Adventist Pioneer
Library
aplib.orgLibrary
Table of Contents
20 / 31
20 / 31

Igice ca 17 — Ukuri Gutera Imbere mu Ngorane

John Norton Loughborough

GSAM 265.1“Nk’uko umwungere arondera ubusho bwiwe ku musi aba ari hagati y’intama ziwe zasanzaye, ni ko nanje nzorondera intama zanje, ndazikure ahantu hose zasanzarijwe ku musi w’ibicu n’umwiza.”1

GSAM 265.2Abari bamaze kwemera ubutumwa bw’umumarayika wa gatatu gushika ico gihe (1847) bari abakene mu vy’iyi si, ni co gituma ata mahera menshi bashobora gutanga kugira ngo ubutumwa bukwiragire. Umukuru White n’umugore wiwe, hamwe n’Umukuru Bates, barabonye akamaro ko kuja gukorera hagati ya bene Data bari basanzaye, n’uko vyari bikenewe gutegura ivyanditswe vyo gushira mu maboko y’abantu kugira ngo bibafashe kumenya ukuri. Agatabu Umukuru Bates yari yanditse ku vyerekeye Isabato karamufashije cane kwigisha ico kibazo, igihe yaja mu bibanza bitandukanye, no mu kukarungikira abantu biciye mw’iposita. Yakorana umwete n’ukwihangana bihebuje.

GSAM 265Ukwitanga kwa Mushiki wacu Akiri Muto ku bw’Ukuri

GSAM 265.3Igihe kimwe, kubera ko atari afise amahera yo kuriha urugendo, yagira afate inzira n’amaguru ava muri Massachusetts aja muri New Hampshire. Muri ako kanya nyene, yaronse ikete ryavuye kuri Mushiki wacu akiri muto yari yemeye gukora ibikorwa vyo mu nzu ahembwa $1 ku ndwi kugira ngo aronke ico afashisha igikorwa. Amaze gukora indwi imwe, yiyumvisemwo cane ko Umukuru Bates yari akeneye amahera, aca aja ku wo yakorera amusaba kumuhemba imbere y’igihe, kugira ngo ashobore kumurungikira ubwo nyene $5. Ayo mahera ni yo yamurihiye urugendo aja muri New Hampshire, akoresheje uburyo rusangi bwo kwunguruza abantu. Mu bibanza vyose yagiyemwo yagize amakoraniro meza, kandi abantu benshi baremeye ukuri.

GSAM 266Gushinga Urugo n’Ibikoresho Bitijwe

GSAM 266.1Kugira ngo twerekane umutima wo kwitanga waranga abatanguriye abandi muri ubu butumwa, turandika ibi bikurikira mu vyo Madamu White yavuze ku kuntu bari babayeho mu gihe c’imbeho co mu 1847-48. Ico gihe baba mu vyumba vyo mu nzu yagutse ya S. Howland i Topsham, Maine, aho bashinze urugo bakoresheje ibikoresho batijwe:—

GSAM 266.2“Twari abakene, kandi twaraciye mu bihe bigoye cane. Umugabo wanje yakora igikorwa co gukwega amabuye kw’ibarabara ry’indarayi, bikamumarira urukoba ku ntoke, amaraso agaseseka ahantu henshi. Twari twiyemeje kutabeshwaho n’abandi, ahubwo tukibeshaho kandi tukaronka ico dufashisha abandi. Ariko ntitwatera imbere. Umugabo wanje yarakora cane, ariko ntiyashobora kuronka umushahara yari akwiye guhabwa ku gikorwa ciwe.

GSAM 266Umukuru White Asatura Inkwi

GSAM 266.3“Umugabo wanje yarahevye igikorwa co kw’ibarabara ry’indarayi, afata ishoka yiwe aja mw’ishamba gusatura inkwi zo kugurisha. Naho yaguma ababara mu rubavu, yakora kuva mu gitondo kare gushika bwije kugira ngo aronke nk’amasenti mirongo itanu ku musi. Ububabare bukomeye bwamubuza gusinzira mw’ijoro. Bidatevye, twaronse amakete ya bene Data bo mu ntara zitandukanye badutumira ngo tuje kubagendera. Ariko kubera ko tutari dufise amahera yo kudushikana hanze y’intara twarimwo, twabishuye ko inzira itari bwatwugurukire.

GSAM 266.4“Twaronse ikete rya Mwene Data Chamberlain wo muri Connecticut, aduhimiriza kwitaba inama muri iyo ntara. Twafashe ingingo yo kujayo turonse amahera. Umugabo wanje yaraharuranye n’uwo yakorera, asanga yari amusigayemwo amadolari cumi. Igice c’ayo mahera naguze impuzu twari dukeneye cane, maze nshona ibiremo kw’ikoti rinini ry’umugabo wanje, mbere nshona ibindi biremo ku vya mbere, ku buryo bitari vyoroshe gutandukanya igitambara ca mbere n’ibiremo ku maboko y’iryo koti. Twasigaranye amadolari atanu yo kudushikana i Dorchester, muri Massachusetts. Isandugu yacu yarimwo hafi ivyo twari dutunze vyose kw’isi. Ariko twari dufise amahoro mu mitima n’imitima itatwagiriza ikibi, kandi ivyo twabiha agaciro kuruta ukuba tuguwe neza mu vy’isi.

GSAM 267.1“Twaraciye ku nzu ya Mwene Data Nichols, kandi imbere y’uko tuvayo, Mushiki wacu Nichols yahaye umugabo wanje amadolari atanu, aturihira urugendo rushika i Middletown, muri Connecticut. Twari abashitsi muri ico gisagara, kandi ntitwari bwigere tubona n’umwe muri bene Data bo muri iyo ntara. Twari dusigaranye amasenti mirongo itanu gusa. Umugabo wanje ntiyubahutse kuyakoresha mu kuriha umukogote, aca aterera isandugu ku kirundo c’imbaho, natwe turagenda n’amaguru turondera umuntu dusangiye ukwizera. Bidatevye twarabonye Mwene Data Chamberlain, aca atujana iwe.”

GSAM 267Inama i Rocky Hill, muri Connecticut

GSAM 267.2Iyo nama yabereye i Rocky Hill, bakoranira mu cumba kinini kitari bwahera kwubakwa mu nzu ya Mwene Data Belden. Aya majambo akurikira, yakuwe mw’ikete Umukuru White yandikiye S. Howland, aratanga amakuru amwe ashimishije yerekeye iryo koraniro:—

GSAM 267.3“Ku wa 20 Ndamukiza [1848], Mwene Data Belden yarungitse umukogote wiwe i Middletown kutuzana hamwe na bene Data bari basanzaye muri ico gisagara. Twashitse iwe [Rocky Hill] nk’isaha icumi zo ku muhingamo, kandi haciye iminuta mikeyi bene Data Bates na Gurney na bo barashika. Muri uwo mugoroba twagize ikoraniro ry’abantu nka cumi na batanu. Ku wa gatanu mu gitondo bene Data bagumye baza gushika tubaye nka mirongo itanu. Si bose bari bamaze kwemera ukuri kwose. Ikoraniro ryacu ryo kuri uwo musi ryarashimishije cane. Mwene Data Bates yarasiguye amabwirizwa mu buryo butomoye, maze intahe zikomeye zishimangira mu mitima akamaro kayo. Ijambo ryarakomeje abari basanzwe mu kuri, rirakangura n’abatari bwafate ingingo rwose.”2

GSAM 267Batumirwa mu Karere ka Oswego, muri New York

GSAM 267.4Kubera ko agatabu k’Umukuru Bates kakwiragijwe mu Badiventiste, abantu bo mu zindi ntara batanguye kwitondera Isabato. Hiram Edson wo muri Port Gibson, muri New York, yaranditse atumira Umukuru White na Madamu White hamwe n’abandi, ngo bitabe inama y’abitondera Isabato i Volney, mu karere ka Oswego, muri Myandagaro 1848. Yavuze ko bene Data muri rusangi bari abakene, kandi ko atashobora gusezerana yuko bazofasha cane mu kuriha ivyogendeye kuri urwo rugendo. Umukuru White yari yaronse $40 ku gikorwa yari yakoze mu murima wo kwimburamwo ubwatsi bwumishwa. Igice c’ayo mahera cakoreshejwe mu kugura impuzu bari bakeneye cane, ayasigaye arabarihira kuja i Volney no kugaruka.

GSAM 268.1Iyo nama yo mu burengero bwa New York yabereye mu nzu Bwana Arnold yabikamwo imikogote. Hari abantu nka mirongo itatu na batanu, akaba ari bo bose bashoboye gukoranira muri ako gace k’intara; ariko vyari bigoye kuronka mbere babiri bahuza ivyiyumviro. Umwe wese yagumya ivyiwe ashimitse, avuga ko bihuje na Bibiliya. Bose bashaka gushikiriza ivyiyumviro vyabo no kubivuga mu nsiguro. Babwiwe ko Umukuru White n’umugore wiwe bataje bavuye kure cane gutyo kugira ngo babumvirize, ahubwo ko baje kubigisha ukuri. Bwana Arnold yemera ko imyaka igihumbi yo mu Vyahishuriwe Yohana 20 yari yararangiye, kandi ko abantu ibihumbi ijana na mirongo ine na bine bavugwa mu Vyahishuriwe Yohana ari abazutse igihe Kristo yazuka.

GSAM 268Bwana Arnold Arwanya Imigenzo Yategetswe

GSAM 268.2Igihe ibimenyetso vyerekana urupfu rw’Umwami wacu vyari biri imbere y’iryo koraniro, kandi bagira bibuke imibabaro yiwe, Bwana Arnold yarahagurutse avuga ko atemera ivyo bagira bakore: ko Ingaburo y’Umwami yari ukubandanya Pasika, ikwiye guhimbazwa rimwe gusa mu mwaka.

GSAM 268.3Ukwo kudahuza ivyiyumviro kudasanzwe kwararemereye cane Madamu White. Yari azi neza ko Bwana Arnold yari mu makosa, maze intuntu ikomeye iramuremera ku mutima, kuko yabona ko Imana iriko irasuzugurwa. Bamwe baratinye ko agira apfe; ariko Abakuru Bates, White, Chamberlain, Gurney na Edson baramusengera, maze Umwami, mu mbabazi ziwe, yumva amasengesho y’abasavyi biwe, na we aragarura agatege. Umuco uvuye mw’ijuru wamurasiyeko, maze bidatevye ntiyaba akimenya ivy’isi. Akiri muri iyo mimerere, yeretswe amwe mu makosa y’abari aho, yerekwa n’ukuri kunyuranye n’ayo makosa. Vyerekanye ko ivyo vyiyumviro bidahuye bavuga ko bihuje na Bibiliya vyari bihuje gusa n’ukuntu ubwabo batahura Bibiliya, kandi ko bategerezwa guheba amakosa yabo bakunga ubumwe ku butumwa bw’umumarayika wa gatatu. Ikoraniro ryarangiye mu buryo bwiza cane; ukuri kwaranesheje. Abari bafise ivyo vyiyumviro bitandukanye bidasanzwe baremeye amakosa yabo, bunga ubumwe ku kuri kw’iki gihe kw’ubutumwa bw’umumarayika wa gatatu, maze Imana irabahezagira cane.

GSAM 269Iyerekwa Ryaranzwe no Gukoresha Bibiliya mu Buryo Butangaje

GSAM 269.1Iyi nkuru ikurikira yerekeye iryo koraniro yavuzwe na Bwana Alexander Ross ku wa 4 Nzero 1884. Yari umwe muri abo bantu mirongo itatu na batanu bari muri iryo koraniro rito. Yavuze ati:—

GSAM 269.2“Mushiki wacu White, ari mw’iyerekwa, yarahagurutse afata Bibiliya y’urugo mu kuboko kwiwe kw’ibubamfu; cari igitabu gifise ubunini busanzwe. Yayigumiza yuguruye, ayishize hejuru, atayiraba, maze akoresheje ukuboko kwiwe kw’iburyo akava ku murongo aja ku wundi, agashira urutoke ku canditswe, akavuga amagambo yaco. Nararavye imirongo myinshi kugira ngo menye ko yavuga uwo yariko arerekanako urutoke. Jewe canke bamwe mu bari aho twararavye iyo mirongo yose. Igihe cose yavuga uwo murongo yashirako urutoke, kandi akabigira amaso yiwe araba hejuru no mu rundi ruhande rudahanye na Bibiliya. Ivyo vyanditswe yavuga ni vyo vyasenyuye inyigisho z’ikinyoma z’abitondera Isabato bari bakoraniye i Volney muri Myandagaro 1848, bituma twunga ubumwe ku kuri.”

GSAM 269.3Ni ukuri, umuntu atari guheba ikosa ry’inyigisho ryakosowe muri ubwo buryo, hakoreshejwe imirongo itomoye yo muri Bibiliya yavuzwe mu buryo butangaje gutyo, yari kuba umuntu agoye kujijura. Uwo mugwi w’abitondera Isabato bo mu karere ka Oswego, bamaze gukosorwa amakosa yabo muri ubwo buryo no kwunga ubumwe ku kuri, bavuye muri iryo koraniro baja gukwiragiza umuco ku bandi. Ivyo vyavuyemwo vyarerekanye neza ko cari igikorwa c’Imana. Shetani yama yiteguriye gucanishamwo, guhagarika imitima no gusanzaza, akoresheje uburyo bwose ashoboye. “Imana si yo izana umuvurungano, ariko izana amahoro, nk’uko biri mu mashengero yose y’abera.”3

GSAM 270Ugukira Indwara ku bw’Ibitangaza

GSAM 270.1Inyuma y’iyo nama duhejeje kuvuga, harabaye amakoraniro mu karere ka Madison, i Port Gibson, i Port Byron no mu gisagara ca New York. Hanyuma y’ayo, habaye ikoraniro rusangi muri Connecticut. Muri bimwe muri ivyo bibanza, Umwami yaregereye cane abasavyi biwe, maze ububasha bwo gukiza bw’Umuvuzi Mukuru buza ku barwaye, mu kwishura amasengesho asenganywe umwete n’abantu biwe, igihe bakurikiza ibwirizwa ryatanzwe mw’Ikete rya Yakobo.4 Mbere n’abantu abaganga bari bavuze ko batagishobora gukira barakize indwara zabo. Ibintu nk’ivyo vyarashitse kenshi mu bihe bitandukanye kuva mu 1845.

GSAM 270Abatanguriye Abandi Barihanganira Amagorwa

GSAM 270.2Umukuru White, mu kinyamakuru Review and Herald co ku wa 5 Ruhuhuma 1880, yavuze kuri iyo misi yo mu ntango ati:—

GSAM 270.3“Mu bikorwa vyacu vya mbere, twarashonje kubera kubura ivyo kurya bibereye, turicwa n’imbeho kubera kubura impuzu zibereye. Twariyima mbere n’ibikenewe mu buzima kugira ngo tuziganye amahera yo gufasha igikorwa c’Imana. Muri ico gihe nyene, twariruha birenze urugero kugira ngo dushitse ibikorwa vyinshi cane vyasa n’ibikenewe gukorwa mu kwandika, gutunganya ivyandikwa ngo bisohorwe, kugira ingendo no kwamamaza tuva mu ntara tuja mu yindi.”

GSAM 270.4Umwaka wa 1848 wabaye uwo kwibukwa mu nkuru y’ukugaruka kwa Kristo, no mu vya politike. Ukuri kw’ubutumwa bw’umumarayika wa gatatu kwari kwamaze gutomorwa neza, kandi inzira zariko ziruguruka mu mihingo itandukanye kugira ngo igikorwa gitere imbere. Muri ico gihe, ivyaba mu vyerekeye ingeso z’abantu no mu vya politike vyariko bifata ishusho yoshoboye gusubira gukangura abitwararika kwiga ubuhanuzi. Uretse umuvurungano ukomeye wari mu mahanga yo mu gice ca kera c’isi, i Hydesville, mu karere ka Wayne, muri New York, hatanguye ibimenyetso vy’inyigisho yo kuvugana n’imizimu yo muri iki gihe. Abiga Bibiliya bavuze ko ivyo bitegerezwa kuba ari ‘impwemu z’abadayimoni, zigiye gukoraniriza amahanga yo kw’isi ku ntambara yo ku musi w’Umwami.’

GSAM 271Umuvurungano mu Mahanga mu 1848

GSAM 271.1Ku wa 21 Ruhuhuma 1848, igihe abanyacubahiro bo ku kirimba ca Louis Phillippe w’Ubufaransa bari bamukikije, yavuze ati: ‘Sinari bwigere nicara ku ntebe y’ubwami nshikamye nk’uko ndi muri iri joro.’ Ku kagoroba k’umusi wakurikiye, yambaye ikoti rigufi ry’abasare, yiyoberanije nk’umutwazi w’umukogote utwara abantu ku mahera, yarahungiye hanze y’impome z’igisagara ca Paris, arondera aho yokwikiza. Bavuga ko ico gihinduka gikomeye kandi citse giturumbuka catewe n’ingingo imwe yari yafashe ishigikira papa mu kunyaga ubutegetsi, ivyo bikaba vyarababaje abo yatwara n’abasoda biwe. Kuri uwo musi yari yahejeje kugenzura mu birori bikomeye ingabo z’Abafaransa mu gisagara ca Paris. Bamaze gutereka ibirwanisho vyabo mu migwi, yaciye asubira ku kirimba. Ubwo nyene, agahungu gato karasimbira ku muzinga, kazungagiza ibendera ry’amabara atatu, gasemerera kati: ‘PAPA NAVEHO! PAPA NAVEHO!!’ Abasoda na bo baca barasubiramwo ako kamo, gakwiragira ningoga mu mirongo yabo yose, karushiriza gukomera uko gakwiragira, gushika aho bagafatanije n’akandi kavuga kati: ‘N’UMWAMI NAVEHO!’ Mu masaha makeyi, Paris yose yari yuzuye umuvurungano ukomeye. Abasoda, bafise inkoho mu maboko, bari kumwe n’isinzi ry’abantu, birukira ku kirimba c’umwami. Uwo na we, amaze kubwirwa ivy’uwo muvurungano, yaciye yihutira guhunga yiyoberanije.

GSAM 271Amahanga yari muri urwo rugamba

GSAM 271.2Imivurungano n’umudugararo vyo mu Bufaransa vyarakwiragiye ningoga mu bindi bihugu. Prusse, Hanovre, Sardaigne, Sicile, Naples, Venise, Lombardie, Toscane na Roma vyarafashwe n’uwo mutima nyene wo kugumuka. Mu mezi atatu Uburaya bwose bwari bwadurumbanye, inganji n’ubwami birenga mirongo itatu biri mu muvurungano mwinshi cane. Intebe z’ubwami zaraturirirwa mu mabarabara, abami n’abami b’abami bagahunga bakinyegeza kubera gutinya kwicwa. Abanyapolitike bavuga ko intwaro zo kw’isi hose zari zigiye gukurwaho n’umugumuko rusangi.

GSAM 272.1Abapasitori benshi b’Abadiventiste bari batarumva ubutumwa bw’umumarayika wa gatatu barabonye uwo muvurungano, bibaza ko utegerezwa kuba ari ugukoranira hamwe kw’amahanga ku bw’“intambara yo ku musi uhambaye w’Imana Ishobora vyose.”5

GSAM 272Ubutumwa bwo gushirwako ikimenyetso bumenyekana

GSAM 272.2Muri ico gihe nyene Abadiventiste b’umusi w’indwi bariko baramenya biciye mu Vyanditswe ko Isabato yo mw’ibwirizwa rya kane ari ikimenyetso, ni ukuvuga ikimenyetso c’Imana nzima, kandi ko igihe cari gishitse co kwamamaza ubutumwa bwo gushirwako ikimenyetso buvugwa mu Vyahishuriwe Yohana 7:1-4; bariko bararondera uburyo n’inzira zo gushikana ubwo butumwa ku bantu. Mu gihe abitondera umusi w’indwi bariko baritegurira ico gikorwa, Abadiventiste b’umusi wa mbere w’indwi bavuga bati: “Muje muracerewe n’ubutumwa bwanyu bwo gushirwako ikimenyetso, kuko intambara yo ku musi uhambaye n’ukuza kw’Umwami ubwiwe biri hafi cane.”

GSAM 272Umuvurungano uturura bukwi na bukwi

GSAM 272.3Haciye nk’amezi atatu, imigumuko yo mu mahanga yaraturuye; ariko ntivyatewe n’uko ibibazo vyabababaza vyari vyatorewe umuti, ahubwo vyabaye mu buryo n’abanditsi b’ibinyamakuru batashobora gusigura. Ku vyerekeye izo ngorane, Horace Greeley yanditse mu kinyamakuru New York Tribune ati: “Twese twaratangaye cane twibaza icatumye uwo muvurungano waduka bukwi na bukwi mu mahanga; ariko turacatangazwa kuruta n’icawuhagaritse.”

GSAM 272Umusenateri Choate avuga uko ibintu vyari vyifashe mw’Isi ya Kera

GSAM 272.4Dushitse mu 1851, dusanga Umusenateri Choate, mw’ijambo yashikirije Inama Nshingamateka ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yaravuze uko ibintu vyari vyifashe mw’Isi ya Kera, ati:

GSAM 272.4“Muratahura neza uko iyo mimerere n’iyo shusho bimeze, ibisa n’ibitwikiriwe n’ibitutu, ibicu n’umwiza; ingene ata kintu na kimwe kiratekana. Jewe nabona umenga uburenganzira bw’abami, uburenganzira bw’abantu, n’inzigo zimaze imyaka igihumbi zegeranijwe vyari bigiye gukura inkota mu rwubati ngo bitane mu mitwe, amaraso atembe, nk’uko vyerekanwa mw’iyerekwa ryo mu Vyahishuriwe Yohana, ‘ashike ku mikoba yo mu kanwa k’amafarasi’; intambara izomara ihanga ryose ry’abantu; aho inzogera nini y’igihe izovugiriza irindi saha; aho ikibano ubwaco kizogeragereshwa umuriro n’icuma, kugira ngo bimenyekane nimba gikomoka ku vyaremwe no ku Mana yabiremye canke atari ko biri.”

GSAM 273“Intahe” yo ku wa 18 Munyonyo 1848

GSAM 273.1Mu gihe abavuga ko uwo muvurungano wo mu mahanga wo mu 1848 wari ugiye gutanguza ukuza kw’Umwami bacitse intege bababaye cane, vyagenze gute ku Badiventiste b’umusi w’indwi bavuga ko igihe cari gishitse co kwereka abantu “ikimenyetso c’Imana nzima”? Mu kwishura, turasubiramwo amajambo yo mu gatabu kasohowe n’Umukuru Joseph Bates mu kwezi kwa Nzero 1849. Avuga ivyabaye ku wa 18 Munyonyo 1848, ati:—

GSAM 273.2“Umugwi mutoyi wa bene Data na bashiki bacu wari wakoraniye mw’ikoraniro i Dorchester, hafi ya Boston, Mass. Imbere y’uko ikoraniro ritangura, bamwe muri twebwe bariko barihweza ingingo zimwezimwe zo mu butumwa bwo gushirwako ikimenyetso; hariho ukutumvikana ku vyerekeye nimba insiguro y’ijambo ‘aduga’ yari yo, n’ibindi. Kubera ko mu nama yari iherutse kubera i Topsham [Maine] twari twasenze ku vyerekeye ugusohora ubwo butumwa, kandi inzira yo kubusohora ikaba itari bwatomoke neza, twaciye duhuriza hamwe ingingo yo kubishira vyose mu maboko y’Imana. Tumaze umwanya dusenga dushimitse dusaba umuco n’inyigisho, Imana yahaye Mushiki wacu White ibi bikurikira mw’iyerekwa.”

GSAM 273.2Turasubiramwo amajambo yavugiye muri iryo yerekwa uko yayavuze:—

GSAM 274Amajambo yavuzwe mw’iyerekwa

GSAM 274.1“Umuco wadukiye he? Umumarayika wawe natwigishe aho umuco wadukiye. Watanguye ari mutoyi, igihe watanga umuco umwe hanyuma uwundi. Intahe n’amabwirizwa birafatanije, ntibishobora gutandukanywa; ikiza ubwa mbere ni amabwirizwa cumi y’Imana. Yarahimbawe cane igihe ivyagezwe vyiwe vyatangura gushirwa hejuru n’ububasha, n’ahari harabaye amatongo hagatangura kwubakwa. Kuva ku ntege nke, ukwo kuri kwarakomeye biciye mu gutohoza ijambo ryiwe. Ikigeragezo kijanye na kwo kimaze igihe gito gusa. Ni ca kimenyetso! Kiriko kiraduga! Kiraduga, gitanguriye aho izuba rirasira. Nk’izuba, ribanza kuba ridashushe, rigenda rirashuha, rikarungika imishwarara yaryo. Igihe ukwo kuri kwaduka, kwari gufise umuco muke gusa, ariko wagiye uriyongera. Ewe ububasha bw’iyo mishwarara! Buriko burakomera. Ukwo kuri ni kwo gufise uburemere n’umuco biruta ibindi vyose, kuko kwamaho ibihe bidashira, n’igihe Bibiliya itazoba igikenewe. Kwaduye hariya mu buseruko; kwatanguranye umuco mutoyi, ariko imishwarara yakwo irakiza. Ewe ukuntu ukwo kuri gufise ububasha; ni kwo kuri hejuru y’ibindi iyo bamaze kwinjira mu gihugu ciza, ariko kuzogenda kuriyongera gushika bahinduwe abadapfa. Kwatanguriye aho izuba rirasira, kubandanya urugendo rwakwo nk’izuba, ariko ntikuzokwigera kurenga.

GSAM 274.2“Abamarayika bafashe imiyaga ine. Imana ni yo izibira ububasha. Abamarayika ntibarayirekura, kuko atari abera bose bamaze gushirwako ikimenyetso. Mikayeli niyahaguruka, ayo marushwa azoba ari mw’isi yose. Erega, iyo miyaga yiteguriye guhuhuta. Irabujijwe kuko abera batarashirwako ikimenyetso. Ego, sohora ivyo wabonye n’ivyo wumvise, kandi umuhezagiro w’Imana uzobiherekeza. Nimurabe! Ukwo kuduga gufise ububasha, kandi kurushiriza gukayangana.”6

GSAM 274.3Amaze kuva muri iryo yerekwa, Madamu White yabwiye umugabo wiwe ati:

GSAM 274.3“Ndafise ubutumwa nkuzaniye. Utegerezwa gutangura gucapura akanyamakuru gatoyi ukakarungikira abantu. Mu ntango kabe gatoyi; ariko uko abantu bazogenda baragasoma bazokurungikira uburyo bwo gucapura, kandi bizogenda neza kuva mu ntango. Neretswe ko kuva kuri iyo ntango ntoyi hazovamwo nk’inzuzi z’umuco zikikiza isi yose.”

GSAM 275Ivyasa n’ibidashoboka mu maso y’abantu

GSAM 275.1Ivyo vyavuzwe mu 1848 ku vyerekeye itangura n’ikwiragira ry’ukuri kw’Isabato. Iyo umuntu araba uko ibintu vyari vyifashe ico gihe mu maso y’abantu, ubwenge bwovuze buti: “Ivyo vyavuzwe ntibishobora kwigera biranguka.” Haciye igihe gito bivuzwe, umugabo umwe yabwiye umwe mu bakozi bacu ati: “Bizobasaba imyaka 144,000 kugira ngo mukore ivyo mwiyumvira.” Baravuga bati: “Ngo iki! Abamamaji batatu—Umukuru White n’umugore wiwe, hamwe n’Umukuru Bates—bose ata n’ifaranga bafise, bari kumwe n’abayoboke badashika ijana, na bo nyene bose batagira amahera, bagiye gutwara ubutumwa bwo kuburira isi yose, bafise gusa amakopi amajana makeyi y’agatabu k’impapuro mirongo umunani kavuga ku kibazo c’Isabato! Mbega ukwiyumvira ibintu bidashoboka!” Mu gihe abiyumvira gutyo bavuga bati: “Ntibishoboka!”, ukwizera ubutumwa n’intahe yemeza ko igikorwa kizogenda neza vyavuga biti: “Mw’izina ry’Imana ya Isirayeli bizokorwa! Kandi mu kwizigira inkomezi zayo bitegerezwa gukorwa!”

GSAM 275Ingene ikinyamakuru ca mbere c’Abadiventiste b’umusi w’indwi cacapuwe

GSAM 275.2Kuva igihe intahe yashikirizwa ku vyerekeye igikorwa co gusohora ibitabu, abitondera umusi w’indwi barasenze kenshi basaba ko Umwami yokwugurura inzira kugira ngo “akanyamakuru gatoyi” gacapurwe. Icabura cane yari amahera yo gusohora inomero ya mbere. Mu kwezi kwa Ruheshi 1849, Umukuru White yaronse akaryo ko gukata ivyatsi vyo mu bwoko bwa timoti ku maekere mirongo ine, akoresheje umuhoro wo gukata ivyatsi, agahembwa amasenti mirongo irindwi n’atanu kw’iekere; gutyo araronka uburyo bwo gusohora inomero ya mbere y’ako kanyamakuru gatoyi. Birabereye ko aha dushiramwo ishusho y’urupapuro rwa mbere rw’ako kanyamakuru, uko rwari rumeze. Mu nkingi ya mbere, umusomyi azobona amajambo y’Umukuru White, aho avuga ati: “Inzira yo gutangura igikorwa ntiyari bwuguruke gushika ubu.” Kandi murashobora kubona ko ukwitanga kwiwe ari kwo “kwuguruye inzira.”

GSAM 276Inkuru ya Madamu White ku binyamakuru vya mbere

GSAM 276.1Madamu White avuga ivy’intango y’igikorwa co gusohora ibitabu ati:—

GSAM 276.2“Umugabo wanje yatanguye gusohora akanyamakuru gatoyi i Middletown, ku rugendo rw’amamayili umunani uvuye i Rocky Hill, Conn., kandi kenshi yaragenda n’amaguru akongera akagaruka urwo rugendo, naho ico gihe yacumbagira. Igihe yazana inomero ya mbere avuye mu nzu y’icapuriro, twese twarapfukamye tuyikikuje, dusaba Umwami n’imitima yicishije bugufi n’amosozi menshi ngo ashire umuhezagiro wiwe ku twigoro tw’intege nke tw’umusavyi wiwe. Yaciye yandika ku tunyamakuru amazina n’aho abantu bose yiyumvira ko bodusomye baba, adutwara ku biro vy’amakete mw’isakoshi ikozwe mu gitambara c’itapi. Inomero yose yavanwa i Middletown ikajanwa i Rocky Hill, kandi imisi yose imbere yo gutegura utunyamakuru two kujana ku biro vy’amakete, baradusanza imbere y’Umwami, bagasenga Imana bashimitse, n’amosozi, ngo umuhezagiro wayo uherekeze izo ntumwa zicecekeye. Bidatevye, amakete yaratanguye kuza azana uburyo bwo gusohora akanyamakuru, hamwe n’inkuru nziza z’abantu benshi bakira ukuri.”7

GSAM 276Ivyari vyavuzwe ku mfashanyo y’ikinyamakuru biranguka

GSAM 276.3Dushikiriza uru rupapuro rwa mbere rw’ikinyamakuru ca mbere casohowe n’Abadiventiste b’umusi w’indwi dufise inyiyumvo ziruta ukwipfuza kumenya gusa. Umuzingo wose w’Ukuri kw’iki gihe wari ugizwe n’inomero cumi n’imwe, imwe yose ifise impapuro umunani, urupapuro rumwe rwose rufise inkingi zibiri. Igice canditseko ku rupapuro capima inshi zine n’ibice bitanu vy’umunani kuri inshi umunani. Inomero ya 1 n’iya 4 zacapuwe muri Mukakaro, Myandagaro na Nyakanga, i Middletown, Conn. Inomero ya 5 gushika ku ya 9 zacapuwe i Oswego, N.Y., kandi zanditsweko amatariki yo muri Kigarama 1849, Ntwarante, Ndamukiza na Rusama 1850. Inomero ya 11 yanditsweko Munyonyo 1850, kandi yacapuwe i Paris, Maine. Mu nomero ya 6, Umukuru White yavuze ati: “Mu gihe twasohora inomero zine za mbere, haje amahera arenga ayakenewe yo kuriha icapurwa ry’utunyamakuru. Yarakoreshejwe mu kuriha ingendo zacu zo kuja mu makoraniro twitavye.” Mu mwaka wa 1849, biciye ku gikorwa c’utwo tunyamakuru n’ibikorwa vy’Umukuru Bates yari mu batangurije abandi, abantu benshi barakiriye ubutumwa muri Vermont, Michigan no mu zindi ntara.

GSAM 278.1Tumaze kuraba uko igikorwa casa n’ikitagira icizigiro mu 1848, tugira twihweze ibintu bimwebimwe uko bimeze mu 1905. Gutyo tuzoshobora kurushiriza gutahura ingene iki gikorwa kizorangira, tumenye nimba abateye kubiri n’intango iciye bugufi y’ubutumwa ari bo bari mu kuri, canke Imana yo mw’ijuru yavugiye mu musavyikazi wayo ivy’inkomezi “zigenda ziyongera” z’igikorwa co “gushirwako ikimenyetso.”

GSAM 278Iterambere ry’igikorwa co gusohora ibitabu

GSAM 278.2Ukwo kuri ubu kuriko kwamamazwa no gucapurwa mu ndimi nyamukuru zo kw’isi zishika nka mirongo ine. Mu kibanza c’abapasitori batatu, ubu, dushizemwo abimitswe n’abahawe uruhusha rwo kwamamaza, hari abarenga 600, tutavuze abandi amajana bakora ari abaganga, abakozi bigisha Bibiliya, abigisha n’abamisiyonari b’ubuvuzi. Ivyandikano vy’iryo shengero birimwo ibinyamakuru bitandukanye birenga mirongo itanu, bicapurirwa mu mazu asohora ibitabu ashika hafi mirongo ibiri ari mu Buraya, muri Aziya, muri Afrika, muri Amerika ya Ruguru n’iy’Epfo, mu mazinga yo mw’Ibahari Pasifike no muri Ositaraliya. Muri ayo mazu asohora ibitabu hacapurirwa ibitabu, udutabu n’udupapuro tw’ivugabutumwa vy’ubwoko butandukanye birenga igihumbi n’ijana. Kugira ngo umuntu aronke kimwekimwe muri vyo, hamwe n’ibinyamakuru vy’umwaka umwe, yokenera nk’amadolari 340. Mu kibanza c’abayoboke ijana gusa, hari abashika hafi 100,000 banezerererwa ukwo kuri. Vy’ukuri ubu butumwa, nk’izuba, buriko “buraduga,” kandi turashobora kuvuga mu mvugo y’intahe yo mu 1848 duti: “Ewe ububasha bw’iyo mishwarara!”

GSAM 278Uko amahanga yari yifashe

GSAM 278.3Mu gihe ubutumwa bwatera imbere gutyo, amahanga yoyo yari yifashe gute? Kuva ico gihe, kenshi twagiye turasoma mu binyamakuru amajambo avuga ivy’intambara rusangi yari hafi gutera mu Buraya. Naho hari intambara aha, umugumuko na ho ukaduka ahandi, “igihuhusi” rusangi carabujijwe,—“imiyaga ine” ntiyemererwa guhuhuta yose icarimwe, “gushika abasavyi b’Imana bashizweko ikimenyetso.” Biragaragarira bose ko ibituma amatati n’intambara vyaduka biriho, ariko bikaba bitaduka kuko bizibiwe.

GSAM 279.1Hasigaye igihe gito ngo apfe, Henry Ward Beecher yavuze ko ukubungabunga ingabo nyinshi gutyo mu Buraya ari “ukuvoma imbere y’igihe amaraso abeshaho umuntu, kubera gutinya ko azoseseka.” Imimerere y’amahanga, n’inzigo n’urwanko afitaniye, be n’ingene aterana ubwoba, yayigereranije n’“ukuzibirana” guterwa n’umugwi w’abagabo batunganye imbugita ku bikiriza, ata n’umwe atinyuka gukubita kubera gutinya ko na we yokubitwa. Yavuze ati: “Ariko, bidatevye umwe muri bo azobona igihe kibereye co gukubita, maze habe imirwano rusangi.”

GSAM 279Ukugereranya ibirwanisho

GSAM 279.2Kuva mu 1848, harakozwe ibirwanisho ku buryo ubigereranije n’ivyiza kuruta ibindi vyariho ico gihe, ivyo vya kera ubu vyobonwa nk’ibikinisho gusa. “Ishirahamwe ry’Amahoro” ryo muri Amerika, igihe ryahamagarira abantu mu masengesho y’amahoro ku Musi wa mbere w’indwi wahariwe Amahoro,—ku wa 15 Kigarama 1895,—ryavuze riti: “Ubu, mu gihe hari iterambere rigaragara mu mico y’abantu, ku rundi ruhande hari imyiteguro y’intambara hagati y’amahanga iruta iyigeze kubaho yose.”

GSAM 279Jenerali Miles avuga ivy’imyiteguro y’intambara

GSAM 279.3Jenerali Nelson A. Miles, mw’ijambo yashikirije mw’ikoraniro ry’abantu benshi i Washington, D.C., ku wa 12 Nzero 1904, yavuze ati:—

GSAM 279.4“Muri iki gihe c’umuco n’iterambere, gifise imico irimwo ubwenge n’urupfasoni, twohimbarwa no kwemera ko imitwaro n’akaga vy’intambara vyagabanutse; yamara, naho vyotangaza, ntiharigera habaho mu kahise k’isi igihe ubutunzi bwinshi nk’ubu bwapfushijwe ubusa mu kwitegurira intambara, canke igihe amamiliyoni menshi nk’aya y’abagabo bigishijwe, bamenyerejwe kandi batojwe indero, bafise ibirwanisho bisambura kuruta ibindi vyose, bakuwe mu bikorwa vy’amahoro, nk’uko biri muri iki gihe.”

GSAM 280.1Ariko igihuhusi c’intambara kiracatevye, mu gihe igikorwa co gushirwako ikimenyetso kibandanya.

Notes

  1. Ezekiyeli 34:12. ↩
  2. Inkuru z’Ubuzima bwa Ellen G. White, urup. 108. ↩
  3. 1 Ab’i Korinto 14:32. ↩
  4. Yeremiya 5:14, 15. ↩
  5. Ivyahishuriwe Yohana 16:13-15. ↩
  6. Ikimenyetso c’Imana Nzima, imp. 24-26. ↩
  7. Inkuru z’Ubuzima bwa Ellen G. White, imp. 125-127. ↩

Note

Back