Igice ca 12 — Ukuvunika Umutima—Igitabu Gisharira
GSAM 185.1“Nakuye ka gitabu gatoyi mu kuboko kw’umumarayika, ndakimira; kandi mu kanwa kanje kararyoshe nk’ubuki: maze nkimara kukimira, inda yanje irasharira. Maze ambwira ati: Utegerezwa gusubira kuvugishwa imbere y’abantu benshi, n’amahanga, n’indimi, n’abami. Nuko mpabwa urubingo rusa n’inkoni: umumarayika arahagarara, avuga ati: Haguruka, upime urusengero rw’Imana, n’igicaniro, n’abasengera muri rwo.”1
GSAM 185.2Mu rurimi rw’Ivyanditswe, “kurya” igitabu bigereranya kwakira ukuri kugira ngo kugushikirize abandi, nk’uko bigaragara kuri Ezekiyeli, aho umuhanuzi yeretswe “umuzingo w’igitabu,” akabwirwa ati: “Rya uyu muzingo, ugende ubwire inzu ya Isirayeli.” Amaze kuwurya, avuga ati: “Nuko ndawurya; uba mu kanwa kanje umeze nk’ubuki mu buryohe.”2
GSAM 185.3Umuhanuzi Yeremiya akoresha iyo mvugo nyene ati: “Amajambo yawe yarabonetse, ndayarya; kandi ijambo ryawe ryambereye umunezero n’akanyamuneza k’umutima wanje.”3 Muri ayo majambo tumenyeramwo ko “uburyohe” bw’igitabu igihe umuntu akirya bugereranya umunezero n’uguhazwa abarya ijambo ry’Umukama bagira.
GSAM 185Igitabu Ciryoshe, Maze Kirasharira
GSAM 185.4Igitabu kivugwa mu Vyahishuwe 10, aho bivugwa ko uwakiriye cari kiryoshe nk’ubuki, ariko kimara kuribwa kiba “gisharira” (canke, nk’uko bamwe babihindura, “maze nkimara kugisya, mu nda yanje kiba picra”4), ni co gitabu umumarayika yatangarijemwo, abikesha uwaremye ijuru, isi n’ikiyaga, ati: “Igihe ntikizoba kikiriho.” Kurya ico gitabu rero bitegerezwa kugereranya kwakira n’umunezero ubutumwa bwo gushinga igihe. Ukwo gusharira gutunguranye kw’agace k’ico gitabu ku bakariye bitegerezwa kugereranya itandukaniro ribabaje ry’ivyo babonye inyuma y’aho igihe c’igitabu kirangiriye, bagasanga ivyo bari biteze bitashitse, bigatuma bagira umubabaro mwinshi.
GSAM 186Ubutumwa bwo Gushinga Igihe Buryoshe
GSAM 186.1Ubutumwa bwo gushinga igihe mu 1844 bwari inkuru y’umunezero koko ku bizerwa, kandi ata gukekeranya biteze ko vuba cane bazokizwa ibihe bidahera bakavanwa mu ndwara, amagorwa n’imibabaro yose y’iyi si y’ivyaha. Iciyumviro c’uko mu ndwi nke bazoba bahawe icubahiro, badapfa, bakaba bari mu gisagara c’Imana c’izahabu bari kumwe n’Umwami wabo, cari gitera umunezero mwinshi mu mitima. Nk’uko vyavuzwe n’uwagize ubwo burambe, “Abakunda Yesu babikuye ku mutima barashobora gutahura inyiyumvo z’abarindiriye, bashashaye cane, ukuza kw’Umukiza wabo.... Twiyegereje iyo saha dufise ituze n’icubahiro gikomeye. Abizera b’ukuri baruhukiye mu bumwe buryoshe n’Imana, bubera ikimenyetso c’amahoro yari abategereje mu buzima bwiza bwo hanyuma. Abagize iryo cizigiro n’ukwizera ntibazokwigera bibagira ayo masaha y’agaciro yo kurindira.”
GSAM 186.2Imimerere igoye cane y’abari ku musi ugira cumi n’umwe w’ukwezi kwa ndwi, bagasanga baracari muri iyi si y’umwijima y’igeragezwa n’ibigeragezo, aho babwirizwa kwihanganira agasuzuguro, amajambo y’akagaye n’ugutwenga kw’abo bari bahimirije amasaha makeyi imbere y’aho kwitegurira guhura n’Umukama wabo, irerekanwa neza n’ivyashikiye Mariya igihe yari “ahagaze hanze y’imva arira”; maze ababajijwe n’abamarayika bati: “Mugore, urizwa n’iki?” arabishura ati: “Kubera ko batwaye Umukama wanje, kandi sinzi aho bamushize.”5
GSAM 187Ivyo Bari Biteze Ntivyashitse, Ariko Ntibacika Intege
GSAM 187.1Abaciye muri iyo ngorane ivanze n’igeragezwa bavuze bati:
GSAM 187.1“Twari twazazaniwe kandi ivyo twari twiteze ntivyashitse, ariko ntitwihakanye ukwizera kwacu. Twiyumvamwo ko twari twarangije inshingano yacu; twari twabayeho dukurikiza ukwizera kwacu kw’agaciro; ivyo twari twiteze ntivyashitse, ariko ntitwacitse intege. Twari dukeneye ukwihangana kutagira aho kugarukira, kuko abatyora bari benshi. Kenshi twarahura n’amajambo y’agasuzuguro yibutsa ukuvunika umutima kwacu kwa mbere. ‘Ntimuraduze; muzoduga ryari?’ n’akagaye nk’ako vyakunda kudushikira bivuye ku bo tuzinanye bo mw’isi, mbere no kuri bamwe biyita Abakristo, bemera Bibiliya ariko ntibige ukuri kwayo guhambaye kandi kw’ingirakamaro. Gupfa kwari kukidufasheko; ingaruka z’umuvumo zari hose zidukikije. Vyari bigoye gusubira kwikorera amaganya y’ubuzima twari twibaza ko twari twayashize hasi ibihe bidahera.”
GSAM 187Bagereranijwe n’Abigishwa Batabonye Ivyo Bari Biteze
GSAM 187.2Inyiyumvo z’abo bantu, zigereranijwe n’umunezero n’akanyamuneza bari bagize amasaha makeyi imbere, zategerezwa kuba kuri bo nk’ubusharire bukaze bwa picra. Abari babakikije, nk’uko ata gukekeranya benshi babigenjeje inyuma y’ukubambwa kwa Kristo, bibaza ko abizera noneho bari kwihakana ukwizera kwabo, bakifatanya mu gutwenga ubupfu bwabo bwibazwako. Ariko bidatevye baratangaye babona ko urukundo rwo kuboneka kw’Umukama rutari rworoshe gukurwa mu mitima y’abari barishikanye Imana vy’ukuri.
GSAM 187“Ntibicaranye n’Abatyora”
GSAM 187.3Inzira abo bantu b’umwete bakurikiye n’inyiyumvo bari bafise bisigurwa neza n’amajambo y’umuhanuzi Yeremiya, aho avuga ati,
GSAM 187.3“Amajambo yawe yarabonetse, ndayarya; kandi ijambo ryawe ryambereye umunezero n’akanyamuneza k’umutima wanje: kuko nitwa mw’izina ryawe, Mwami Mana Nyen’ingabo. Sinicaranye n’inama y’abatyora, kandi sinanezerewe: naricaye jenyene kubera ukuboko kwawe; kuko wanyujuje ishavu. Kubera iki ububabare bwanje budahera, n’igikomere canje ntigikire, kikanka gukira? Uzoba kuri jewe nk’umubeshi gusa, kandi umeze nk’amazi abura?”6
GSAM 188James White ku Kuvunika Umutima
GSAM 188.1Amajambo make yakuwe ku bamwe muri abo batabonye ivyo bari biteze ariko bakagira icizigiro azotuma dutahura neza uko ibintu vyari bimeze. Iya mbere ni iya Umukuru James White, yakoreye neza cane mu 1843 no mu 1844. Avuga ati:—
GSAM 188.2“Ukuvunika umutima igihe cari kirangiye kwari ukwo gusharira. Abizera b’ukuri bari bahevye vyose kubera Kristo, kandi bari bararonse ukubaho kwiwe nk’uko bitari bwigere biba. Bibaza ko bari barashikirije isi imburi yabo ya nyuma, kandi bari baritandukanije, ku rugero runaka, n’isinzi ry’abatizera kandi batwenga. Kubera umugisha w’Imana wari kuri bo, bumva boshaka kwifatanya n’Umwigisha wabo bari biteze ko aza vuba hamwe n’abamarayika bera, kuruta kwifatanya n’abo bari baritandukanije. Urukundo rwa Yesu rwuzura umutima, rukaka ku maso ya bose, kandi bafise icipfuzo kidashobora kuvugwa barasenga bati: ‘Ngwino Mwami Yesu, ngwino vuba,’ ariko ntiyaje.
GSAM 188.3“Ariko Imana ntiyahevye abantu bayo.... Kandi amajambo nk’aya akurikira yo mu Baheburayo yarashitse ku mitima no ku vyiyumviro vy’abari bageragezwa kandi barindiriye, afise inkomezi n’uruhoza rudasanzwe: ‘Ntimute ukwizera kwanyu, gufise impera nini y’ingororano. Kuko mukeneye ukwihangana, kugira ngo mumaze gukora ivyo Imana igomba, muronke isezerano. Hasigaye akanya gatoyi, uwuza azoza, kandi ntazoteba. Ubu rero umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera; ariko ni hagira uwusubira inyuma, umutima wanje ntuzomunezerererwa. Ariko twebwe ntituri abo basubira inyuma bakaja mu kuranduka; turi abo bizera kugira ngo bakizwe imitima.’7 Ingingo z’ingenzi ziri muri iki gice c’Ivyanditswe ni izi:—
GSAM 188.4“1. Abo ayo majambo yabwiwe bari mu kaga ko kurekura ukwizera kwabo mu vyo bakoze neza.
GSAM 189.1“2. Bari bakoze ivyo Imana igomba, bashirwa mu mimerere y’igeragezwa aho ukwihangana kwari gukenewe.
GSAM 189.2“3. Abagororotsi muri ico gihe babwirizwa kubeshwaho n’ukwizera, ntibabeho bakekeranya ko bakoze ivyo Imana igomba, ahubwo bizere ivyo bakoze bakurikije ivyo Imana igomba.
GSAM 189.3“4. Abotokwihanganiye igeragezwa ry’ukwizera, ahubwo bakareka ukwizera kwabo mu gikorwa bakozemwo ivyo Imana igomba, bagasubira inyuma, bobaye bafashe inzira igororotse ija mu kuranduka.”8
GSAM 189Bivuye kwa N. Southard, Umwanditsi w’Ugutaka kwa mu Gicugu
GSAM 189.4Mu Gutaka kwa mu Gicugu ko ku wa 31 Gitugutu 1844, haciye nk’imisi cumi inyuma y’iherezo ry’imisi 2300, ibi bikurikira vyasohowe vyanditswe n’umwanditsi:—
GSAM 189.5“Dufatiye ku bihe vyose vyari biherekeje uyu mugwi, ku vyiza vy’umugisha wavyaye mu mitima y’abana b’Imana, no ku rwanko n’ububi abansi bayo berekanye, dutegerezwa kuwubona nk’ugutaka kwa mu gicugu kw’ukuri. Kandi nimba dufise imisi mikeyi yo kugeragezamwo ukwizera kwacu, biracahuye n’umugani w’abakobwa cumi; kuko bamaze bose guhaguruka no gutunganya amatara yabo, haracari igihe amatara y’abakobwa b’abapfu azobura umuriro. Ivyo ntivyashobora kuba imbere y’uko umusi ugira cumi urengana; kuko gushika kuri ico gihe amatara yabo yari gukomeza kwaka. Nuko uwo musi utegerezwa kurengana, kugira ngo abapfu bahebe ukwizera kwabo, nk’uko 1843 yategerezwa kurengana kugira ngo habe igihe co kurindira. Ugucererwa gatoyi rero si impamvu yo kuvunika umutima, ahubwo kwerekana ukuntu Imana yubahiriza neza ugushitsa ijambo ryayo. Nuko tugumye dushikamye ku kwatura ukwizera kwacu tudahungabana; kuko uwasezeranye ni uwo kwizigirwa.”
GSAM 189Bivuye kwa Joseph Marsh, Umwanditsi w’Ijwi ry’Ukuri
GSAM 189.6Mu Ijwi ry’Ukuri ryo ku wa 7 Munyonyo 1844, dusoma duti:—
GSAM 189.7“Turavyemera n’umutima mwiza ko twihenze ku bijanye n’imimerere y’ico kintu twari twiteze ko kiba ku musi ugira cumi w’ukwezi kwa ndwi; ariko ntiturashobora kwemera ko Umuherezi wacu Mukuru ahambaye atarangije kuri uwo musi ivyo ico kigereranyo catwemerera kwitega. Ubu twemera ko yabirangije.”
GSAM 190.1Abadiventiste bari biteze ko ku musi ugira cumi w’ukwezi kwa ndwi, mu 1844, imisi 2300 izorangira, kandi ko kuri uwo musi Kristo azokwamiriza igikorwa ciwe c’ubuherezi hanyuma akaza kw’isi guhezagira abantu biwe. Itohoza ryakozwe hanyuma ryerekanye ko kuri uwo musi ari ho hatanguriye igikorwa ciwe c’ukwezwa kw’ubuturo bwera bwo mw’ijuru, atari ho igikorwa ciwe c’ubuherezi carangiriye.9 Aho kubona ko igikorwa c’ukwezwa kw’ubuturo bwera ari kimwe mu bigize igikorwa ca Kristo nk’umuherezi, havuzwe ko ukwezwa kw’ubuturo bwera kwari ugutunganywa kw’isi n’umuriro igihe Kristo azozira. Naho atari isi yose, nibura igihugu c’i Kanani cari kwezwa ico gihe.
GSAM 190Ubuturo Bwera Bwibazwako Ko Ari Isi
GSAM 190.2Iciyumviro nk’ico kirerekanwa mu kiganiro canditswe na Geo. Storrs, mu Gutaka kwa mu Gicugu ko ku wa 25 Ndamukiza 1844. Arabaza ati: “Ubuturo bwera bugiye kwezwa ni ubuhe? Ivyo nahora mbona ni uko bwari isi yose. Ndacizera ko ari igice c’isi. Ariko ni igice ikihe? Ni co kibazo nzoja ngerageza kwishura.”
GSAM 190.3Asubiramwo isezerano ryahawe Aburahamu, uko ryashinzwe kuri Isaka, n’uko ryasubiwemwo kuri Yakobo, hanyuma asubiramwo indirimbo ya Mose, yari yarahimbwe na Miriyamu inyuma yo kujabuka Ikiyaga Gitukura, aho baririmvye bati: “Uzobinjiza, ubashimbe ku musozi w’umwandu wawe, ahantu, Mwami, witeguriye kuba, mu buturo bwera, Mwami, amaboko yawe yashimangiye.”10
GSAM 190.4Umusomyi niyagereranya yitonze uwo murongo n’inkuru y’ukuntu warangutse, yanditswe n’umwanditsi wa Zaburi, azobona ko udavuga ko mbere n’igihugu ca Palestina ari co buturo bwera. Dawidi avuga, mu kuvuga ukuntu Umukama yayoboye abana ba Isirayeli ati: “Yabashikanye ku rubibe rw’ubuturo bwiwe bwera, no kuri uwu musozi ukuboko kwiwe kw’iburyo kwaguze.”11 Mu ndirimbo yo ku Kiyaga Gitukura havugwa ku gihugu c’i Kanani ko ari ho yari yarateguriye “kuba, mu buturo bwera.” Ni ukwo nyene, muri uyu murongo wo muri Zaburi, Umusozi Moriya, ahubatswe ubuturo bwera, witwa gusa “urubibe rw’ubuturo bwiwe bwera.” Ariko muri iyo Zaburi nyene havugwa hati: “Yatoye umuryango wa Yuda, Umusozi Siyoni yakunze. Yubaka ubuturo bwiwe bwera nk’ingoro ziri hejuru, nk’isi yashimangiye ibihe bidahera.”12
GSAM 191Ukwezwa kw’ubuturo bwera kwafatwa nk’ugutyororwa kw’isi
GSAM 191.1Mu nyandiko yavuzwe aho haruguru, uwo Mukuru amaze gusubiramwo ivyafatwa nk’ikimenyamenya c’uko isi, canke n’imiburiburi igihugu ca Palestina, ari bwo buturo bwera, aca abandanya abaza ati: “Ubuturo bwera buzokwezwa gute?” Yishura akoresheje amajambo y’umuhanuzi Mika ati: “Kuko ehe, Uhoraho agira ave ahantu hiwe, amanuke, ahonyore ahakirurutse ho kw’isi. Imisozi izoyagira musi yiwe, n’imyonga izosaduka, nk’ibishashara imbere y’umuriro, kandi nk’amazi aseswa ahahanamye.”13
GSAM 191.2Kubera iciyumviro cari cemerwa na benshi muri ico gihe c’uko isi ari bwo buturo bwera, uwusoma azotahura bitamugoye igituma biyumvira ata gukekeranya yuko, imisi 2300 irangiye, Umwami azoza agatyorora isi nk’uko Mika yabidondoye. Mu kurwanya kwose Abadiventiste barwanijwe, nta n’umwe mu babarwanya yigeze anavuga ko ugutyororwa kw’isi n’umuriro atari co kintu cobaye mu kwezwa kw’ubuturo bwera, imisi 2300 irangiye.
GSAM 191Intumwa zaracitse intege, yamara zarashikije Ivyanditswe
GSAM 191.3Aho si ho honyene abantu bakoze ivyo Umwami agomba, bagashitsa Ivyanditswe, yamara bagacika intege mu vyo bari biteze, kubera gusa ko batatahuye uko ivyobaye vyari bimeze. Uko ni ko vyagenze ku ntumwa za Kristo. Igihe yari yicaye ku mwana w’indogoba, agendera kuri wo yinjira i Yerusalemu, barasemereye bibutse amajambo y’umuhanuzi:14 “Semerera, mukobwa w’i Yerusalemu: ehe, Umwami wawe araje aho uri; aragororotse, kandi azanye agakiza; aricisha bugufi, agendera ku ndogoba, ku mwana w’indogoba.”15 Vyari bikenewe cane ko haba ugusemerera kuri uwo musi, ku buryo iyo bacereza, amabuye ubwayo yosemereye.16 Abigishwa biyumvira yuko Kristo yari agiye kwicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi, aho nyene kandi muri ako kanya nyene, ari umwami wo kw’isi (“tweho twari twizeye ko ari we yari agiye gucungura Isirayeli”17), ni co gituma basemerera bati: “Hashemagirwe ubwami bwa sogokuruza Dawidi, buje mw’izina ry’Umwami.”18 Mbega kuri uwo musi hosemereye abangana iki iyo batahura ko, hatarashira indwi, Kristo yobaye yapfuye ari mu mva ya Yosefu, ikikujwe n’abarinzi b’Abaroma? Mbega Abadiventiste bo mu 1844 bari guha Imana “icubahiro” no kuyiyegurira ku rugero rungana iki, iyo batahura ko ukwezwa kw’ubuturo bwera kwari gutangura igihe cose c’ubuhanuzi kirangiye, kukamara imyaka itari mike imbere y’uko Umwami aza?
GSAM 192Nta kosa ryabaye mu guharura imisi 2300
GSAM 192.1Igihe abo bantu basubira gusuzuma bitonze ingene baharuye ico kiringo, nta kosa babonye; yamara Umwami ntiyaje, eka n’isi ntiyatyorowe n’umuriro. Ivyo vyasobanura iki? Bari bazi neza ko Umwami yari kumwe na bo muri uwo mugwi ukomeye; ariko ubu bari mu kurindira batazi ikizoba. Ukwizigira Umwami kwabo ntikwanyiganyize. Bari bazi ko atazobaheba. Umuco woje uvuye ahantu kanaka. Ikibazo cababaza imitima yabo kivugwa muri ya majambo ya Yeremiya yamaze kuvugwa ati: “Mbega uzombera vy’ukuri nk’umubeshi, nk’amazi akama?” Ukwizera ntikwagumanye ukwo gukekeranya, kuko bibutse amajambo Umwami yavuze biciye ku muhanuzi Habakuki ku vyerekeye iyerekwa ati: “Kw’iherezo rizovuga, ntirizobesha.”19 Amajambo twamaze gusubiramwo y’umwanditsi mukuru w’Ijwi ry’Ukuri arerekana neza aho bari bahagaze ati: “Ntiturashobora kwemera yuko Umuherezi Mukuru wacu ahambaye atashikije kuri uwo musi nyene ibintu vyose ico kigereranyo catwemerera kwitega.”
GSAM 193Umuco ku vyerekeye ubuturo bwera uraboneka
GSAM 193.1Hiram Edson, wo muri Port Gibson, N.Y., yambwiye yuko ku musi wakurikiye ukurengana kw’igihe bari biteze mu 1844, igihe yariko arasengera inyuma y’ibirundo vy’ibigori mu murima, Mpwemu w’Imana yamujeko n’ububasha bwinshi cane, ku buryo yahatswe kugwa hasi; kandi hamwe n’ivyo haciye haza iciyumviro kigira giti: “Ubuturo bwera butegerezwa kwezwa buri mw’ijuru.” Yamenyesheje O. R. L. Crosier ico ciyumviro, maze bompi basuzuma neza ico kibazo. Mu ntango z’umwaka wa 1846, insiguro irambuye y’ikibazo c’ubuturo bwera yisunga Bibiliya, yanditswe na Bwana Crosier, yaracapuwe mu Kinyenyeri co ku Mutaga, ikinyamakuru casohorerwa ico gihe i Cincinnati, Ohio. Muri iyo nyandiko ndende, vyarerekanywe ko igikorwa co kweza ubuturo bwera ari co gikorwa gisozera ivyo Kristo akora nk’Umuherezi Mukuru wacu, catanguye mu 1844 kandi kikazorangira imbere gatoya y’uko agaruka koko mu bicu vy’ijuru ari Umwami w’abami n’Umutware w’abatware.
GSAM 193Amashengero arondera abanywanyi yatakaje
GSAM 193.2Umusi wa cumi w’ukwezi kwa ndwi wari wararenganye, kandi amashengero yiyumvira ko azokworoherwa no kugarukana abanywanyi yatakaje, bari bayavuyemwo mu gihe c’“ugutaka kwa mu gicugu” n’ubutumwa bw’umumarayika wa kabiri; ariko muri ivyo yaracitse intege cane, nk’uko vyerekanwa n’inyishu ikurikira yahawe abahora babinginga ngo basubire mu mashirahamwe bahozemwo, nk’uko yasohotse mu Gutaka kwa mu Gicugu co ku wa 26 Kigarama 1844:—
GSAM 193.3“Ariko none ivyabaye ni ibihe? Barazi neza ko mu menshi cane muri ayo mashengero, inyigisho nyamukuru ari ‘uguhinduka kw’isi ikizera,’ ‘ingoma y’imyaka 1000,’ n’‘ukugaruka kw’Abayuda muri Palestina,’ imbere y’uko Umukiza aza ubwiwe. Abasubirayo kwicara bumviriza indirimbo zibasinziriza z’inyigisho nk’izo zidashingiye ku Vyanditswe kandi zidafise ishingiro, babigira amaso yabo yuguruye; kandi iyo ngendo yabo izoba vy’ukuri ‘ugusubira inyuma.’
GSAM 194.1“Kubera ko babaye ‘abidegemvya’ nk’uko Ivyanditswe bivuga, biratekanye cane ‘kubandanya baja imbere’ kuruta ‘gusubira inyuma’ canke ‘kwikwegera inyuma,’ na canecane muri iki gihe, aho urugori rw’ubwiza ruri hafi cane yo guhabwa abizigirwa muri Kristo Yesu.”
GSAM 194.2Ingene amashengero yigiza kure ukuza kw’Umwami mu gushigikira za nyigisho zavuzwe zidashingiye ku Vyanditswe, vyibukije Abadiventiste aya majambo y’umuhanuzi Ezekiyeli ati: “Mwana w’umuntu, ehe, abo mu nzu ya Isirayeli bavuga bati: Iyerekwa abona ni iry’imisi myinshi iri imbere, kandi ahanura ivy’ibihe biri kure.” Muri ayo majambo nyene harimwo inyishu Abadiventiste bakoresha iti: “Ni co gituma ubabwira uti: Uku ni ko Umwami Uhoraho agize: Nta na rimwe mu majambo yanje rizosubira gutebeshwa, ariko ijambo navuze rizoshitswa, ni ko Umwami Uhoraho agize.”20
GSAM 194“Utegerezwa kwongera kuvugishwa”
GSAM 194.3Abari “bariye” igitabu, bakamamaza ivy’“igihe,” bibaza ko igikorwa cabo ku vyerekeye isi carangiye; ni co gituma babwiwe ko bategerezwa kwongera kwigisha amahanga n’indimi n’abami. Ikindi gice c’igikorwa, kitari bwabonwe gushika ico gihe, cari gitegerezwa kurangurwa,—na co kikaba ukwereka abantu uko urusengero rw’Imana rwo mw’ijuru ruri vy’ukuri, hamwe n’igikorwa gikorerwa ku gicaniro carwo. Ibwirizwa ryo gupima urusengero21 rirakenewe kugira ngo hamenyekane uko ikintu cobaye igihe c’ubuhanuzi kirangiye kimeze, maze hatangwe insiguro y’amajambo agira ati: “Ni ho ubuturo bwera buzokwezwa.”
GSAM 194.4Mwihweze ko umumarayika w’iryo tangazo ry’igihe yavuye mw’ijuru, kandi imbere y’uko igikorwa ciwe kirangira, atanga igikorwa co kwongera kwigisha abantu. Ubutumwa rero butegerezwa gusigura ikibazo c’ubuturo bwera, bugasubiza ivyizigiro abacitse intege, kandi ico gihe nyene bukabaha “urenga,” canke “inkoni,” canke ingero, abantu b’Imana bashobora kwisuzumisha ingene ingeso zabo zimeze imbere yayo, butegerezwa kugira ibimenyetso bigaragara vy’uko bukomoka mw’ijuru, atari ku bantu.
GSAM 195Ivyiyumviro bibi vyari bisanzwe vyarababujije gushikira abantu
GSAM 195.1Ivyiyumviro bibi abantu bari basanzwe bafise ku nyigisho y’ukugaruka kwa Kristo vyari nk’uruzitiro rusa n’urudashobora kurengana ngo bashikire abantu; kandi kugerageza kwongera kubigisha ata muco utomoye kandi udakekeranywa ku catumye habaho ugucika intege, nta co vyari kumara. Abizera b’Abadiventiste ubwabo bari bakeneye ko imitima yabo isubira kuvyurirwa igikorwa bahawe n’ijuru, imbere y’uko abantu bashobora kwigishwa neza; none ivyo vyari gushoboka gute? Mbega vyari gukorwa n’ubwenge bw’abantu gusa? Canke abari bariboneye igikorwa gikomeye ca Mpwemu w’Imana mu mugwi w’abiteze ukugaruka kwa Kristo wari uherutse, bari kubumbwa n’ivyiyumviro vy’abantu gusa? Nta kindi cari kubakura muri ukwo kuzazanirwa atari igikorwa kimeze nk’ic’“ubutumwa bw’umumarayika wa gatatu”22 Kandi ico gikorwa caratanguye mu gihe gikwiye, intambwe ku yindi, uko bashobora kucakira, gifise ibimenyamenya bijijura cane vy’uko cavuye mw’ijuru.
GSAM 195Nk’intama zitagira umwungere
GSAM 195.2Uwo mugwi munini w’abiteze ukugaruka kwa Kristo wari umeze, mu buryo bumwe, nk’intama zitagira umwungere; abantu ibihumbi bo muri wo bari bamaze indwi nkeya gusa bitandukanije n’amashengero yose n’inyigisho zayo z’ukwizera, kandi nta shirahamwe ry’abantu ryari rijejwe kubungabunga ivy’impwemu vyabo. Nta bahanuzwajambo bo kw’isi bari bafise bashobora kwizigira; Imana yonyene ni yo bizigira.
GSAM 195.3Yamara hari ikintu kimwe bari bizigiye badakekeranya, kandi kuri bo cari nk’inanga y’ubwato,—itangazo ry’igihe ryari ryo.23 Ariko nk’umugwi w’abantu, uko bari bameze, iyo Imana itabayobora ngo ibarinde, bari gushobora kwemera insiguro z’ibinyoma, canke kubura “ukwihangana” maze bagaheba ukwizera ivyo bari baraciyemwo. Bamwe ni ko bagize; abandi na bo, bahanze ijisho ry’ukwizera uwo imitima yabo yakunda, barabaza bashimitse bati: “Wa murinzi we, ijoro rigeze he? Wa murinzi we, ijoro rigeze he? Umurinzi ati: Burakeye, ariko n’ijoro riraje; nimwagomba kubaza, mubaze; mugaruke, muze.”24
GSAM 196J. N. Andrews avuga ivy’ugucika intege
GSAM 196.1Umukuru J. N. Andrews, umwe mu baciye muri ivyo mu 1844, avuga ivy’ugucika intege muri ubu buryo:—
GSAM 196.2“Abari biteze Umwami mu 1843 no mu 1844 baracitse intege. Kuri benshi, ico kintu kirahagije ngo bihakane intahe yose yerekeye ivyo. Turemera ko habaye ugucika intege, ariko ntidushobora kwemera ko ivyo bitanga imvo igororotse yo guhakana ukuboko kw’Imana muri iki gikorwa. Ishengero ry’Abayuda ryaracitse intege igihe, igikorwa ca Yohana Umubatizi kirangiye, Yesu yiserura ko ari we Mesiya yari yarasezeranywe. Kandi abigishwa bamwizigira baracitse intege n’umubabaro mwinshi cane igihe uwo bari biteze ko azorokora Isirayeli yafatwa akicwa n’amaboko y’abanyakibi. Inyuma y’izuka ryiwe na ho, igihe bari biteze ko asubiza ubwami Isirayeli, ntibashobora kureka gucika intege bamaze gutahura ko yari agiye kwa Se, kandi ko bo bari gusigara igihe kirekire mu marushwa no mu mibabaro. Ariko ugucika intege ntikwemeza ko Imana itagira uruhara mu kuyobora abantu bayo. Gukwiye kubashikana ku gukosora amakosa yabo, ariko ntigukwiye kubashikana ku guta ukwizigira Imana kwabo. Kubera ko abana ba Isirayeli bacitse intege mu bugaragwa, ni co catuma kenshi bahakana ubuyobozi bw’Imana. Bashizweho nk’imburi kuri twebwe, kugira ngo ntitugwe dukurikije ako karorero nyene ko kutizera.”25
GSAM 196Ukuri kubatizwa mu kwankwa n’abantu
GSAM 196.3Bisa n’uko biri mu mugambi w’Umwami gushira ukuri guhambaye mu nzira idashimwa n’abantu, aho kukwemera no kukugamburukira biba ari umusaraba26 Ivyo ni ko biri canecane muri iyi misi ya nyuma. Petero, avuga ivya ca gihe iherezo rya vyose rizoba “riri hafi,” kandi “urubanza” rukazotangurira “mu nzu y’Imana,” ati: “Abo nkunda, ntimutangazwe n’ikigeragezo gikaze nk’umuriro kiza kubagerageza, nk’aho mushikiwe n’ikintu c’akatabonetse; ariko munezerwe kuko mufatanije na Kristo imibabaro, kugira ngo n’igihe ubwiza bwiwe buzohishurwa muze munezerwe n’akanyamuneza kenshi cane. Iyo mutukwa muzira izina rya Kristo, murahiriwe, kuko Mpwemu w’ubwiza, ari we Mpwemu w’Imana, aba kuri mwebwe: bo baramutuka, ariko mwebwe muramuhesha icubahiro.”27
GSAM 197.1Iyo ukuri kwamaze kubatizwa mu kwankwa n’abantu, kukwemera bisaba ubuntu bwinshi kuruta gukurikira gusa ukwizera kw’abantu benshi. Indyarya ziyerekana uko zitari ntizibona ikintu gikomeye kizikwegera kwemera ukuri gusaba kugira ico umuntu akoze, nk’uwusoza ubwato aduga mu ruzi, “ahanganye n’umuyaga n’umukuba.” Gutyo ukuri guhinduka ikigeragezo ku bizigirwa, abafise imitima igororotse, abataryarya kandi bumvira ijwi ryo mu mutima.
GSAM 197.2Twaramaze kwerekana ko ubuhanuzi bwerekeye umugwi w’abiteze ukugaruka kwa Kristo buvuga ko hategerezwa kuba ugucika intege. Kwarabaye; maze gutyo, mu burinzi bw’Imana, ukwemera ubwo butumwa kwagize umusaraba wakwo.
Notes
- Ivyahishuwe 10:10, 11; 11:1. ↩
- Ezekiyeli 3:1-3. ↩
- Yeremiya 15:16. ↩
- Picra—umuti w’inzoga, aloe n’uburembo bwa myrrha, ushisha cane kandi ubabaza mu buryohe. ↩
- Yohana 20:13. ↩
- Yeremiya 15:16-18. ↩
- Abaheburayo 10:35-39. ↩
- Inkuru z’ubuzima za Ellen G. White, rup. 107-109. ↩
- Ico gihe nta muntu n’umwe yari azi ko hari ubuturo bwera mw’ijuru. ↩
- Kuvayo 15:17. ↩
- Zaburi 78:54. ↩
- Zaburi 78:68, 69. ↩
- Mika 1:3, 4. ↩
- Yohana 12:16. ↩
- Zekariya 9:9. ↩
- Luka 19:40. ↩
- Luka 24:21. ↩
- Mariko 11:10. ↩
- Habakuki 2:3. ↩
- Ezekiyeli 12:27, 28. ↩
- Mu gupima kutagira ibiharuro bitangwa nk’inyishu, haba harabwa uko ikintu kimeze, aho kuraba uburebure canke ubwaguke bwaco. ↩
- Ivyahishuriwe Yohana 14:9-12. ↩
- Mu gusubira gusuzuma n’ubwitonzi bwinshi cane ingene baharuye imisi 2300, nta kosa bashoboye kubona, kandi n’ubu nta rishobora kuboneka. ↩
- Yesaya 21:11, 12. ↩
- Ubutumwa Butatu bwo mu Vyahishuriwe Yohana 14:6-12, urup. 33. ↩
- Matayo 16:24. ↩
- 1 Petero 4:7, 17, 12-14. ↩