari bagumije utwato twabo tuboshe kuri ca gitandara ubu baregerana, bagerageza kwinjira muri bwa bwato bunini. Umutware arababaza ati: ‘Turya twato mbona tuboshe ku bitandara hariya, canke imigozi yatwo yaciwe ari uko ntanguye kuboneka, dusobanura iki?’ Barishura bati: ‘Twiyumviriye ko twokwiyubara, kugira ubwato butaje, tugire ico twosubiramwo ku nkengera.’ ‘None mwari mwateguriye umubiri,’ ni ko umutware avuga n’ijwi rirenga, ‘gutyo mukekeranya amajambo yanje? Bikubere nk’ukwizera kwawe. Ibimenyamenya birabagiriza. Mwari mwiteguriye gusubira inyuma, none mutegerezwa kwimbura ivyamwa vy’ukutizera kwanyu.’ ‘Nuko ntibashoboye kwinjira kubera ukutizera.’ Ese ukuntu ari imimerere iteye ubwoba yo kubura icizigiro!

GSAM 164.4“Nimuce imigozi yanyu ubu, bene Data; nimureke utwato twanyu dutwarwe n’amazi gushika tutakiboneka. Egome, nimwihute imbere y’uko ‘ikimenyetso c’Umwana w’umuntu kiboneka.’ Ico gihe muzoba mwatevye cane. Nimwishimikize isezerano ubu mutiziganya, murishireko vyose. Ewe, umutima wanje urababaye kubera mwebwe; ntimukirirwe murazuyaza; nimusunikire ako kato kure, ahandiho murahonye; kuko ‘umuntu wese azorondera gukiza ubugingo bwiwe azobutakaza,’ uko ni ko Yesu Kristo, Umwami wacu n’Umucamanza wacu, avuga. None nimwihute; ndongeye kubinginga, ewe nimwihute! Nimurekure akato kose ubu mwitezeko gushobora guhungiramwo ku nkengera ‘hamwe bitoshika.’ Iyo ‘hamwe’ izobahonya. Ubu ni co kigeragezo ca nyuma n’ukwoshwa kwa nyuma. Nimukore nk’uko Umwami wacu yakoze igihe yaheruka kwoshwa na wa Murwanizi; yavuze ati: ‘Mva mu maso, Satani.’ Maze wa Murwanizi aramureka, kandi ‘ehe, abamarayika baraza baramukorera.’ Ni ko namwe bizobagendera igihe muzoba mwashikiriye iyo ntsinzi.”

GSAM 165Igikorwa Cihuta c’Ugutaka kwa mu Gicugu

GSAM 165.1Ku bijanye n’umuvuduko, ububasha n’ingaruka vy’ubutumwa bw’“ugutaka kwa mu gicugu,” turaronka iciyumviro c’ukuri mu majambo ya N. Southard, umwanditsi mukuru w’ikinyamakuru twamaze gusubiramwo, ari co Ugutaka kwa mu Gicugu. Mu nomero yo ku wa 31 Gitugutu 1844, avuga ati:—

GSAM 165.2“Mu ntango, igihe cashinzwe neza muri rusangi cararwanijwe; ariko hari ububasha bwasa n’ubudashobora kunanirwa bwaherekeza ukugitangaza, bugatsinda bose imbere yabwo. Bwakwiragiye mu gihugu n’umuvuduko w’igihuhusi c’umuyaga uzunguruka, bushikira imitima mu bibanza bitandukanye kandi biri kure na kure hafi icarimwe, mu buryo budashobora gusigurwa atari ukwemera ko Imana yari muri vyo. Ahantu hose bwatumye abantu bisuzuma mu mitima yabo bimwe vyimbitse cane, bakicisha bugufi imbere y’Ijuru riri hejuru. Bwatumye imitima iheba ugukunda ibintu vyo muri iyi si, uguhazuka n’ukwankana birahera, abantu batura amakosa yabo, bicisha bugufi imbere y’Imana, bayisaba ikigongwe n’uko ibemera, bafise ukwihana n’imitima imenetse. Bwatumye abantu bicisha bugufi kandi bugonda imitima yabo mu buryo tutari bwigere tubona. Nk’uko Imana yategetse iciye kuri Yoweli, igihe umusi uhambaye w’Imana wobaye uri hafi, bwatumye abantu batantamura imitima yabo aho gutantamura impuzu, bagahindukirira Umwami mu kwisonzesha, mu kurira no mu kugandara. Nk’uko Imana yavuze iciye kuri Zekariya, impwemu y’ubuntu no kwinginga yarasutswe ku bana bayo; baravye uwo bacumise, habaho ukugandara gukomeye mu gihugu, umuryango wose ukwawo, n’abagore babo ukwabo. Kandi abari barindiriye Umwami bababaje imitima yabo imbere yiwe.”

GSAM 166Abantu Bakoreweko n’Ububasha Burengeye Ubw’Abantu

GSAM 166.1Yongera kuvuga kuri iryo tangazo ryanyiganyiza imitima ati:—

GSAM 166.2“Kuri twebwe vyasa n’ivyabaye ata ruhara rw’umuntu rurimwo, ku buryo ata kundi twashobora kubibona atari nk’ukuranguka kw’‘ugutaka kwa mu gicugu,’ inyuma y’uguteba kw’umukwe n’uguhunyiza n’ugusinzira vy’inkumi, igihe zose zategerezwa kuvyuka zigatunganya amatara yazo. Kandi igikorwa ca nyuma gisa n’icakozwe; kuko ata gihe cari bwigere kibaho aho imigwi itandukanye y’abiteze ukugaruka kwa Kristo yari yiteguye neza ukuza kw’Umwami nk’uko biri ubu.”

GSAM 166Ugutanga Amatunga yo mw’Isi

GSAM 166.3Mu gihe c’itangazwa ryanyiganyiza imitima ry’inyigisho y’ukugaruka kwa Kristo, benshi baratanze amatunga yabo yo mw’isi, bakoresha ivyo batunze mu gufata mu mugongo abavugabutumwa mu bikorwa vyabo, canke mu gukwiragiza ibinyamakuru n’udupapuro vyacapuwe, canke mu gufasha abakene mu vyo bakeneye. Gutyo baha isi ikimenyamenya kiruta ibindi c’imitima yabo igororotse n’umwete wabo. Ariko abumira ku matunga yabo yo kw’isi ntibagire ikintu kidasanzwe baheba ku bw’igikorwa, ab’isi babona ko batemera vy’ukuri ivyo bavuga ko bizera. Kugira ndabitangire akarorero, ndavuga ibintu bibiri vyabaye, kimwe ku ruhande rumwe, ikindi ku rundi.

GSAM 166Itongo ry’Ibiraya

GSAM 166.4Ica mbere cerekeye umwizera yaba i New Ipswich, N.H., yitwa Hastings. Yari afise itongo rinini ry’ibiraya vyiza cane yasize atimbuye. Ababanyi biwe barahagaritswe umutima na vyo, baza kumubwira ko bokwimba bakabimushirira mu nzu yo kubikamwo iri munsi y’inzu, ata co bamusavye, abibemereye. Bavuze bati: ‘Kuko ushobora kubikenera.’ Umushingantahe Hastings arabishura ati: ‘Oya! Nzoreka iryo tongo ry’ibiraya ryamamaze ukwizera kwanje kw’uko Umwami agira aboneke vuba.’

GSAM 167.1Muri ako gatasi, nk’uko bishobora kumenyekana mu kinyamakuru Inkona c’i Claremont (N.H.), mu Zuba ry’Ukuri ry’i New York, no mu bindi binyamakuru bitandukanye vya bose, ivyimburwa vy’ibiraya vyari hafi kwononekara vyose kubera ‘ukubora kw’ibiraya.’ Nk’uko vyavuzwe mu Zuba: ‘Mbega ukuntu bibabaje kumenya ko ivyimburwa vyose vy’iki kiribwa c’agaciro vyahonye kubera ukubora! Umwanditsi arungikira amakuru ikinyamakuru c’i Philadelphia avuga ko ivyimburwa vy’ibiraya vyo muri iyo leta vyononekaye. Ahantu honyene humvikana imyidogo mike ni i Maine, ariko n’aho nyene ivyimburwa ntivyarokotse iyo ndwara.’

GSAM 167.2Kubera ko muri ako gatasi hatari hakanye cane, kandi ibiraya vy’umushingantahe Hastings bikaguma mw’ivu gushika muri Munyonyo, nta na kimwe caboze. Ni co gituma yagize ibiraya vyinshi bimuhagije we n’ababanyi biwe bari bagize ivyago, ba bandi bari bamwitwararitse cane muri Gitugutu kwari guheze. Mu mpeshi, abo babanyi babwirijwe kumugurako ibiraya vyo gutera, kandi barahimbarwa no kubiriha igiciro ciza. Ico biyumvira ko cari kuba icago gikomeye ku mushingantahe Hastings, Imana yagihinduye umuhezagiro wo muri ubu bugingo, atari kuri we wenyene ariko no ku babanyi biwe.

GSAM 167Yihakanye Ukwizera Kwiwe

GSAM 167.3Ica kabiri cabereye aho nari nsanzwe mba. Cari ic’umunyashengero yavuga vyinshi mu makoraniro ku vy’ukuza kw’Umwami mu gatasi ko mu 1844. Yari umuntu afise amatunga menshi, kandi mu bindi yari atunze, yari afise ingurube nyinshi zari zigeze ku myaka ibereye kugira azigumane gushika mu mpeshi, igihe co kuzigurisha ku isoko. Marume, atigeze yivuga ko ari umunyedini, kandi yakora umwuga wo kugura no kugurisha ibitungwa, yagiye kuri uwo yivuga ko ari Umudiventiste kugira agure ingurube ziwe. Ariko amubwira ko atashaka kuzigurisha, kuko yashaka kuzigumana gushika mu mpeshi ikurikira, kugira azigurishe nk’‘ingurube zo kubandanya zororwa.’ Marume yaje kwa sogokuru, yari umwizera w’Umudiventiste, aravuga ati: ‘Urya muntu ntiyizera ivyo avuga ko yemera.’ Sogokuru aramubaza ati: ‘Kubera iki?’ Marume ati: ‘Ni uko avuga ko Umwami araje kandi ko isi igiye guhera muri aka gatasi, ariko ashaka kugumana ingurube ziwe gushika mu mpeshi ikurikira. Ntaco yokwirirwa arambwira; nta n’ijambo na rimwe muri ivyo yizera.’

GSAM 168Amahera Yatanzwe Igihe Carenganye

GSAM 168.1Hari abantu bagumanye amahera yabo, bakaguma barwana n’umutima wabemeza ko bakwiye kuyakoresha mu guteza imbere igikorwa, gushika igihe co kuyakoresha carenganye. Abo baraje ku bakora igikorwa co gucapura ubutumwa, babinginga n’amarira ngo bemere amahera yabo. Ariko bishurwa bati: ‘Mwatevye cane! Twamaze kuriha ivyacapuwe vyose dushobora gukwiragiza imbere y’iherezo. Twakose imashini nyinshi zicapura zifise moteri, kugira zikore ijoro n’umurango; ntitugikeneye ayandi mahera.’ Uwavyiboneye yaranshingiye intahe ko yabonye abantu bashira ibihumbi vy’amadolari ku meza imbere y’uwasohora Ijwi ry’Ukuri, bakamwinginga bababaye mu mutima ngo ayakire ayakoreshe. Inyishu yabaye iti: ‘Mwatevye cane! Ntitugikeneye amahera yanyu ubu! Ntidushobora kuyakoresha!’ Baca babaza bati: ‘Ntashobora guhabwa abakene?’ Inyishu yabaye ya yindi nyene iti: ‘Twamaze gutunganya ibikenewe vyihuta vy’abo bose dushobora gushikira.’ Abo bantu basubiranye amahera yabo bafise amaganya mu mitima, bavuga ko Imana ibarabiye igitsure kubera ukutizera kwabo n’umwina watumye bimira igikorwa c’Imana amahera igihe yari akenewe kandi yokoreshejwe n’umunezero.

GSAM 168Abacungezi Bagenywe

GSAM 168.2Ingeso n’ingingo ngenderwako vy’abo basiga ivyimburwa vyabo mu matongo bitimbuwe, bakareka amaduka yabo ata muntu arimwo, kugira bakwiragize ivyacapuwe canke baganire kandi basengere hamwe n’abantu bava ku nzu baja ku yindi, nta co vyari bifise vyo kugawa. Abantu ntibakekeranya ko abo bagabo n’abagore bizera ijambo ryose bavuga. Kandi bari baherekejwe n’ububasha bukomeye ku buryo abafise imitima igororotse batashobora kuvuguruza canke kunanira amajambo yabo. Muri ubwo buryo abantu ibihumbi barashikanywe ku kwizera ukuri, barondera imbabazi z’Imana barazironka.

GSAM 169.1Ariko umunyavyaha acokorana n’uwiyita uwizera kandi akunda ivy’isi bafashe ingingo ko ico gikorwa co gukwiragiza ivyanditswe vy’ukugaruka kwa Kristo gitegerezwa guhagarikwa. Bavuze ko abo bantu bafata akarere canke intara yose, bakagenda bava ku nzu baja ku yindi bajanye iyo nyigisho y’ukugaruka kwa Kristo, bakirengagiza ibikorwa vyabo n’imiryango yabo, bategerezwa kuba barataye umutwe, kandi ko rero babwirizwa gushirirwaho abacungezi. Ivyitwa ibimenyamenya vy’uko abo bizera batari bakomeye mu mutwe, ari vyo gukora gusa kugira bagenzi babo bakizwe, ata ntahe y’uko imiryango yabo yabura ivyo ikeneye kubera barahevye ibikorwa vyabo, ntivyari ibimenyamenya bihagije vy’ubusazi. Ni co gituma abantu bake gusa ari bo bashiriweho abacungezi. Uravye ukuntu abaturwanya muri iki gihe bavuga ivyo ata kwitonda, umuntu yokwiyumvira ko vyabaye kenshi. Yamara mu bikorwa vyanje vyose nk’umupasitori w’Umudiventiste, mu kiringo kirenga imyaka 56, nahuye gusa n’abantu babiri b’‘Abamileriti’ bashiriweho abacungezi. Kuvuga muri make ivyabo bishobora kuba bibereye hano.

GSAM 169Yabaye Umucungezi Wiwe Bwite

GSAM 169.2Ica mbere cabereye muri leta ya New York, ku rugendo rw’imayili itagera kuri 30 uvuye aho naba. Umuntu yemeye inyigisho y’ukugaruka kwa Kristo yari atunze ibishika $100,000. Yahaye nk’igice c’ayo matunga umugore wiwe n’abana biwe, batari basangiye na we ukwizera. Ayasigaye yabona ko ari ayiwe, kugira ayakoreshe uko abona bibereye. Kubera ko amwe muri yo yagiye mu gikorwa c’ukugaruka kwa Kristo, abana biwe baravyanse, baja kugisha inama umucamanza, basaba ko se wabo yoshirirwaho umucungezi. Umucamanza amaze kubasigurira ibikorwa n’ububasha umucungezi afise mu gucunga amatunga, yabasavye kuvuga uwo bashaka ko agena. Bamaze umwanya baganira, bafata ingingo ko ata muntu bazi bokwubahuka kwizigira ngo bamushinge ayo matunga, babwira umucamanza ko bahisemwo se wabo ngo abe umucungezi wiwe bwite. Umucamanza ahindukirira wa mugabo, amubwira ati: ‘Mushingantahe _____, abana bawe baguhisemwo nk’umuntu abereye gucunga amatunga yawe bwite. Ivyawe bigumye uko vyari biri imbere y’uko uzanwa mu rubanza.’3

GSAM 170Ibintu Biteye Agatwengo

GSAM 170.1Ikindi cari icerekeye Stockbridge Howland, w’i Topsham, Me. Yari umwe mu bahinga beza kuruta abandi muri ako karere kose, akaba yari umuhinga karuhariwe mu kwubaka insyo n’ibiraro. Muri uwo mugwi w’‘ugutaka kwa mu gicugu,’ umushingantahe Howland yagendera kw’ifarasi mu turere twinshi, akwiragiza ibinyamakuru n’udupapuro vy’ukugaruka kwa Kristo, ava ku nzu aja ku yindi. Ivyo vyarababaza cane abamurwanya n’abamucokora, bidoga bavuga ko mu gukwiragiza utwo dupapuro yirengagiza ibikorwa vyiwe. Baciye rero barondera ubwo nyene ko ashirirwaho umucungezi. Uwo na we yasanze afise vyinshi vyo gukora kuruta uko yari yiteze, kuko umushingantahe Howland yamurungikira abatozakori bose, mbere n’umuntu wese yaza afise ivyo yishuza. Yavuga ati: ‘Kuko babona ko ntashoboye gukora igikorwa na kimwe.’ Gatoyi inyuma y’aho, intara yashatse kwubaka ikiraro hejuru y’uruzi Kennebec, ikiraro coshobora kugumaho mu gihe c’imyuzure yo mu mpeshi, gihanganye n’amazi yiruka ashaka gusenya n’ibibarafu bireremba. Abategetsi b’intara n’abakuru b’igisagara bafashe ingingo ko Stockbridge Howland ari we muntu abereye ico gikorwa. Baje bamuzaniye ido n’ido ry’ibisabwa n’amasezerano yo kwubaka ico kiraro, ababwira abashinyagurira ati: ‘Bashingantahe, muraza kuja ku mucungezi wanje. Murazi ko babona ko ntashoboye kwitwararika ibikorwa vyanje bwite, none muje kunsaba kwubaka ikiraro!’ Ivyo vyari biteye agatwengo birenze ku bantu biyumvira neza, maze ubwo bucungezi burahera bukwi na bukwi. Reka mvuge gusa ko abamuhama mu nyuma bemeye bicishije bugufi cane ko bari baramugiriye ibirenganya ata mpamvu.

Notes

  1. Matayo 25:6, 7. ↩
  2. Raba Daniyeli 9:25; Ezira 7:21-26; 9:9; Nehemiya 1:3; 2:12-17. ↩
  3. Naho nzi neza uwo muntu n’ivyabaye, sindemerewe gutanga izina ryiwe. ↩

Note

Back