Igice ca 19 — “Muzobamenyera ku Vyamwa Vyabo”
GSAM 299.1“Ni we yahaye bamwe kuba intumwa, abandi kuba abahanuzi, abandi kuba abavugabutumwa, abandi kuba abungere n’abigisha; kugira ngo abera batunganywe, bakore igikorwa co kugabura ivy’Imana, hubakwe umubiri wa Kristo; gushika aho twese tuzoshikira ubumwe bwo kwizera no kumenya Umwana w’Imana, tukaba umuntu akuze rwose, dushikiriye urugero rw’igihagararo c’ukunengesera kwa Kristo.”1
GSAM 299.2Igihe Umukiza yashira mw’ishengero ingabire za Mpwemu wiwe, kugira ngo igikorwa c’Umwami gikorwe “nk’uko vyamuhimbaye” gushika umusi utunganye ushitse, ntiyaretse abantu biwe ngo bibaze gusa ko ikigaragara kivuye mw’ijuru canke ku mpwemu mbi. Ahubwo atanga amategeko twomenyerako ko impwemu iva ku Mana canke itayivako. Mbere no muri iyi misi y’iherezo, igihe Umwami yosutse Mpwemu wiwe ku bantu bose, nk’uko umuhanuzi Yoweli yabivuze, abahungu n’abakobwa bagahanura,2 Pawulo avuga ko abantu badakwiye gukengera ubuhanuzi, ahubwo bakwiye “kugerageza vyose,” no “kugumya ivyiza.”3
GSAM 299.3None mwene ivyo bigaragara vyogeragezwa gute, atari mu kubigereranya n’amategeko yo mu Vyanditswe yo gutandukanya igikorwa ca Mpwemu w’Imana n’ibindi? Ikintu cose kirengeye ugutegera kw’abantu bafise ubwenge bugira aho bugarukira si ngombwa ngo kibe kivuye ku Mana. Kuko Bibiliya ivuga ko mu misi y’iherezo Satani azokora ibitangaza kugira ngo ahende isi, akoranirize abantu ku ntambara yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Ishobora vyose.4 Ni mu kugereranya witonze ikigaragara n’amategeko ya Bibiliya rero umuntu ashobora kumenya ingabire ya Mpwemu y’ukuri. Ivyo bisaba ukwiyubara nk’ukwo abantu bo mw’isi bakoresha mu kumenya amahera y’amahingurano.
GSAM 300Kumenya Amahera y’Amahingurano
GSAM 300.1Mu kinyamakuru Umutangamakuru w’Inoti za Banki w’i Detroit co muri Ndamukiza 1863, umushingantahe Preston yatanze amategeko atanu yo kumenya amahera y’amahingurano. Yavuze ko umuntu wese yosuzumye yitonze inoti yose ashikanye mu minwe yiwe, akurikije ayo mategeko, atokwigera atinya ko bohava bamuhenda.
GSAM 300.2Nta buryo burushiriza kwizigirwa bwo kugerageza ingabire y’ubuhanuzi buruta kuyigereranya n’insobanuro y’ingabire nk’izo zagaragaye mu bihe vy’Ivyanditswe, no kuyigerageza hakurikijwe amategeko yatanzwemwo. Ivyanditswe biraduha ibikenewe vyose kugira ngo dukore igikorwa ciza cose (2 Timoteyo 3:16, 17). Biraduha kandi inkuru y’ukuri y’ukuntu ingabire y’ubuhanuzi yagaragaye, n’ukuntu igikorwa nyakuri ca Mpwemu w’Imana gishobora gutandukanywa n’ibikorwa vya Satani, akoresheje ingabire ziwe z’ibinyoma.
GSAM 300AMATEGEKO YO GUTANDUKANYA INGABIRE Z’UKURI N’IZINDI
GSAM 300.3Umwami yatanze mw’ijambo ryiwe n’imiburiburi amategeko indwi atandukanye yo gutandukanya ukwigaragaza nyakuri kwa Mpwemu w’Imana n’igikorwa ca Satani.
GSAM 300Itegeko rya Mbere—Inyigisho Zidasanzwe
GSAM 300.4Umuhanuzi Yesaya, avuga ivyo mu misi y’iherezo, aragira ati: “Hambira intahe, udome ikimenyetso ku vyagezwe mu bigishwa banje. Nanje nzorindira Uhoraho, ahisha mu maso hiwe inzu ya Yakobo, kandi nzomwitega.... Kandi nibababwira bati: Nimuje kubaza abavugana n’imizimu n’abapfumu bavuga nk’inyoni kandi bonongora; mbega abantu ntibakwiye kubaza Imana yabo? Mbega bobariza abazima ku bapfuye? Nimuje ku vyagezwe no ku ntahe; nibatavuga nk’uko iri jambo rivuga, ni uko ata muco uri muri bo.”5
GSAM 301.1Muri iki canditswe, turabwirwa kuraba abantu bariko basubiza ikimenyetso ku vyagezwe vy’Imana—abantu barindiriye Umwami, bari mu gikorwa ciwe. Baramwiteze; ni ukuvuga ko biteze ukuza kwiwe. Ivyo kandi biba mu gihe impwemu zivuga ko ari iz’abapfuye zisaba abantu kuza kuzibaza. Bamwe barumvira ako kamo, bakabaza abapfuye kugira ngo baronke ubumenyi; ariko Umwami ahamagarira abantu biwe kumubaza. Ivyo ni nk’ukubabwira ko nibamubaza azobaha inyigisho zidasanzwe. Ntibakeneye kubaza abapfuye, kuko ata co bashobora kubamenyesha; kuko “nta mugabane bazokwongera kugira gushitsa ibihe bidashira mu bikorerwa munsi y’izuba;” kandi “abapfuye nta co bazi.”6
GSAM 301.2Mu canditswe kiri aho haruguru haratanzwe itegeko ubutumwa bwose bukwiye kugeragezwako: “Nibatavuga nk’uko iri jambo rivuga, ni uko ata muco uri muri bo.” Ubutumwa bwose buva ku Mwami buzovuga ibihuye n’ijambo ryiwe n’ivyagezwe vyiwe.
GSAM 301.3Nkoresheje iri tegeko ku vyanditswe vya Madamu White, novuga ko muri iyi myaka mirongo itanu n’ibiri iheze nasomye nitonze intahe ziwe, ndazigereranya n’ivyagezwe vy’Imana n’intahe ya Bibiliya, nsanga bihuye rwose. Inyigisho ziwe ntiziza gutanga uguhishurirwa gushasha gusubirira Ivyanditswe, ahubwo zitwereka aho n’ukuntu, muri ibi bihe, abantu bashobora kuzimizwa, bagakurwa kw’ijambo. Ikibanza intahe za Madamu White zifise cosigurwa neza kuruta ibindi n’ivyo ubwiwe yazanditseko:—
GSAM 301.4“Ijambo ry’Imana rirakwiye kumurikira ubwenge buri mu mwiza mwinshi kuruta ubundi, kandi rirashobora gutahurwa n’abafise icipfuzo ico ari co cose co kuritahura. Ariko naho bimeze bityo, bamwe bavuga ko biga ijambo ry’Imana usanga babaho barwanya inyigisho zaryo zitomoye kuruta izindi. Ni co gituma Imana itanga intahe zitomoye kandi zidomako urutoke, kugira ngo abagabo n’abagore ntibagire ico bireguza, ibagarukana kw’ijambo birengagije gukurikira.
GSAM 302.1“Ijambo ry’Imana ryuzuye ingingo ngenderwako zo kugira ingeso nziza mu kubaho. Intahe zihabwa bose n’izihabwa umuntu ku giti ciwe zatanzwe kugira ngo zerekeze ivyiyumviro vyabo canecane kuri izo ngingo.... Ntimwamenyereye Ivyanditswe. Iyo mwiga ijambo ry’Imana mufise icipfuzo co gushikira urugero rwa Bibiliya no gushika ku gutungana kwa gikristo, ntimwari gukenera intahe....
GSAM 302.2“Umwami agomba kubaburira, kubahana no kubahanura biciye mu ntahe zatanzwe, no kubereka mu bwenge bwanyu akamaro k’ukuri kw’ijambo ryiwe. Intahe zanditswe ntizigenewe gutanga umuco mushasha, ahubwo zigenewe gushimangira mu mutima ukuri kwamaze guhishurwa guhumetswe n’Imana.... Nta kundi kuri kwiyongerako gushikirizwa, ahubwo Imana, biciye mu ntahe, yasiguye mu buryo bworoshe ukuri guhambaye kwari kwaramaze gutangwa. Mu buryo yihitiyemwo, yagushize imbere y’abantu kugira ngo ibakangure kandi igushimangire mu bwenge bwabo, ngo bose babure ico bireguza....
GSAM 302.3“Intahe ntizigenewe gukengera ijambo ry’Imana, ahubwo zigenewe kurishira hejuru no kwerekeza ivyiyumviro kuri ryo, kugira ngo ubwiza bw’ukuri kworoshe butangaze bose.... Iyo abantu ubu bavuga ko ari itunga ryiharijwe ry’Imana bumvira ivyo ibasaba, nk’uko vyerekanwa mw’ijambo ryayo, nta ntahe zidasanzwe zotangwa kugira ngo zibakangurire igikorwa bategerezwa gukora, zibereke ukuntu ari abanyavyaha n’akaga gateye ubwoba barimwo mu kwirengagiza kwumvira ijambo ry’Imana.”7
GSAM 302Itegeko rya Kabiri—Abahanuzi b’Ukuri
GSAM 302.4Twamaze kwiga ko abahanuzi b’ukuri bose bazovuga ibihuye n’ivyagezwe vy’Imana n’intahe y’ijambo ryayo. Intumwa Yohana itanga irindi tegeko risigura inyigisho z’abahanuzi b’ukuri. Ivuga iti: “Bakundwa, ntimwemere impwemu yose, ariko mugerageze impwemu ko ziva ku Mana; kuko abahanuzi benshi b’ibinyoma basohotse bakaja mw’isi. Iki ni co kibamenyesha Mpwemu w’Imana: impwemu yose yatura ko Yesu Kristo aje mu mubiri iva ku Mana; kandi impwemu yose itatura ko Yesu Kristo aje mu mubiri ntiva ku Mana. Iyo ni yo mpwemu ya antikristo, iyo mwumvise ko izoza, kandi n’ubu iramaze kuba mw’isi.”8
GSAM 303.1Nimurabe neza ico canditswe kivuzwe haruguru. Ntikivuga ngo uwatura ko Yesu Kristo “yaje mu mubiri,” ahubwo ngo “aje mu mubiri;” ni ukuvuga ko aza biciye muri Mpwemu wiwe, akagerera muri twebwe kubera ukwizera kwacu. Mu vy’ukuri, uku ni kwo kuri kuri hagati mu butumwa bwiza: “Kristo ari muri mwebwe, ivyizigiro vy’ubwiza.”9
GSAM 303.2Icigwa cerekeye ubuzima dusanga mu vyanditswe vyose vya Madamu White ni uko dukeneye Kristo nk’Umukiza agerera muri twebwe kugira ngo dutere intambwe iyo ari yo yose mu nzira ija mw’ijuru. Ivyanditswe vyiwe vyigisha ko dukeneye Kristo mu ntango, kw’iherezo, no mu bihe vyose. Akarorero k’ivyo ni igitabu ciwe Intambwe zo Kugana Kristo, kimaze kugurishwa mu rurimi rw’icongereza amakopi arenga ibihumbi ijana, tutavuze amakopi ibihumbi yasohowe mu ndimi cumi n’umunani z’amahanga ubu gicapwamwo. Umupasitori w’ishengero ry’Abaperesibiteriyano, amaze gusoma ico gitabu, yasavye amakopi arenga amajana atatu ku bw’abanyeshengero biwe n’abagenzi, avuga ati: “Iki gitabu canditswe n’umuntu azi neza Umwami Yesu Kristo.”
GSAM 303Itegeko rya Gatatu—Abahanuzi b’Ibinyoma
GSAM 303.3Yohana atanga itegeko ryo kumenya abahanuzi b’ibinyoma: “Abo ni ab’isi; ni co gituma bavuga ivy’isi, kandi isi irabumvira.”10 Inyigisho z’abahanuzi b’ibinyoma zizohereza umutima w’umubiri ivyo wipfuza, aho gushira hejuru inzira yo kwiyanka no kwikorera umusaraba. Abahanuzi b’ibinyoma bazokwigisha “ibihimbara,” aho gushira hejuru “Uwera wa Isirayeli.”11 Umuntu wese asoma naho zoba impapuro nkeyi z’ivyanditswe vya Madamu White arashobora kubona ko vyigisha kwiyanka no kwikorera umusaraba, kandi ko atari ivyo guhimbara umutima w’isi uganzwa n’umubiri.
GSAM 304Itegeko rya Kane—Imibabaro n’Ukwihangana
GSAM 304.1Mu kubandanya kwiga iki kibazo, turafata amajambo y’intumwa Yakobo nk’itegeko rya kane: “Bene Data, nimufate abahanuzi bavuze mw’izina ry’Umwami nk’akarorero ko kubabazwa no kwihangana.”12 Iyo dusomye ivyashikiye abo bahanuzi ba kera, turamenya ko kimwe mu bigeragezo vyabo bikomeye cane kwari ukubona Isirayeli yiyamiriza canke irwanya intahe zitomoye bahawe. Kwiga gatoya ivyo bihe birahita vyerekana ingeso z’abahanuzi b’ukuri n’iz’ab’ibinyoma. “Uku ni ko Uhoraho Nyen’ingabo agize: Ntimwumvirize amajambo y’abahanuzi babahanurira; babatera kwishimira ubusa. Bavuga iyerekwa riva mu mitima yabo, ritava mu kanwa k’Uhoraho.”13
GSAM 304.2Nta kintu kiri mu vyanditswe vya Madamu White gituma uwubisoma yishimira ubusa. Ahubwo, nk’uko uwundi yabivuze, ati: “Nararonse inyungu nyinshi za Mpwemu mu ntahe incuro zidaharurwa. Mu vy’ukuri, sinigera ndazisoma ntumva ko mpanwa kubera ukubura ukwizera Imana, ukutayiyegurira n’ukutagira umwete wo gukiza imitima.” Rero, ata nkeka, ingaruka z’intahe za Madamu White ziratandukanye cane n’iz’inyigisho z’abahanuzi b’ibinyoma, nk’uko Yeremiya yazidondoye.
GSAM 304.3Umuhanuzi atubwira kandi ukuntu abahanuzi b’ibinyoma bazokwigisha: “Baguma babwira abankengera bati: Uhoraho avuze ati: Muzogira amahoro; kandi babwira uwugenda wese akurikiza ivyiyumviro vy’umutima wiwe bati: Nta kibi kizobashikako.”14
GSAM 304.4Ku vyerekeye ingene inyigisho za Madamu White zo mu ntahe ziwe zimeze, ndasubiramwo aya majambo y’umuntu azisoma yitonze:
GSAM 304.4“Narasomye intahe ziwe zose kuva ku ntango gushika kw’iherezo, nyinshi muri zo incuro nyinshi, kandi sinigeze nshobora kuronka muri zo zose iryungane na rimwe ritagira indero, canke ikintu kitari ikiboneye rwose kandi ca gikristo. Nta kintu na kimwe kirimwo gikura umuntu kuri Bibiliya canke kuri Kristo. Ahubwo nsangamwo uguhamagarira abantu n’umwete mwinshi kwumvira Imana, gukunda Yesu, kwemera Ivyanditswe no kwama babisesangura. Ukwegera Imana mwene ukwo, ukuyiyegurira n’umwete mwene ukwo, uguhamagarira abantu bakomeje kubaho ubuzima bwera mwene ukwo, bishobora kuva kuri Mpwemu w’Imana wenyene.”
GSAM 305.1Umuntu yakurikiranye yitonze intahe ziwe kuva mu ntango yandika ati:
GSAM 305.1“Ku vyerekeye kuvugana ukuri mu buryo butomoye, ata bwoba canke kugira nkunzi, nipfuza gushinga intahe ko ata na kimwe cabuze. Iyo imvo mbi kandi zigayitse ari zo zaganza iki gikorwa, amajambo yo kuryosharyosha ni yo yari gufata ikibanza c’intahe zisesangura imitima n’uguhana mu bwizigirwa. Kuvuga ibitomoye, guhana ibibi mu bwizigirwa, amajambo y’impuhwe n’ayo kuremesha imitima ititira yumva ko ikeneye Umukiza, n’abazimiye barondera kwikurako amakosa yabo bicishije bugufi,—ivyo ni vyo vyagize igice kinini c’igikorwa ciwe. Intahe ya Madamu White, ihana ibibi vy’abantu benshi yari yabonye mw’iyerekwa, yatanzwe mu bwizigirwa bwinshi kandi igira ingaruka nziza cane.”15
GSAM 305Itegeko rya Gatanu—Ubuhanuzi bw’Ukuri Buraranguka
GSAM 305.2Hari amajambo Musa yavuze ku bahanuzi b’ukuri n’ab’ibinyoma, ari mu gice ca cumi n’umunani co mu Gusubira mu Vyagezwe. Avuga ati: “Tuzomenya dute ijambo Uhoraho atavuze? Umuhanuzi niyavuga mw’izina ry’Uhoraho, ico avuze ntigikurikire canke ntikibe, iryo ni ijambo Uhoraho atavuze, ariko umuhanuzi arivuze yubahutse; ntuzomutinye.”16
GSAM 305.3Ivyo nyene biraboneka no muri ibi vyanditswe: “Ni nde avuga ikintu kigashika, kandi Umwami atagitegetse?”17 Ku muhanuzi Samweli haravuzwe hati: “Ivyo avuga vyose ntibibura gushika.”18 “Ijambo ry’umuhanuzi niryashika, ni ho uwo muhanuzi azomenyekana ko yatumwe vy’ukuri n’Uhoraho.”19
GSAM 306.1Ubu haraciye imyaka irenga mirongo itanu n’itatu kuva uwandika iyi nkuru abona ubwa mbere Madamu E. G. White ari mw’iyerekwa ry’ubuhanuzi. Muri iyo myaka yaravuze amajambo menshi y’ubuhanuzi ku bintu vyari kuzoba. Bimwe muri ivyo yavuze vyerekeye ibintu bimaze kuranguka, ibindi biriko biraranguka, ibindi na vyo biracari ivyo muri kazoza. Ku vyerekeye ivyabaye canke ibiriko biraba, nta na kimwe nzi kitashitse. Bimwe mu vyo yahanuye vyaramaze kuvugwa. Ibindi bizoboneka mu bice bikurikira uko tubandanya inkuru yacu.
GSAM 306Itegeko rya Gatandatu—Ibitangaza si vyo Vyemeza Umuhanuzi w’Ukuri
GSAM 306.2Abanditsi benshi b’ivyigwa vy’Imana baremeje, kandi no mu bitabu bisigura Ivyanditswe biravugwa, ko ikimenyetso c’umuhanuzi w’ukuri ari ugukora ibitangaza. Nta tegeko rimeze gutyo turamenya mu Vyanditswe.
GSAM 306.3Nimba ugukora ibitangaza ari icemezo c’umuhanuzi w’ukuri, wa “muhanuzi w’ibinyoma” avugwa mu Vyahishuriwe Yohana 19:20 yohava yitwa umuhanuzi w’ukuri; kuko havuga hati: “Ya nyamaswa irafatwa, hamwe na wa muhanuzi w’ibinyoma yakorera ibitangaza imbere yayo, akabihendesha abari bemeye ikimenyetso c’inyamaswa.” Ubwo bubasha nyene burongera kuvugwa mu Vyahishuriwe Yohana 13:14, ko buhendisha “ababa kw’isi vya bitangaza bwahawe ububasha bwo gukorera imbere ya ya nyamaswa.” Dukoresheje iryo tegeko gutyo nyene, twohava tuvuga ko na Satani ari umuhanuzi w’ukuri. Impwemu zimwe zizokora igikorwa kidasanzwe mu gihe c’icago ca gatandatu muri vya vyago indwi vya nyuma zitwa “impwemu z’abadayimoni zikora ibitangaza, zisohoka zikaja ku bami b’isi n’abo mw’isi yose, kugira ngo zibakoranyirize ku ntambara yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Ishobora vyose.”20
GSAM 306.4Nimba icemezo c’umuhanuzi w’ukuri kiboneka mu bitangaza akora igihe atari mw’iyerekwa, tworonka abahanuzi ba Bibiliya bake gusa batsinda ico kigeragezo, canecane nimba urubanza rwoshimikira ku vyanditswe ku bikorwa vyabo. Ni ivy’ukuri ko handitswe ko bamwe mu bahanuzi bakoze ibitangaza, nka Eliya, Elisa na Pawulo. Ariko ni nde yaronse muri Bibiliya inkuru y’ibitangaza vya Yesaya, Yeremiya, Daniyeli, Hoseya, Yoweli, Amosi n’abandi? Naho ari ukwo, abo bari abahanuzi b’ukuri b’Umwami, kandi amategeko Umwami yatanze yo kugerageza umuhanuzi w’ukuri araberekana ko ari ko bari.
GSAM 307.1Iyo dusomye inkuru yo mu Vyanditswe yerekeye Yohana Umubatizi, biraboneka neza ko ugukora ibitangaza atari co kigeragezo c’umuhanuzi w’ukuri. Ko yari umuhanuzi vyerekanwa n’ubuhanuzi bwa se Zakariya, igihe yigana iyerekwa Imana yari yamuhaye ku mwana w’umuhungu yari kuzovyarirwa: “Nawe, mwana, uzokwitwa umuhanuzi w’Isumba vyose; kuko uzogenda imbere y’Umwami gutegura inzira ziwe.”21 Umukiza wacu ubwiwe yaremeje ko Yohana ari we muhanuzi yari gutegura inzira imbere yiwe; kuko yavuze kuri Yohana ati: “Ariko mwasohotse kuraba iki? Umuhanuzi? Ego, ndababwire, mbere aruta umuhanuzi cane. Uwo ni we yanditsweko ngo: Ehe, ndatuma intumwa yanje imbere yawe, izogutegurira inzira imbere yawe. Kuko ndababwire, mu bavyawe n’abagore nta muhanuzi aruta Yohana Umubatizi?”22
GSAM 307.2Aha rero hari amajambo atomoye y’Umukiza yemeza ko Yohana yari umuhanuzi. Nimureke dukoreshe ikigeragezo co gukora ibitangaza, turabe ico bivamwo. Mu Butumwa Bwiza bwanditswe na Yohana umuvugabutumwa, turafise aya majambo: “Kandi benshi baza kuri we [Kristo], baravuga bati: Yohana ntiyakoze igitangaza na kimwe; ariko ivyo Yohana yavuze vyose kuri uyu muntu vyari ivy’ukuri.”23 Ico canditswe conyene kirahinyuza bimwe bishitse iciyumviro c’uko ikimenyetso c’umuhanuzi w’ukuri ari ugukora ibitangaza.
GSAM 307.3Iri tegeko ryatanzwe mu Gusubira mu Vyagezwe 13:1-3, iryo twita irya gatandatu mu rutonde rwacu rw’ubu, rigenewe kuturinda gukurikira ikintu cose gitangaje canke c’igitangaza, tutabanje kuraba neza ko kitwegereza Umwami kuruta canke ko kidukwega kidukura kuri we. Iki canditswe mu vy’ukuri kitubwira gukoresha amategeko yose, canecane kuraba ko ico kintu gihuye n’Imana n’ivyagezwe vyayo.
GSAM 308.1Iri tegeko rya gatandatu ryigisha ko iyo umuntu yiyitirira ivyo atari akoze igitangaza, bazobona hamwe na co, nibabisuzuma neza, ukureka ukuri kwera kw’ijambo ry’Imana no kugabanya urugero rw’ivyo Imana isaba kugira ngo bihuze n’umutima ukunda guhunga inzira yo kwiyanka. Umwami aremera ko mwene uwo yiyitirira ivyo atari ahaguruka. Inzira yiwe iba ikigeragezo ku mwana w’Imana w’ukuri, ikamuha akaryo ko gupima yitonze iyo ivyo uwo mukozi w’ibitangaza bijana canke imvo abikorana. Abumira kw’ijambo ry’Imana, aho gutwarwa n’uwo mukozi w’ibitangaza w’ibinyoma, bava muri ivyo bakomeye mu Mana.
GSAM 308.2Muri iyi misi mibi, aho benshi bavuga ko ari “abakiza biciye mu kwizera,” “abakiza biciye mu Mana,” “abakiza bo mu Bumenyi bwa Gikristo,” n’abandi, vyoba vyiza gukoresha neza amategeko yo mu Vyanditswe; kuko bizosaba amategeko y’Imana n’ukumurikirwa na Mpwemu Yera kugira ngo dushobore gutandukanya neza imigabo n’intumbero vya bamwe muri abo “bakiza,” kubera ko igikorwa cabo cuzuyemwo amayeri. Ku rundi ruhande, hari abirengagiza ku mugaragaro ivyagezwe vy’Imana n’ukuri kwayo kw’iki gihe. Hari igihe abo biyita “abakiza” baratse nk’abantu buzuye ibisazi iyo bumvise n’ukuvuga gusa ivyagezwe vy’Imana. Nk’uko ata nkeka Umwami afise ubutumwa butangaza ivyagezwe vyiwe vyera, ni ko ata nkeka abagabo batuka ivyagezwe vyiwe kandi birukana n’ababivuga gusa baba badafise ugukorerwa mu mitima na Mpwemu Yera.
GSAM 308Itegeko rya Ndwi—Ivyamwa Vyabo
GSAM 308.3“Mwirinde abahanuzi b’ibinyoma baza kuri mwebwe bambaye impuzu z’intama, ariko imbere ari amabingira y’inkazi. Muzobamenyera ku vyamwa vyabo. Mbega abantu basoroma inzabibu ku mahwa, canke insukoni ku bitovu? Uko ni ko igiti ciza cose cama ivyamwa vyiza, ariko igiti kibi cama ivyamwa bibi. Igiti ciza ntigishobora kwama ivyamwa bibi, kandi n’igiti kibi ntigishobora kwama ivyamwa vyiza. Igiti cose kitama ivyamwa vyiza kiratemwa kigatererwa mu muriro. Nuko rero muzobamenyera ku vyamwa vyabo.”24
GSAM 309.1Aya majambo y’Umukiza wacu yemeza ko ingabire y’ubuhanuzi yobayeho mu gihe c’ubutumwa bwiza. Iyo ata bahanuzi b’ukuri bari kuzokorana n’ico gikorwa, kandi ukwigaragaza kw’ubuhanuzi kwose kukaba kwari kuzova ku kibi, ntiyari kuvuga ati: “Mwirinde abahanuzi”? Kuba atubwira mu buryo butomoye gutyo ukuntu ubwoko bumwe bwose bwomenyekana ni icemezo kiruta ibindi c’uko mu gikorwa c’Umuhoza, Mpwemu Yera, mu kwerekana “ibizoza” (Yohana 16:13), hobayemwo ingabire y’ubuhanuzi y’ukuri. Iri tegeko, iryo twise irya ndwi mu rutonde rwacu, ntirishobora kwihenda. Kristo ntiyavuze ngo mushobora kubamenyera ku vyamwa vyabo, ahubwo yavuze avyemeza ati: “Muzobamenyera ku vyamwa vyabo.”
GSAM 309.2Turabaza duti: Ni icamwa ikihe gikwiye kuboneka mu gikorwa c’ingabire nyakuri za Mpwemu w’Imana? Inyishu iboneka mu majambo ya Pawulo ku mugambi w’Umwami mu gushira ingabire mw’ishengero: “Ni co gituma avuga ati: Igihe yaduga iyo hejuru, yajanye inyagano, aha abantu ingabire.... Kandi yahaye bamwe kuba intumwa, abandi kuba abahanuzi, abandi kuba abavugabutumwa, abandi kuba abungere n’abigisha; kugira ngo abera batunganywe, bakore igikorwa co kugabura ivy’Imana, hubakwe umubiri wa Kristo; gushika aho twese tuzoshikira ubumwe [“twinjire mu bumwe,” nk’uko vyanditswe ku ruhande] bwo kwizera no kumenya Umwana w’Imana, tukaba umuntu akuze rwose, dushikiriye urugero rw’igihagararo c’ukunengesera kwa Kristo.”25
GSAM 309.3Nimukoreshe iri tegeko ku ngabire y’ubuhanuzi yamye ijanye n’ubutumwa bw’umumarayika wa gatatu kuva bugitangura. None ingaruka ni izihe?—Dusanga inyigisho zagumye zitangwa biciye kuri Madamu White zamye zerekeza ku bumwe no ku guhuza, zihanura abantu “kuja inama hamwe” no “kwegerana,” ngo babe mu mwumvikano na Kristo, gutyo bagire ugusangira nyakuri n’ubumwe hagati yabo.
GSAM 310.1Bamwe mu barwanya iki gikorwa baravuze bacokora bati: “Iyo hataba amayerekwa ya Madamu White mufise hagati yanyu, igikorwa canyu kiba caramaze igihe kirekire gisambutse.” Inyishu ni iyi: “Ivyo ni ivy’ukuri; kuko biciye muri ayo mayerekwa Umwami yatanze impanuro, imburi n’umuco; gutyo ukutumvikana kurakurwaho, igikorwa na co kiratera imbere.” Nuko rero ivyo bari bagambiriye ko biba igitero ku ngabire, mu vy’ukuri ni intahe y’uko icamwa cayo ari ic’ingabire y’ubuhanuzi y’ukuri.
GSAM 310.2Mu myaka mirongo itandatu n’iyirenga, ukwigaragaza kw’ingabire y’ubuhanuzi biciye kuri Madamu White kwarageragejwe n’aya mategeko indwi. Mu kintu cose, kwashikije ibisabwa ku buhanuzi bw’ukuri.
Notes
- Abanyefeso 4:11-13. ↩
- Yoweli 2:28, 29. ↩
- 1 Abatesalonike 5:20, 21. ↩
- Ivyahishuriwe Yohana 16:14. ↩
- Yesaya 8:16-20. ↩
- Umusiguzi 9:6, 5. ↩
- Intahe z’Ishengero, igitabu ca 5, imp. 663-667. ↩
- 1 Yohana 4:1-3. ↩
- Abanyefeso 3:17; Abakolosayi 1:27. ↩
- 1 Yohana 4:5. ↩
- Yesaya 30:10, 11. ↩
- Yakobo 5:10. ↩
- Yeremiya 23:16. ↩
- Umurongo wa 17. ↩
- J. N. Andrews, mu Isuzuma n’Intumwa ryo muri Kigarama 1867. ↩
- Gusubira mu Vyagezwe 18:21, 22. ↩
- Gucura Intimba 3:37. ↩
- 1 Samweli 9:6. ↩
- Yeremiya 28:9. ↩
- Ivyahishuriwe Yohana 16:14. ↩
- Luka 1:76. ↩
- Luka 7:26-28. ↩
- Yohana 10:41. ↩
- Matayo 7:15-20. ↩
- Abanyefeso 4:8-13. ↩