Adventist Pioneer
Library
aplib.orgLibrary
Table of Contents
19 / 31
19 / 31

Igice ca 16 — Ubutumwa bw’Umumarayika wa Gatatu

John Norton Loughborough

GSAM 247.1“Umumarayika wa gatatu arabakurikira, avuga n’ijwi rirenga ati: Ni hagira umuntu asenga inyamaswa n’igishushanyo cayo, akemera ikimenyetso cayo mu ruhanga rwiwe canke ku kiganza ciwe, uwo na we azonywa ku muvinyu w’uburake bw’Imana, wasutswe ata kivanzwe na wo mu gikombe c’uburake bwayo; kandi azobabarizwa mu muriro n’amazuku imbere y’abamarayika bera n’imbere ya wa Mwagazi w’Intama. Umwotsi w’ukubabazwa kwabo uzoduga ibihe bitazoshira; abasenga inyamaswa n’igishushanyo cayo, n’umuntu wese yemera ikimenyetso c’izina ryayo, ntibaruhuka ku murango no mw’ijoro. Aha ni ho ukwihangana kw’abera kuri; aha ni ho hari abitondera amabwirizwa y’Imana n’ukwizera kwa Yesu.”1

GSAM 247Imburizi Ikomeye Gusumba Izindi Zose zo muri Bibiliya

GSAM 247.2Iyi ni yo mburizi ikomeye gusumba izindi zose ziri muri Bibiliya, kandi nta gukeka ko ivyanditswe vyerekeye kahise k’isi yacu ata ntahe bitanga y’uko ubu butumwa bwigeze kwumvikana mu bihe vya kera. Kuba vyaragaragajwe ko umumarayika wa mbere n’uwa kabiri bo muri uru rukurikirane ari abo mu runganwe rw’iki gihe cacu, vyerekana neza cane ko ubu butumwa atari ubwo mu bihe vya kera.

GSAM 247.3Umukuru J. V. Himes yavuze mu 1847 ati:—

GSAM 247.4“Igice ca cumi na kane [c’Ivyahishuriwe Yohana] kivuga ugutaka gutangaje kuzoba, kuburira abantu muri ico gihe c’ikigeragezo gikomeye. Imirongo 9-11. Ahandi muri iki gitabu c’Imana ntushobora kuhasanga imenyesha ry’uburake buteye ubwoba nk’ubwo. Mbega kuba hakenewe imburi iteye ubwoba bigeze aho, ntivyerekana ko hazoba ikigeragezo gikomeye?”2

GSAM 248Urusengero Rwugururwa—Isandugu Iraboneka

GSAM 248.1J. N. Andrews yavuze kuri ubu butumwa ati: “Ukwugururwa kw’ahera cane mu rusengero rwo mw’ijuru, gutuma isandugu iboneka, ni ikintu kiba igihe umumarayika wa ndwi avugije inzamba. Kandi kubera ko igikorwa c’Umuherezi Mukuru wacu ahambaye cimukira muri ico cumba imisi 2300 irangiye, dutahura ko ukwugururwa kw’urusengero gushirwa ku mpera y’ico gihe, nk’uko vyerekanwa n’itangazo ry’umumarayika wa mbere. Ukwinjira kw’Umuherezi Mukuru wacu ahera cane kugira ngo akore igikorwa imbere y’isandugu y’Imana, gutuma ishengero ryitaho amabwirizwa y’Imana ari muri iyo sandugu. Kuva ico gihe, amabwirizwa y’Imana yagiye arakayangana ava mu buturo bwera bwo mw’ijuru.

GSAM 248Uguhindurwa kw’Isabato

GSAM 248.2“Ni ikintu kidaharirwako ko, mu binjana vyahera, ibwirizwa rya kane ryahinduwe, umusi w’akaruhuko w’Umwami usubirizwa n’umusi mukuru wa gipagani wo ku musi wa mbere w’indwi. Iryo hinduka ryakozwe mu kurwanya Ivyanditswe Vyera ku mugaragaro, kandi ivyo Vyanditswe hose vyemera umusi w’indwi ko ari wo Sabato yonyene y’Umwami iba buri ndwi. Vyakozwe na wa muhakanyi mukuru, uwo Daniyeli yari yaravuze ko ‘azokwiyumvira guhindura ibihe n’amategeko.’ Ubwo bubasha ni bumwe ahanini n’inyamaswa isi yose yosengeye. Kandi ni ikintu gikwiye kwitwararikwa cane kubona iryo bwirizwa ryamaze igihe kirekire risiribangwa ubu ririko riraburanirwa, kandi abantu b’Imana bakaba bariko batangura kuryitondera hamwe n’ayandi icenda. Imana ishimwe ko iriko irategura amasigarira ku ntambara yabo ya nyuma n’igisato no ku kwinjira mu gisagara cera baciye mu birimba. Ivyahishuriwe Yohana 12:17; 22:14. Ukuburanira ibwirizwa rya kane mu kurwanya isabato yashizweho n’ubuhakanyi, hamwe no kwamamaza amabwirizwa y’Imana yose, ni intahe ikomeye y’uko iki gihe ari igihe c’ukwihangana kw’abera n’imburizi y’umumarayika wa gatatu.”3

GSAM 249.1Mu bice vyabanje twaravuze ku butumwa bwa mbere n’ubwa kabiri muri ubu, nk’ubwarangutse mu iyamamazwa rikomeye ry’ukugaruka kwa kabiri kwa Kristo gushika ku wa 22 Gitugutu 1844. Icanditswe kiri mu ntango y’iki gice kivuga ngo: “Umumarayika wa gatatu arabakurikira,” ni ukuvuga ko yakurikiye umumarayika wa mbere n’uwa kabiri. Kuri ivyo, kumbure vyoba vyiza twihweje ingene ubutumwa bwa gatatu bwatanguye.

GSAM 249Abadiventiste ba Mbere Bitondera Isabato

GSAM 249.2Mu gihe c’“ugutaka kwa mu gicugu,” mu 1844, Umwami yatanguye kwerekeza ivyiyumviro vy’abantu biwe ku kwitondera Isabato y’umusi w’indwi. Iyi nyigisho yatanguye mu Badiventiste muri ubu buryo: Rachel Preston, Umubatiste w’umusi w’indwi, yimukiye i Washington, N.H., ahari ishengero ry’Abadiventiste. Yaremeye inyigisho y’ukugaruka kwa Kristo, kandi iryo shengero, ryari rigizwe n’abizera nka mirongo ine, ryemeye Isabato yo mw’ibwirizwa rya kane kubera ibikorwa vyiwe vy’ivugabutumwa.4 Ivyo vyatumye batangura gutohoza ico kibazo. Mu kinyamakuru Ugutaka co ku wa 5 Nyakanga 1844, dusoma duti: “Abantu benshi bariko bariyumvira cane ivyerekeye ico biyumvira ko ari itegeko ryo kwitondera umusi w’indwi.” Ayo majambo yari mu kiganiro c’ubwanditsi, cagerageza mu buryo bugoyagoya kwerekana imvo zishigikira ukwubahiriza umusi wa mbere w’indwi. Ico kibazo carabandanijwe mu nomero yo ku wa 12 Nyakanga, aho dusanga aya majambo akomeye yakwegeye benshi kwiga ico kibazo bitonze kandi bavyitayeho cane:—

GSAM 249Umusi w’Indwi Ni Wo Wonyene Washinzwe n’Itegeko

GSAM 249.3“Mu ndwi iheze twasanze dushitse kuri iki ciyumviro: Nta kiringo na kimwe cihariye itegeko risaba abakristo gushira ku ruhande nk’igihe cera. Nimba iki ciyumviro atari co, twibaza rero ko umusi w’indwi ari wo musi wonyene hariho itegeko ryo kwitondera.”

GSAM 250Icanditswe ca T. M. Preble

GSAM 250.1Abadiventiste uko bari bagize umugwi berekeje ivyiyumviro ku kibazo c’Isabato kubera icanditswe ca T. M. Preble kuri ico kibazo, co ku wa 13 Ruhuhuma 1845, casohowe mu kinyamakuru Ivyizigiro vya Isirayeli, i Portland, Maine, ku wa 28 Ruhuhuma 1845. Amaze kwerekana igituma Isabato yo muri Bibiliya ikwiye kwitonderwa, n’uko yasubirijwe n’umusi wa mbere w’indwi biciye ku buhakanyi bukomeye, yavuze ati: “Uko ni ko tubona Daniyeli 7:25 harangutse, agahembe gatoya gahindura ‘ibihe n’amategeko.’ Ni co gituma mbona ko abitondera umusi wa mbere w’indwi bose bakawugira Isabato, ari abitondera umusi wa mbere w’indwi wa papa, bakarenga Isabato y’Imana.”5

GSAM 250J. B. Cook ku Kibazo c’Isabato

GSAM 250.2Haciye igihe gito, hasohotse ikiganiro ca J. B. Cook, yerekanamwo ko ata kimenyamenya co mu Vyanditswe gihari co kwitondera umusi wa mbere w’indwi nk’Isabato, akoresha aya majambo magufi ati: “Gutyo, mu buryo bworoshe, umuyaga wose urakurwa mu bitambara vy’ubwato bw’abagenda, kumbure batabizi, munsi y’ibendera ry’isabato ya papa.”

GSAM 250.3Naho abo bagabo babiri bitondeye Isabato mu gihe gito gusa, bari batangije ikintu kitari gushobora guhagarikwa bitagoranye. Abantu amajana bashashaye kumenya ukuri kuri ico kibazo baguma basubiramwo aya majambo ati: “abitondera umusi wa mbere w’indwi wa papa,” “abarenga amabwirizwa y’Imana,” n’“abagendera mu bwato munsi y’ibendera ry’isabato ya papa.” Ivyo vyarakwegereye Umukuru Joseph Bates, w’i Fairhaven, Mass., maze yemera Isabato mu 1845.

GSAM 250Joseph Bates Yemera Isabato

GSAM 250.4Ivyamushikiye vyabaye muri ubu buryo: Yumvise ivy’umugwi w’i Washington, N.H., witondera Isabato, afata ingingo yo kugendera iryo shengero ngo amenye ico bisobanura. Yaragiyeyo rero, kandi amaze kwigana na bo ico kibazo, arabona ko bari mu kuri, maze aca yemera umuco yerekanwa ku kibazo c’Isabato. Asubiye i New Bedford, Mass., yahuriye kw’ikiraro kiri hagati ya New Bedford na Fairhaven na mwene Data umwe yari azwi cane, amuramutsa ati: “Mukuru w’ubwato Bates, amakuru ni ayahe?” Umukuru Bates yishura ati: “Amakuru ni uko umusi w’indwi ari Isabato y’Umwami Imana yacu.” Uwo mugabo ati: “Erega, ngiye gutaha nsome Bibiliya yanje, ndabe ivy’ico kintu.” Yarabigize, kandi bongeye guhura, uwo mwene Data yari yaremeye ukuri kw’Isabato kandi yarakwitondera.

GSAM 251Igitabu ca Mbere Cerekeye Isabato

GSAM 251.2Umukuru Bates yaciye atangura kwamamaza uku kuri ava mu ntara aja mu yindi. Bidatevye yabonye ko igitabu, canke mbere agatabu gatoyi, ku kibazo c’Isabato, vyomufashije cane mu gikorwa ciwe, kandi Mpwemu w’Imana yarakanguye umutima wiwe ngo yandike kandi asohore ikintu kuri ico kibazo. Ariko ingorane yari iyo kumenya ingene ivyo vyokorwa ata mahera afise, kuko ayo yari afise yose yari isheleni imwe ya York (amasenti cumi n’abiri n’igice). Umusomyi ashobora gushimishwa no kwumva ivyamushikiye muri ico kibazo, nk’uko nyene yabimbwiye mu 1855.

GSAM 251Amapawundi Ane y’Ifu

GSAM 251.3Yavuze ko, igihe yariko arasenga imbere y’Imana, yafashe ingingo yo kwandika ico gitabu, kandi yumva yizeye ko inzira yo kugisohora izokwuguruka. Nuko yicara ku meza yiwe, afise Bibiliya n’igitabu cerekana aho amajambo aboneka muri Bibiliya, ngo atangure igikorwa ciwe. Hatarahera isaha, Madamu Bates yinjira mu cumba aravuga ati: “Joseph, nta fu ihagije mfise yo guheza imikate ndiko ndatetse,” aca avuga n’utundi tuntu dutoyi yari akeneye. Umukuru w’ubwato Bates aramubaza ati: “Ukeneye ifu ingana iki?” Yishura ati: “Nk’amapawundi ane.” Na we ati: “Ni vyiza.” Amaze gusohoka muri ico cumba, Bates aja mw’iduka ryari hafi, agura ayo mapawundi ane y’ifu n’utundi tuntu, abizana i muhira, yongera kwicara ku meza yiwe yandikirako. Bidatevye, Madamu Bates arinjira, abona ivyo bintu ku meza, aratangara ati: “Iyi fu ivuye he?” Wa mukuru w’ubwato ati: “Mbega ntihagije? Wavuze ko ushaka amapawundi ane.” Na we ati: “Ego, ariko wayikuye he?” Ati: “Nayiguze; si yo fu wari ukeneye kugira ngo uheze imikate?” Madamu Bates arabandanya ati: “Ego, ariko wewe, mukuru w’ubwato Bates, umugabo yakuye amato i New Bedford akayajabukana mu mihingo yose y’isi, wagiye kugura amapawundi ane y’ifu?” Ati: “Ego, si yo fu wari ukeneye kugira ngo uheze imikate?” Madamu Bates ati: “Ego, ariko waguze amapawundi ane(!) y’ifu?”

GSAM 252Amadolari Ibihumbi Cumi na Kimwe Yakoreshejwe ku bw’Ukuri

GSAM 252.1Ikindi kigeragezo caciye gikurikira. Igihe umukuru w’ubwato Bates yaheba ingendo zo mu nyanja, yagurishije umugabane wiwe mu bwato amadolari 11,000, ariko ubu yari yakoresheje ivyo yari afise vyose kugira ngo ateze imbere igikorwa c’ukuri. Gushika ico gihe, Madamu Bates ntiyari azi uko ivy’amahera yabo vyifashe vy’ukuri, ariko umugabo wiwe yumva ko ubu ategerezwa kubimumenyesha; aca avuga atuje ati: “Mukenyezi wanje, amahera naguze ivyo bintu ni yo mahera ya nyuma nari nsigaranye kw’isi.” Madamu Bates, arira cane, arabaza ati: “None tuzokora iki?” Wa mukuru w’ubwato arahaguruka, maze n’icubahiro cose c’umukuru w’ubwato arongora ubwato bwiwe, aravuga ati: “Ngiye kwandika igitabu; nzogikwiragiza, nshikirize isi uku kuri kw’Isabato.” Madamu Bates, amosozi amupfutse amaso, ati: “None, tuzobeshwaho n’iki?” Umukuru w’ubwato Bates amwenyura, arishura ati: “Umwami azokwugurura inzira.” Madamu Bates ati: “Ego, Umwami azokwugurura inzira! Ivyo ni vyo wama uvuga,” aca araturikisha ararira, asohoka muri ico cumba.

GSAM 252Imfashanyo Itari Yitezwe

GSAM 252.2Umukuru w’ubwato Bates amaze kubandanya igikorwa ciwe mu gihe c’igice c’isaha, yumva mu mutima ko yokwaja ku biro vy’iposita, kuko hariyo ikete ryiwe. Aragenda, kandi koko asangayo ikete. Muri iyo misi ikiguzi co gutwara ikete cari amasenti atanu, kandi kuriha imbere y’igihe ntiryari itegeko. Uwaryanditse hari icatumye atariha ikiguzi co kuritwara. Aha na ho umukuru w’ubwato Bates yongeye gucishwa bugufi, kuko yategerezwa kubwira umukuru w’iposita, umushingantahe Drew, bari bazinanyi cane, ko atashobora kuriha ico kiguzi kuko ata mahera yari afise; ariko avuga ati: “Wonyemerera kuraba aho ryavuye?” Umukuru w’iposita ati: “Rijane, uzoheza urihe ikindi gihe.” Wa mukuru w’ubwato ati: “Oya, sinzokura iri kete muri ibi biro ikiguzi co kuritwara kitararihwa.” Akirifise mu kuboko, aravuga ati: “Nibaza ko muri iri kete harimwo amahera,” maze ahindukirira umukuru w’iposita, aramubaza ati: “Worinyugururira, ndakwinginze? Nimba harimwo amahera, urashobora gukuramwo ikiguzi co kuritwara; nimba atarimwo, sinzorisoma.” Umukuru w’iposita arakora ivyo amusavye, maze ehe, harimwo inoti y’amadolari cumi. Arisomye, asanga ryavuye ku muntu yavuga ko Umwami yashize mu mutima wiwe cane ko Umukuru Bates yari akeneye amahera, aca yihutira kuyamurungikira; kandi kubera yihuta, birashoboka ko yibagiye kuriha ikiguzi co gutwara ikete.

GSAM 253.1Amaze kuriha ikiguzi co gutwara ikete, yagiye mw’iduka ry’ibifungurwa, agura ingunguru y’ifu ku madolari 4, yongera agura ibiraya, isukari n’ibindi bintu vya nkenerwa. Ariko arababwira aho bobijana, yavuze ati: “Kumbure wa mugore azovuga ko ivyo bintu atari ivyo ng’aho, ariko ntimuze mwiteho ivyo avuga; mupakurure ivyo bintu mw’ibaraza ry’imbere.”

GSAM 253.2Yaciye aja mw’icapuriro, ategura ivy’ugusohora ibitabu igihumbi vy’agatabu k’impapuro nk’ijana, bumvikanye ko uko atanga ivyo yanditse, abacapuzi bazogenda barategura indome zo kubicapura ningoga uko bishoboka, bakamurungikira impapuro z’igerageza zo gukosora. Yobarihaga igikorwa uko aronse amahera, kandi ibitabu ntivyokuwe mw’icapuriro gushika ibiguzi vyose birishwe.

GSAM 253.3Umukuru w’ubwato Bates yari azi neza ko ata muntu n’umwe yari amufitiye amahera, ariko yumva ko ari ibanga ryiwe kwandika ico gitabu, yizera ko Umwami yokanguye imitima y’abantu ngo barungike amahera igihe yokenewe. Amaze kugura impapuro, amakaramu n’ibindi, gutyo araha umwanya ibifungurwa n’ibindi bintu vy’i muhira ngo bimwitangurire, yaciye aja ku ntango y’ibarabara rija ku nzu yiwe. Abonye ko ivyo bintu bihari, yinjira mu nzu aciye mu muryango w’inyuma, yongera kwicara ku meza yiwe. Madamu Bates arinjira, avuga ahagaritse umutima ati: “Joseph, raba hariya mw’ibaraza ry’imbere! Ivyo bintu vyavuye he? Umugabo atwara imizigo yaje hano ashaka kubipakurura. Namubwiye ko atari ivyo hano, ariko aravyipakururira.” Umukuru w’ubwato Bates ati: “Erega, nibaza ko ata ngorane.” Madamu Bates ati: “Ariko vyavuye he?” Wa mukuru w’ubwato ati: “Erega, Umwami ni we yabirungitse.” Madamu Bates ati: “Ego, Umwami ni we yabirungitse; ivyo ni vyo wama uvuga.” Aca ahereza umugore wiwe rya kete, amubwira ati: “Soma iri, uraheza umenye aho vyavuye.” Ararisoma, yongera kuja ukwiwe kurira, ariko ubu amarira yiwe yari atandukanye n’aya mbere; agarutse, asaba umugabo wiwe ikigongwe yicishije bugufi kubera ukutizera kwiwe.

GSAM 254Amahera Arungikwa ku bw’Igitabu

GSAM 254.1Uko igikorwa co kwandika no gucapura catera imbere, umukuru w’ubwato Bates yaza araronka amahera aciye mw’iposita no mu bundi buryo, rimwe na rimwe avuye ku bantu atari bwigere ahura na bo. Uko yayaronka, yaca ayaha abacapuzi, akaja mu kuriha igitabu. Amaherezo umusi warashitse ibitabu vyose vyamaze gucapurwa, maze amahera yari asigaye kuriha aboneka avuye aho Mwene Data Bates atari avyiteze; gutyo ikwiragizwa ry’ibitabu ntiryatevye n’umusi n’umwe.

GSAM 254Ikiguzi ca Nyuma Kirarihwa

GSAM 254.2H. S. Gurney, w’i Memphis, Mich., yambwiye mu kwezi kwa Ntwarante 1884 ko, muri ico gitondo nyene igitabu c’Umukuru Bates carangiriyeko, yaronse amadolari 100 ku mwenda wari mu rwandiko rwari rwararengeje igihe co kwishuzwa mu mategeko, avuye ku mugabo yari yaravuze ko atazokwigera amuriha. Amaze kuronka ayo mahera, yabonye ko ari umunezero gukoresha igice cayo mu kuriha ikiguzi ca nyuma c’agatabu k’Umukuru Bates kerekeye Isabato. Umushingantahe Gurney yavuze ati: “Ariko Mwene Data Bates gushika ku musi yapfiriyeko, ntiyigeze amenya uwari yararishe amahera yari asigaye ku gitabu.” Ivyo vyashikiye Umukuru Bates mu gucapura ukuri kw’Isabato vyasa n’ibibwira abantu bacu kuva mu ntango yo gusohora ukuri ku kibazo c’Isabato biti: “Bandanye muri iki gikorwa, mwizigire ko Imana izokwugurura inzira mu kubitwararika kwayo uko mutera imbere.”

GSAM 255Umukuru Bates Akekeranya ku Vyerekeye Amayerekwa

GSAM 255.1Iyi nkuru ikurikira, yakuwemwo mu ncamake mu gitabu Inkuru z’Ubuzima, irerekana ingene ingabire y’ubuhanuzi n’ivugurura ry’Isabato vyahujwe:—

GSAM 255.2Igihe umwigeme Harmon yagendera i New Bedford, Mass., mu 1846, yaramenyanye n’Umukuru Joseph Bates. Yari yaremeye ukwizera kw’ukugaruka kwa Kristo hakiri kare, kandi yari umukozi w’umunyamwete muri ico gikorwa. Yari umugabo w’umukristo w’ukuri, yitonda kandi agira ubuntu. Yafata umwigeme Harmon n’urukundo nk’aho yari umwana wiwe bwite. Ubwa mbere yumvise avuga, yagaragaje ko avyitayeho cane, kandi amaze guheza, arahaguruka aravuga ati: “Ndi nka Toma akekeranya. Sinemera amayerekwa. Ariko hamwe noshobora kwemera ko intahe mushiki wacu yashikirije muri iri joro vy’ukuri yari ijwi ry’Imana ritubwira, nobaye umuntu ahimbawe gusumba abandi bose bariho. Umutima wanje wakozweko cane. Ndemera ko uwavuze ata buryarya afise, ariko sinshobora gusigura ingene yeretswe ivyo bintu bitangaje yatuyagiye.”

GSAM 255Mushiki Harmon Yemera Isabato

GSAM 255.3Umukuru Bates yariko yubahiriza Isabato kandi yashimika ku kamaro kayo. Ico gihe Mushiki Harmon ntiyumva ko yari ihambaye, akibaza ko Umukuru Bates yariko arakosa mu gushimika ku bwirizwa rya kane kuruta ayandi icenda. Ariko Umwami yamweretse ubuturo bwera bwo mw’ijuru. Ingoro y’Imana yuguruwe mw’ijuru, maze yeretswe isandugu y’Imana yari ipfutswe n’intebe y’imbabazi. Abamarayika babiri bari bahagaze, umwe ku mpera imwe y’isandugu uwundi ku yindi, amababa yabo ayarengeje intebe y’imbabazi, n’amaso yabo bayerekeje kuri yo. Umumarayika yari kumwe na we yamubwiye ko ivyo vyagereranya abamarayika n’ababa mw’ijuru bose baraba n’ugutinya kwubaha ku mabwirizwa y’Imana yari yanditswe n’urutoke rw’Imana. Yesu yaramuye umupfundikizo w’isandugu, abona ibisate vy’amabuye vyari vyanditsweko amabwirizwa cumi. Yaratangaye abonye bwirizwa rya kane riri hagati nyene y’amabwirizwa cumi, rikikujwe n’urumuri rworoshe. Umumarayika yavuze ati: “Ni ryo ryonyene muri ayo cumi risobanura Imana nzima yaremye amajuru n’isi n’ibiri muri vyo vyose. Igihe imishinge y’isi yashirwaho, ni ho n’umushinge w’Isabato washizweho.” Yeretswe ko iyo Isabato y’ukuri iza kuba yarubahirijwe, ata muntu atizera canke atemera Imana yari kwigera abaho. Kwubahiriza Isabato kwari kurinze isi gusenga ibigirwamana.

GSAM 256.1Bwirizwa rya kane ryararenzwe, ni co gituma duhamagarirwa gusana ahasenyutse mu mabwirizwa no gusabira Isabato yakandamijwe. Umuntu w’icaha, yishize hejuru y’Imana kandi akiyumvira guhindura ibihe n’amategeko, ni we yahinduye Isabato iva ku musi ugira indwi ija ku musi wa mbere w’indwi. Mu kubikora, yasize ahasenyutse mu mabwirizwa y’Imana.

GSAM 256.2Imbere gato y’umusi uhambaye w’Imana, ubutumwa buratangwa kugira ngo buburire abantu bagaruke ku kwumvira amabwirizwa y’Imana antikristo yasenyuye. Abantu bategerezwa kwerekwa ahasenyutse mu mabwirizwa biciye ku kwigisha no ku karorero. Yaramweretse kandi ko umumarayika wa gatatu wo mu Vyahishuriwe Yohana 14, atangaza amabwirizwa y’Imana n’ukwizera kwa Yesu, agereranya abantu bakira ubu butumwa bakarangurura ijwi ryo kuburira isi ngo yubahirize amabwirizwa y’Imana n’amategeko yayo nk’uko irinda imboni y’ijisho, kandi ko benshi, kubera iryo burira, bokwemeye Isabato y’Umwami.6

GSAM 256.3Ivyabaye kuri Mushiki Harmon no ku Mukuru Bates vyari bihuye n’uburyo Umwami akoresha mu gukora. Umukuru Bates ni we yatumye Mushiki Harmon n’Umukuru White bitaho ikibazo c’Isabato, ababwira mu Vyanditswe ivyo amabwirizwa y’Imana adahinduka asaba. Naho Mushiki Harmon yari amaze amezi nka cumi n’umunani ahabwa imigisha y’ibimenyeshwa bidasanzwe bivuye ku Mwami, nta kintu na kimwe kuri iyo ngingo yari yabanje kwerekwa. Ubu igihe c’Umwami cari kigeze: kubera ko abizera bariko barahagurutswa ngo bubahirize amabwirizwa yiwe, yabahaye umuco biciye ku ngabire y’ubuhanuzi; gutyo, mu buryo bwiwe bwite bwo gukora, ubutumwa bw’umumarayika wa gatatu, “amabwirizwa y’Imana n’intahe ya Yesu Kristo,” vyarashizwe hamwe.

GSAM 257Intango y’Ubutumwa bw’Umumarayika wa Gatatu

GSAM 257.1Kuva ico gihe, ubutumwa bw’umumarayika wa gatatu, bufatanye n’ubw’abamarayika babiri ba mbere, bwatanguye kwamamazwa. Ukuri kw’Isabato, gufatanye n’isandugu y’Imana n’umuco wagiye uriyongera ku bijanye n’ubuturo bwera, vyaremeje ivyo bari baramaze kwerekwa: ko umugwi w’abiteze ukugaruka kwa Kristo wo mu gihe ca kera wari uw’ukuri kandi ukurikije umugambi w’Umwami. Ubu bashobora gutahura neza kuruta mbere insobanuro y’“intambwe zitatu zoduga ku nzira ija mu gisagara c’Imana.”

GSAM 257Umukuru Bates Yemera ko Ivyerekwa Biva ku Mana

GSAM 257.2Mu kwezi kwa Munyonyo 1846, inama yabereye i Topsham, Maine, Umukuru Bates na we ariho. Muri iyo nama, Madamu White (ubukwe bwa Mushiki Harmon n’Umukuru James White twarabuvuze imbere) yagize iyerekwa ryatumye Umukuru Bates yemezwa rwose ko ayo mayerekwa yakomoka ku Mana. Yari umuntu amaze imyaka mirongo itanu akorera ku kiyaga, akora imirimo yose kuva ku muhungu wo mu bwato gushika ku kapiteni no kuri nyene amato. Yari azi ivy’inyenyeri ku buryo, nk’uko yambwiye, yashobora kumenya hafi aho ari ku kiyaga, mu bijanye n’ubwaguke n’uburebure bw’isi, mu kwitegereza inyenyeri n’ibindi biri mw’ijuru. Umuntu nk’uwo yari asanzwe akunda kuyaga ivy’inyenyeri.

GSAM 257.3Mu kiyago twagiranye, yambwiye ingene yamenye ko ayo mayerekwa yakomoka ku Mana. Yavuze ko umusi umwe yagerageje kuyaga na Madamu White ivy’inyenyeri, ariko bidatevye asanga ata co azi ku vy’inyenyeri; mbere, nk’uko yamubwiye, ntiyari azi ko yigeze araba igitabu kivuga kuri iyo ngingo. Ntiyari afise umutima wo kuyaga kuri iyo nsonga, aca ahindura ikiyago avuga ivy’isi nshasha n’ivyo yari yeretswe mu iyerekwa kuri yo.

GSAM 258“Ijuru Ryuguruye”

GSAM 258.1Mu mwaka wabanje, ku wa 19 Ndamukiza 1845, ikinyamakuru Illustrated London News cari carasohoye inkuru yashimisha cane abiga inyenyeri ivuye kuri Lord Rosse, yerekeye ivyo yavumbuye bitangaje abikesha telesikopi yiwe nini cane, canecane ukubona ico abiga inyenyeri bita “icobo co mw’ijuru.” Umugoroba umwe, muri ya nama twavuze, kwa Bwana Curtiss, imbere y’Umukuru Bates wari akiri mu mazinda ku bijanye n’ivyo bimenyeshwa, Madamu White ari mu iyerekwa, yatanguye kuyaga ivy’inyenyeri, atanga insiguro iryoshe y’imisipi y’amabara asa n’amaroza yabona ikwira ku mubumbe, aca avuga ati: “Ndabona amezi ane.” Umukuru Bates ati: “Ewe, ariko araba Jupiter!” Hanyuma akora nk’uwuriko aca mu kirere, atangura gusigura imisipi n’impeta zayo mu bwiza buhindagurika, aca avuga ati: “Ndabona amezi indwi.”7 Umukuru Bates arasemerera ati: “Arasigura Saturne.” Ubukurikira yavuze ati: “Ndabona amezi atandatu,” aca atangura gusigura “ijuru ryuguruye,” ubwiza bwaryo, avuga ko ari ugucika kwinjira mu karere karushirije kumurikirwa. Umukuru Bates yavuze ko insiguro yiwe yaruta kure insiguro yose y’ijuru ryuguruye yari yarigeze gusoma ku mwanditsi uwo ari we wese.

GSAM 258.2Akiriko arayaga kandi akiri mu iyerekwa, yarahagurutse arasemerera ati: “Ewe, ese Lord John Rosse aza kuba ari hano iri joro!” Umukuru White arabaza ati: “Lord John Rosse ni nde?” Umukuru Bates ati: “Ni umwiga w’inyenyeri w’Umwongereza akomeye. Ndipfuza ko aba ari hano akumva uwo mugore avuga ivy’inyenyeri, akumva n’insiguro y’‘ijuru ryuguruye.’ Iruta ikintu cose nigeze nsoma kuri iyo nsonga.” Kuva kuri uwo mugoroba, Umukuru Bates yaremeye rwose ko ivyerekwa vya Madamu White vyari birenze ubumenyi bwiwe n’ubushobozi bwiwe bwo kubigenzura. Ivyo, hamwe n’imero y’ugukebura n’inyigisho yatangwa, vyaramwemeje ko vyavuye ku Mana.

GSAM 259.1Ico gitangaza co mw’ijuru Madamu White yasiguye muri iryo yerekwa ni ikintu abanditsi b’ivy’inyenyeri badakunze kuvuga. Huygens, uwakibonyeyo ubwa mbere, atanga insiguro ikurikira:

GSAM 259Umuco Uhimbaye mu Nkota ya Orion

GSAM 259.2“Abiga inyenyeri bashira inyenyeri zitatu zegeranye mu nkota ya Orion; igihe narebaga iyo hagati nkoresheje telesikopi mu 1656, aho iyo nyenyeri imwe yari iri haboneka izindi nyenyeri cumi na zibiri; muri zo, zitatu zariko zirakoranako hafi, hongerako izindi zine, zose zikayangana nk’aho ziri mu gicu, ku buryo ikibanza kizikikuje casa n’ikimurika cane kuruta ibindi bice vy’ijuru, ico na co kikagaragara c’umukara kubera ikirere ciza, nk’aho cariko kirabwa biciye ku gitambara cuguruye, umuntu akabona ata nkomyi akinjira mu kindi karere carushirije kumurikirwa.”

GSAM 259.3William Herschel avuga uku kuri uko kwuguruka kwo mw’ijuru:

GSAM 259.4“Iyo intimbatimba yavyo kuri iyo ntera ikora imfuruka y’amadigiri 10°, nk’uko biri hafi, ubunini bwavyo bwoba budashobora na gato kwiyumvirwa. Vyaharuwe ko bwoba bungana n’incuro 2,000,000,000,000 z’ubunini bw’izuba.”

GSAM 259Birengeye Izuba mu Kumurika

GSAM 259.5Thomas Dick, umuhinga mu vyiyumviro, avuga uku kuri ico gicu c’inyenyeri kimurika:

GSAM 259.6“Iyo dushirwa hafi yayo ku ntera ingana n’igice c’intera y’inyenyeri iri hafi cane, naho iyo ntera ari nini, aho hantu yoboneka imurika risa n’irya zuba; kandi ku banyabuzima bari hafi kurushiriza, yokwuzuza igice kinini c’ijuru, ikagaragara ifise ubwiza budashobora gusobanurwa. Ariko umugambi wa nyuma w’ikintu nk’ico, mu mico n’imigenderanire yaco yose, kumbure uzomenyekana mu bihe bizoba mu myaka y’ukubaho kutagira iherezo; kandi, nk’ibindi bintu vyinshi biri mu bibanza vya kure vy’irema, gitera mu mutima icipfuzo co kubona ibintu vyiza kandi bitangaje vy’isi n’ijuru bihishuwe gato kurushiriza.”8

GSAM 260.1Umukuru Bates, mu gusozera inyandiko yanditse kuri iyo nsonga, yavuze ati:

GSAM 260.2“Gutyo tubona, dufatiye ku ntahe yose yatanzwe (kandi twoshobora gutanga n’izindi nyinshi iyo bikenewe), ko ng’aha hari ikintu co mw’ijuru gitangaje cane kandi kidashobora gusobanurwa; icobo co mw’ijuru gifise umuzenguruko urenga imiliyari cumi na rimwe n’amajana atatu na cumi na kane [11,000,000,314] y’amayile. Huygens azwi cane avuga ati: ‘Sinigeze mbona ikimeze gutyo mu zindi nyenyeri zidahinduka—kubona ata nkomyi ukinjira mu kindi karere carushirije kumurikirwa.’”

GSAM 260Iyindi Ntahe ku Vyerekeye Iyerekwa ry’Imibumbe

GSAM 260.3Twongera gusubiramwo ivyo Madamu Truesdail, uwari ahari igihe iryo yerekwa ryatangwa, yavuze. Avuga ati:

GSAM 260.4“Mushiki White yari afise amagara make cane, kandi igihe basengera we, Mpwemu w’Imana aratwuzura. Bidatevye twabonye ko atakimenya ibintu vyo kw’isi. Iryo ryari iryerekwa ryiwe rya mbere ry’isi y’imibumbe. Amaze guharura n’ijwi rirenga amezi ya Jupiter, hanyuma bidatevye n’aya Saturne, yatanze insiguro nziza y’impeta z’uwo mubumbe. Hanyuma yavuze ati: ‘Abahaba ni abantu barebare kandi b’igitinyiro, batandukanye cane n’ababa kw’isi. Icaha ntikirigera cinjira hano.’ Vyagaragara ku maso hatwengeye ya Mwene Data Bates ko amakenga yari afise ku nkomoko y’ivyerekwa vyiwe yariko aragenda. Twese twari tuzi ko Kapiteni Bates yakunda cane ivy’inyenyeri, kuko kenshi yatwereka imibumbe myinshi yo mw’ijuru kugira ngo atwigishe. Mushiki White amaze gusubiza ibibazo vyiwe inyuma y’iyerekwa, akavuga ko atigeze yiga canke ngo aronke ahandi ubumenyi muri iyo nzira, yaruzuye umunezero n’agahimbare. Yarashimagije Imana, avuga ko yemera ko iryo yerekwa ryerekeye imibumbe ryatanzwe kugira ngo ntazosubire gukeka.”9

GSAM 261Ifarasi mbi Yahindutse Bukwi na Bukwi

GSAM 261.1Haciye igihe gito iyo nama ibereye i Topsham, harabaye ikindi kintu gitangaje gifitaniye isano n’ivyerekwa, nk’uko Umukuru Bates yabimbwiye:

GSAM 261.2Umukuru White yariko akoresha umwana w’ifarasi yari yatanguye kumenyerezwa n’ikinyabiziga c’isoko gifise intebe zibiri, cari cakozwe ata kibaho co imbere, ariko gifise intambwe imbere y’ikinyabiziga n’intambwe y’icuma iva ku biti bibiri bifatirwako ifarasi. Vyari ngombwa gutwara uwo mwana w’ifarasi umuntu yitondeye cane, kuko iyo imigozi canke ikindi kintu gikora ku mpande ziwe, aca atera imigeri n’uburake bwinshi, kandi vyasaba kumugumiza imigozi ikomeye kugira ngo ntiruke. Uwo mwana w’ifarasi yari uw’umuntu bari bashaka kugenderera, kandi kubera ko Umukuru White yari amenyereye kuganza abana b’amafarasi batamenyerejwe, yiyumvira ko atazogira ingorane ikomeye kuri uyu. Ariko iyo baza kuba barazi ko mu myiyerekano yayo y’ubusazi yari yaramaze kwica abantu babiri, umwe akamujanjagura ku bitandara vyo ku nzira, kumbure ntiyari kwigirira icizere nk’ico.

GSAM 261.3Kuri uwo musi, abantu bane ni bo bari mu kinyabiziga: Umukuru White n’umugore wiwe ku ntebe y’imbere, Umukuru Bates na Israel Damon ku ntebe y’inyuma. Mu gihe Umukuru White yariko arakoresha ubwitwararike bwose kugira ngo agumize ifarasi mu minwe, Madamu White yariko arayaga ivy’ukuri, ubushobozi bw’Imana buramanuka kuri abo bantu, aca ajanwa mu iyerekwa akiri mu kinyabiziga. Akimara gusemerera ati “Ubwiza!” yinjira mu iyerekwa, uwo mwana w’ifarasi aca arahagarara hamwe, umutwe awumanura. Ico gihe nyene Madamu White arahaguruka akiri muri iyo mero, amaso ayerekeje hejuru, aca arenga imbere y’ikinyabiziga, amanuka ku biti bifatirwako ifarasi, amaboko ayashira ku mugongo w’uwo mwana w’ifarasi. Umukuru Bates asemerera Umukuru White ati: “Uwo mwana w’ifarasi agiye gutera uwo mugore akamwica.” Umukuru White arishura ati: “Ubu Umwami ni we arongoye uwo mwana w’ifarasi; sinshaka kwivanga.” Uwo mwana w’ifarasi yahagaze nk’ifarasi ishaje y’ituze. Ku ruhande rw’inzira, inkombe y’igitaka yaraduze nk’amametero abiri, iruhande rw’uruzitiro hari ahantu hameze ubwatsi. Madamu White, amaso akiri hejuru kandi atigeze araba hasi na rimwe, yaradugiye kuri iyo nkombe aja kuri ubwo bwatsi, hanyuma agenda imbere n’inyuma iminota mikeya, avuga kandi asigura ubwiza bw’isi nshasha. Hanyuma, umutwe ukiri muri iyo mero, aramanuka kuri iyo nkombe, agenda gushika ku kinyabiziga, araduga ku ntambwe, ukuboko kuri ku mugongo w’uwo mwana w’ifarasi, aca araduga ku biti bifatirwako ifarasi, yinjira kandi mu kinyabiziga. Akimara kwicara ku ntebe, aca ava mu iyerekwa; ubwo nyene ifarasi, ata kimenyetso itanzwe n’umutwazi, ica itangura kugenda, ibandanya inzira yayo.

GSAM 262.2Igihe Madamu White yari hanze y’ikinyabiziga, Umukuru White yiyumviriye kugerageza ifarasi ngo arabe ko yari yatoye ubwitonzi vy’ukuri. Ubwa mbere yayikozeko gusa ikimoko; mu bindi bihe ifarasi yari gusubizayo umugeri, ariko ubu nta co yakoze. Hanyuma arayikubita cane, aca ayikubita kurushiriza, n’ikiruta. Uwo mwana w’ifarasi ntiyitayeho na gato ivyo gukubitwa, asa n’intare abamarayika bafunze umunwa mu joro Daniyeli yamaze mu cobo cazo. Umukuru Bates yavuze ati: “Hari ahantu hateye ubweranda, kandi vyagaragara ko bwa bushobozi bwatumye habaho ivyerekwa ari bwo, mu gihe gito, bwaganje kamere y’ubwashi y’uwo mwana w’ifarasi.”

GSAM 262.3Nimba iryo yerekwa ryari gusa ingaruka z’ubumuga bw’umubiri wiwe, ikibazo kiriyaduka: Mbega ifarasi na yo yari yarwaye nk’uko nyene?

GSAM 262Ntahe ya Israel Damon

GSAM 262.4Kugira ngo nshigikire inkuru Umukuru Bates yambwiye, ngiye gutanga aya majambo akurikira:

GSAM 262.5“Haciye imyaka nka mirongo ibiri, inyuma gato y’uko ntanguye kwubahiriza Isabato, Israel Damon yambwiye ibijanye n’uko Mushiki White yagize iryo yerekwa igihe we, Umukuru Bates, n’Umukuru White n’umugore wiwe bari bagendera mu kinyabiziga coroshe gikururwa n’uwo mwana w’ifarasi w’intumva. Uyu musi nasomye insiguro y’ico kintu yanditswe n’Umukuru Loughborough, kandi ihuye neza na neza n’ivyo Umukuru Damon yambwiye.” Vyashizweko umukono ngo: “R. S. Webber, Battle Creek, Mich., 9 Ruhuhuma 1891.”

GSAM 263Ntahe y’Umukuru Bates ku Vyerekeye Ivyerekwa

GSAM 263.1Umukuru Bates asigura uku ivyashikiye:

GSAM 263.2“Naho nta kintu nabona muri vyo coteye kubiri n’ijambo, naratewe ubwoba kandi ndageragezwa cane, kandi igihe kirekire sinashaka kwemera ko atari ikintu cavuye ku kuba umubiri wiwe wari waramaze igihe kirekire ufise intege nke.

GSAM 263.3“Ni co gituma narondera akaryo ko kumubaza no kumusubiriramwo ibibazo imbere y’abandi, igihe yaboneka ko atekanye mu bwenge (hanze y’amakoraniro), nkabaza n’abagenzi bamuherekeza, canecane mushiki wiwe mukuru, kugira ngo nshikire ukuri nimba bishoboka. Mu ngendo nyinshi yagize i New Bedford na Fairhaven kuva ico gihe, igihe twaba turi mu makoraniro, namubonye kenshi ari mu iyerekwa, no i Topsham, Maine; abari bahari muri bimwe muri ivyo bihe vy’akanyamuneza barazi neza ukuntu numviriza n’ubushimishijwe n’ubwitonzi ijambo ryose, nkitegereza uko agenda kwose, kugira ngo menye ubuhendanyi canke ububasha bwo kuroga ubwenge. Kandi ndashimira Imana ku mahirwe nagize yo kwibonera ivyo bintu ndi kumwe n’abandi. Ubu nshobora kuvuga n’icizere ku bwanje. Nemera ko ico gikorwa ari ic’Imana, kandi ko catanzwe kugira ngo gihumurize kandi gikomeze abantu bayo ‘batatanye,’ ‘biciwe ibice,’ kandi ‘bambaye ubusa,’ kuva igikorwa cacu gisozwa ... mu Gitugutu 1844. Imimerere y’akajagari y’‘Ng’aha ni ho!’ n’‘Ng’aho ni ho!’ kuva ico gihe yarateye urujijo rwinshi abantu b’Imana b’inyangamugayo kandi biteguye, bituma bigora cane abatari bashoboye gusigura imirongo myinshi ivuguruzanya bari berekwe. Ndavyemera, nararonse umuco n’inyigisho ku mirongo myinshi ntari nshoboye gutahura neza mbere. Nemera ko ari umwana w’Imana yitanga, w’inyangamugayo kandi yiteguye.”10

GSAM 263.4“Umwanditsi ntaronka ‘ivyiyumviro’ vy’ivyerekwa vyiwe ‘ku nyigisho yahawe mbere canke ku vyo yize mbere.’ Igihe yakira iyerekwa ryiwe rya mbere, mu Kigarama 1844, we n’umugwi wose w’i Portland, Maine (aho abavyeyi biwe baba ico gihe), bari bararetse ‘ugutaka kwa mu gicugu’ bakabona ko kwari kwararangiye. Ni ho Umwami yamweretse mu iyerekwa ikosa we n’umugwi w’i Portland bari baguyemwo. Hanyuma yabwiye umugwi wiwe iryo yerekwa, na bo bemera ko ivyababayeho mu kwezi kwa ndwi vyari igikorwa c’Imana.”11

GSAM 264Uko Ubutumwa Butatu Bwari Bufatwa mu 1847

GSAM 264.1Aya majambo y’Umukuru James White, yanditswe muri Ndamukiza 1847, arerekana uko ubutumwa butatu bwafatwa ico gihe:

GSAM 264.2“Imigwi yose y’abizera ukugaruka kwa kabiri kwa Kristo iremeranya ko umumarayika avugwa mu mirongo ya gatandatu n’indwi y’iki gice (Ivyahishuriwe Yohana 14) agereranya ubutumwa bw’ukugaruka kwa Kristo bushikirizwa ishengero n’isi.... Igikorwa c’umumarayika wa kabiri kwari ukwereka umugwi w’abiteze ukugaruka kwa Kristo ko Babiloni yaguye. Kandi kubera ko benshi muri bo batamenye ico kintu gushika ubushobozi bw’‘ugutaka kwa mu gicugu’ bubakangura ku gihe nyene co guhunga amashengero imbere y’uko umusi ugira cumi ushika, birakurikirana ko kuva mu kwezi kwa ndwi 1844 ubutumwa bw’umumarayika wa gatatu bwari, kandi bukiri, imburi ku bera ngo ‘bagumye bashikamye,’ ntibasubire inyuma, kandi ntibakire ‘ibimenyetso’ umugwi w’abakobwa wari warakuyeho mu gihe c’ugutaka kw’umumarayika wa kabiri.”

GSAM 264.3“Mbega ubutumwa bw’ukuri ku bantu b’Imana, kuva mu kwezi kwa ndwi 1844, ntibwabaye imburi nk’iyo?—Ego cane.... Umurongo wa cumi na kabiri ugira uti: ‘Ng’uku ukwihangana kw’abera: ng’aba bitondera amabwirizwa y’Imana n’ukwizera kwa Yesu.’ Yohana, wababonye hehe?—Ewe, ‘ng’aha,’ mu gihe c’ubutumwa bw’umumarayika wa gatatu. Kubera ko igihe co kwihangana no kurindira cabaye kuva mu kwezi kwa ndwi 1844, kandi kubera ko umugwi wabitondera Isabato n’ibindi wabonetse kuva ico gihe, biragaragara ko tubayeho mu gihe c’ubutumwa bw’umumarayika wa gatatu.”12

Notes

  1. Ivyahishuriwe Yohana 14:9-12. ↩
  2. Ivyerekeye Inyigisho za Roma, urupapuro 112. ↩
  3. Abamarayika Batatu bo mu Vyahishuriwe Yohana 14:6-12, impapuro 131, 132. ↩
  4. Rachel Preston yapfiriye i Vernon, Vt., ku wa 1 Ruhuhuma 1868, afise imyaka 59. ↩
  5. Kahise k’Isabato ca Andrews, urupapuro 506, integuro yo mu 1887. ↩
  6. Amateka y’ubuzima bwa Ellen G. White, pp. 95, 96. ↩
  7. Mu gitabu Ukuzamuka n’Iterambere havuga ko yabonye amezi umunani kuri Saturne. Iryo hinduka ryakozwe inyuma y’uko impapuro z’isuzuma ry’icapa ziva mu maboko yanje. Kuva ico gihe haravumbuwe ayandi mezi kuri Jupiter na Saturne. ↩
  8. Ijuru ry’Inyenyeri rya Dick, p. 96. ↩
  9. Ibaruwa ya Madamu Truesdail yo ku wa 27 Nzero 1891. ↩
  10. Ijambo ku Mugwi Mutoyi, p. 21. ↩
  11. Aho nyene, 22. ↩
  12. Aho nyene, 10, 11, Brunswick, Maine, Rusama 1847. ↩

Note

Back