Adventist Pioneer
Library
aplib.orgLibrary
Table of Contents
27 / 31
27 / 31

Igice ca 24 — Ubundi Buhanuzi Bwarangutse

John Norton Loughborough

GSAM 376.1“Ni mwiyumvire rero kuva kuri uwu musi no mu misi izokurikira, kuva ku musi wa mirongo ibiri na kane w’ukwezi kw’icenda, ari wo musi urufatiro rw’urusengero rw’Uhoraho rwashiriweho; ni muvyiyumvire. Mbega imbuto ziracari mu kigega? Mbere n’umuzabibu, n’umusukoni, n’igiti c’amakomamanga, n’umwelayo ntibirama ivyamwa; kuva kuri uwu musi nzobahezagira.”1

GSAM 376.2Iterambere rishikamye kandi ridahagarara ry’ubutumwa bw’umumarayika wa gatatu kuva bugitangura rirashobora kugereranywa neza n’ugutunganirwa kwa Zerubabeli kuva ku musi yashirako ibuye ry’urufatiro rw’urusengero.

GSAM 376Umugambi Wasa n’Ugoye Cane

GSAM 376.3Igihe Abayuda bahamagarirwa kwubaka urusengero rw’Uhoraho, ata mahera bari bafise kandi ibigega vyabo ari ubusa, uwo mugambi wasa n’ugoye cane mu maso y’abantu. Igihe bumvira umuhamagaro mu kwizera, bagatangura igikorwa n’umutima ukunze, ukuboko kw’Imana kubazanira ugutunganirwa kwarabonekeye. Iyo dukurikiranye ivyabaye mu ntango z’ubu butumwa bwa gatatu, turabona ukuboko kuyobora abahitamwo inzira yayo. Naho bashikirwa n’imibabaro, uko Imana yitwararika abantu bayo n’igikorwa cayo vyama bibonekera neza abayizigira.

GSAM 376Intahe Yerekana Ingeso z’Abantu

GSAM 376.4Ku wa 24 Munyonyo 1862, amakoraniro abiri yabereye ku gihe kimwe mu nzu ya William Wilson, w’i Greenville muri Michigan, kugira ngo hashingwe amashengero abiri y’abari baremeye ukuri kw’Isabato muri ako karere. Ikoraniro ry’ishengero ry’i Greenville ryarongorwa n’Umukuru White n’umukenyezi wiwe mu cumba kimwe, mu gihe Umukuru Byington na jewe twarongora ikoraniro ry’ishengero ry’i West Plains mu kindi cumba. Tukiriko turakora ivy’intango mu cumba kimwe, twarumva ijwi rya Madamu White ariko aratanga intahe yiwe mu kindi cumba. Twari duhuye n’ingorane zimwezimwe mu gikorwa cacu, maze ku mwanya ukwiriye nyene Madamu White arugurura umuryango, avuga ati: “Mwene Data Loughborough, iyo ndavye aba bantu bakoraniye hano, ndabona ko mfise intahe zigenewe bamwe muri bo. Nimwamara kwitegura, ndaza kuvuga.” Kubera ko uwo wari wo mwanya nyene twari dukeneyeko imfashanyo, yarinjiye. Uretse Umukuru Byington na jewe, yari azi amazina y’abantu batatu gusa bari muri ico cumba. Abandi ntiyari abazi, ntiyari bwigere ababona, kiretse uko yari yaraberetswe mw’iyerekwa.

GSAM 377Ubuzima bwa Bwana Pratt Budondorwa

GSAM 377.1Amaze guhaguruka ngo avuge, yavuze ati: “Muze kumbabarira nimba, mu kuvuga ivyo mfise vyo kubabwira, ndababwira ndondora uko musa, kuko ntazi amazina yanyu. Iyo ndavye mu maso hanyu, ivyo Umwami yashimye kunyereka biberekeye bica biza imbere yanje. Urya mugabo ari mu mfuruka afise ijisho rimwe [umuntu umwe aravuga ati: ‘Yitwa Pratt’] avuga cane ko yizera kandi akiyerekana nk’umunyedini akomeye, ariko ntarahinduka mu mutima. Ntimukamwakire mw’ishengero akimeze uko ameze ubu, kuko atari Umukristo. Amara igihe kinini yicaye ubusa mu mazu y’abanyamwuga no mu maduka, aharira ku nyigisho z’ukuri, mu gihe umugore wiwe i muhira ategerezwa kwasatura inkwi, kwitwararika umurima n’ibindi. Mu vyo agura n’ivyo agurisha, atanga amasezerano ntayashitse. Ababanyi biwe ntibizigira ivyo avuga vy’ukwizera kwiwe. Vyobera vyiza igikorwa c’idini hamwe yokwihorera ntakivugeko, akiri mu mero arimwo ubu.”

GSAM 378Mwene Data Barr Anezerezwa

GSAM 378.1Yabandanije avuga ati: “Uyu mwene Data ageze mu zabukuru [amwerekanye, umuntu umwe yavuze ati: ‘Mwene Data Barr’] namweretswe atandukanye rwose na wa wundi. Ubuzima bwiwe ni akarorero keza cane, aritwararika gushitsa amasezerano yiwe yose, kandi atunga urugo rwiwe neza. Ntiyubahuka kubwira ababanyi biwe ivy’ukuri, kuko atinya ko yohava yonona igikorwa, akagirira abandi nabi. Ntiyumva ingene Umwami yogira imbabazi zingana n’izo kumuharira ivyaha vyiwe, kandi yiyumvira ko atabereye no kuba umwe mu bagize ishengero.” Maze aramubwira ati: “Mwene Data Barr, Umwami yantegetse kukubwira ko waturiye ivyaha vyose wari uzi, kandi ko yamaze igihe kirekire aguhariye ivyaha vyawe; iyaba wemera ivyo gusa.” Umubabaro wo mu maso h’uwo mwene Data waciye uzimangana ubwo nyene. Araramura amaso amwenyura, abaza mu mutima wiwe ugororotse ati: “Yarabihariye?” Madamu White yishura ati: “Ego, kandi nategetswe kukubwira nti: ‘Ingo, wifatanye n’ishengero; kandi uronse akaryo, uvuge ijambo rishigikira ukuri; rizogira akamaro keza, kuko ababanyi bawe bakwizigira.’” Yishura ati: “Nzobigira.”

GSAM 378.2Maze avuga ati: “Hamwe Bwana Pratt yomara igihe yifashe nka kumwe Mwene Data Barr yahora yifashe, vyomugirira akamaro.”

GSAM 378.3Uko ni ko imwe mu ngorane zatubuza gutunganya ishengero yavuyeho. Imbere y’uko atanga intahe yiwe, ntitwashobora kujijura Bwana Barr ngo yemere kwifatanya n’ishengero; ku rundi ruhande, twasanze hafi bose barwanya ko Bwana Pratt yakirwa, ariko nta n’umwe yumva yubahutse kuvuga igituma abirwanya.

GSAM 378Ishari ryo mu Rugo Rirakizwa

GSAM 378.4Yaciye avugana n’umugabo yari afise urukoba rw’ibara ry’umusenyi, yari yicaye ku ruhande rumwe rw’icumba; maze yerekana umugore yari afise mu maso hato kandi honze, yicaye ku rundi ruhande rw’icumba kure yiwe, avugana na bo nk’umugabo n’umugore. Yadondoye ibintu bimwebimwe vyari vyarabaye mu buzima bwabo bwa kera, imbere y’uko hagira n’umwe muri bo avuga ko yemeye ukuri. Yavuze ko Satani yari yarakujije ivyo bintu mu vyiyumviro vy’uwo mugore gushika aho bituma asara. Madamu White yavuze ati: “Nabonye ko uyu mugore yari yamaze umwaka umwe mu bitaro vy’abasazi; ariko amaze gusubira kugira ubwenge, yaremereye iryo shari nyene gusubira kumuhagarika umutima, bibabaza cane umugabo wiwe. Uwo mugabo yarakoze ibishoboka vyose ngo yereke umugore wiwe ko yamubereye umwizigirwa, kandi ko ata mvo afise yo kuguma amwigizayo nk’uko abigira.”

GSAM 379.1Ako kanya umugore yaciye yihuta ajabuka icumba, apfukama imbere y’umugabo wiwe amusaba imbabazi. Abo bantu bari bameze nk’abashasha muri ako karere, kandi ivyo mu buzima bwabo bwa kera ntivyari bizwi. Ariko abari babazi kuruta abandi bari bazi ko batumvikana, naho batari bazi icabitumye.

GSAM 379Bisa n’Ivyabaye kuri Elisa na Hazayeli

GSAM 379.2Madamu White amaze gutanga intahe yiwe, igikorwa co gutunganya ishengero carangiye vuba. Bwana Barr yifatanije n’ishengero n’umutima wiwe wose, ariko Bwana Pratt ntiyakiriwe. Ikoraniro rikimara kurangira, uwo Pratt yavuze ashimitse cane ati: “Reka ndababwire: nta co bimaze kugerageza kwifatanya n’aba bantu ugaca wigira indyarya; ntimwobishobora.”

GSAM 379.3Ukwo kwerekana ingeso z’umuntu, nk’uko vyagenze muri ico kintu duhejeje kuvuga, kutwibutsa cane ikintu gisa na co canditswe ku vyabaye mu misi y’umuhanuzi Elisa:2 Benihadadi, umwami wa Siriya, yari yaratumye umusuku wiwe Hazayeli kuri Elisa ngo abaze nimba azokira indwara yiwe. Elisa yari yareretswe ivyerekeye Hazayeli, maze uwo muntu aje imbere yiwe, akamuraba mu maso, ivyo vyose bica bigaruka mu vyiyumviro vyiwe mu buryo butomoye.

GSAM 379Umukuru White Afatwa n’Ubumuga bwo Kudashobora Kunyiganyiga

GSAM 379.4Ku wa gatatu, ku wa 16 Nyandagaro 1865, Umukuru White yarafashwe n’ubumuga bwo kudashobora kunyiganyiga, bivuye ku gukora birenze urugero no kudasinzira bihagije. Kubera ko ata bigo vy’amagara vyari bwashingwe mu bantu bacu, yajanywe i Dansville, muri New York, mu kigo c’amagara citwa “Iwacu ku Musozi.” Umukenyezi wiwe n’uwanditse iki gitabu twabanye na we ngaho kuva ku wa 14 Nyakanga gushika ku wa 7 Kigarama. Kubera ko ukuvurwa yahabwa muri ico kigo kwari kwaramufashije gatoyi gusa, twagiye mu rugo rwa Bradley Lamson, i Lake View, Rochester, New York, aho batwakiriye neza, tuhamara hafi indwi zitatu. Ngaho twarahimbawe no guhura n’Umukuru J. N. Andrews, yari ahejeje kugaruka muri ico gisagara, amaze amezi atari make muri Maine.

GSAM 380Gusengera Umukuru White

GSAM 380.1Imiryango y’Umukuru Andrews n’iya Bwana Orton yarifatanya na twe buri muhingamo mu gihe co gusenga turi kumwe n’Umukuru White kandi tumusengera. Ivyo vyabandanije gushika ku wa 25 Kigarama. Mu gihe abantu bo hanze bari banezerewe mu misi mikuru no mu mazimano kuri uwo musi wa Noweli, ishengero ry’i Rochester ryarawugize umusi wo kwisonzesha no gusengera Umukuru White. Twaragize amakoraniro mu gitondo no ku muhingamo mu nzu y’Umukuru Andrews, kw’ibarabara New Main; maze ku mugoroba abari basanzwe basengera hamwe n’Umukuru White bongera gukoranira hamwe na we mu nzu ya Bwana Lamson.

GSAM 380Iyerekwa Ryatanzwe mw’Ijoro rya Noweli

GSAM 380.2Ikoraniro ryo kuri uwo mugoroba ryarimwo ububasha bwinshi. Umukuru White yarahezagiwe cane, kandi Madamu White ahabwa iyerekwa ritangaje, yerekwa ibintu vyinshi. Muri ivyo harimwo ubuyobozi bwahawe Umukuru White ku vyo yokora kugira ngo yerekane mu bikorwa ukwizera afitiye Imana, yo yari yaramuramvuye ukuboko mu buryo bugaragara cane ngo imufashe asubire kugira amagara meza.

GSAM 380Igitero ca Satani Kivugwa Kitaraba

GSAM 380.3Madamu White yabwiye abari basengeye Umukuru White ati:

GSAM 380.3“Umugambi wa Satani wari uwo kwica umugabo wanje, akamumanura mu mva. Bivuye kuri ayo masengesho akomeye, ububasha bwiwe bwaramenaguwe. Neretswe ko Satani arakiye aba bantu bamaze indwi zitatu babandanya gusengera uyu musuku w’Imana babigiranye umwete, kandi ko ubu yiyemeje kubagabako igitero gikomeye. Nabwiwe kubabwira nti: ‘Mube hafi cane y’Imana, kugira ngo mwitegurire ibishobora kubashikira.’”

GSAM 381J. T. Orton Yumva ko Hari Akaga Kamurindiriye

GSAM 381.1Ku musi wa mbere wa Nzero 1866, Umukuru White n’umuryango wiwe bahagurutse mw’igariyamoshi baja i Battle Creek, Michigan. Jewe nagumye mu burengero bwa New York mu gihe c’imbeho cari gisigaye. Guhera kuri wa mugoroba nyene iryo yerekwa ryatangiweko, Bwana J. T. Orton yaguma yumva ko ubuzima bwiwe buri mu kaga, ariko ntiyari azi aho ako kaga kovuye. Ivyo yarabibwiye abantu batari bake. Ku mugoroba wo ku musi wa mbere w’indwi, ku wa 4 Ntwarante, yasubiye i Rochester avuye i Parma, aho yari yitavye ikoraniro ry’imisi ibiri, ari kumwe na Bwana E. B. Sanders (ubu, mu 1905, aba i San Jose, muri California). Bwana Orton yamusavye ko, igihe bariko baraca muri ico gisagara n’amaguru, boguma mw’ibarabara ryaka umuco kuruta ayandi. Yavuze ati: “Kuko nguma numva umengo hari umuntu agira agerageze kunyica.” Ariko ntiyasa n’uwufise iciyumviro na gitoyi c’uwashaka kumwica uwo ari we.

GSAM 381.2Nasubiye i Rochester mvuye i Parma ku wa 7 Ntwarante, nshikira kwa Bwana Lamson, umukwe wa Bwana Orton. Ku wa 8, we na Madamu Orton baje kutugendera, maze twumvikana ko mu gitondo c’umusi ukurikira twofashe igariyamoshi tukaja i Lancaster, mu ntara ya Erie, aho nari guhagarikira umuhango w’ubugeni bw’umuhungu wiwe w’ikinege. Twamaze uwo musi tunezerewe, yamara wari n’umusi wo kuzirikana.

GSAM 381Iyicwa rya J. T. Orton

GSAM 381.3Bavuye kwa Bwana Lamson ku isaha 5 zo ku mugoroba, maze ku isaha 7:30 z’ijoro haza intumwa itubwira ko Bwana Orton yari yatewe n’umuntu atazwi amukorera ivy’ubunyamaswa, ari mu kiraro ciwe bwite yitwararika amafarasi yiwe. Twihutiye kuja aho hantu, dusanga yari yakubiswe ku mutwe ata kigongwe akoreshejwe igiti co ku mukogote cari gishimangijweko icuma, kandi yari yataye ubwenge. Yapfuye ku isaha 12:35 muri iryo joro. Gushika n’ubu, uwakoze iryo bara ntaramenyekana. Vy’ukuri ntiryakozwe kubera amahera, kuko isaha yiwe yo mu mupfuko itari yakozweko, eka mbere n’agasaho kiwe k’amahera karimwo $45 ntikari kakozweko. Ivyo vyarakubise cane Madamu Orton ku mutima, kandi ingaruka zavyo ntiyigeze azikira. Amagara y’umubiri wiwe yaciye atituka ningoga, kandi ntiyamaze igihe kirekire inyuma y’urupfu rw’umugabo wiwe.

GSAM 382Ubuhanuzi Bwatanzwe kuri Iyo Noweli Buranguka

GSAM 382.1Haciye amezi makeyi inyuma ya wa mugoroba wa Noweli utazokwibagiranwa, batandatu muri ba bantu icenda bari bifatanije muri za ndwi zitatu zo gusenga bari bamaze guhambwa. Uko ni ko ubundi buhanuzi bwarangutse mu buryo butangaje cane.

GSAM 382Imfashanyo ku Wacitse Intege Bimwe Bishitse

GSAM 382.2Mu gatondo kare ko ku wa 12 Kigarama 1866, Elias Stiles, w’i North Liberty muri Indiana, yaje i muhira ansaba kujana na we aho hantu kugira ngo, nimba bishoboka, mfashe James Harvey, yari yacitse intege cane yumva ko ata cizigiro na kimwe asigaranye. Nari nzi ko Madamu White yari yeretswe ibintu vyinshi cane mw’iyerekwa riheruka, kandi ko ivyerekeye abantu benshi yari yaravyeretswe mu buryo bw’ubuhanuzi; ni co catumye ndamubwira nti: “Birashoboka ko Mushiki wacu White yoba yareretswe ikintu kimwerekeye. Nimba ari uko, akemera kuvyandika, bizogira ububasha buruta ikintu cose noshobora kumubwira.”

GSAM 382.3Twaciye tuja kumugendera, maze ata jambo na rimwe turamubwira ry’imero Bwana Harvey yarimwo, ndamubaza nti: “Mushiki wacu White, mbega mu mayerekwa yose wahawe, hari umuco woba wararonse ku vyerekeye Mwene Data James Harvey?” Yishura ati: “Ego, narawuronse, kandi maze imisi mikeyi numva ko nkwiye kuvyandika nkabimurungikira.” Yaciye atangura kutubwira ivyo yari yabonye. Namubwiye nti: “Nzoja kumuraba mu gitondo, kandi niwandika ivyo weretswe, nzobimushira.” Tumaze kwumvikana ivyo, twarasezeye, maze ku mugoroba dusubirayo. Yari yahejeje kwandika, kandi aratugirira neza aradusomera n’ijwi ryumvikana.

GSAM 383Intahe yerekeye James Harvey ari mu kwihebura

GSAM 383.1Intahe yaravuze neza ko Bwana Harvey yoshizwe mu magara make, kandi ko Satani yoshaka kumusunikira mu kwihebura no kugerageza kumwumvisha ko ata mbabazi afitiwe, kandi ko ata cizigiro afise; ariko yeretswe ko yari yakoze ivyo ashoboye vyose kugira akosore amakosa yo mu buzima bwiwe bwa kera, kandi ko Imana yari yamubabariye; vyongeye kandi, igihe yogeragezwa kwiyica, yeretswe ko abamarayika b’Imana bamuzunguruka kandi bamwereka icizigiro kiri mu Mana no mw’ijuru. Muri iyo ntahe harimwo amajambo menshi nk’ayo yo kumuhumuriza no kumuremesha.

GSAM 383.2Nfise iyo nyandiko, bukeye twagiye i North Liberty. Mu nzira, Bwana Stiles yambwiye ko Bwana Harvey yashaka kumbona, ariko avuga ko ntomuzanira ijambo na rimwe ry’icizigiro; ko ninamubonana, noca nemeranya na we ko ikibazo ciwe ata cizigiro gifise, ko ari umuntu yazimiye; hanyuma, nka Eli wo mu bihe vya kera, amaze kubwirwa ko isandugu y’Imana yatwawe, yogwa agaramye agapfa.

GSAM 383.3Twashitse kwa Bwana Harvey nk’isaha icenda zo ku muhingamo. Ndamubonye, ndamubaza nti, “Mwene Data Harvey, umeze gute?” Yishuye mu ijwi ry’agahinda kenshi ati, “Narazimiye! Narazimiye!! NARAZIMIYE!!!” Ndamubwira nti, “Oya! Ntuzimiye. Mu kibazo cawe haracari icizigiro!” Abonye ko namwishuye gutyo, avuga mu majwi atuje ati, “Ndamaze amayinga atatu niyumvira ko ata cizigiro mfise, ko nabuze; kandi uno musi, nava mu murima nja mu gisagara, ngaca kw’ikiraro kiri ku kidendezi c’uruganda, ikintu casa n’ikimbwira ngo, ‘Warazimiye! Nta cizigiro ufise! Itere muri ico kidendezi c’uruganda wiyicishe!’ Niyumviriye ko gukora ikintu nk’ico vyotuma igikorwa ca Kristo gitukwa, ni co catumye nabuza kwiyica.”

GSAM 384Gukizwa kwaje ningoga

GSAM 384.1Ndamubwira nti, “Erega, Mwene Data Harvey, ntuzimiye!” “Mfise hano intahe iturutse mw’ijuru, ivuga ko utazimiye!” Yishura ati, “None ndayumve.” Nca ndamusomera iyo ntahe, maze mbanza kumubwira ko ata jambo na rimwe nari narashikirijwe. Nkirangiza kuyisoma, mu maso hiwe haraseruka akamwenyuro, avuga ati, “None mu kibazo canje haracari icizigiro. Ndizera Umwami.”

GSAM 384.2Inyuma yo gusoma, twagize umwanya wo gusenga, ava muri wo yahindutse umuntu anezerewe. Yatubwiye ko iyo nyandiko yasiguye ivyari mu bwenge bwiwe mu mayinga atatu yari aheze neza kuruta uko yari kubishobora ubwiwe. Gutyo urukundo rw’Imana rwaragaragaye mu gukura uwo mwene Data mu kwihebura hakoreshejwe iyo nzira.

GSAM 384Ikibanza c’igikorwa caragutse

GSAM 384.3Gushika mu 1868, ikibanza c’igikorwa c’Abadiventiste b’umusi w’indwi cari kigarukiye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, no kuri ca gice cayo kiri mu buraruko bw’urubibe rwo mu bumanuko bwa Missouri no mu buseruko bw’Uruzi Missouri. Mu nama yo kurimbura ibibanza n’ukugabanganya igikorwa, mu gihe c’inama y’Inama Nkuru y’Abadiventiste b’Umusi w’Indwi yabereye i Battle Creek, Michigan, ku wa 28 Rusama, hafashwe ingingo yo kurungika abakozi babiri n’ihema ry’ibirenge 60 i California. Umukuru D. T. Bourdeau nanje twashitse i San Francisco ku wa 18 Mukakaro uwo mwaka.

GSAM 384Ugutangura ubutumwa bw’i California

GSAM 384.4Hari ikintu kimwe nshaka kuvuga kijanye n’ugutangura ubutumwa bw’i California, kigaragaza neza akamaro ko mu bikorwa k’ingabire y’ubuhanuzi. Pawulo, avuga ku ngabire za Mpwemu, harimwo n’ingabire y’ubuhanuzi, avuga ko ari “ukugira ngo abera batunganywe, ku bw’igikorwa co kugabura, no kwubaka umubiri wa Kristo.”3 Nta nkeka ko uburyo bubereye kuruta bwo gutunganya abera ari ukubereka amakosa yabo, kugira bayakureho, bozwe ivyaha vyabo n’amaraso y’agaciro y’Umwami wacu Yesu Kristo. Ku bw’iyo ntumbero, imfashanyo y’ingabire y’ubuhanuzi mu gikorwa co kugabura yaragiye iragaragara mu gikorwa c’ukuri kw’iki gihe, yereka abasavyi b’Umwami utunenge two mu buryo bakoramwo, n’ingene bokwongereza umwimbu mu guhindura imitima y’abantu bakoresheje ubundi buryo.

GSAM 385Intahe yerekeye ingene dukwiye gukorera i California

GSAM 385.1Haciye igihe gito dushitse i California, twaronse ikete rya Madamu White, aho yatubwira iyerekwa yahawe i Battle Creek, Michigan, ku mugoroba wo ku wa gatanu, ku wa 12 Ruheshi—umusi twari twamaze i Lancaster, N. Y., imbere y’uko dutangura urugendo ruja i California. Ntiyari bwigere aja i California, kandi ntiyari azi ku giti ciwe ingeso z’abaho. Nkako, ico gihe ntiyari bwigere aja mu burengero bw’Uruzi Missouri. Ubumenyi yari afise ku vyahaba yabukura gusa ku vyo Umwami yahimbarwa kumuhishurira.

GSAM 385.2Mu nyigisho yari mu kete ryiwe, yasiguye ingene abantu ba California batanga cane, n’ingaruka vyogira gukorera muri bo hakurikijwe umugambi wo gukoresha amafaranga ku rugero ruto cane. Mu kuvuga ubutumwa ku bantu ba California, babwirizwa kwegerwa mu mpwemu yo gutanga cane isa n’iyo bakoramwo, ariko atari mu buryo bwo gusesagura.

GSAM 385Intsinzi yari yaravuzwe yarashitse

GSAM 385.3Ubu iyo nsubije amaso inyuma ku myaka mirongo itatu n’indwi iheze kuva igikorwa gitanguriye i California, nkazirikana uko ibintu vyari bimeze ico gihe, uko abantu bari bameze, n’ingene twari gukora igikorwa cacu iyo tutaronka iyo ntahe, kandi nkabona ivyavuye mu gukurikiza inyigisho twahawe, ndashobora kuvuga ko igikorwa cacu cateye imbere mu mezi atatu kuruta uko coteye imbere mu mwaka umwe iyo tutafashwa “mu gikorwa co kugabura” n’inyigisho twaronse biciye ku ngabire y’ubuhanuzi. Gushika mu mpeshi yo mu 1871, kubera utwigoro twakorewe mu ntara ya Sonoma, amashengero atanu y’abitondera Isabato yari amaze gushingwa.

GSAM 386Ikoraniro rya mbere ryo mu ihema i San Francisco

GSAM 386.1Muri Ruheshi uwo mwaka, twarashinze ihema ryacu ubwa mbere i San Francisco. Kubera ko Umukuru Bourdeau yari yasubiye mu Buseruko, harungitswe uwundi mukozi avuye i Michigan ngo amusubirire. Yashitse ku wa 17 Ruheshi, aca yifatanya nanje gukorera muri ico gisagara. Tumaze amayinga makeyi dukorera mw’ihema, twabandanije amakoraniro gushika ku wa 1 Kigarama 1871 mu mazu twakodesheje. Kubera ico gikorwa, abantu barenga mirongo itanu bemeye ubutumwa i San Francisco.

GSAM 386Ibigeragezo vyo mw’ishengero muri California

GSAM 386.2Gushika kuri iyo tariki, ibigeragezo twagize muri California vyari ahanini bivuye ku kurwanywa kuva hanze, ariko ubu abantu bacu bahuye n’ikigeragezo c’ukwizera kitari cari citezwe, c’ubundi bwoko. Umukozi twakorana yagumye mu ngendo nari nzi neza ko zomutera hamwe n’igikorwa agatukisha. Twari dufise abansi bakomeye muri ico gisagara, bariko barakurikirana intambwe yose twatera, biteguye gukoresha igikorwa cose kirimwo ubupfu kugira batugirire nabi. Ni co catumye bikenerwa cane kwumvira impanuro y’intumwa yo “kwirinda n’ishusho yose y’ikibi.”

GSAM 386Ukwigenga guteza akaga

GSAM 386.3Sinavuze ko uwo mwene Data yakoze icaha nyaco muri iyo ngendo yiwe, ariko naribwiye ko abansi bacu bokwungukira ku vyo we yavuga ko ata caha birimwo. Yafashe ingingo avuga ko afise uburenganzira bwo “gukora ico ashaka” muri ico kibazo, na canecane igihe vyemerwa ko ivyo ariko arakora ata caha birimwo. Gutyo ibintu vyarabandanije gushika ku wa 23 Nzero 1872, aho navuye mu ntara ya Sonoma nja i San Francisco kuraba ico twokora kugira ibintu bihagarare.

GSAM 387.1Ico gihe abansi bacu bari batanguye gukoresha ingendo yiwe nk’uko nari natinye, na we afata umwanya avuga ko ari “si ivyabo,” ko azokwereka ko afise ubwenge bwiwe kandi ko ashobora kugenda mu mabarabara uko ashaka, ari kumwe n’uwo ashaka, atagengwa n’amajambo yabo. Nagerageje, mu biganiro vy’ibanga, kumwereka ko iyo ngendo itoshobora gutanga umuti, kandi ko iyo mpwemu yo kwigenga yorangira mu kibi. Yari afise abagenzi bamushigikira cane, bamwe muri bo batangura gufata umwanya wotuma arushiriza kwamaganwa. Igice kinini c’ishengero cari kibona ikibi c’ubuyobe bwiwe, kandi cari citeguriye gushigikira utwigoro nariko ndagira kugira nkize igikorwa kwononekara.

GSAM 387Inama yo gusuzuma urubanza yaragenwe

GSAM 387.2Gutyo ni ko ibintu vyari bimeze ku Isabato, ku wa 27 Nzero, igihe hafatwa ingingo y’uko urubanza rubwirizwa gusuzumwa, kandi ishengero rigafata ingingo idakekeranywa, kugira rikingire agatukisha ako kantu k’ubwigenge bwo kugoma kari hafi kuritera. Hateguwe inama itangura ku w’Imana, ku wa 28 Nzero, isaha zitatu zo mu gitondo, yo kurimbura uko ibintu vyari bimeze n’inshingano yacu nk’ishengero kuri ico kibazo. Ku bintu vyose vyaboneka, iryo shengero ryari hafi gutandukana. Naraye igice kinini c’iyo joro nsenga Imana, nyisaba kudukorera.

GSAM 387Kwiyatura kwanditswe

GSAM 387.3Mu gitondo co ku wa 28, igihe natangura kuja mu nama, nahuye n’uwo twakorana ku nzira y’abagenda n’amaguru hafi y’aho naba, ariko ararira. Arambwira ati, “Mwene Data Loughborough, uno musi sindaja mu nama.”

GSAM 387.4Ndamubaza nti, “Ntugira uje mu nama?” “Iyo nama yerekeye ikibazo cawe.”

GSAM 388.1Aravuga ati, “Ndabizi, ariko ndiko ndakora nabi muri vyose. Uko wafashe umwanya ku bijanye nanje ni ko kuri. Ehe ikete ry’ukwiyatura nandikiye ishengero; ritware uribasomere. Bizoba vyiza kuri wewe, kandi bizoba vyiza ku bantu bashobora gushaka kunshigikira, nintaba ndi ng’aho.”

GSAM 388.2Ndamubaza nti, “Ni igiki catumye uhinduka cane gutyo kuva ejo?”

GSAM 388Iyerekwa riteye igitangaza ryabonetse

GSAM 388.3Yishura ati, “Ejo mw’ijoro inyuma y’Isabato, nagiye ku biro vya posita, ndonka ikete rya Mushiki wacu White, riturutse i Battle Creek, Michigan. Ni intahe yanyandikiye.” Arampa ryo, avuga ati, “Soma iryo, uraca ubona uko Umwami abona ikibazo canje.”

GSAM 388.4Yansavye kubwira ishengero ko yari yaronse intahe ya Mushiki wacu White imukosora ku ngendo yiwe, kandi ko yari ayemeye, kuko yari ukuri.

GSAM 388Ukuntu iyerekwa ryemeza

GSAM 388.5Iki cari igice c’iyerekwa ryahawe Madamu White i Bordoville, Vt., ku wa 10 Kigarama 1871. Yatanguye kwandika igice cerekeye ikibazo c’uwo mwene Data ku wa 27 Kigarama 1871, ariko kubera imvo kanaka kurangiza iyo nyandiko vyaratindijwe gushika ku wa 18 Nzero 1872, aho yaca irarangira ikarungikwa ivuye i Battle Creek. Haciye hakenerwa imisi nka icenda kugira amakete ave i Michigan aja i California aciye ku butaka.

GSAM 388.6Mu iyerekwa, ibintu vyinshi abihishurirwa mu buryo bw’ubuhanuzi. Ni ko vyagenze no muri iki gihe. Igihe iryo yerekwa ryatangwa, hari igicucu gusa c’ivyari bigiye gutera imbere igihe intahe yashika i San Francisco. Bica biboneka iyo ugereranije amatariki, ko isonga ry’ikibazo i San Francisco ryashitse inyuma y’uko intahe yanditswe yari imaze kuva ahantu ha mbere. Abavukanyi bacu b’i San Francisco baca babona ubwo nyene ko ata muntu yari gushobora kwandikira i Battle Creek ngo amenyeshe Madamu White ivyo bintu ku gihe co gutuma yandika iryo kete, kuko uko ibintu vyari bimeze ico gihe bitari bwabeho.

GSAM 389.1Ico kintu cari gifise uburemere bwinshi ku bavukanyi baho, kikabemeza ko iryo yerekwa ryari rifise ubushobozi bw’Imana. Nta murongo nari nandikiye Umukuru White canke umugore wiwe ku bijanye n’uko ibintu vyari bimeze i San Francisco, kandi uwo twakorana yavuze ko ata co yari yanditse; abavukanyi na bo bavuga bati, “Iyo aza kuba yaranditse, ntiyari kuvuga ivyo bintu vyerekeye ubwiwe vyashizwe ahabona.”

GSAM 389Uko iyerekwa ryanditswe

GSAM 389.2Mu nyuma tumenye, tubwiwe n’abo ku rundi ruhande, ingene intahe yanditswe ikarungikwa, vyarushirije kugaragara ko Umwami yatanga iryo yerekwa yari yitwararitse igihe ryandikwamwo n’igihe ryoherezwamwo gushika aho ryari rirungitswe, kugira rishikeyo ku gihe nyaco.

GSAM 389.3Mu gitondo ca kare cane co ku wa 18 Nzero 1872, Madamu White yarazuwe mu turo, iyo ntahe yo hejuru yinjira cane mu bwenge bwiwe. Iyo mpanuro yari yumvikana kuri we nk’aho yavugiwe mu matwi iti, “Andika ubwo nyene iyo ntahe yerekeye California, uyishire mu iposita ikurikira nyene; irakenewe.” Ivyo bimaze gusubirwamwo ubwa kabiri, yarahagurutse, yambara ningoga, arangiza kwandika. Hasigaye gatoyi ngo bafungure, yayihaye umuhungu wiwe Willie, avuga ati, “Tora iri kete urijane ku biro vya posita, ariko nturishire mu gasandugu ko gushiramwo amakete. Rihe umukuru wa posita, umusabe kwitwararika kurishira mu mufuko w’amakete uja gusohoka uno musi mu gitondo.” Mu nyuma yavuze ko yasanze iyo mpanuro yiwe itamenyerewe, ariko ntiyabajije ibibazo, akora ivyo yari yabwiwe, “abona iryo kete rija mu mufuko w’amakete.”

GSAM 389Icemezo c’ubuyobozi bw’Imana

GSAM 389.4Kubera ko muzi uko ibintu vyari bimeze i San Francisco ico gihe, murabona ningoga akamaro ko gushira iryo kete muri iyo posita nyene. Muri iyo misi twari dufise iposita imwe y’ubutaka ku musi. Iyo iryo kete rishika ku w’Imana mw’ijoro, ku wa 28, aho gushika ku wa gatandatu mw’ijoro, ku wa 27, nta nkeka ko ishengero ryari gutandukana mu buryo bubabaje. Iyo rishika amayinga makeyi imbere, mbere inyuma gato y’aho iyerekwa ritangiwe, ishengero ntiryari kubona ningoga gutyo uburemere bwaryo.

GSAM 390.1Aha hari intahe yari ifise ibimenyetso biboneka vy’uko ukuboko kw’Umwami ari kwo kwari kuyoboye, atari uko yashitse gusa ku gihe kibereye kugira ikosore neza amakosa yariho, ariko kandi kubera ko uwo mwene Data yayemeye yicishije bugufi akayishira mu ngiro, yagize akosho gakomeye mu kuzana ubumwe n’ugushikama muri iryo shengero rikiriko rirakura.

GSAM 390Uburyo bwo kwandika ivyerekwa

GSAM 390.2Iyi nkuru kandi irerekana amajambo yiwe bwite yerekeye ingene yandika ivyo yabonye. Avuga ati: “Narakangutse nturutse mu turo mfise ugutahura gutomoye kw’ibintu vyari vyarashizwe mu bwenge bwanje; kandi mu gicugu naranditse amakete yagiye hakurya y’umugabane, maze ageze mu gihe c’akaga akingira igikorwa icago gihambaye.”4

Notes

  1. Hagayi 2:18, 19. ↩
  2. 2 Abami 8:7-15. ↩
  3. Abanyefeso 4:12. ↩
  4. Intahe z’Ishengero, Umuzingo wa 5, urupapuro 671. ↩

Note

Back