Igice ca 21 — Ukuboko Kuyobora mu Gikorwa
GSAM 322.1“NZOKWIGISHA no kukwereka inzira uzogenderamwo.”1
GSAM 322.2Ku muntu agira Umwami icizigiro ciwe, uburinzi bwiwe burigaragaza ubudasiba. Ariko hari ibihe ubwo burinzi bwiyumvikana cane, nk’igihe akizwa mu kaga no mu ngorane ziboneka canke zitaboneka, be n’igihe Imana yugurura inzira mu buryo bwayo kugira ngo ukuri kwayo gukwiragire. Ni ivyo bintu iki gice kivugako.
GSAM 322Iyerekwa rya Mbere i Michigan
GSAM 322.3Mu kwezi kwa Rusama mu 1853, Umukuru White n’umugore wiwe baragiye muri Michigan. Ni bwo bwa mbere bari baragiye mu burengero bwa Buffalo, N.Y. Ku Isabato ya nyuma yo muri Rusama bari i Tyrone, aho Madamu White yeretswe mw’iyerekwa imigwi itandukanye y’abitondera Isabato bo muri iyo ntara, hamwe n’imburi ku nguvu zari gushobora kubarwanya. Ku wa 2 Ruheshi, i Jackson, yanditse impapuro umunani za ubunini busanzwe, avuga bimwe mu vyo yari yeretswe. Yampaye kopi y’iyerekwa yanditswe n’ikaramu y’igiti, ku gisabwa ko nomwandikiye kopi itomoye n’ikaramu n’ino.
GSAM 322Umugore Yavuga ko Yera
GSAM 322.4Mu bindi bintu vyerekanywe harimwo ivy’umugore yagerageza kwinjira mu bantu bacu. Yavuze ko uwo mugore yiyita uwera cane. Madamu White ntiyari bwigere ahura na we, kandi nta kindi yari amuziho atari ico yari yeretswe muri iryo yerekwa. Ntiyavuze gusa ingene uwo mugore yakora, ariko yavuze n’uko, niyagirizwa, azokwerekana mu maso isura y’uburyarya bw’uwera, akavuga ati: “Umwami—azi—umutima—wanje.” Yavuze ko uwo mugore yagendagenda mu gihugu ari kumwe n’umusore, mu gihe umugabo wiwe, umutama, yari muhira akora kugira ngo abatunge muri iyo ngendo mbi. Madamu White yavuze ko Umwami yari yamweretse ko “n’aho uwo mugore yiyita uwera, we n’uwo musore bari bafise icaha co kurenga kw’itegeko rya ndwi.” Nari mfise mu mufuko insiguro yanditse y’ivyo, ndategereza mfise amaganya kugira ngo menye uko ibintu vyogenze.
GSAM 323Ikoraniro i Vergennes, Mich.
GSAM 323.1Twagize amakoraniro i Jackson, Battle Creek, Bedford, na Hastings, hanyuma tuja i Vergennes, muri Kent Co., ari ho vyagaragaye ko uwo mugore yaba. Twashitse aho twari kurara ku wa 11 Ruheshi, hasigaye akanya gato ngo Isabato itangure. Aho twacumbitse ni kwa Mukuru umwe na we yitwa White, yari yarigeze kuba umupasitori w’idini ryitwa «Christian». Kubera ko ico gihugu cari gishasha gituwe, bari bateguye amakoraniro yacu mu nzu y’inka nini yari imaze kwubakwa, ku bilometero nka bitanu (amamaili atatu) uja imbere; kandi uwo mugore yabonywe mw’iyerekwa, nk’uko vyaje kugaragara, yaba ibindi bilometero nka bitatu (amamaili abiri) uvuye aho ikoraniro ryabereye.
GSAM 323Intahe ku Muntu w’Umufanatiki
GSAM 323.2Ku wa 12 Ruheshi, isaha zine n’igice zo mu gitondo, twakoraniye mu nzu y’inka. Madamu White yicaye ku mpera y’ibubamfu y’ahavuga, nanje nicara iruhande rwiwe, Umukuru Cornell iruhande rwanje, Umukuru White na we yari ku ruhande rw’iburyo bw’ahavuga, ariko aravuga. Amaze kuvuga iminota nka cumi n’itanu, umutama n’umusore binjiye hamwe, bicara ku ntebe y’imbere hafi y’ahavuga. Bari kumwe n’umugore muremure, afise umubiri muto n’uruhu rwijimye, yicara hafi y’umuryango. Umukuru White amaze kuvuga ijambo rigufi, Madamu White arahaguruka, atangura kuvuga ku kwitwararika abapasitori bakwiye kugira ngo batisambura igikorwa bahawe, akoresha aya majambo ngo: “Mwiyeze, mwebwe mwikorera ivyombo vy’Umwami.” Yavuze ko atari ivyo Imana ishaka ko umugore agenda mu gihugu ari kumwe n’uwundi mugabo atari umugabo wiwe. Amaherezo yavuze atomora ati,
GSAM 323.2“Wa mugore aheruka kwicara hafi y’umuryango avuga ko Imana yamuhamagariye kuvuga ubutumwa. Ari kugendana n’uyu musore ahejeje kwicara imbere y’ameza, mu gihe uwo mutama, umugabo wiwe—Imana imugirire imbabazi!—akora i muhira kugira aronke uburyo bariko barakoresha mu gukora ibibi vyabo. Yiyita uwera cane, uwakwezwe; ariko naho yiyita uwera, Imana yanyeretse ko we n’uyu musore bafise icaha co kurenga kw’itegeko rya ndwi.”
GSAM 324.1Abari aho bose bari bazi ko Madamu White atari bwigere abona abo bantu gushika binjiye muri iyo nzu y’inka. Kuba yarababonyemwo umwe umwe kandi akadondora ingeso zabo muri ubwo buryo, vyagize ico bikoze ku mitima y’abari aho, vyongera icizigiro cabo kandi bikomeza ukwizera kwabo mu vyerekwa.
GSAM 324Amajambo Yavuzwe Nk’uko Vyari Vyabanje Kumenyeshwa
GSAM 324.2Madamu White yariko aratanga intahe yiwe, abantu baraba Madamu Alcott bafise amatsiko, wa mugore yari yakebuwe, kugira ngo babone uko yakiriye ivyavuzwe n’ico agira akore canke avuge. Iyo aza kuba ata caha afise, vyari vyitezwe ko ahaguruka agahakana vyose. Iyo yari afise icaha kandi akaba yononekaye cane, yari gushobora kubihakana naho yari azi ko ari ukuri. Aho kubigenza gutyo, yakoze neza ivyo intahe yari yavuze ko azokora niyagirizwa. Yahagurutse buhorobuhoro, amaso yose amuhanze, yerekana isura y’uwiyita uwera, maze avuga buhorobuhoro ati: “Umwami—azi—umutima—wanje,” hanyuma aricara ata rindi jambo avuze. Yari yavuze neza ivyo intahe yari yavuze ko azokavuga, kandi abivuga mu buryo bumwe.
GSAM 325Icaha Caremewe
GSAM 325.1Ni ukuri, Imana yari izi imitima yabo, kandi na bo bari bazi ko ico bagirizwa ari ukuri; kuko mu nyuma uwo musore yabwiye umushingantahe Gardner, yaba muri ako karere, yari yamubajije cane kuri ivyo ati: “Mushingantahe Gardner, ivyo Madamu White yavuze kuri twe ni ukuri birenze urugero;” kandi uwo mugore, amaze kubwira Madamu Wilson i Greenville mu 1862 ko “atotinyuka kuvuga ijambo na rimwe ryo kurwanya Mushiki wacu White, kugira ngo atazoboneka ariko arwanya Imana,” yemeye ko ivyo yari yeretswe ku bimwerekeye we n’uwo musore vyari ukuri.
GSAM 325Umugwi wa Intumwa
GSAM 325.2Mu gihe c’agatasi co mu 1853, abantu bake batari bagishima muri Michigan barifatanyije batangura gusohora urupapuro rwitwa Intumwa y’Ukuri. Umugambi w’urwo rupapuro n’abaruyobora wasaga n’uwari uwo gusenya no gucafuza, aho kwubaka. Mu mpapuro zarwo harandikwamwo ibinyoma vyinshi vyatubabaza mu gikorwa cacu c’ubutumwa; kandi kubera ko bwari bwo bwa mbere duhura n’igitero nk’ico cuguruye, twiyumvira ko twategerezwa kwamagana amajambo yabo yo gucafuza. Kubikora vyatwara umwanya wari ukwiye gukoreshwa mu guteza imbere ukuri twari twaragijwe, kandi vyari bihuye neza n’umugambi wa Satani, nta nkeka ko ari we yavyuye uku kuturwanya. Ivyo vyaramye gushika ku mugoroba wo ku wa 20 Ruheshi 1855, aho Umukuru White n’umugore wiwe, Umukuru Cottrell, nanje twari tumaze gusozera ikoraniro i Oswego, N.Y. Mu ikoraniro twari twababajwe n’umuntu umwe yitwa Lillis, yaje akwiragiza muri abo bantu ivyo vyandiko vy’ugucafuza. Ikibazo c’ico dukwiye gukora muri ivyo congeye kuza. Uburyo bwose twari twagerageje bwo gusubiza ibinyoma vyabo bwari bwatumye gusa bahimba ibindi vyinshi.
GSAM 325Impanuro n’Ubuhanuzi
GSAM 325.3Muri iryo joro, mw’ikoraniro ryo gusenga ryabereye kwa John Place mu gisagara ca Oswego, Madamu White yahawe iyerekwa. Yarayerekwemwo ko nitwaguma ku gikorwa cacu co kuvuga ukuri, tutitaye ku bantu nk’abo bo mu “mugwi wa Intumwa,” bazotangura kurwana hagati yabo, urupapuro rwabo na rwo rurasenyuka; kandi ivyo nibishika, tuzobona ko imirongo yacu yariyongereye kabiri. Kubera ko twemeye ko iyo ntahe iva ku Mwami, twaciye dutangura kuyikurikiza.
GSAM 326Uko Umugwi wa Intumwa n’Urupapuro Rwawo Vyasenyutse
GSAM 326.1Igikorwa c’ukuri carateye imbere ningoga, mu gihe “umugwi wa Intumwa” wari winjiye mu ngorane hagati yawo. Mu kanya gato uwo mugwi waratatanye, benshi mu barongozi bawo baraheba Isabato. Urupapuro rwabo rwaciye ruhagarara kubera kubura abarushigikira, uwari amaze igihe ari umwanditsi warwo na we ahindukira kwigisha kw’ishure; ariko kubera ko atari yarize kubanza kwitegeka, ntiyashoboye na gato gutegeka abo yigisha. Mu gihe yagerageza guhana umwe mu bahungu bo mw’ishure, yakuyemwo inkoho ntoya, irakoma ariko ntiyaturika. Kugira ngo ahunge kwicwa n’abantu, yategerejwe guhunga mw’ijoro aja muri Canada.
GSAM 326Ingaruka ku Gikorwa c’Ukugaruka kwa Kristo
GSAM 326.2Muri ico gihe, hagati y’abantu bacu harimwo ubwumvikane n’ubumwe bwinshi kuruta ikindi gihe cose; kandi uko twagira akigoro ko gusohora ubutumwa, inzira zaruguruka impande zose.
GSAM 326.3Mu nomero ya 10, umuzingo wa 11, w’Isuzuma (Review) wo ku wa 14 Nzero 1858, umwanditsi avuga ku vyavuye mu gikorwa ca Intumwa ati: “Mu gihe c’ukutumvikana, igihe hageragezwa gusenyura Isuzuma, amatungo y’ishengero yari ku biro yabazwe amadolari 700 gusa. Kuva ico gihe yaduze gushika ku 5.000. Ico gihe hari abafatabuguzi nk’igihumbi bariha, ubu ni ibihumbi bibiri, tutabariyemwo urutonde runini rw’abaronswa ku buntu.”
GSAM 326.4Kubera ko twari tugeze mu gihe co mu 1858 aho “umugwi wa Intumwa” watandukana ugatatana, na Intumwa igahagarika kubaho, iyo mibare yo haruguru irafise insiguro. Nk’uko abafatabuguzi bariha b’Isuzuma bariyongereye kabiri neza, ni ko n’abizera bariyongereye kuruta kabiri. Gutyo ubuhanuzi bwavuzwe biciye kuri Madamu White muri Ruheshi 1855 bwararangutse.
GSAM 327Amakoraniro yo mu Mahema Yabanje Gutangwa Iciyumviro
GSAM 327.1Mu misi ya mbere y’ubutumwa, twari tumenyereye gukorera amakoraniro mu mazu y’amashure iyo ata handi heza haboneka. Igihe kimwe, abantu benshi cane barakoraniye mu nzu nk’iyo ku buryo amazu abiri angana nayo atobashoboye kubakira bose. Kugira ngo bose bumve, uwavugaga yahagaze mw’idirisha ryuguruye, avugira abari mu nzu n’ikindi gisata kinini cari cicaye mu magare yabo no ku vyatsi. Kubona iryo koraniro rinini ni vyo vyatumye biyumvira gukora amakoraniro yo mu mahema.
GSAM 327Ikoraniro rya Mbere ryo mu Ihema i Battle Creek, Mich.
GSAM 327.2Ni co gituma ku wa 22 Rusama 1854, Umukuru James White n’abandi bari mu nama bafashe ingingo y’uko gukoresha amahema mu makoraniro vyoshoboka. Muri ico gihe amahema manini yakoreshejwe gake cane mu bindi bitari imikino ya sirike, ibikoko vyerekanwa, n’ibirori bitandukanye. Michigan ni yo ntara ya mbere Abadiventiste b’umusi w’indwi bagize umutima wo gutangura ico gikorwa. Ikoraniro rya mbere ryo mu ihema ryatanguye i Battle Creek ku wa 10 Ruheshi 1854. Ubu ubu buryo bwo gukora amakoraniro mu ci bumaze kwaguka cane.
GSAM 327Iciyumviro c’Amakoraniro y’Ingando
GSAM 327.3Mu 1868 harafashwe iyindi ntambwe ikomeye. Barasuzumye neza ivyiza vyo gukora amakoraniro y’ingando, baca bafata ingingo ko vyoba uburyo bwiza bwo kwakira amakoraniro manini y’abantu bacu mu nama rusangi. Kubera ko hobaye ihema rinini ryo gusengeramwo abantu bose n’amahema mato y’imiryango, abantu bari gutekana, bagaheza imisi myinshi bunguka mu nama no mu gusenga.
GSAM 328Ikoraniro rya Mbere ry’Ingando i Wright, Mich.
GSAM 328.1Ikoraniro rya mbere ry’ingando ryabereye i Wright, Mich., kuva ku wa 1 gushika ku wa 7 Nyakanga 1868. Aya makoraniro rusangi ahambaye y’abantu bacu yaragutse gushika aho amakoraniro y’ingando arenga mirongo itanu akorwa buri mwaka mu bice bitandukanye vy’ikibuga c’igikorwa. Ntaba muri Amerika gusa, ariko no mu Buraya, muri Australia, muri New Zealand no muri Afrika y’Epfo.
GSAM 328.2Ikoraniro rinini kuruta ayandi yose yigeze gukorwa n’abantu bacu ryabaye mu 1893 i Lansing, Mich. Muri iryo koraniro rinini hari abantu 3.400 babaye mu mahema y’imiryango arenga 500. Mu kwubaka ayo mahema yose, hakoreshejwe iyadi zirenga 150.000 z’igitambara co kwubakisha amahema.
GSAM 328Gukizwa isanganya rya Gari ya Moshi
GSAM 328.3Ku musi wakurikiye ingingo yo kugura ihema ryacu rya mbere rifise ubwaguke bw’ibirenge 60 (ku wa 23 Rusama 1854), Umukuru White n’umugore wiwe bari i Jackson, Mich., bari bagiye gutangura urugendo baja Wisconsin, aho bari gukorera igihe. Twamaze ku murango kwa D. R. Palmer, hafi ya sitasiyo ya gari ya moshi. Incuro nyinshi ku murango Umukuru White yaravuze ati: “Ndumva ntameze neza ku bijanye no gutangura uru rugendo; ariko Ellen, dufise aho dutegerezwa kuja, kandi dutegerezwa kugenda. Iyo ntaba mfise aho ntegerezwa kuja, sinoja iri joro.”
GSAM 328.4Ijoro rigeze, hafi y’igihe gari ya moshi yashikana, twagize umwanya wo gusenga. Bose basa n’abayobowe no gusengera umutekano w’Umukuru White n’umugore wiwe kuri urwo rugendo. Tumaze guhaguruka, Umukuru White yerekanye ukwizera kwiwe ko Umwami yobitwararitse akabarinda.
GSAM 328.5Isaha zibiri z’ijoro nagiye kumwe na bo kuri gari ya moshi kugira ngo mbafashe kuronka imyanya no gutunganya imizigo yabo. Twinjiye mu modoka imwe yari ifise intebe z’inyuma ndende, muri iyo misi yitwa “imodoka yo kuryamamwo.” Madamu White yavuze ati: “James, sinshobora kuguma muri iyi modoka, ntegerezwa kuyivamwo.” Narabafashije kuronka intebe hagati mu modoka yakurikiye. Madamu White yaricaye imizigo iri ku bibero, ariko avuga ati: “Sinumva ko ndi muhira muri iyi gari ya moshi.” Inzogera iravuga, ndabasezera ningoga nti “Murabeho,” maze nca nsubira kwa Cyrenius Smith kurara.
GSAM 329.1Hafi isaha zine z’ijoro, twese twaratangaye cane twumvise Umukuru White, twibaza ko yari amaze gushika hafi ya Chicago, ariko akomanga ku muryango asaba kwinjira. Yavuze ko gari ya moshi yavuye ku murongo ku bilometero nka bitanu (amamaili atatu) mu burengero bwa Jackson; igice kinini cayo, hamwe n’imashini, vyari vyasenyutse rwose; ariko naho benshi bari bishwe, we na Madamu White bari bararusimvye ata nkomanzi. Yaciye aronka ifarasi n’igare, aja kumwe na Abram Dodge kurondera Madamu White, uwo Umukuru yari yatwaye mu maboko yiwe ku ntera kanaka, aciye ahantu h’amazi n’ivyondo no ku mugezi muto, amushikana ahantu hatekanye kure y’aho isanganya ryabereye.
GSAM 329.2Bukeye kare nagiye kumwe na Mushingantahe Dodge kuraba ibisigarira vy’ingorane. Aho inzira yambukana n’umurongo mu buryo buhengamye, inka yari yaryamye ku murongo iruhuka. Imashini ntiyari ifise icuma gisunika inka, ni co gituma ikubise iyo nyamaswa yaciye ivanwa ku murongo ija ibubamfu. Imashini ikimara gukubita hasi, imodoka y’imizigo yarimwo isandugu y’ibitabu y’Umukuru White yasimbutse ivanwa ku murongo rwose, ntigira ico iba; muri uwo mwanya nyene imodoka y’abagenzi yari inyuma ya gari ya moshi yaciye itandukanywa n’izindi ata muntu abikoze, irahagarara ituje ku murongo. Imashini n’ikaravani yayo vyagendeye hasi bivuye ku murongo imetero nka 30 canke 40 (rodi zitandatu canke umunani), maze imashini ikubita igishitsi c’igiti citwa «oak» gifise ubwaguke bw’ibirenge nka bitatu. Ububasha bwa gari ya moshi bwatumye imashini ihindukira hasi hejuru, inyuma y’ikaravani yayo na yo izunguruka ikambuka umurongo. Igice nyamukuru ca gari ya moshi cari kije n’inguvu zose gikubita ibisigarira vy’imashini, bituma haba ugukubita kwa kabiri. Imodoka ya mbere yakubise imashini yari iyo gutwara ibintu vyihuta, iramenagurika iba uduce duto tw’inkwi. Yo n’ibyari birimwo vyabaye ikirundo c’imyanda ku ikaravani no hafi yayo. Hakurikiyeho imodoka y’iciciro ca kabiri yarimwo abagenzi cumi n’umunani; umwe muri bo yarapfuye, abandi bose barakomereka ku rugero rutandukanye. Iyo modoka yacitsemo kabiri kubera imodoka yo kuryamamwo yayiciyemwo. Igice c’imbere c’imodoka yo kuryamamwo caramenaguritse, kandi intebe Madamu White atashatse kugumamwo yarasenyutse rwose.
GSAM 330Ibimenyamenya vy’Ukurokora kw’Imana
GSAM 330.1Tukiraba ibisigarira vy’ingorane, hanyuma tukabona imodoka Umukuru White n’umugore wiwe barimwo igihe isanganya ryaba, ihagaze yonyene ituje, hafi y’imetero 75 (rodi cumi n’itanu) uvuye ku bisigarira, twavuze mu mitima yacu ko Imana yumva amasengesho; kandi ni nde azi ko itarungitse umumarayika wayo gutandukanya iyo modoka, kugira ngo abasavyi bayo bahunge ata co babaye? Ivyo vyaradukoze ku mutima cane cane igihe uwafata feri yavuze ko atari we yayitandukanije, kandi ko ata muntu yari ku rubuga igihe vyaba; ko vyari ibanga kuri we no ku bakozi bose ba gari ya moshi uko vyakozwe. Ikindi cari gitangaje kuruta, impeta y’icuma n’iburo vyari bitavunitse, kandi iburo n’urunigi rwaryo vyari biri ku rubuga rw’imodoka yasenyutse, nk’aho vyari vyashizwe ng’aho n’ukuboko kwitwararika.
GSAM 330.2Ku mugoroba wo ku wa 24, umurongo wari wamaze gukurwako imyanda ku rugero rutuma gari za moshi zongera kugenda nk’uko bisanzwe, maze Umukuru na Madamu White bongera kwinjira mu modoka, baragenda amahoro bashika aho bari bategerezanyijwe muri Wisconsin.
GSAM 330Ababarwanya Baragiriwe Imburi
GSAM 330.3Kuri Isirayeli ya kera, urugendo ntirwamye rworoshe. Bari bafise abansi bo hanze bashaka kubabuza gutera imbere kuri buri ntambwe. “Umugwi w’abantu bivanze” n’abatigeze biyegurira Imana bari mw’ikambi bari ibikoresho vyoroshe Satani yakoresha mu kuzura ukutumvikana, imirwano, kwidoga no kugarariza. Kuba ukuboko kw’Imana guhezagira kwari kumwe n’abayizigira, kandi ugutsinda kukagendana n’utwigoro twabo, vyari ikimenyamenya ko abo bantu bari baronse ubuntu mu nyonga zayo—ko ukuboko kw’Umwami ari kwo kwabarongora.
GSAM 331.1Ni ko vyagenze no mu kuzamuka no gutera imbere kw’ubutumwa bw’umumarayika wa gatatu; gutera imbere kwabwo ntikwatewe n’uko ukuri kwatanzwe kwari gushimisha umutima w’umuntu kavukire. Ahubwo ukuri nyamukuru kw’ubutumwa—Isabato y’Umwami—kurwanya inyungu z’ubwikunzi n’iz’isi, gutandukanya abayumvira n’ubudandaji bw’isi imisi ibiri mu ndwi. Igikorwa c’ukuri kw’iki gihe caragize abansi bo hanze, biyemeje kandi bakomeje mu kugerageza gusenya igikorwa. Kuri bo twovuga aya majambo y’umwanditsi wa Zaburi ngo: Iyo Umwami ataba ari ku ruhande rwacu, Isirayeli nivuge ubu; iyo Umwami ataba ari ku ruhande rwacu, igihe abantu baduhagurukira, baba baratuyongobeje tukibona, igihe ishavu ryabo ryaduka kuri twebwe.2
GSAM 331.2Abantu b’abikunzi n’abatanyurwa bo mu mirongo yacu baragiye baraduka rimwe na rimwe, bavuga ibintu bikomeye vyokorwa igihe imigambi yabo yokwishika; ariko nk’urumuri rw’umuriro rutembera, amatara yabo amaze igihe kinini azimye. Hagati aho, igikorwa c’ukuri kw’iki gihe caragenda gikwira isi yose, gishikama kandi kigira inguvu kuri buri ntambwe nshasha.
GSAM 331Abakuru Stephenson na Hall
GSAM 331.3Mu ci ryo mu 1855, Abakuru Stephenson na Hall baragerageje kuvyura ubugarariji muri reta ya Wisconsin. Bene Data bari abarongozi bari bazi neza yuko abo bagabo bashaka gupimisha izindi nyigisho zose z’ukwizera kwacu inyigisho yabo y’‘Igihe Kizoza’, kandi bipfuza cane ko Abadiventiste b’umusi w’indwi bigishwa yuko hazoba igihe c’igeragezwa inyuma y’ukugaruka kwa kabiri kwa Kristo.
GSAM 331Ubuhanuzi Bwerekeye Abo Bagabo
GSAM 331.4Ku wa 20 Munyonyo 1855, Madamu White yahawe iyerekwa ryerekeye ingendo yabo, harimwo n’ubuhanuzi bw’iherezo ryayo muri aya majambo: ‘Wewe muntu w’umunyantege nke, wibaza ko ushobora guhagarika igikorwa c’Imana? Muntu w’umunyantege nke, igukozeko urutoke rumwe gusa irashobora kugutura hasi. Izokwihanganira igihe gito gusa.’
GSAM 332.1Abaturwanya bavuze yuko iryo yerekwa ryamenyesha ko abo bagabo bari bagiye gupfa vuba, kandi ko, kubera babandanije kubaho imyaka itari mike, iryo yerekwa ritashikijwe. Nta kintu kiri muri iryo yerekwa kivuga ivy’urupfu rwabo. Berekanwe nk’abantu bariko baragerageza guhagarika igikorwa c’ubutumwa bw’umumarayika wa gatatu. Bamaze kumenyeshwa ingene vyokworohera Imana kubahagarika, hongerwako ngo: ‘Izokwihanganira igihe gito gusa.’ None bakoze iki? Aho gutsinda mu ntambara yabo nk’uko bari bavyiteze, basa n’abarekewe gutondagira mu mwiza. Mu ndwi nkeyi barahevye rwose Isabato, baca batangura kuyirwanya. Bari bizigiye gushinga umugwi w’‘Igihe Kizoza’, ari bo bawurongoye. Aho kubishikako, mu guheba Isabato baratakaje rwose akosho bari bafise ku bantu bacu. Gutyo ingendo yabo ubwayo yaraburijemwo rwose ivyo bari bagambiriye ubwa mbere. Abantu bacu bavuze bati: ‘Ni ivy’ukuri, Imana “yabihanganiye igihe gito gusa.”’
GSAM 332Iherezo ry’Ubuzima Riteye Agahinda
GSAM 332.2Ku vyerekeye iherezo ry’abo bagabo babiri, vyoba vyiza dutanze ivyavuzwe ku vyago vyabo biteye agahinda na bene Data babo nyene, abemera ‘Igihe Kizoza’, abo bifatanije na bo bamaze guheba Isabato. Haraheze imyaka mirongo itatu n’indwi umushingantahe Hall atanguye gutakaza ubwenge ku rugero runaka (bitewe n’ukworohara kw’ubwonko); iyo ngorane yari yatewe n’ugutakaza amatungo menshi ahenzwe n’abandi. Yari afise iciyumviro kitari co c’uko, aramutse asohotse hanze, yokwisanzaje akagwa hasi akangana n’ubutaka. Nta nabi agirira abandi, ariko birumvikana ko muri iyo myaka yose atashoboye gukora igikorwa na kimwe c’ubupasitori.3
GSAM 332.3Haraheze nk’imyaka cumi n’itandatu Umukuru Stephenson apfuye. Mu myaka itari mike imbere y’urupfu rwiwe yari yaratakaje ubwenge (yarasaze), naho ata nabi yagirira abandi. Imbere y’uko amera atyo, yisunze umwidegemvyo yiyumvira ko afise kubera inyigisho yari yakiriye y’uko ata mategeko abaho, yarahevye umugore wiwe, umugore ata n’umwe yigeze amwagiriza ikosa na rimwe ryo kwonona ingeso (yashoboye kuronka uruhusha rwo kwahukana gusa yifashishije umushingwamanza w’umubeshi), aca arongora uwundi mugore yari muto cane ugereranije n’uwa mbere. Ico gikorwa cari ukurenga ku ngeso nziza ku mugaragaro ku buryo bene Data biwe nyene bemera ‘Igihe Kizoza’ biyamirije ingendo yiwe, ntibamwemerere kwongera kubigisha.
GSAM 333.1Ivyo bene Data babo nyene bavuze ku misi ya nyuma y’abo bagabo birimwo ikigongwe cinshi cane; yamara ni ivyabaye vy’ukuri, bidasharijwe, bivuzwe ata rwanko canke aho duhengamiye. Aho ni ho tubirekera, tukareka abasomyi bacu bakishikira ku ciyumviro ku vyerekeye ukuntu iyo ntahe yerekeye imibiri yabo.
GSAM 333Umukuru J. H. Waggoner Yakira Ubutumwa
GSAM 333.2Mu mwaka wa 1852, Umukuru J. H. Waggoner, yari amaze igihe arongoye ikinyamakuru c’intara imwe muri Wisconsin, yarakiriye ukuri kw’iki gihe, maze mu mwaka wakurikiyeho yihebera rwose igikorwa c’ubupasitori. Mu 1857 yanditse udutabu tubiri duhambaye cane, kamwekamwe gafise nk’impapuro amajana abiri. Aka mbere kitwa Kamere n’Ico Imyizerere yo Kuvugana n’Imizimu yo Muri Iki Gihe Ishikanako; aka kabiri na ko kitwa Ukunyomoza Inyigisho y’Igihe Kizoza. Aka mbere ntikabaye gusa uburyo bwo kurokora benshi ngo ntibagwe muri uwo mutego wa Satani, ariko kandi, kubera umuhezagiro w’Imana, karuguruye amaso ya benshi batari bazi ico bokwiyumvira kuri ivyo bimenyetso vyo muri iki gihe.
GSAM 333.3Igitabu ciwe Ukunyomoza Inyigisho y’Igihe Kizoza kirashira ahabona ku buryo bwuzuye cane inyigisho z’ibinyoma z’uko abanyavyaha bazohabwa igihe c’igeragezwa inyuma y’ukugaruka kwa kabiri kw’Umwami wacu. Kiranyomoza iyo nyigisho ku buryo bwuzuye cane ku buryo ata wugishuye, kandi nta n’ukugerageza kucishura turigera tubona. Ico gitabu kirerekana mu buryo butomoye cane kandi bugufi ikibanza ca Kristo nk’umuherezi ku ntebe y’ubwami ya Se (ubuherezi bwiwe bwo mu buryo bwa Melekisedeki) muri iki gihe, n’ikibanza azogira ku ntebe yiwe bwite, mu bwami bwiwe bw’ibihe bidashira buzoza,—intebe y’ubwami itazoba igifitaniye isano n’ubuherezi bw’ubuhuza.
GSAM 334.1Mu nyuma, Umukuru Waggoner yanditse agatabu ka gatatu kangana hafi n’utwo tubiri, kitwa Impongano mu Muco w’Ubwenge n’Ivyahishuwe. Nko mu mwaka wa 1884 karasubiwemwo, karagurwa kaba igitabu c’impapuro nka 400. Ni igitabu gisigura mu buryo butomoye kandi bugufi icigwa kivugwa mu mutwe waco.
GSAM 334.2Kuva ico gihe yagumye afitaniye isano ya hafi n’igikorwa co gusohora ibitabu, ari umwanditsi akongera akaba n’umuhinyanyuzi. Yarabandanije kandi ibikorwa vyiwe vy’ubupasitori, imyaka yiwe ya nyuma ayimara i Buraya.
GSAM 334.3Ku wa 17 Ndamukiza 1889, yapfuye giturumbuka i Basel, mu Busuwisi, ahejeje kwandika igitabu ciwe ca nyuma, Kuva muri Edeni Gushika muri Edeni. Ku wa 16 yari yamaze umusi wose yandika, maze yandika mu gitabu ciwe c’ivy’umusi ku musi ati: ‘Nakoze cane umusi wose.’ Mu nkuru yatanzwe na bene Data b’i Buraya ku vyamushikiye, hakuwemwo ibi bikurikira:—
GSAM 334.4‘Mu gitondo co ku wa 17, nka 5:30, yaguye mu gikoni ciwe aca arapfa, ata kimenyetso na kimwe kibanje kuboneka, bitewe n’umutima wahagaze. Yari amaze igihe akora cane kugira ngo arangize integuro y’icongereza y’igitabu ciwe gishasha, kandi yari yiteze gufata urugendo aja i Londres ku musi wa mbere w’indwi wakurikira, kugira ngo afatanye n’abaho mu gikorwa, imbere yo gusubira muri Amerika mu ci ryari rigiye kuza.’
GSAM 334.5Kuva mu 1854, Umukuru Waggoner yari yagumye aboneka cane imbere y’abantu arengera ukuri, haba mu kwigisha ku ruhimbi canke mu nyandiko zasohorwa. Igihe yapfa yari afise hafi imyaka mirongo itandatu n’icenda. Yahambwe i Basel ku wa 20 Ndamukiza. Gutyo uwundi wo mu bakozi ba mbere b’igikorwa yarapfuye akiri ku murimo wiwe.
GSAM 334Ugukira Kubwo Ukwizera
GSAM 334.6Mu ntango y’impeshi yo mu 1858, Madamu White yari amaze imisi itari mike arwaye cane, aryamye ku buriri atagishobora hafi kugira ico yikorera. Umusi umwe mw’ijoro, hafi y’igicugu, yarataye ubwenge; abo mu muryango baragerageje uburyo bwose bari bazi kugira ngo bamusubize ubwenge, ariko ntibabishobora. Yagumye ameze atyo iminota irenga mirongo itatu, maze Umukuru White aca yihutira gutumako Umukuru Andrews nanje ngo dufatanye gusenga. Mu kwishura amasengesho avuye ku mutima twasenze turi iruhande y’uburiri bwiwe, Umwami yamusubije ubwenge n’imbabazi nyinshi, aramuvyura amusubiza amagara nk’ayo yari asanganywe. Akiriko arashemagiza Imana, yaciye ajanwa mw’iyerekwa akiryamye ku buriri. Bimwe mu vyo yeretswe muri iryo yerekwa bishobora gusomwa mu ‘Ntahe z’Ishengero’, inomero ya 5.
GSAM 335Ikimenyetso Gitangaje Cabonetse ku Mubiri
GSAM 335.1Iryo yerekwa ryajanye n’ikimenyetso kidasanzwe co ku mubiri, ico dusaba ko mwitondera cane. Umukuru White nanje twari twicaye ku ruhande rumwe rw’uburiri, Umukuru Andrews ari ku rundi ruhande. Ibiganza vyiwe vyaraja birafatana ku gikiriza, hanyuma na ho akabizunguza hamwe n’amaboko, mu buryo yamenyereye butagira ikimubuza kandi bwiza, yerekeza ku bintu bitandukanye yariko arerekwa. Igihimba co hejuru c’umubiri wiwe cari kidugijwe kivuye ku buriri, ku buryo hagati y’intugu ziwe n’umusego hari umwanya w’inshi umunani canke icenda. Mu yandi majambo, umubiri uhereye mu mafyinga uduga wari uhese ku mfuruka ya dogere nka mirongo itatu. Yagumye ameze atyo igihe cose iryo yerekwa ryamaze, ni ukuvuga iminota mirongo itatu. Nta muntu yoshobora kumera atyo mu buryo busanzwe, atishimikije ibiganza n’amaboko, nkanswe kwigumiza aho umwanya ungana gutyo. Aha na ho hari ikimenyamenya c’uko iryo yerekwa ryajanye n’ubushobozi atashobora kuganza.
GSAM 335Ubundi Buhanuzi
GSAM 335.2Ku wa 1 Gitugutu 1858, Umukuru White na Madamu White hamwe n’umwanditsi w’iki gitabu baragize ikoraniro rusangi i Rochester, N.Y. Iryo koraniro riheze, umwanditsi yarabaherekeje mu rugendo baca muri reta ya New York no mu mareta ya New England. Kw’Isabato imwe, Madamu White yahawe iyerekwa, muri ryo yerekwamwo, hamwe n’ibindi, yuko ahantu hamwe mu rugendo twari twateguye Satani yogize igitero gikomeye kuri we, kandi ko Umukuru White nanje dutegerezwa kumushigikira dukomeye mu kwizera, maze Umwami akamurokora.
GSAM 336Umubabaro wa Madamu White
GSAM 336.1Aha na ho hari ubuhanuzi bw’ivyari bigiye kuba. Ivyakurikiye birerekana ingene bwashikijwe neza. Kw’Isabato ya mbere inyuma y’ikoraniro ry’i Rochester twari i Roosevelt, maze kw’Isabato yakurikiye tuba i Brookfield, mu ntara ya Madison. Mu ndwi yakurikiye twagize amakoraniro mu gikoni cagutse c’umushingantahe Ballou, i Mannsville, mu ntara ya Jefferson. Igihe twari mu rugendo mw’igariyamoshi tuva i Brookfield tuja i Mannsville, mu maso ha Madamu White haratanguye kuvyimba munsi y’amaso nyene. Vyaramubabaza cane ku buryo igihe twashika i Mannsville yategerejwe kuryama. Ukwo kuvyimba kwarabandanije kwiyongera imisi ibiri, kumubuza gusinzira no kugira uruhara na rumwe mu makoraniro. Umutwe wiwe wari wavyimvye ku buryo amaso yompi yari yugaye, kandi mu maso hiwe hari hahindutse cane ku buryo hatari hagisa n’ah’umuntu. Muri ubwo bubabare bwose bwamuzingamitse, no mu guhagarika umutima gukomeye kwatewe no kubura itiro, umwansi yariko aragerageza cane kumutuma yidodombera Imana. Vyagumye bimeze bityo gushika amakoraniro yari yateguwe arangiye.
GSAM 336.2Amakoraniro aheze, Umukuru White yambwiye ati:
GSAM 336.2‘Mwene Data John, iki ni ca gitero ca Satani ku mugore wanje twamenyeshwa i Rochester. Uribuka isezerano ryatangiwe aho, yuko nitwifatanya tukamushigikira mu kwizera, tutadohoka n’akanya na gato igihe intambara ije, ubushobozi bw’umwansi bwovunywe, maze umugore wanje akarokorwa. Reka twinjire ubu nyene tumare umwanya dusenga.’
GSAM 336Ukurokorwa Nk’uko Vyari Vyarahanuwe
GSAM 336.3Twaciye twinjira mu cumba Madamu White yari aryamyemwo, dutangura kumusengera n’umwete mwinshi, bene Data bari mu cumba twari twaragiriyemwo amakoraniro na bo baguma basenga mu gacerere. Haciye iminota nka cumi dutanguye gusenga, ubushobozi bw’Umwami bwaramanutse bwuzura icumba. Madamu White yaciye akira ububabare bwose ubwo nyene, aca asaba ibifungurwa. Hari nka 17:00. Bigeze 19:00, ukuvyimba kwose ko mu maso hiwe kwari kwaheze, kandi yaritavye ikoraniro ryo kuri uwo mugoroba, aboneka ko ameze neza nk’uko yamye.
GSAM 337.1Bisabwe n’abanyagihugu, kuri uwo mugoroba haratanzwe inyigisho ku ‘Iragi ry’Abera’, maze irangiye Madamu White aratanga impanuro. Igihe Umukuru White yari hanze ari kumwe n’agahungu kiwe W. C., Madamu White yajanwe mw’iyerekwa imbere y’iryo koraniro rinini. Bimwe mu vyo yeretswe ico gihe bishobora gusomwa mu nyandiko ya nyuma y’Intahe inomero ya 5, yandikiwe i Mannsville, N.Y., ku wa 21 Gitugutu 1858.
GSAM 337.2Ugukira Madamu White yaronse kuri ico gihe duhejeje kuvuga kwari kwuzuye nk’uko vyari vyarahanuwe mw’iyerekwa ryatangiwe i Rochester. Nta ngorane nk’iyo yasubiye kumushikira muri urwo rugendo, kandi ahantu hose twararonse intsinzi ihambaye y’ukuri.
GSAM 337Ubuhanuzi bw’Intambara Hagati y’Abanyagihugu bo muri Amerika
GSAM 337.3Kw’Isabato, ku wa 12 Nzero 1861, hasigaye amezi atatu nyene ngo isasu rya mbere riraswe ku gihome ca Sumter (ari vyo vyatanguje vy’ukuri intambara yavuyemwo ukubohorwa kw’abaja 4,000,000 b’Abanyafrika muri Amerika), inzu y’amakoraniro y’Abadiventiste b’umusi w’indwi y’i Parkville, Mich., yareguriwe Imana. Ibirori vyitabwe n’Umukuru White n’umugore wiwe, Abakuru Waggoner na Smith, hamwe n’umwanditsi w’iki gitabu. Umukuru White ahejeje inyigisho yiwe, Madamu White yatanze impanuro zikora ku mutima, hanyuma yicara ku ntebe. Yicaye atyo yaciye ajanwa mw’iyerekwa. Iyo nzu yari yuzuyemwo abantu, kandi koko hari ahantu hateye icubahiro cinshi. Avuye mw’iyerekwa yarahagurutse, araranganya amaso muri iyo nzu, avuga ati:—
GSAM 338.1‘Nta muntu n’umwe ari muri iyi nzu arigera aniyumvira amagorwa agiye gushikira iki gihugu. Abantu bariko baratwenga ingingo ya reta ya Carolina y’Ubumanuko yo kwiyonkora mu Bumwe, ariko mpejeje kwerekwa ko amareta menshi agiye kwifatanya n’iyo reta, kandi ko hazoba intambara iteye ubwoba cane. Muri iri yerekwa nabonye ingabo nyinshi z’impande zompi zikoraniye ku rugamba. Numvise ukwasana kw’amazinga, mbona abapfuye n’abariko baracikana impande zose. Naciye ndababona biruka bisukiranya barwana imbonankubone [basogotana imbugita zo ku nkoho]. Hanyuma nabonye ikibanza c’urugamba intambara iheze, cose cuzuye abapfuye n’abariko baracikana. Naciye njanwa mu mabohero, mbona imibabaro y’abari mu bukene, bariko barayonga. Hanyuma njanwa mu ngo z’abari babuze abagabo, abahungu canke basaza babo muri iyo ntambara. Nabonye amagorwa yabo n’umubabaro wabo mwinshi.’
GSAM 338.2Maze araranganya amaso buhorobuhoro muri iyo nzu, avuga ati: ‘Hari abari muri iyi nzu bazobura abahungu babo muri iyo ntambara.’
GSAM 338Intahe ya Madamu Ensign Yerekeye Amayerekwa
GSAM 338.3Kugira ngo hemezwe ivyo duhejeje kuvuga, no kugira ngo vyerekanwe yuko ubwo buhanuzi bwatanzwe ku musi wavuzwe, kandi ngo bitange akarorero k’ingene iryo koraniro ryabutegeye rikongera rikabukwiragiza, hatanzwe intahe ikurikira:—
GSAM 338.4‘Iki ni icemezo c’uko naba mu ntara ya St. Joseph, muri Michigan, muri Nzero 1861, nko ku mayili atandatu uvuye i Parkville. Sinari Umudiventiste. Ku musi wa 12 w’ukwo kwezi, ababanyi banje batari bake bagiye i Parkville kwitaba amakoraniro. Batashutse bambwiye ko muri iryo koraniro hari umugore yari mu mero y’uwatwawe n’iyerekwa, akavuga ko intambara iteye ubwoba yari igiye gushikira Reta Zunze Ubumwe za Amerika; ko ingabo nyinshi zari zigiye gukoranywa ku mpande zompi, mu Bumanuko no mu Buraruko; ko hari benshi bobabariye mu mabohero; kandi ko imiryango myinshi yoshikiwe n’ubukene bukaze kubera ukubura abagabo, abahungu na basaza babo muri iyo ntambara; be n’uko muri iyo nzu hari abagabo bobuze abahungu babo muri iyo ntambara.’ Vyateweko umukono na ‘Martha V. Ensign, Wild Flower, intara ya Fresno, California, ku wa 30 Nzero 1891.’
GSAM 339.1Ku vyerekeye ubwo buhanuzi bw’iyo ntambara iteye ubwoba, Madamu White yarongeye avuga yuko Abadiventiste b’umusi w’indwi ‘boshizwe mu ngorane zikomeye kubera iyo ntambara, kandi ko bose bari bafise inshingano yo gusenga cane kugira ngo bahabwe ubwenge bwo kumenya ico bokora mu bihe bigoye vyari bibarindiriye.’
GSAM 339Uburemere bw’Intambara Hagati y’Abanyagihugu
GSAM 339.2Igihe iryo yerekwa ryatangwa, abantu bo mu Buraruko muri rusangi nta co bari bazi, canke bazi bike cane, ku vyerekeye intambara yari yegereje. Mbere na Perezida Lincoln, haciye amezi atatu (ku wa 12 Ndamukiza 1861), igihe amareta atari make yari amaze kwifatanya na Carolina y’Ubumanuko mu ngingo yayo yo kwiyonkora mu Bumwe, n’isasu rya mbere rikaraswa ku gihome ca Sumter, yasavye abagabo 75,000 gusa, kandi na bo abasaba kumara igihe gito c’amezi atatu.
GSAM 339.3Igitigiri cose c’abasirikare binjiye mu ngabo z’Ubumwe mu gihe c’intambara cari 2,859,132. Inkoranyabumenyi Britannica ivuga yuko ‘ingabo z’Urunani rw’Amareta Yiyonkoye zari zifise, mu ntango ya 1863, abagabo nka 700,000,’ ariko ko bigoye kumenya neza igitigiri cose c’abo bandikishije. Igereranya igitigiri c’ababo bapfuye n’‘abagabo nka 300,000.’ Zimwe mu nkoranyabumenyi ziheruka gusohoka zivuga ko ku ruhande rw’Ubumwe hapfuye abantu 359,528 (abagandaguwe ku rugamba, canke abishwe n’inguma canke indwara bafatiye ku rugamba canke mu mabohero). Ku vyerekeye ideni ry’uruhande rw’Ubumwe, Britannica ivuga iti:—
GSAM 339.4‘Ideni ryashitse ku rugero rwaryo rwo hejuru ku wa 31 Myandagaro 1865, rishika ku $2,845,907,626.56. Amafaranga nka $800,000,000 y’ivyinjijwe na yo yari amaze gukoreshwa, ahanini ku ntambara; amareta, ibisagara binini, intara n’ibisagara bito vyari vyakoresheje amakori yavyo vyongera birirundaniriza amadeni kubera intambara; amafaranga y’amapansiyo azotangwa birashoboka ko amaherezo azoshika ku $1,500,000,000. Ivyo Urunani rw’Amareta Yiyonkoye rwakoresheje ntibizokwigera bimenyekana; amatungo yononywe n’ingabo za Reta Zunze Ubumwe hamwe n’ingabo z’Urunani rw’Amareta Yiyonkoye biragoye cane kuyagereranya; kandi agaciro k’amahera k’abaja bo mu Bumanuko ($2,000,000,000) karakuweho n’iyo ntambara. Vyose hamwe, naho ivyo intambara yatwaye bidashobora guharurwa neza, $8,000,000,000 ni ikigereranyo kidakabije.’4
GSAM 340Ikindi Cemezo c’Iyerekwa
GSAM 340.1Ku vyerekeye ubuhanuzi bw’uko abagabo bari mu nzu y’amakoraniro y’i Parkville bobuze abahungu babo mu ntambara, ndavuga gusa yuko mu gatasi ko mu 1883 nahuye n’umukuru w’ishengero ry’i Parkville, yari asanzwe ari umukuru waho no muri Nzero 1861 igihe iryo yerekwa ryatangwa; ndamubaza ko yibuka amajambo Madamu White yavuze mu kwigana iryo yerekwa ryerekeye intambara. Yishura ati: ‘Egome, ndayibuka.’ Ndamubaza nti: ‘Wombwira igitigiri c’abo uzi bari muri iyo nzu kuri uwo musi babuze abahungu babo mu ntambara?’ Yaciye yibuka amazina y’abantu batanu, avuga ati: ‘Ndazi ko abo bari bahari, kandi ko babuze abahungu babo mu ntambara; kandi iyo mba ndi i muhira, aho noshobora kuvugana n’abantu banje, noguha ayandi mazina.’ Yongera ati: ‘Nibaza ko hari abandi batanu, uretse abo mvuze.’
GSAM 340.2Imyaka ine irenga y’intambara itadohoka ku ruhande rw’Ubumanuko, gushika hafi ica kabiri c’ingabo zose zari zakoranyijwe kipfuye ku rugamba canke kubera indwara, irerekana ukuntu ubwo buhanuzi bwashikijwe mu buryo butangaje.
GSAM 340Ubuja n’Intambara
GSAM 340.3Mu kwigana iyerekwa yahawe ku wa 4 Nzero 1862, Madamu White yavuze ati:—
GSAM 340.4‘Abantu ibihumbi baremejwe kwinjira mu ngabo bibaza ko iyo ntambara yari igiye gukuraho rwose ubuja; ariko ubu bamaze kwinjira, basanze barahenzwe, basanga intumbero y’iyo ntambara atari ugukuraho ubuja, ahubwo ari ukubuzigama uko buri.’
GSAM 341.1Ayo majambo yatanzwe igihe abasirikare basabwa gufasha mu gikorwa co gusubiza ba shebuja abaja bose bari bahunze bagashika mu birindiro vy’ingabo z’Ubumwe, kandi abo basirikare berekanwa nk’abavuga bati: ‘Nitwashobora kuzimya ubwo bugarariji, tuzoba twungutse iki?’ Bishurana ugucika intege bati: ‘Nta na kimwe. Icavyuye ubwo bugarariji nticakuweho. Uburyo bw’ubuja, bwasambuye igihugu cacu, burarekewe kubaho no kuvyura ubundi bugarariji.’ Ayo majambo, yakuwe mu Ntahe inomero ya 7, ahavugwa inkuru yose y’intambara ikora ku mutima munsi y’umutwe uvuga ngo ‘Ubuja n’Intambara’, ntavuga ko ubuja butokwigera bukurwaho, ahubwo yerekana uko abasirikare babona ibintu muri ico gihe. Imbere gatoyi muri iyo ntahe nyene hari ubuhanuzi bukurikira:—
GSAM 341Ubuhanuzi bw’Intsinzi y’Uburaruko
GSAM 341.2‘Kandi naho biri ukwo, haramenyeshejwe ukwisonzesha kw’igihugu cose! Umwami aravuga ati: “Mbega uku si kwo kwisonzesha natoranije: kurekura imvuto z’ukugabitanya, kurekura imigozi y’imitwaro iremereye, guha umwidegemvyo abahahazwa, no kuvuna ingogo zose?” Igihugu cacu nicitondera ukwisonzesha Imana yatoranije, ni ho izokwakira amasengesho yabo yerekeye intambara; ariko ubu ntashika mu matwi yayo.’
GSAM 341.3Abazi kahise k’iyo ntambara barazi ugutsindwa, ivyago, uguteba n’ibindi vyajanye n’utwigoro tw’Uburaruko two gutsinda ingabo z’Ubumanuko gushika aho itangazo ryo kubohora abaja ritangiwe—ku wa 1 Nzero 1863. Mbega ukuntu intsinzi zaciye zinyaruka kuva ico gihe gushika intambara irangiye! Mbega ukuntu abitegereza iterambere ry’ico gikorwa babona neza ugushikizwa kw’ubwo buhanuzi bwo ku wa 4 Nzero 1862. Imizigo imaze gukurwako abaja, imvuto zabo zimaze kurekurwa n’ingogo zabo zikavunwa! Mbega ukuntu vyagaragara ko Imana yumvise amasengesho y’abantu bayo, igahezagira utwigoro two kurangiza intambara igihe batoranya ukwisonzesha kuyihimbara!
GSAM 342Intahe ya St. John Yahoze Ari Buramatari
GSAM 342.1Mw’ijambo ryashikirijwe na John P. St. John, yahoze ari buramatari wa Kansas, i Ottawa, Ill., iryo numvirije ku muhingamo wo ku wa 29 Ruheshi 1891, yavuze ibi bikurikira:—
GSAM 342.2‘Sinari bwigere mvunika umutima nk’uko nawuvunitse igihe [ab’Urunani rw’Amareta Yiyonkoye] badutsinda i Bull Run. Ariko ivyo vyose vyari mu mugambi w’Imana. Iyo tuba twaratsinze [ab’Urunani rw’Amareta Yiyonkoye], abanyapolitike bari gutegura amasezerano y’amahoro, Ubumwe bukabandanya burimwo ubuja, kandi twari kuba tukibufise n’uyu musi. Mu myaka ibiri [ab’Urunani rw’Amareta Yiyonkoye] ni bo bagumye barusha abandi inguvu; ariko Lincoln amaze gutanga rya tangazo rurangiranwa ryo kubohora abaja, twari twahindukiye tuja ku ruhande rw’Imana, ntitwari tugishobora gutsindwa.’