Igice ca 28 — Umuryango Ata Muntu Ashobora Kwugara
GSAM 462.1“Nashize imbere yawe umuryango wuguruye, kandi nta muntu ashobora kuwugara; kuko ufise inkomezi nke, ukaba warazigamye ijambo ryanje, kandi ntiwihakanye izina ryanje.”1
GSAM 462.2Ayo ni yo majambo abwirwa abari mu gihe ca Filadelufiya c’ishengero ry’ubutumwa bwiza. Iryo shengero ryari ryaravutse ku kwamamaza ko ukugaruka kwa Kristo kuri hafi, ari ryo rigizwe n’abagumije ivyo bari barumvise kuri iyo ngingo; kuko avuga ku vyerekeye ishengero ry’i Sardi (iryabanje irya Filadelufiya ubwo nyene), ati: “Nuko wibuke uko wakiriye n’uko wumvise, ubigumye, wihane. Ni utaba maso rero, nzoza kuri wewe nk’igisuma, kandi ntuzomenya isaha nzozirako kuri wewe.”2
GSAM 462.3Ishengero ry’i Sardi rero ryari ryarumvise inyigisho y’uko Umwami agiye kugaruka vuba. Abagumije ivyo bari barumvise babandanije gutera imbere mu kuri igihe “igiterekwako itara” cakurwa aho cari kiri, maze baba ishengero ry’i Filadelufiya, iryo yabwiye ati: “Ko wazigamye ijambo ryo kwihangana kwanje, nanje nzokurinda igihe c’igeragezwa kigiye kuza kw’isi yose, kugerageza ababa kw’isi. Ehe ndaza vuba: gumya ico ufise, kugira ngo ntihagire uwugutwara urugori rwawe.”3 Iryo shengero ry’i Filadelufiya rero ni ryo abwira ati: “Nashize imbere yawe umuryango wuguruye, kandi nta muntu ashobora kuwugara.”
GSAM 462.4Ngiryo rero ijambo rikomeye ry’Ivyanditswe Vyeranda, rivuga ko abo Imana, mu burongozi bwayo, ihagurutsa ngo baburire isi ivy’ukugaruka kw’Umwami, binginge abantu ngo bitegurire guhura n’Imana, bagirirwa ubuntu budasanzwe n’Imana mu gikorwa cabo. Abantu boshobora kugerageza kubatangira, kuburizamwo imigambi yabo, kwugara “umuryango wo kuvuga,” ariko ijwi ry’Imana riguma ryumvikana kuruta urwamo rwose, riti: “Nashize imbere yawe umuryango wuguruye.”
GSAM 463Iterambere ryo mu myaka mirongo indwi n’ine
GSAM 463.1Mu mpapuro z’iki gitabu zatanguriye izi, twaciye muri make mu kiringo c’imyaka mirongo indwi n’ine, kuva mu 1831 gushika mu 1905, dukurikirana inkomoko n’iterambere ry’ubutumwa bw’ukugaruka kwa Kristo, canecane ubutumwa bw’umumarayika wa gatatu. Twerekanye ingene ubwo butumwa bwavuye mu kutamenyekana no mu bukene, bugatera imbere n’inkomezi n’ububasha bigenda vyongerekana uko umwaka utashe, gushika bugize ibikorwa vy’ubumisiyonari bikikije isi. Nta nkeka ko atari uko ubwo butumwa buhimbara imitima iganzwa n’umubiri ari co catumye butera imbere gutyo; kuko bushira imbere Isabato y’Umwami, iyo kuyitondera bizana umusaraba uremereye, bisaba kureka gukorana ivy’ubudandaji n’isi ku musi w’akazi abantu bakorerako cane kuruta iyindi mu ndwi. Kandi ntibwateye imbere kubera ko ata baburwanya; kuko bwahuye n’ukurwanywa kuva mu ntango, mbere ukurwanywa gukaze cane kuvuye hanze, hamwe n’ingorane zatewe n’abantu batiyeguriye Imana bari barinjiye mu mugwi mu kiringo kinaka. Ku vyerekeye ivyatewe n’imigambi n’utwigoro vy’abansi bo hanze, turashobora kuvuga amajambo ya Dawidi umwanditsi wa Zaburi, tuti: “Iyo Uhoraho ataba ari we yari mu ruhande rwacu, ubu Abisirayeli nibavuge: iyo Uhoraho ataba ari we yari mu ruhande rwacu, igihe abantu baduhagurukira, baba baratumize bunguri tukiri bazima, igihe uburake bwabo bwatururumbira; amazi aba yaradurenze, umwuzure ukarengera ubugingo bwacu; amazi y’inkomezi aba yararengeye ubugingo bwacu. Uhoraho ashimwe, we atatugize umuhigo w’amenyo yabo. Ubugingo bwacu bwararokotse nk’inyoni iva mu mutego w’abatezi: umutego waracitse, natwe turarokoka. Ugutabarwa kwacu kuri mw’izina ry’Uhoraho, yaremye ijuru n’isi.”4
GSAM 464Ugutabarwa kuri mu Mwami
GSAM 464.1Umwami avuga ko yashize imbere y’abantu biwe “umuryango wuguruye, kandi nta muntu ashobora kuwugara.” Ntibitangaje rero ko ubutumwa bwabandanije gutera imbere ubudahengeshanya. Ni ubutumwa bw’Imana ku bantu, kandi butegerezwa kuroranirwa. Mu Vyahishuriwe Yohana 7:2, igikorwa co gutegura abantu bazohagarara igihe umusi uhambaye w’uburake bw’Imana uzoza kigereranywa n’umumarayika “aduga ava mu buseruko,” canke, nk’uko bamwe babihindura, “nk’uko izuba rirasa.” Raba ingene umutwenzi utambika: habanza kuboneka imishwarara y’umuco mu buseruko; igenda irafatanira hamwe igacana kurushiriza, gushika izuba ryose ribonetse neza. Uko “Umwami w’Umusi” aduga yerekeza hagati mw’ijuru, umuco waryo, ubushuhe bwaryo n’inkomezi zaryo birushiriza kwiyongera.
GSAM 464.2Ukwo ni ko koko ubutumwa bw’umumarayika wa gatatu bwateye imbere kuva mu 1848, igihe ukuri kubugize kwatunganirizwa kukagaragazwa neza; kuva ico gihe twerekanye ingene bwakuze mu buryo buboneka, budahengeshanya kandi butangaje. Nta kindi dushobora gusigura ko cabiteye atari uko Umwami ariko arashitsa ijambo ryiwe ku bo muri iki gihe, igihe agakiza kiwe kagira kaze, “bitondera Isabato ntibayihumanye,”5 kandi bakabuza ikirenge cabo gukora ibibahimbara ku musi mweranda w’Imana; gutyo, biciye mu “ukwizera kwa Yesu,” nk’uko bivugwa mu butumwa bw’umumarayika wa gatatu bwo mu Vyahishuriwe Yohana 14, bitondera “amabwirizwa y’Imana” yose. Abo ni bo Umwami yavuzeko biciye ku muhanuzi Yesaya, ati: “Maze umuco wawe uzotambika nk’umutwenzi, ugukira kwawe gukure ningoga; kandi ukugororoka kwawe [“Uhoraho ni we kugororoka kwacu.” Yeremiya 23:6] kuzokwitangira imbere; kandi ubwiza bw’Uhoraho buzokurinda inyuma.”6 Dufise ivyizigiro nk’ivyo, twokwitega ikindi ki atari uko igikorwa kizororanirwa? “Imana iri mu ruhande rwacu, ni nde yoturwanya?”
GSAM 464Aba boshobora gute kuroranirwa?
GSAM 464.3Turavye uko vyari vyifashe igihe, mu 1846, Umukuru Joseph Bates yatangura kwandika ca gitabu ca mbere, ari na co ca mbere cari gisohowe n’Abadiventiste b’umusi w’indwi ku vyerekeye Isabato, afise amasenti cumi n’abiri n’igice gusa nk’uburyo bwose yari afise kw’isi, kandi agasabwa kuyakoresha umusi wiwe wa mbere wo kwandika utaraheza; tukongera tukaraba Umukuru James White asohora agapapuro kiwe ka mbere, Ukuri kw’iki gihe, akoresheje amahera yaronse mu kwahira ivyatsi, akarungikira ico kinyamakuru ku buntu abo bose boshima kugisoma, akavuga ko ari ubutumwa bwategerezwa gushika ku mpera z’isi; turavye izo ntango ntoya, umuntu yoshobora kubaza mu majambo y’abantu bo mu misi ya Amosi, ati: “Yakobo azohaguruka afashijwe na nde? Kuko ari muto.”7 Tubigereranije n’uko vyifashe mu 1905, aho ukuri kw’ubutumwa kuriko kurasohorwa mu mazu mirongo ibiri asohora ibitabu, ari mu mihingo itandukanye y’isi, kenshi agakoresha ubushobozi bwayo bwose kugira ngo aronse abantu ivyo bakeneye gusoma, turashobora kuvuga koko tuti: Raba, “umuryango wuguruye” ata muntu n’umwe yigeze kuwugara gushika ubu.
GSAM 465.1Ku vyerekeye abo mu bihe vya mbere biyumvira ko igikorwa kitazokwigera kiroranirwa, turashobora kuvuga amajambo umuhanuzi Zekariya yakoresheje mu gukangira abiyumvira gutangira igikorwa c’Imana mu kwubaka Yerusalemu bushasha, ati: “Ni nde yasuzuguye umusi w’ibintu bitobito?”8 Ku vyerekeye ivyasa n’imisozi y’ingorane yari mu nzira yabo, Umwami yavuze biciye ku muhanuzi, ati:—
GSAM 465Umusozi uhinduka ikiyaya
GSAM 465.2“Uri iki, wa musozi munini we? Imbere ya Zerubabeli uzohinduka ikiyaya; na we azosohokana ibuye risozera inyubakwa, abantu bavuza impundu bati: Ubuntu, ubuntu bube kuri ryo.”9 Ukwo ni ko vyagenze mu gikorwa c’ubutumwa bw’umumarayika wa gatatu, kandi ni ko bizogenda gushika “ibuye risozera inyubakwa” rizanywe, ari kwo kuvuga gushika igikorwa kirangiye.
GSAM 465.3Raba abantu bake bo mu 1846, bari abakene mu buryo bwo gukora, abakene muri vyose kiretse mu kwizera Imana no mu butunzi bw’ukuri, urabe aho igikorwa cabo kigeze mu gukura. Iyumvire uburyo bwo gukora buhari ubu, ibitabu vyose vyamaze gutegurwa, guhindurwa no gucapwa mu ndimi zitandukanye z’isi, hamwe n’abamamaji b’ibitabu amajana n’amajana bashikana ivyo bitabu mu ngo z’abantu, ku gaciro ka $400,000 ku mwaka. Imana ibandanije guhezagira igikorwa, turashobora kwitega ukuroranirwa. Dufise ubwo buryo bwo gukora n’abo bakozi bigenda vyiyongera uko ukwezi gutashe, kandi twizigiye Kristo, nta kindi dukwiye kwitega atari ico Salomo yaririmvye ku vyerekeye ishengero ry’Imana igihe ryava mu bugararwa, “ryishimikije ukuboko kw’Umukunzi waryo,” aho arigereranya n’iryitegereza, “ryiza nk’ukwezi, rikayangana nk’izuba, riteye ubwoba nk’ingabo zifise amabendera.”10
GSAM 466Gufashwa n’ingabire y’ubuhanuzi
GSAM 466.1Ntitwabonye gusa ko uburongozi bw’Umwami bwuguruye inzira yo gukwiragiza ukuri, kandi ko umuhezagiro wiwe udasanzwe wajanye n’utwigoro two gukurikira inzira atwereka; ahubwo mu ntango no mw’iterambere ry’ubutumwa bw’umumarayika wa gatatu, yaravuganye n’abantu biwe biciye mu ngabire y’ubuhanuzi. Ivyo ntivyabaye uguhishurwa gushasha gusubirira Bibiliya, canke ngo bihindure nabi inyigisho z’Ivyanditswe, ariko vyabaye ukwerekana aho muri iki gihe hari akaga ko kuva mu bworoherane bw’ubutumwa bwiza bwa Kristo, aho abantu bari mu kaga ko gutwarwa n’imigenzo y’iki gihe, bakabumbwa n’ishusho yo kwubaha Imana idafise ubushobozi bwakwo.
GSAM 466.2Turavye iki kibazo dufatiye ku karorero11 k’abahanuzi ba kera, ako Umwami yaduhaye nk’imwe mu ngingo zo gusuzuma ukwigaragaza kw’izo ngabire, dusanga imvo zituma ukwigaragaza nk’ukwo gukenewe ubu ari zimwe n’iza kera; ni ukuvuga ko mu gihe cose abantu bashobora gukurwa mu nzira y’ukuri n’inyigisho n’imigenzo vyiganje kandi biranga ico gihe. Intumwa Pawulo, avuga ku kwigaragaza kw’ingabire Umwami yashize mw’ishengero, avuga ko zatanzwe “kugira ngo abera batunganywe, ngo bakore igikorwa co kugabura ivy’Imana, ngo umubiri wa Kristo wubakwe; gushika twese dushitse ku bumwe bw’ukwizera no kumenya Umwana w’Imana, tukaba umuntu akuze, tugashika ku rugero rw’igihagararo c’ukunengesera kwa Kristo; kugira ngo ntidusubire kuba abana, tuzungazungishwa, tujanwa irya n’ino n’umuyaga wose w’inyigisho, ku bw’uburiganya bw’abantu n’urwenge rw’amayeri barindiriye kuduzimiza; ariko tuvuge ukuri mu rukundo, dukure muri vyose dushike kuri we, ari we mutwe, Kristo: uwo umubiri wose ukomokako, ufatanijwe neza kandi uhurijwe hamwe n’ivyo ingingo zose zitanga, nk’uko igice cose gikora igikorwa caco ku rugero rwaco, ugatuma umubiri ukura, ukiyubaka mu rukundo.”12
GSAM 467.1Ivyo abantu bavuga ubu mu kurwanya ukwigaragaza kw’ingabire y’ubuhanuzi vyari gushobora no kuvugwa kera n’inkomezi nk’izo nyene; ni ukuvuga ngo: dufise Ivyanditswe, ni co gituma tutagikeneye izo ngabire. Ariko ivyo Vyanditswe nyene bitubwira ko Kristo yashize izo ngabire mw’ishengero kugira ngo zikore igikorwa cazo gushika igihe “igitunganye [ukuba mu butungane] kizoza,” kandi ko ishengero rikwiye “kudakena ingabire n’imwe, ririndiriye ukuza kw’Umwami wacu Yesu Kristo.”13
GSAM 467Ni kuki dukeneye abahanuzi?
GSAM 467.2Abantu bo mu bihe vya kera bari gushobora kwiyumvira ko bafise ivyagezwe vy’Imana vyerekeye iciza n’ikibi, vyanditswe n’urutoke rwayo bwite ku bisate vy’amabuye; ko bafise amategeko, imanza n’inyigisho Mose yabwiwe n’akanwa k’Imana, kandi vyanditswe vyitondewe; none hari ikindi cari gikenewe? Ariko naho bari bafise ukwo kuri kwose kwiza cane, Imana yahisemwo kuvugana na bo “mu bihe bitandukanye no mu buryo bwinshi biciye ku bahanuzi bayo bera.”
GSAM 467.3Dusanga intahe zatanzwe n’abahanuzi batandukanye, nka Yesaya, Yeremiya, Ezekiyeli, Daniyeli, Hoseya n’abandi, zose zarigisha ingingo imwe ihambaye yerekeye kwumvira Imana; ariko umuhanuzi wese yari afise ivyo akangira abantu bo mu gihe ciwe vyari biberekeye, kubera ko bakunda gukurwa mu ngingo nyeranda kandi zera z’ukugororoka n’imigenzo yari yiganje mu gihe ubwo buhanuzi bwatangwa.
GSAM 468Igituma ingabire zikenewe
GSAM 468.1Abantu boshobora kuvuga bati: Ko tudafise gusa inyigisho nziza cane z’Ivyanditswe vy’Isezerano rya Kera, ariko tukaba dufise n’amajambo y’Umukiza wacu ubwiwe n’ay’intumwa, dukeneye uwundi muco w’iki? Ariko biracari ukuri ko izo ntumwa nyeranda nyene zerekanye ivy’imisi y’iherezo, aho “ibihe bigoye bizoza,” kandi aho abantu “bazogira ishusho yo kwubaha Imana, ariko bakanka ubushobozi bwakwo,” zikatubwira kandi ko “bamwe bazova mu kwizera, bakumvira impwemu zizimiza n’inyigisho z’abadayimoni.”
GSAM 468.2Kubera ivyo vyose, abo bantu Pawulo avuga igihe yandikira Ab’i Tesalonike, batazoba mu mwiza ngo umusi wa Kristo ubazeko nk’igisuma, ariko bazoba abana b’umuco, bahimirizwa “kugerageza vyose” mu vyerekeye “ubuhanuzi,” no “kugumya ivyiza.”14 Ivyo ni cokimwe no kubabwira ko abantu bazoba biteze ukuza kw’Umwami Yesu Kristo, kandi amaherezo bakazosangwa biteguriye uwo musi, bazoba bafise muri bo ukwigaragaza “kwiza” kandi kw’ukuri kw’ingabire y’ubuhanuzi.
GSAM 468Ibimenyetso vy’iherezo
GSAM 468.3Turi mu gihe aho ku mpande zose hari ibimenyetso vyinshi vy’uko umusi w’Umwami uri hafi. Turi muri ca kiringo nyene abantu bari kuzohagurukamwo bakitondera amabwirizwa yose, kandi “bakagira intahe ya Yesu”15—ari yo “Mpwemu w’ubuhanuzi.”16 Dusanga iki? Dusanga mu myaka mirongo itandatu iheze abantu nk’abo barahagurutse, bafise ubwo butumwa nyene, kandi ingabire y’ubuhanuzi yarigaragarije muri bo. Tumaze kugerageza iyo ngabire nk’uko yigaragaje biciye kuri Madamu E. G. White, dukoresheje ingingo za Bibiliya, twabonye ko yatsinze iryo geragezwa muri vyose. Kuva mu ntango gushika kw’iherezo, mu vyo Madamu White yanditse vyose nta murongo n’umwe wabonetse urekurira abantu gucumura n’akantu na gato, canke wemera ko bava kw’ijambo ry’Imana n’intambwe n’imwe. Ivyo yanditse ntivyigeze vyishira hejuru ya Bibiliya, ariko vyama bihimiriza abantu kwiga ijambo ry’Imana bitonze cane, bikerekana ko ari ryo rugero ruhambaye tuzosuzumirwako mu rubanza rwa nyuma. Mu vyo yanditse, Kristo ashizwe hejuru imbere yacu nk’akarorero konyene dukwiye gukurikira. Yerekanwa mu buryo butomoye cane ko ari we cizigiro cacu conyene co kunesha muri ubu buzima, ubuhungiro bwacu bwonyene bwo kudukiza uburake buzoza, izina rimwe gusa n’inzira imwe gusa dushobora gukirizwamwo.
GSAM 469Intahe y’uwamumenye ubwiwe
GSAM 469.1Ku vyerekeye Madamu White n’akamere k’igikorwa ciwe, aha hakurikira haratanzwe ivyanditswe mu 1877 n’umuntu yari amuzi kandi yari yarize igikorwa ciwe imyaka myinshi; maze inyuma y’imyaka hafi mirongo itanu n’itatu yo kugerageza no kwitegereza nitonze, ndemeza ata co ngabanije iciyumviro cose cavuzwe muri yo:—
GSAM 469.2“Ku vyerekeye ingeso za gikirisu za Mushiki wacu White, ndabasavye mundeke mvuge ko nibaza ko hari ico ndaziziko. Ndamuzi kuva mu myaka cumi n’umunani iheze, irenga igice c’amateka y’abantu bacu. Narabaye mu muryango wabo kenshi, rimwe na rimwe nkamarayo amayinga. Na bo baraje mu nzu yacu no mu muryango wacu kenshi. Narajanye na bo mu ngendo hafi hose; narabanye na bo turi twenyene no mu bantu, mw’ikoraniro no hanze yaryo, kandi nararonse akaryo keza cane ko kumenya ivy’ubuzima, ingeso n’umutima vya Mwene Data White na Mushiki wacu White. Nk’umupasitori, nategerejwe gukorana n’abantu b’uburyo bwose kandi bafise ingeso z’uburyo bwose, ku buryo nibaza ko nshobora kumenya urugero runaka rw’uko umuntu ameze, n’imiburiburi maze imyaka tuziranye cane.
GSAM 470.1“Nzi ko Mushiki wacu White ari umugore atishira hejuru, yicisha bugufi, w’umutima mwiza kandi w’iteka. Izo ngeso ziwe si izo yambara inyuma gusa canke yitoje gusa, ariko ziseruka neza ata gahato zivuye muri kamere kiwe. Ntiyiyemera, ntiyibona nk’uwugororoka kuruta abandi, kandi ntiyiha agaciro karenze, nk’uko abantu b’ishaka rirenze urugero bama bagira. Narahuye kenshi n’abantu b’ishaka nk’iryo, kandi nama nsanga buzuye ukwiyerekana n’ubwibone, biteguriye kuvuga ivyiyumviro vyabo, birata ukwera kwabo, n’ibindi; ariko nama nsanga Mushiki wacu White ameze ukundi rwose kuri ivyo vyose.
GSAM 470Umugenzi w’abakene
GSAM 470.2“Umuntu uwo ari we wese, naho yoba ari we mukene kuruta abandi kandi ari we muto kuruta abandi, arashobora kumwegera ata bwoba kugira ngo aronke impanuro n’uruhoza, atirukanywe. Yama yitwararika abakenye, abatagira epfo na ruguru, n’abababaye, akabaha ivyo bakeneye kandi akababuranira.
GSAM 470.3“Sinigeze menyana n’umuntu yama ashira imbere yiwe ukwubaha Imana nk’uwo. Nta kintu gitangurwa hatabanje gusengwa Imana n’umwete. Yiga ijambo ry’Imana yitonze kandi adahengeshanya. Narumvise Mushiki wacu White avuga incuro amajana n’amajana, narasomye intahe ziwe zose kuva mu ntango gushika kw’iherezo, nyinshi muri zo nzisoma kenshi, kandi sinigeze nshobora kuronka muri zo interuro n’imwe y’ingeso mbi, canke ikintu cose kidatunganye rwose kandi kitari ica gikirisu; nta na kimwe gikura abantu kuri Bibiliya no kuri Kristo; ahubwo nsangamwo uguhimiriza gukomeye cane kwo kwumvira Imana, gukunda Yesu, kwizera Ivyanditswe no kwama babisesangura. Nararonse inyungu nyinshi zo mu vy’impwemu, incuro zitoharurwa, zivuye muri izo ntahe. Koko, sinigeze nzisoma ntumva zinkangira kubera ukubura ukwizera Imana, ukubura ukuyiyegurira, n’ukubura umwete wo gukiza imitima. Nimba mfise ubushobozi bwo guca urubanza n’ubwo gutahura ivy’impwemu, ndemeza ko izo ntahe zifise impwemu imwe n’imvugo imwe n’Ivyanditswe.
GSAM 470.4“Imyaka mirongo itatu [ubu twovuga imyaka mirongo itandatu] iramaze, izi ntahe zemerwa kandi zisomwa mu bantu bacu. Zabakozeko iki? Zabakuriye kure y’ivyagezwe vy’Imana? Zabatumye bareka ukwizera Kristo? Zabatumye bashibura Bibiliya? Zabatumye baba abantu bononekaye kandi b’ingeso mbi? Ndazi ko ingeso zabo, zigereranijwe n’iz’abari mu rindi shengero rya gikirisu iryo ari ryo ryose, zizosangwa ari nziza.
GSAM 471.1“Hari ikintu kimwe nabonye: abarwanya amayerekwa ya Mushiki wacu White n’ubukazi bwinshi baremera ko ari umukirisu. Sinshobora gutahura ingene bashobora kuvyemera. Bagerageza kubihuza n’ivyo bavuga mu kuvuga ko yahenzwe. Ntibashobora kwerekana ikirabagu na kimwe mu buzima bwiwe bwose, canke interuro n’imwe y’ingeso mbi mu vyo yanditse vyose. Bategerezwa kwemera ko vyinshi mu vyo yanditse ari vyiza cane, kandi ko umuntu wese yoshira mu ngiro ivyo avuga vyose yoba umukirisu mwiza, yizigiye kuzoshika mw’ijuru. Ivyo biratangaje birenze, nimba ari igikoresho ca wa Mubi, ahumekewe na Satani, canke nimba ivyo yanditse ari ivy’ingeso mbi canke ivyiyumviro bidafise ishingiro bivuye mu bwenge bwiwe bwite.”
GSAM 471Abatamuzi bashingira intahe ivyo yanditse
GSAM 471.2Igihe ibinyamakuru vyacu birimwo ivyo Madamu White yanditse birungikwa, biraronderwa n’abantu bicisha bugufi cane, bubaha Imana kandi bayiyeguriye. Bavuga ku vyo basoma, bati: “Turashimishwa canecane n’ivyo Madamu White yanditse. Birafasha cane mu buzima bwa misi yose, vyuzuye inyigisho zishobora kwegeza umuntu hafi y’Umwami, zikamugira uwicisha bugufi kurushiriza, uwubaha Imana kandi ayiyeguriye. Ivyo yanditse birahuye cane n’Ivyanditswe, ku buryo iyo tubisomye tubona ko Madamu White ategerezwa kuba ahumekewe kugira ngo yandike nk’uko yandika.” Iyo ni yo ntahe itangwa n’abantu mirongo myinshi bandikiranira n’abakozi bacu b’abamisiyonari, abo na bo bakaba ata n’akantu na gato bazi k’uko ivyiyumviro vya Madamu White abironka mw’iyerekwa ryeranda.
GSAM 471Inkomoko y’ukurwanywa
GSAM 471.3Tumaze kubona ingene iyo ngabire ikora ku bantu, haca havyuka ikibazo: ukurwanya ukwigaragaza kw’iyo ngabire kwavuye hehe kandi kwatewe n’iki? Kandi abarwanya vyabagendeye gute? Kuva mu 1852 nakurikiranye ico kibazo nitonze, nsanga kenshi ukurwanya ukwo kwigaragaza kwavuye ku bantu bari barakangiwe kubera utunenge two mu ngeso zabo, ingeso mbi, canke inzira mbi bari barafashe mu buzima bwabo. Benshi mu bakangiwe barahakana ko batari babi nk’uko intahe yaberekana, bakavuga ko bazokwerekana ko bashobora kugumya ukuri naho bokora ibinyuranye n’ugukangirwa bahawe. Igihe carerekanye ko benshi cane muri bo bahevye ukwizera kwabo, bakava mu mugwi burundu. Bamwe barabonye ikosa ryabo, barushiriza kugumya ukuri. Haca havyuka ikibazo: nimba abarwanya iyo ngabire barongowe n’Umwami, ni kuki botakaza ubuzima bwabo bw’impwemu, bagasubira inyuma bakava ku Mana? Ingingo y’Umukiza wacu ni uko igiti gitegerezwa kumenyekanira ku vyamwa vyaco. Avuga ashimitse cane ko “igiti kibi kidashobora kwama ivyamwa vyiza.”
GSAM 472Ukudashobora gushika ku mugambi kw’abarwanya
GSAM 472.1Turibuka ibihe aho abantu bagiye hamwe kugira ngo barwanye intahe za Madamu White, bavuga ko igikorwa cabo kizororanirwa cane ni bamara kwikurako izo ntahe. Ariko ivyizigiro vyabo ntivyigeze biranguka na gato. Inyuma y’imyaka yo kurwana, nta kimenyetso c’ugukwiragiza ukuri kw’Isabato imbere y’isi barushije abo bari basangiye ivyiyumviro bo mu myaka mirongo ine n’icenda iheze. Nimba igikorwa cabo cari igikorwa kidasanzwe c’Umwami, ni kuki ubutumwa bwabo butarushirije kuroranirwa?
GSAM 472Ukuroranirwa kuri hehe?
GSAM 472.2Ku rundi ruhande, turavye ubwo butumwa buriko buramenyesha isi amabwirizwa y’Imana n’ukwizera kwa Yesu, ubutumwa bujanye n’ukwo kwigaragaza kw’ingabire y’ubuhanuzi, hamwe n’impanuro zayo, inyigisho zayo n’ugukangira kwayo, tubona ko bwateye imbere bushikamye kandi budahengeshanya kuva mu ntango yabwo gushika ubu. Bwumviye impanuro z’Umwami biciye muri iyo ngabire, bubandanya mu nkomezi z’Umwami, ubutumwa, nk’uko twabigaragaje, bwarakikuje isi kandi buriko burashikira vuba “amahanga yose, n’imiryango yose, n’indimi zose, n’amoko yose.”
GSAM 473.1Ku vyerekeye iterambere ryabwo muri kahise, turashobora kuvuga ko ijambo ry’Imana ryashitse aho yavuze, iti: “Nta kirwanisho bacuriye kukurwanya kizororanirwa.” Koko, ukuboko kw’Imana kwaragaragariye mu kuroranirwa kwajanye n’intango n’iterambere vy’uyu mugwi mukuru w’abiteze ukugaruka kwa Kristo gushika ubu; kandi ku vyerekeye kazoza, twizigiye ko ijambo ryayo rizoranguka ata kabuza, aho yavuze, iti: “Nashize imbere yawe umuryango wuguruye, kandi nta muntu ashobora kuwugara.” Muri ico cizigiro turashobora kuririmba twizeye rwose, tuti:—
Notes
- Ivyahishuriwe Yohana 3:8. ↩
- Ivyahishuriwe Yohana 3:3. ↩
- Ivyahishuriwe Yohana 3:10, 11. ↩
- Zaburi 124:1-8. ↩
- Yesaya 56:1, 2. ↩
- Yesaya 58:8, 13. ↩
- Amosi 7:2. ↩
- Zekariya 4:10. ↩
- Zekariya 4:7. ↩
- Indirimbo ya Salomo 6:10. ↩
- Yakobo 5:10. ↩
- Abanyefeso 4:12-16. ↩
- 1 Ab’i Korinto 1:6, 7. ↩
- 1 Ab’i Tesalonike 5:5, 20, 21. ↩
- Ivyahishuriwe Yohana 12:17. ↩
- Ivyahishuriwe Yohana 19:10. ↩