Igice ca 7 — Ukwihuta kw’Iterambere ry’Ubutumwa
GSAM 126.1“Maze mbona uwundi mumarayika w’inkomezi amanuka ava mw’ijuru, yambaye igicu; ku mutwe wiwe hari umunywamazi, mu maso hiwe hari hameze nk’izuba, ibirenge vyiwe na vyo bimeze nk’inkingi z’umuriro. Mu kuboko kwiwe yari afise agatabu kazinguruye; ashira ikirenge ciwe c’iburyo ku kiyaga, ic’ibubamfu na co ku butaka. Asemerera n’ijwi rirenga nk’uko intare yivuga; amaze gusemerera, imituragaro indwi yumvikanisha amajwi yayo.... Wa mumarayika nabonye ahagaze ku kiyaga no ku butaka aduza ukuboko kwiwe mw’ijuru, arahirira iyamaho ibihe bitazoshira, yaremye ijuru n’ibirimwo, isi n’ibirimwo, n’ikiyaga n’ibirimwo, yuko igihe kitazoba kikiriho; ariko mu misi y’ijwi ry’umumarayika w’indwi, igihe azotangura kuvuza inzamba, ibanga ry’Imana rizoba rirangutse, nk’uko yabimenyesheje abasavyi bayo, ari bo bavugishwa na yo.”1
GSAM 126Umumarayika ni ikigereranyo c’intumwa z’abantu
GSAM 126.2Nk’uko vyamaze kwerekanwa, igikorwa co kwamamaza ubutumwa bwiza cashinzwe abantu, kandi Umwami yasezeranye guhezagira ico gikorwa cabo gushika ku “muhero w’isi.”2 Ni co gituma umumarayika azanye ubu butumwa ategerezwa kuba ikigereranyo c’ubutumwa bwerekeye igihe, buzobwirwa ababa kw’isi. Ubwo butumwa bwamamazwa buvuye mu gitabu “kizinguruye,” bikerekana neza ko cari carigeze kwugarwa. Izo ntumwa zirafise agaciro ku Mana, kuko “umunywamazi,” ari wo kimenyetso c’isezerano ry’Imana, uri hejuru yazo, kandi zihagaze zambaye umuco w’ubwiza bw’Imana, zikamamaza ubutumwa ku bubasha bw’Umuremyi w’ibintu vyose. Ibivugwa hano ni ubutumwa bwerekeye igihe, bwari bwarigeze “kudomwako ikimenyetso,” ariko ubu bukaba bwamamazwa buvuye mu gitabu “kizinguruye.”
GSAM 127.1Mu bice biheruka vyaragaragajwe ko Umwami yashinze igihe umuco wotangiwe ku bijanye n’iherezo ry’ikiringo kinini c’ubuhanuzi, ari co misi 2300, gishikana ku rubanza rw’itohoza; ko ubuhanuzi buvuga ko ubumenyi bwogwiriye bwarangutse neza mu guhagurutsa abantu benshi yahishuriye uwo muco; kandi ko yashinze n’igihe “umugani w’umusukoni” wokwigiwe, mu guhagurutsa abigisha biwe muri ico gihe no muri ico kibanza kugira ngo bagende bamenyeshe isi uwo mugani. Ni ko nyene yashinze neza igihe ubutumwa bwerekeye igihe bwogwiriye bugashika ku gutaka n’ijwi rirenga, kandi vyarangutse neza gutyo nyene.
GSAM 127Ugutaka n’ijwi rirenga kw’ubutumwa bwa mbere
GSAM 127.2Igihe ukwo kwamamaza kwobaye ugutaka n’ijwi rirenga ni ikibazo gikwiye kwitwararikwa. Hano gishirwa hagati y’ukuvuzwa kw’inzamba ya gatandatu n’iy’indwi. Ivyo ntibibonekera gusa aho vyanditswe mu Vyanditswe, ariko bibonekera no mu butumwa ubwabwo, buvuga buti: “Mu misi y’ijwi ry’umumarayika w’indwi, igihe azotangura kuvuza inzamba, ibanga ry’Imana rizoba rirangutse, nk’uko yabimenyesheje abasavyi bayo, ari bo bavugishwa na yo.” Ico ni icemezo ntaharirizwa c’uko igihe camamazwa muri ubwo butumwa gishika ku kuvuzwa kw’inzamba y’indwi.
GSAM 127Igihe c’ugutaka n’ijwi rirenga
GSAM 127.3Igihe umumarayika w’indwi avuza inzamba, dusoma ko “urusengero rw’Imana rwo mw’ijuru rwaruguruwe, maze mu rusengero rwayo haboneka isandugu y’isezerano ryayo.”3 Mu murimo wo mu buturo bwera bwo kw’isi, icumba carimwo isandugu, ari co hera h’ahera, cugururwa rimwe gusa mu mwaka; hari ku musi w’impongano, kandi vyari ivyo guhanagura ivyaha, ari kwo kwezwa kw’ubuturo bwera. Igihe abavugishwa n’Imana bavuze ko ico gikorwa co kweza, kirangurwa na Kristo, cobereyeko, ni kw’iherezo ry’imisi 2300.4 Haravugwa kandi ko igihe umumarayika w’indwi avuza inzamba, amajwi yo mw’ijuru avuga ko igihe co gucira abapfuye urubanza gishitse.5
GSAM 128.1Iki kigereranyo c’ubuhanuzi bwo mu Vyahishuriwe Yohana 10 cerekana igihe ubwo butumwa bwamamazwa “n’ijwi rirenga,” hanyuma “nk’uko intare yivuga.” Nk’uko ubu buhanuzi bubivuga, igihe ubwo butumwa bwogwiriye bugashika ku “gutaka n’ijwi rirenga” gihera kw’iherezo ry’inzamba ya gatandatu kigashika kw’iherezo ry’ico kiringo c’ubuhanuzi gishikana ku kwezwa kw’ubuturo bwera, ni ukuvuga kw’iherezo ry’imisi 2300. Inzamba zine za mbere zarangukiye mu ntambara z’Abagoti, Abavandali, Abahuni n’abandi, zagabuye Roma yo mu burengero mu bice cumi, ari bwo bwami cumi.
GSAM 128Inzamba ya gatanu
GSAM 128.2Inzamba ya gatanu yerekana ukuduka kw’idini rya Muhamadi n’igicu c’inyigisho zaryo z’ikinyoma, ariko canecane ikiringo c’“amezi atanu,” ari yo myaka 150 nya myaka, uhereye igihe “bari bafise umwami abaganza.” Ku wa 27 Mukakaro 1299, Othman, uwashinze inganji y’Abotomani, yateye akarere ka Nicomedia. Kuva ico gihe, Abotomani bagumye batera kandi “bababaza” inganji y’i Roma yo mu buseruko gushika ku wa 27 Mukakaro 1449, ari yo myaka 150 y’ukuvuzwa kw’inzamba ya gatanu. Ico gihe Abaturukiya bazanye ingabo zabo gutera igisagara ca Constantinople ubwaco, bakoresheje ifu iturika mu ntambara. Bakoresheje inkoho nini cane y’intambara yari iremereye cane, umwanditsi w’ivya kahise Gibbon avuga ko yasaba amashuri 60 ngo ayikwege, bararasa ibibuye binini ku mpome za Constantinople.
GSAM 128Iherezo ry’inzamba ya gatandatu
GSAM 128.3Nko muri ico gihe, John Palleologus, uwo abanditsi b’ivya kahise bavuga ko ari we yabaye umwami wa nyuma w’Abagiriki, yarapfuye. Constantine Decozes ni we yari afise uburenganzira bwo kuragwa ingoma, ariko bivugwa ko ugutinya Amurath, umusultani w’Abaturukiya yamurwanya muri iyo ntambara, kwatumye amusaba uruhusha rwo kwima ingoma. Ico gikorwa gisa n’uguhebera Abaturukiya ingoma. Kandi koko, haciye igihe gito cane, Abotomani bigaruriye igisagara ca Constantinople n’inganji y’i Roma yo mu buseruko. Gutyo, mu vy’intwaro, “bishe” ya nganji bari barabanje “kubabaza.” Bari “kuyica” mu kiringo c’“isaha imwe, n’umusi umwe, n’ukwezi kumwe, n’umwaka umwe.”
GSAM 129.1Dufashe ico kiringo nk’igihe c’ubuhanuzi, umusi umwe ugaharurwa nk’umwaka umwe, coba ari igihe kingana iki? Kubiharura biroroshe: umwaka umwe ni imisi 360, canke imyaka; ukwezi kumwe ni imisi 30, canke imyaka; n’umusi umwe ni umwaka umwe; vyose hamwe ni imisi 391, ari yo myaka 391 nya myaka. Kubera ko isaha ari kimwe ca 24 c’umusi, nk’ikigereranyo yoba igice c’ukwezi, ari co misi 15. Igihe cose c’intwaro yigenga y’abayoboke b’idini rya Muhamadi mu karere ka Roma yo mu buseruko coba rero imyaka 391 n’imisi 15. Twongeye ico kiringo ku wa 27 Mukakaro 1449, dushika ku wa 11 Myandagaro 1840, ari ryo herezo ry’ikiringo c’ukwigenga kw’Abaturukiya, nk’uko vyerekanwa mu nzamba ya gatandatu.
GSAM 129Dogiteri Josiah Litch ahanura ugusenyuka kw’inganji y’Abotomani
GSAM 129.2Mu 1838, Dogiteri Josiah Litch w’i Philadelphia, muri Pa., amaze kwemera ukuri kwashikirijwe na William Miller, yifatanya n’abandi mu gikorwa co kurushiriza kumenyesha abantu ubutumwa. Yateguye inyandiko zo gusohorwa mu binyamakuru ku vyerekeye inzamba indwi zo mu Vyahishuriwe Yohana. Yaremeje ata gukekeranya ko inzamba ya gatandatu yoretse kuvuzwa, kandi ko ububasha bw’Abotomani bwohenutse ku musi wa 11 Myandagaro 1840, kandi ko ivyo vyokweretse isi ko umusi umwe mu buhanuzi bw’ibigereranyo ugereranya umwaka umwe nya mwaka.
GSAM 129.3Bamwe muri bene Data, mbere n’abemeranya na we kuri ico kintu, barajugumizwa n’ubwoba bw’ivyovuyemwo “iyo bitaba” nk’uko yari yabivuze. Ariko ivyo ntivyamuciye intege; yabandanije gukora ivyo ashoboye vyose kugira ngo amenyekanishe ivyo yiyumvira ku kibazo c’Abaturukiya. Ibinyamakuru vyakwiragije ivyo yari yemeje kuri ico kibazo. Imigwi y’abahakana ukwizera yaraganiriye ico kibazo mu makoraniro yayo, ivuga iti: “Ehe umuntu yemeye gushira imbere ico azokwirengera; kandi nivyagenda nk’uko abivuze, bizokwemeza ata gukekeranya ivyo avuga ko umusi umwe mu buhanuzi ugereranya umwaka umwe, ko imisi 2300 ari imyaka ingana gutyo, kandi ko izorangira mu 1844.”
GSAM 130.1Ugusohorwa kw’inyigisho ya Dogiteri Litch kwatumye abantu benshi bavugavugana, maze abantu ibihumbi vyinshi bituma bitegereza iherezo ry’ingorane zari zadutse hagati ya Mehemet Ali, pasha wa Misiri, n’umusultani w’Abaturukiya. Amajana y’abantu bavuze bati: “Iki kibazo nicahera nk’uko dogiteri yavyemeje, bizokwemeza ingingo y’uko ‘umusi ugereranya umwaka’ mu gusigura igihe c’ikigereranyo, kandi tuzoba Abadiventiste.”
GSAM 130Umusultani w’Abaturukiya arwana na pasha wa Misiri
GSAM 130.2Mu myaka itari mike imbere ya 1840, umusultani yari amaze kwinjira mu ntambara na Mehemet Ali, pasha wa Misiri. Mu 1838, uruhara rw’abaserukira ibihugu vy’amahanga rwaratumye indyane zari hagati y’umusultani n’umutware wiwe wo mu Misiri ziba zirahagaritswe. Ariko mu 1839, imirwano yarasubiye gutangura, irabandanya gushika aho, mu ntambara ikomeye yahuje ingabo z’umusultani n’iza Mehemet, ingabo z’umusultani zatemaguwe zigasangangurwa zose, amato yiwe y’intambara na yo agatwarwa na Mehemet akajanwa mu Misiri. Umusultani yari yagoyagoye rwose ku buryo, igihe intambara yasubira gutangura muri Myandagaro, yari asigaranye amato abiri gusa y’intambara yo ku rwego rwa mbere n’andi matatu matomato y’intambara, ari yo masigarira ateye agahinda y’amato y’Abaturukiya yari yarigeze kugira inkomezi nyinshi. Mehemet yaranse rwose kurekura ayo mato no kuyasubiza umusultani, yongera avuga ko ibihugu bikomeye nivyagerageza kuyamunyaga azoyaturira. Ukwo ni ko ibintu vyari vyifashe igihe, mu 1840, Ubwongereza, Uburusiya, Otirishe na Prusiya vyinjira muri ico kibazo, bikiyemeza kugitorera umuti; kuko vyagaragara ko, bamuretse, Mehemet yokwigaruriye ingoma y’umusultani bidatevye.
GSAM 131Ibihugu bikomeye vyunze urunani birahaseruka
GSAM 131.1“Umusultani yaremeye ukwo kuhaseruka kw’ibihugu bikomeye vyunze urunani, gutyo ashira ico kibazo mu maboko yavyo ku bushake bwiwe. Inama y’ivyo bihugu yabereye i Londres, shehe Effendi Bey Likgis ayirimwo nk’uwaserukira Abotomani afise ububasha bwose bwo kubumvikanira. Barateguye ijambo rya nyuma ryari gushikirizwa pasha wa Misiri, rivuga ko umusultani yomuha ubutegetsi bwa Misiri bwo kuragwa n’abamukomokako, akamuha kandi ngo aganze igihe cose akiriho ako gace kose ka Siriya kava ku kigobe ca Suez kagashika ku kiyaga ca Tiberiya, hamwe n’intara ya Acre. Na we yasabwa kuva mu tundi turere twose tw’umusultani yari yarigaruriye, no gusubiza amato y’intambara y’Abotomani. Aramutse yanse ivyo umusultani amushikirije, vya bihugu bine bikomeye vyoca vyifatira ico kibazo mu minwe, bigakoresha ubundi buryo vyobona ko bubereye bwo gutuma yemera ivyo asabwa.
GSAM 131.2“Vyaragaragara ko iryo jambo rya nyuma rimaze gushika mu maboko ya Mehemet Ali, ico kibazo cociye kivuye burundu mu bubasha bw’uwa mbere [umusultani], kandi kuva ubwo ingingo zerekeye ivyiwe zobaye mu maboko y’ibihugu bikomeye vy’amahanga.
GSAM 131Ubuhanuzi buraranguka — Iherezo ry’ukwigenga kw’Abaturukiya
GSAM 131.3“Umusultani yarungitse Rifat Bey i Alegizanderiya mu bwato bwa leta bugendeshwa n’umwuka w’amazi abira, kugira ngo ashikirize pasha iryo jambo rya nyuma. Ryashizwe mu maboko yiwe, na we araryakira ku musi wa 11 Myandagaro 1840! Kuri uwo musi nyene, umusultani yararungikiye abaserukira vya bihugu bine bikomeye urwandiko, abaza umugambi wokurikijwe pasha aramutse yanse kwubahiriza ivyasabwe mw’ijambo rya nyuma. Bamwishuye ko ivyo bikenewe vyari vyateguwe, kandi ko atari akwiye guhagarikwa umutima n’ikintu na kimwe coshoboye gushika. Kuri uwo musi, ca kiringo c’imyaka 391 n’imisi 15 cagenewe ukubandanya kw’ububasha bw’Abotomani cararangiye; none ukwigenga kw’umusultani kwari he? Kwari kwaheze!”6
GSAM 132.1Kuva kuri uwo musi gushika ubu, umusultani yategerejwe gukora nk’uko ivyo bihugu bikomeye bimutegetse, no kwitegereza ubwami bwiwe busabagurika, uko vyagiye birabwiyegereza agace ku kandi kugira ngo bibukoreshe ku bw’inyungu zavyo.
GSAM 132Abantu bakaburirwa kwitwararika ubuhanuzi
GSAM 132.2Ukwo kuranguka gutangaje kw’ubuhanuzi kwagize ico gukoze kinini cane ku vyiyumviro vy’abantu. Kwarongereje icipfuzo cabo co kwumva ivyerekeye ubuhanuzi bwamaze kuranguka n’uburiko buraranguka. Dogiteri Litch yavuze ko mu mezi make inyuma yo ku wa 11 Myandagaro 1840, yari amaze kuronka amakete avuye ku bahakana ukwizera barenga igihumbi bazwi cane, bamwe muri bo bakaba bari abarongozi b’imigwi y’abahakana ukwizera. Muri ayo makete bavuze ko bahevye kurwanya Bibiliya, bakayemera nk’ivyo Imana yahishuriye umuntu. Bamwe muri abo barahindukiriye Imana rwose, kandi abatari bake muri bo babaye abavugabutumwa b’abahanga mu mugwi mukuru w’abiteze ukugaruka kwa kabiri kwa Kristo. Bamwe babwiye Dogiteri Litch bati: “Twaravuga ko abasigura ubuhanuzi basubiramwo ivyanditse ku mpapuro z’ivya kahise zamaze kunuka uruhumbu kugira ngo bemeze ivyo bavuga ko ubuhanuzi bwarangutse; ariko kuri iki kibazo, turafise ivyabaye vy’ukuri imbere y’amaso yacu.”
GSAM 132.3Kugira ngo nerekane ukuntu, kw’iherezo ry’inzamba ya gatandatu nyene, ubutumwa bw’ukugaruka kwa Kristo bwatanguye kwamamazwa “n’ijwi rirenga,” ndaza kuvuga ikintu kimwe nk’uko nakibwiwe n’umwe mu bakozi b’ubwo butumwa.
GSAM 132.4Mu mwaka wa 1840, E. C. Williams, umukozi w’amahema n’ibitambara vy’amato yabikora ku rugero runini, w’i Rochester, New York, yaremeye ubutumwa, maze atumira Abakuru Miller na Himes ngo baze i Rochester bavugire abantu ibihumbi bo muri ico gisagara. Bishuye ko ata mahera bafise yo kuronka inyubakwa nini bihagije abantu bokoraniramwo. Na we arabishura ati: “Ndafise ihema ry’umuzingi rifise ibirenge 120 kuva ku ruhande rumwe gushika ku rundi biciye hagati. Nzoritera, ndishiremwo ivyicaro kandi ndiryitwararike ata co ndabishuje. Nimuze mwamamaze ubutumwa.” Yambwiye ati: “Baraje, kandi ihema ntiryashobora gukwiramwo n’igice c’abaje kwumva, ni co gituma nongeyeko igice c’ibirenge 40, bituma ihema ringana n’ibirenge 160 x 120. Iryo hema ryama ryuzuye abantu imisi yose, kandi amajana y’abandi bakikwegeranya hanze hafi yaryo, bose bafise icipfuzo gikomeye co kwumva ijambo.”
GSAM 133Amajana y’abantu bamamaza ubutumwa
GSAM 133.1Kugira ngo bashobore gushikira abantu baguma barushiriza kuvyitwararika, bakoresheje amahema manini, kandi mu gihe c’ici bagira amakoraniro mu duterwa tw’ibiti. Mu gihe c’imbeho, bakoresheje zimwe mu nyubakwa nini z’amashengero n’inyubakwa rusangi zo gukoraniramwo, kandi zose zaruzura abumviriza bavyitwararika gushika aho ata handi umuntu yokwicara hasigaye. Umukuru Miller yari yarahora ahagaze “hafi wenyene” mu kwamamaza ubutumwa imbere ya 1840; ubu abantu bashika 300 bifatanije na we mu kwamamaza ku mugaragaro iherezo ry’ikiringo c’imisi 2300, no mu gutaka bati: “Igihe ntikizoba kikiriho,” kandi bati: “Igihe c’urubanza rwiwe kirashitse.” Gutyo turabona ingene, igihe Umwami yashinze co gukwiragiza ubutumwa kw’isi yose gishitse, ijambo ryiwe ryarangutse, maze abantu amamiliyoni bagira icipfuzo co kwumva ako kamo.
GSAM 133.2Ivyabaye mu mugwi w’abiteze ukugaruka kwa Kristo muri Amerika vyarabaye no mu bindi bihugu. Kuva mu mwaka wa 1840, aho kuba abantu bake bakwiragiza ivyo basohoye, abantu mirongo myinshi basa n’abaciye bahagurukira imbere kwamamaza ako kamo. Mu Bwongereza, abashumba b’Ishengero ry’Ubwongereza bonyene bamamaza ubutumwa bari 700, tutavuze abandi mirongo myinshi bakora ico gikorwa nyene. Mu bihugu bikomeye bitandukanye vyo kw’isi birenga 20, ubutumwa bwariko buramamazwa n’umwete watuma ababibonye bavuga bati: “Aba bantu babishizeko umutima bimwe bikomeye cane.”