Adventist Pioneer
Library
aplib.orgLibrary
Table of Contents
30 / 31
30 / 31

Igice ca 27 — Izindi Ntahe Zemejwe

John Norton Loughborough

GSAM 442.1“Yehoshafati arahaguruka, aravuga ati: Nimunyumvirize, yemwe Bayuda namwe ababa i Yerusalemu; mwizere Uhoraho Imana yanyu, ni ho muzoshikama; mwizere abahanuzi biwe, ni ho muzororanirwa.”1

GSAM 442.2Haraciye imyaka hatanzwe intahe biciye mu ngabire y’ubuhanuzi, yuko imbere y’iherezo impapuro zicapuwe zivuga uku kuri “zizosanzazwa nk’amababi akoroka mu gihe c’agatasi.” Abantu benshi baca bibaza ingene ivyo vyoshobora gushika, abizera ukuri badatunganijwe canke ngo bahurizwe hamwe mu buryo kanaka kugira bakore ico gikorwa. Mu burongozi bw’Imana, kenshi ibintu bihambaye biva ku ntango ntoya cane; ni ko vyagenze no mw’iterambere ry’uburyo bwo gukora bwatanguye muri twebwe.

GSAM 442Ishirahamwe ry’udupapuro tw’ivugabutumwa n’abamisiyonari

GSAM 442.3Nko mu mwaka wa 1870, iciyumviro co gushinga ishirahamwe ry’udupapuro tw’ivugabutumwa n’abamisiyonari catanguye kuva ku vyo bashiki bacu bakeyi biyeguriye Imana bakora i South Lancaster, Massachusetts. Abo bashiki bacu baragerageje kumara igihe barungikira mw’iposita abantu batari mu kwizera kwacu ibinyamakuru n’udupapuro tw’ivugabutumwa vy’ishengero ryacu, hanyuma bakabandikira amakete. Ivyo vyatumye abantu batari bake bemera ukuri, bituma Umukuru S. N. Haskell yibaza ati: “Ni kuki abantu bacu bose batokora ivyo bashiki bacu bakeyi bakoze?” Mu mwaka wa 1871 canecane, ico kibazo caraganiriweko incuro zitari nke mu kinyamakuru Isuzuma n’Intumwa. Mu nama idasanzwe y’Inama Nkuru y’Abadiventiste b’Umusi w’Indwi yabaye ku wa 29 Kigarama 1871, Umukuru Haskell ari ho kandi asigura akamaro ico gikorwa cogize, hemejwe ingingo isaba ko hashingwa amashirahamwe y’udupapuro tw’ivugabutumwa. Abakuru S. N. Haskell, W. H. Littlejohn, J. N. Andrews, J. H. Waggoner na I. D. Van Horn bagenywe kuba mu mugwi wo kunonosora imigambi yo gushinga ayo mashirahamwe.

GSAM 443.1Ico gikorwa catanguje ikiringo gishasha mu kubandanya igikorwa c’ubutumwa. Gushika ico gihe, kwigisha ukuri vyari hafi vyose bishingiye gusa ku twigoro tw’umuvugabutumwa avuga ubwiwe. Mu myaka itari mike, Umukuru Haskell yarakoranye umwete mwinshi mu kwiga no gushiraho imigambi yotuma ishirahamwe ry’udupapuro tw’ivugabutumwa n’abamisiyonari rishika ku ntumbero yaryo. Ni ukubimushimira nk’uko abikwiye kuvuga ko ari we vy’ukuri yabaye imboneza muri ico gikorwa. Ivyo ntivyerekeye gusa amashirahamwe y’udupapuro tw’ivugabutumwa n’abamisiyonari yo mu ntara; ni na we, mu mwaka wa 1878, yashikirije Inama Nkuru y’Abadiventiste b’Umusi w’Indwi yari ikoraniye i Battle Creek umugambi w’Ishirahamwe Rusangi ry’Udupapuro tw’Ivugabutumwa, ryahavuye ryitwa Mpuzamakungu. Aho iryo shirahamwe rikorera ni mu turere tutari mu nama zacu z’amashengero yo mu ntara, muri Amerika no mu bihugu vyo hanze.

GSAM 443Abanyamabanga babishoboye—Maria Huntley

GSAM 443.2Umwami, mu burongozi bwiwe, yarahagurukije abanyamabanga babishoboye, bafashije cane Umukuru Haskell muri ico gikorwa. Mushiki wacu Maria Huntley ni umwe mu bakoranye umutima udasubira inyuma, mbere no mu myaka yakurikiye igihe yababazwa cane n’indwara z’umubiri; yapfuye akiri ku murimo wiwe, ubu hakaba haciye nk’imyaka cumi n’ine. Biciye mu twigoro twiwe ni ho hatanguye kuboneka inzira nyinshi zo gukora mu bihugu vyo hanze zikiriho n’ubu. Abandi banyamabanga barifatanije muri ico gikorwa nyene; kandi uko aho gukorera hagenda haraguka, ni ko vyabaye ngombwa ko haboneka abanyamabanga bakoresha indimi zitandukanye.

GSAM 444Ingaruka ku mashengero yo mu mihingo itandukanye

GSAM 444.1Ariko ikintu gihambaye kuruta ibindi cavuye ku gushinga igikorwa c’ishirahamwe ry’udupapuro tw’ivugabutumwa muri twebwe, ni uko cafashije kuvyura no gukomeza umutima w’ivugabutumwa mu mashengero yatunganijwe mu mihingo itandukanye. Cahaye umuntu wese akaryo ko kugira ico akoze biciye mu kwandikirana amakete no mu gutanga ivyo gusoma, kandi kikamuteramwo umwete uva ku gukora ubwiwe kugira abantu bakizwe.

GSAM 444Intahe yerekeye igikorwa c’udupapuro tw’ivugabutumwa

GSAM 444.2Kugira twerekane uko inyigisho zatanzwe biciye muri Mpwemu w’ubuhanuzi ku vyerekeye igikorwa c’udupapuro tw’ivugabutumwa n’abamisiyonari zari zimeze, turasubiramwo aya majambo yo mu Ntahe inomero 29 na 30:—

GSAM 444.3“Nimba hari igikorwa gihambaye kuruta ikindi, ni ugushikana ivyo dusohora ku bantu, gutyo tukabashikana ku gusesangura Ivyanditswe. Igikorwa c’ivugabutumwa—gushikana ivyo dusohora mu miryango, kuganira na bo, gusenga turi kumwe na bo no kubasengera—ni igikorwa ciza, kandi kizokwigisha abagabo n’abagore gukora igikorwa co kuragira abantu.

GSAM 444.4“Si umuntu wese abereye ico gikorwa. Abafise ingabire n’ubushobozi vyiza kuruta abandi, bazokwitangira ico gikorwa babitahura kandi babikora ku rutonde, bakakibandanya n’inguvu zidacogora, ni bo bakwiye gutorwa. Hakwiye kubaho umugambi watunganijwe neza cane, kandi ukarangurwa ata guhemuka. Amashengero yo mu mihingo yose akwiye kwitwararika cane igikorwa c’udupapuro tw’ivugabutumwa n’abamisiyonari.”

GSAM 444.5“Igikorwa c’udupapuro tw’ivugabutumwa n’abamisiyonari ni igikorwa ciza. Ni igikorwa c’Imana. Ntigikwiye gusuzugurwa mu buryo na bumwe; ariko cama kiri mu kaga ko gukevywa kikava ku ntumbero yaco nyakuri. Harakenewe abamamaji b’ibitabu kugira bakore mu gikorwa c’ivugabutumwa. Abantu batagira indero nziza ntibabereye ico gikorwa. Abagabo n’abagore bazi ingene bafata abandi, bafise imvugo nziza, babona kure kandi bashobora gutandukanya ibintu, bakumva agaciro k’abantu, ni bo bashobora kuroranirwa.”

GSAM 445.1Ibitabu, udutabu n’udupapuro tw’ivugabutumwa bifise agaciro karenga $8,000,000 vyatanzwe n’amashengero yacu hamwe n’abamamaji b’ibitabu mu myaka cumi n’ibiri, biratanga ikimenyamenya gikomeye c’akamaro k’igikorwa c’Ishirahamwe ry’udupapuro tw’ivugabutumwa n’abamisiyonari.

GSAM 445Ubuhanuzi imbere y’ubwenge bw’isi

GSAM 445.2Hari ijambo ry’ubuhanuzi ryatanzwe ryerekeye igikorwa co mu Buraya, ririko riraranguka neza na neza ku buryo bibereye ko turyitaho aha. Abakozi n’abantu bo ngaho baremeza ko igikorwa kitari gushobora gukorwa ngaho, canecane muri Skandinaviya, nk’uko cakorwa muri Amerika. Baratangaye igihe Madamu White yavuga ko igikorwa coshobora gukorwa kigatera imbere neza, kandi ko coshobora no gushigikirwa mu buryo bumwe n’ubwo muri Amerika. Yavuze ko Umwami yari yamweretse ko baramutse bitanze bagatanga icumi, no ku mahera makeyi baronka, Imana yobahaye kuroranirwa kuruta kure ivyo bari biteze. Yarababwiye kandi ko abamamaji b’ibitabu boshobora kugurisha ibitabu muri Skandinaviya abantu babanje kubitumiza, kandi ko vyogenda neza. Abarongora amazu asohora ibitabu muri ivyo bihugu bavuze bati: “Ntibishoboka”; ngo “ntibari bwigere bagurisha ibitabu muri ubwo buryo.” Ivyakurikiye vyerekanye ko ivyo umumarayika w’Umwami yari yamweretse kuri ico kibazo vyaruta kure ubwenge bw’abadandaza ibitabu n’ababisohora bo mw’isi. Igikorwa co kwamamaza ibitabu cararoraniwe ngaho kuva mu ntango yaco. Bamwe mu bitanze kugira bahe igikorwa c’Imana icumi c’ivyo baronka bikeyi barabaye abamamaji b’ibitabu; ubu ntibibeshaho gusa, ariko bararonka uburyo buruta ubwo bari barigeze kuronka, bigatuma bashobora gutanga icumi kinini kuruta.

GSAM 445.3Mu mwaka wa 1895, abamamaji b’ibitabu bagurishije ibitabu bifise agaciro karenga $40,000, mu bikorwa vyari vyacapuwe mu nzu yacu isohora ibitabu i Christiana, muri Norveje. Nimubone muri ivyo ubundi buhanuzi bwarangutse, kandi vyabaye mu gihe abantu bo mu mashengero no hanze yayo bavugira impande zose bashimitse ko bitoshoboka.

GSAM 445.4Ku vyerekeye igikorwa c’amashirahamwe y’udupapuro tw’ivugabutumwa yashinzwe kuva mu mwaka wa 1871 no mu myaka yakurikiye, dushobora kuvuga ata gukekeranya ko abantu bashikanywe ku kuri n’utwigoro tw’abo bakozi bagiye kungana n’abagushikanyweko n’utwigoro abapasitori bagize ubwabo. Biciye muri ubwo buryo, ubutumwa buriko buramamazwa mu mahanga yose no mu ndimi zose zo kw’isi.

GSAM 446Ibisharizo n’igikorwa c’udupapuro tw’ivugabutumwa

GSAM 446.1Mu kwezi kwa Ndamukiza 1873, Ishirahamwe ry’udupapuro tw’ivugabutumwa n’abamisiyonari ryo muri California ryatanze inkuru ishimishije. Yavuga ko ibisharizo vyari vyarahawe iryo shirahamwe gushika ico gihe n’abemeye ukuri muri iyo ntara vyashongeshejwe, birapimwa ngo hamenyekane inzahabu n’ifeza birimwo, hanyuma bigurishwa ku gaciro nyakuri k’izo nzahabu n’ifeza, havamwo $200. Ayo mahera yose yari yashizwe mu kugura udupapuro tw’ivugabutumwa, udutabu n’ibinyamakuru, vyari vyaramaze gutangwa. Iryo shirahamwe ryari rimaze kumenya neza abantu mirongo ibiri bemeye ukuri biciye ku vyo gusoma vyaguzwe ayo mahera yavuye mu bisharizo. Mu bashikanywe ku kumenya ukuri biciye mu gusoma harimwo John I. Tay w’i Oakland, California.

GSAM 446San Francisco, ahantu ho gukorera ivugabutumwa

GSAM 446.2Mu mwaka wa 1875, ishengero ry’i San Francisco ryahawe intahe ihambaye, tukaba tuyigarukako ubu kubera ko yarangutse mu buryo butangaje cane. Kuva mu ntango, iryo shengero ryabwirizwa gukotesha ivyumba vyo gusengeramwo, kandi vyatwara amahera menshi bikanatera ingorane zimwezimwe. Nta makoraniro akurikirana yashobora kuhabera, kuko ivyo vyumba vyakenerwa kenshi ku bindi bikorwa.

GSAM 446.3Ku migoroba yo ku wa 14 no ku wa 20 Ndamukiza 1875, abari imbere mu banyeshengero b’i San Francisco baratumweko kugira bakoranire mu nzu ya Madamu J. L. James, mw’ibarabara rya Gatanu, hafi y’ibarabara rya Market. Ngaho Madamu White yaratwiganiye ivyo yari yeretswe mw’iyerekwa ku vyerekeye uko ibintu vyari vyifashe. Vyari vyerekanye ko San Francisco yokwamye ari ahantu ho gukorera ivugabutumwa, aho igikorwa coshobora kubandanya; kandi ko abantu bobandanije kwemera ukuri mu gihe vyorongowe n’ubwitonzi. Hubatswe inzu yo gusengeramwo, aho abantu botumirwa kandi hagakorerwa igikorwa, hari abantu bokwiyongereye kuri bo, na bo bagafasha kuriha ibikenewe no gukuraho ideni ryobaye ngombwa kugira bategure inzu y’amakoraniro.

GSAM 447.1Madamu White yabandanije avuga ko yari yarabonye yuko igihe yohimirije ishengero ry’i San Francisco kubona akamaro ko kwubaka inzu yo gusengeramwo, kuri iryo shengero rikenye vyobonetse nk’intambwe itewe mu mwiza. Ariko yari yategetswe kubabwira ko batangura gukora bobonye ubuyobozi bw’Imana bubacira inzira imbere yabo, intambwe ku yindi, kandi ko boronse ababafasha mu nzira yose, gushika aho amaherezo ideni ryose ryoba ryamaze kurihwa.

GSAM 447.2Kubera ko nari umwe muri bakeyi bari mu makoraniro amaze kuvugwa, ndashobora kuvuga ko iciyumviro c’uko uwo mugwi w’abantu, hafi bose bakaba bari abakene b’iyi si, wokwitangiye kwubaka inzu y’amakoraniro y’ibirenge 35 x 80, kandi mu gisagara aho ikibanza casa n’igisaba gutanga n’imiburiburi $6,000, vyasa koko n’“intambwe itewe mu mwiza.” Batumwe gutera iyo ntambwe gusa n’icizigiro cuzuye bari bafise ko intahe Madamu White yari yabashikirije yava ku Mwami, kandi ko yoranguwe ata kabuza.

GSAM 447.3Kubera ko nagize uruhara muri uwo mugambi mu buryo bumwe canke ubundi kuva utanguye gushika ubu, ndipfuza kuvuga aha ko iyo ntahe yarangutse mu kantu kose. Igihe twatangura kurondera ibibanza, twarashoboye kuronka ikibanza c’agaciro ka $6,000 tukiguze $4,000. Mushiki wacu umwe yavuze ko yotanze $1,000 aramutse ashoboye kugurisha itongo ryiwe n’inzu yiwe. Ubwo nyene yarabishikirije umuhuza mu vy’amatongo n’amazu, na we amubwira ko igiciro yashizeko cari hasi cane. Mu ndwi zibiri, itongo ryiwe n’inzu yiwe vyari bimaze kugurishwa ku mahera arenga $1,000 ku gaciro yari yabanje kuvyiyumvirako, maze aratanga ivyo yari yasezeranye. Uwundi, mwene Data w’umukene atabona ingene urusengero rwoshoboye kwubakwa, ariko yavuze ati: “Umwami niyavuga ko bikwiye gukorwa, azocira inzira mu buryo kanaka,” yatangajwe no kumenya ko ugusangira itunga ry’incuti yiwe yari yarapfuye kwari kwarangiye, maze akaragwa $20,000. Yatanze $1,000 ku nyubakwa, yongera agura ica gatatu c’ikibanza c’ishengero kugira ahubake inzu yiwe, gutyo afasha iryo shengero mu buryo bubiri.

GSAM 448Imfashanyo ihambaye i San Francisco

GSAM 448.1Gutyo twoshobora kuvuga amaturo menshi n’imfashanyo umugwi ujejwe kwubaka waronse uko wabandanya kwubaka iyo nzu. Birahagije kuvuga ko urwo rusengero, hamwe n’ikibanza, vyatwaye hafi $14,000, kandi amaturo yari amaze kuriha ibirenga igice c’ayo mahera imbere y’uko inzu irangira. Ibarabara rya Laguna, aho iyo nzu yubatswe, ryari mu gice c’igisagara caburamwo amazu yo kwigishirizamwo; kubera ivyo, abajejwe amashure baje gukotesha ivyumba vyo hasi kugira bashiremwo ishure, imbere y’uko inzu isakarwa. Amahera y’icumbi y’amadolari mirongo irindwi n’atanu ku kwezi, bamaze hafi imyaka ibiri baronka, yararishe inyungu z’ideni n’ibikenerwa mu bikorwa vya misi yose, bituma ishengero rishobora gukoresha ivyo ryegeranije mu kuriha ideni ryari risigaye.

GSAM 448Ivuriro rikoresha amazi mu kuvura

GSAM 448.2Ubu hasigaye agace gatoyi k’ideni ryafashwe ico gihe; kandi mu nzu yo hasi y’urusengero hari ivuriro rikoresha amazi mu kuvura, rifise ibikoresho vyose bikenewe, ata ngorane z’amahera rifise, kandi rifise agaciro karuta cane ideni risigaye, irizoba ryaheze vuba.

GSAM 448.3Igice c’iyo ntahe cerekeye abantu bemera ukuri carangutse mu buryo butangaje cane. Abantu baharurwa mu majana, si mu mirongo gusa, bararonse umuco w’ukuri muri ico gisagara, kandi ubu basanzariye mu mihingo itandukanye y’isi. Igihe cose ngendeye San Francisco, mbona abantu kuva kuri babiri gushika kuri cumi bemeye ukuri kuva igihe mperukira gukoranira hamwe na bo; kandi iherezo ntiriragera.

GSAM 449Urupfu rw’Umukuru White

GSAM 449.1Nko mu mwaka wa 1880, Madamu White yahawe inyigisho biciye muri Mpwemu w’ubuhanuzi zo kubwira umugabo wiwe, Umukuru James White, ko akwiye kureka vyinshi mu vyo yari yitwararitse no mu mabanga yari yikoreye, akabishikiriza abandi bakiri bato kumurusha, maze we “akitegurira ihinduka ryiwe rya nyuma”—bisobanura ko urugendo rwiwe rwo kw’isi rwari hafi kurangira. Yatanguye kwumvira izo nyigisho, kandi nta mwanya yari agifise wo guta, kuko mu mwaka wa 1881 ibikorwa vyiwe vyarangiye, maze asinzira muri Yesu. Ku wa 31 Mukakaro yafashwe n’umururumbo wa malariya. Ku wa 3 Myandagaro yakuwe i muhira ajanwa mu kigo co kuvurirwamwo c’i Battle Creek, aho yitwararitswe akongera agahabwa ubuvuzi bwose bwashoboka, ariko ntivyagira ico bimufasha. Yabandanije kuremba. Kuva indwara igitangura yari afise umutima umubwira ko “ihinduka ryiwe rya nyuma” ryari rishitse.

GSAM 449Ivyo Umukuru Smith yavuze

GSAM 449.2Mu kuvuga ivy’ico kintu, Umukuru Uriah Smith avuga ati: “Ingene yapfuye vyari bigoye ko birushiriza kuba vyiza. Igihe cose yari agitahura mu misi itatu ya nyuma y’indwara yiwe, yashingira intahe ko ata bubabare yari afise. Abagenzi benshi b’inziraburyarya, barira, bari bahagaze mu nzu no mu micungararo yayo, mu gihe ubuzima bwiwe bwagenda burahera bukebuke kuri uwo muhingamo mwiza w’Isabato. Yapfuye nk’uwusinziriye mw’itiro ritekanye; kandi vyose bimaze kurangira, amahoro aryoshe yasa n’ayagumye mu maso hiwe hose. Vyari nk’aho iri sengesho ryari ryishuwe:

GSAM 449.3“‘Mpa kano kanya ko gusinzira, Imbere y’uko umpa umunezero wawe utagira itiro; Mpa umusi wo kuruhuka kw’isi, Imbere y’igikorwa co mw’ijuru.’”

GSAM 449.4Igihe yapfa yari afise imyaka mirongo itandatu n’imisi ibiri. Icubahiro bamufitiye i Battle Creek caragaragariye ku bantu batari munsi y’ibihumbi bibiri n’amajana atanu bari ku maziko yiwe ku wa 13 Myandagaro. Yaherekejwe gushika aharuhukiro hiwe ha nyuma mu mva za Oak Hill n’umurongo w’imikogote mirongo icenda n’itanu hamwe n’isinzi ry’abantu bagenda n’amaguru.

GSAM 450.1Mu ntahe nyinshi zatanzwe amaze gupfa, zigatangazwa mu kinyamakuru Isuzuma n’Intumwa, turasubiramwo iyi yanditswe n’Umukuru S. N. Haskell:—

GSAM 450.2“Iyo niyumviriye ingene yaca imanza ziroranye hafi mu ngorane zose zihutirwa, ubwitonzi bw’umutima wiwe n’ingeso nziza z’umutima yagaragariza abari bazimiye, mbere n’abari baramugiriye nabi, igihe cose yababona ibimenyetso vy’ukwihana, hamwe n’urukundo yakunda ivyo yemera ko bigororotse, ndashobora kuvuga koko nti: Umuvyeyi wo muri Isirayeli arapfuye. Kandi igihe aruhutse, igikorwa c’Imana hamwe n’abantu benshi bazokwumva ko babuze ubushobozi bwiwe bwo kubona kure n’ukwitwararika kwiwe kwa kivyeyi.”

GSAM 450.3Igihe yapfa, abansi bacu bavuze ko ubutumwa noneho bwategerezwa guhagarara. Ariko si ko vyagenze; vya bigo yari yarashinze ayobowe n’ukuboko kw’Imana vyari bigiye gukura bikarushiriza kwaguka, bikamera nk’“ibiti vyatewe n’Umwami,” bikavamwo amashami menshi yama ivyamwa.

GSAM 450Ishingwa ry’amategeko y’idini ryarahanuwe

GSAM 450.4Haraciye imyaka mirongo itanu n’umunani abatanga ubutumwa bw’umumarayika wa gatatu bavuze ko igihe coje, nk’uko ubuhanuzi bwo mu Vyahishuriwe Yohana 13 bubivuga, aho abantu bototejwe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika n’ahandi kubera kwitondera amabwirizwa y’Imana. Mu gitabu canditswe na Madamu White citwa Inyandiko za Mbere, dusoma aya majambo yerekeye iyo nyigisho:—

GSAM 450.5“Umumarayika yavuze ati: ‘Nimurabe!’ Maze amaso yanje yerekejwe ku babi, ari bo batizera. Bose bari bahagurutse. Umwete n’ububasha vyari mu bantu b’Imana vyari vyabavyukije bikabatera uburake. Hose hari umuvurungano, umuvurungano. Nabonye ingingo zifatwa zo kurwanya umugwi wari ufise umuco n’ububasha bw’Imana. Umwiza warushirije kuba mwinshi ubakikuje; yamara bagumye bashikamye, bemerwa n’Imana kandi bayizigira. Nabonye ko babuze uko bagira; hanyuma numva batakambira Imana bashimitse. Ku murango no mw’ijoro ugutaka kwabo ntikwahagarara: ‘Ivyo ugomba, ewe Mana, nibikorwe! Nimba bishobora guhesha izina ryawe icubahiro, nugirire abantu bawe inzira yo gukira! Dukize abapagani badukikije. Badushingiye gupfa; ariko ukuboko kwawe kurashobora kuzana agakiza.’”2

GSAM 451.1“Maze mbona abakuru bo kw’isi baja inama hamwe, na Satani n’abamarayika biwe bariko barakorera iruhande yabo. Nabonye urwandiko, impapuro zarwo zari zasanzajwe mu mihingo itandukanye y’igihugu, rutanga itegeko ry’uko abera nibatemera kureka ukwizera kwabo kubatandukanya n’abandi, ngo bahebe Isabato kandi bubahirize umusi wa mbere w’indwi, abantu bari bemerewe kubica haciye igihe kanaka.”3

GSAM 451Ihamwa muri Amerika

GSAM 451.2Abaturwanya bavuze ko ihamwa ritazokwigera riba muri iki gihugu, kuko Itegeko Nshingiro rya Leta Zunze Ubumwe za Amerika rivuga riti: “Inama Nshingamateka ntizoshiraho itegeko ryemeza idini rya Leta, canke ribuza abantu gukurikiza idini ryabo ata nkomanzi.” Vyongeye, “Itangazo ry’Uburenganzira” ryo muri Leta zirenga ica kabiri ca Leta zose ribuza gushinga amategeko yerekeye idini. Naho bavuze ivyo, abantu bacu babandanije kwamamaza ubutumwa bwo kuburira no kwerekana ukwitegura gukenewe kugira ngo bahangane n’iyo ntambara.

GSAM 451.3Mu 1863 harashinzwe ishirahamwe ryari rifise intumbero yo guhindura Itegeko Nshingiro rya Leta Zunze Ubumwe za Amerika n’amategeko y’igihugu, kugira ngo bikoreshwe mu guhatira abantu gukurikiza idini. Ivyo vyiyumviro vyaronse abavyemera ningoga cane, kandi ingingo yo guhatira abantu gukora ibigororotse, canecane ku bijanye no kwitondera umusi wa mbere w’indwi, irakwiragira, ku buryo ihamwa rikomeye ryamaze gutangura muri Leta nyinshi. Ivyo vyabaye no muri za Leta zifise amategeko yerekeye umusi wa mbere w’indwi ategekanya kurinda abitondera uwundi musi babitumwe n’ijwi ryo mu mutima; abantu barapfunzwe kubera batitondeye umusi wa mbere w’indwi.

GSAM 452Ugufatwa Incuro Ijana na Cumi na Zitandatu

GSAM 452.1Imbere yanje hari urutonde rw’incuro ijana na cumi na zitandatu Abadiventiste b’umusi w’indwi bafashwe muri Amerika, kuva mu mwaka wa 1878 gushika muri Ntwarante 1896. Muri izo, ijana n’icenda zashikanye ku gutsindwa n’urubanza. Benshi muri abo bapfunzwe kuva ku misi mirongo ibiri gushika kuri mirongo itandatu, kandi abashika kuri cumi na babiri bahatiwe gukorana mu “mugwi w’imbohe ziboheshejwe iminyororo” n’abicanyi, ibisuma n’izindi nkozi z’ikibi ruharwa. Muri izo manza zose, ababacira imanza baremera ko bari mu banyagihugu b’intungane kuruta abandi.

GSAM 452Ishirahamwe ry’Umwidegemvyo mu vy’Idini

GSAM 452.2Ku wa 21 Mukakaro 1889, i Battle Creek, Michigan, harashinzwe ishirahamwe ryitwa Ishirahamwe ry’Igihugu ry’Umwidegemvyo mu vy’Idini. Intumbero yaryo yari iyo kurwanya amategeko yerekeye idini, kumenyesha abantu benshi imigenderanire nyakuri iri hagati y’idini n’intwaro ya Leta, no gufasha abahamwa kubera ijwi ryo mu mutima. Iryo shirahamwe ryarakoze igikorwa kinini co gukwiragiza ivyanditswe no kumurikira abantu ku bijanye n’inshingano n’ingeramizi z’ico gihe mu gihugu cacu. Mu vy’ukuri, ryarakoze igikorwa gikomeye co gukwiragiza imburi ziri mu butumwa bwo mu Vyahishuriwe Yohana 14:9-12.

GSAM 452Imfashanyo y’Ibinyamakuru Bitari ivy’Idini

GSAM 452.3Ihamwa ryari ririko rikorerwa Abadiventiste b’umusi w’indwi ico gihe ryaravuzwe mu vyiyumviro vy’abanditsi b’ibinyamakuru nka New York Sun, New York World, Chicago Inter Ocean, n’ibindi. Harasohotse ibiganiro bivuga ata bwoba ingene umunyagihugu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika yarenganijwe kubera yumviye ijwi ryo mu mutima wiwe, akitondera wa musi nyene wagenywe mw’ibwirizwa. Biciye muri ivyo biganiro vyo mu binyamakuru, ico kibazo carashikirijwe abasomyi amamiliyoni. Mu kwezi kumwe, abantu bamenyeshejwe ukuri nyamukuru kw’ubutumwa bw’umumarayika wa gatatu bararuse abo twari twarashoboye gushikira mu myaka irenga mirongo ibiri.

GSAM 453Uburake bw’Abantu Butuma Uhoraho Ashimwa

GSAM 453.1Gutyo rero turabona ko utwigoro abantu bagize two guhagarika igikorwa c’Imana no kuronka amategeko ashigikira Isabato ihiganwa n’iyategetswe mw’ibwirizwa rya kane, twafashije kwugurura inzira kugira ngo ukuri gutere imbere ningoga kuruta.

GSAM 453.2Iyo tuzirikanye ku vyakozwe mu mezi makeyi biciye muri izo nzira, ivyanditswe bibiri bica bitugaruka mu bwenge n’inkomezi nyinshi. Kimwe kivuga kiti: “Nta co dushobora gukora turwanya ukuri, ariko dushobora gukora ibishigikira ukuri;”4 Ikindi na co kiti: “Ni ukuri, uburake bw’abantu buzotuma ushimwa; uburake buzoba busigaye uzobuzibira.”5

GSAM 453Ubuhanuzi ku Mategeko Yerekeye Umusi wa Mbere w’Indwi

GSAM 453.3Mu Ntahe inomero 32, yacapuwe mu 1885, harimwo amajambo avuga ingene amategeko yerekeye umusi wa mbere w’indwi yoshizweho muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Avuga ati: “Kugira ngo abashingamateka bakundwe kandi bashigikirwe, bazokwemerera abasaba itegeko ry’umusi wa mbere w’indwi.”6 Reka twihweze gatoyi ingene ivyo vyamaze gushika.

GSAM 453Amategeko Yerekeye Imurikagurisha Mpuzamakungu

GSAM 453.4Mu 1892, Inama Nshingamateka yarasabwe kubuza ko Imurikagurisha Mpuzamakungu, ryari kubera i Chicago, Illinois, kuva muri Rusama gushika muri Gitugutu muri uwo mwaka, ryugururwa ku musi wa mbere w’indwi. Iryo tegeko ryaremejwe ku wa 19 Mukakaro 1892, kubera uguhatirwa nk’uko nyene vyari vyaravuzwe muri ubwo buhanuzi. Kandi twibuke ko ari bwo bwa mbere Inama Nshingamateka ya Leta Zunze Ubumwe zo muri Amerika ya Ruguru yashinga itegeko ku kibazo c’Isabato.

GSAM 453.5Amashengero yararungitse intonde ndende cane z’amazina, inzandiko zo gusaba n’ubutumwa bwa telegarafe. Ntiyasavye Inama Nshingamateka gusa, ariko kandi yamenyesheje abashingamateka n’ubugwaneza (?) ati: “Muri uru rwandiko turiyemeje kandi dusezeraniye ko, kuva ubu, tuzokwanka gutora canke gushigikira ku gikorwa ico ari co cose canke ku kibanza c’icizigiro uwo wese ari mu Nama Nshingamateka, yaba umusenateri canke uwuserukira abanyagihugu, azotora ashigikira iyindi mfashanyo iyo ari yo yose ihabwa Imurikagurisha Mpuzamakungu, kiretse hisunzwe ibisabwa biri muri izi ngingo.” Ico basaba cari uko iryo murikagurisha ryokwugarwa ku musi wa mbere w’indwi.

GSAM 454Ivyavugiwe mu Nama Nshingamateka, 1892

GSAM 454.1Nk’akarorero k’ivyavugiwe mu Nama Nshingamateka igihe iyo nteguro y’itegeko yemezwa, soma ibi bikurikira:

GSAM 454.1“Nokwipfuza kubona uko kwiyamiriza kwanditswe neza ku rupapuro, kugashikirizwa n’Inama Nshingamateka ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Nimukwandike. Mwokwandika gute? ... Nimubishire mu majambo nimwaba mubitinyuka; nimubishigikire nimwaba mubitinyuka; ni bangahe bobitora bokwigera bagaruka hano? Nizigiye ko ata n’umwe. Murishira mu kaga mu kubirwanya.”

GSAM 454Ukwiratira kw’Ishengero

GSAM 454.2Abasavye Inama Nshingamateka kwemeza iyo nteguro y’itegeko bakabishikako babonye ko ari intsinzi ikomeye mu mugambi wabo wo gushinga amategeko yerekeye idini. Ivyo biragaragarira mu vyo umwe muri abo bapasitori bakomeye yavuze mu nsiguro yatanze i Pittsburg, Pennsylvania, inyuma gato y’ivyo bintu, ati:—

GSAM 454.3“Ko ishengero rifise ijambo rikomeye mu nzego nkuru za politike canke z’ubutegetsi vyaragaragaye neza cane muri ca kibazo ca vuba c’Imurikagurisha Mpuzamakungu. Inama Nkenguzamateka ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ari rwo rwego rwo hejuru mu gihugu, yarumviye ijwi ry’idini, yemeza integuro y’itegeko ryo gutanga $5,000,000 ku bw’Imurikagurisha Mpuzamakungu, irimwo icangombwa cashizweho n’ishengero c’uko amarembo y’iryo murikagurisha rikomeye atokwugururwa ku musi wa mbere w’indwi. Ico kintu ciza gihambaye gituma umukristo yiyumvira ko nimba ivyo bishobora gukorwa, n’izindi ngingo zikenewe nk’izo zishobora gufatwa. Ishengero ribandanya kuronka ububasha, kandi ijwi ryaryo rizokwumvikana kenshi cane muri kazoza kuruta muri kahise.”

GSAM 454.3Gutyo turabona ingene iyo ntahe yatanzwe mu 1885 yarangutse kandi ikibandanya kuranguka.

GSAM 455Ubumwe bw’Abagatolika n’Abaporotisanti

GSAM 455.1Ku bijanye n’ivyo, turaza kuvuga ubundi buhanuzi bwatanzwe mu 1885, na bwo nyene buri mu Ntahe inomero 32:—

GSAM 455.2“Ubuporotisanti ni bwaramvura ukuboko kwabwo bukajabuka ikinogo kugira ngo bufate ukuboko kw’ubutegetsi bwa Roma; ni bwajabuka icobo kirekire kugira ngo bufatane ibiganza n’abemera kuvugana n’imizimu; igihugu cacu, gishizweko akosho n’ubwo bumwe bw’izo mpande zitatu, ni catera umugongo ingingo yose y’Itegeko Nshingiro ryaco ry’intwaro y’ubuporotisanti na repubulika, kigashiraho uburyo bwo gukwiragiza ibinyoma n’ubuzimire vya papa, ni ho tuzomenya ko igihe gishitse c’uko Satani akora ibitangaza, be n’uko iherezo riri hafi.”7

GSAM 455.3Kugira ngo twerekane ingene igice ca mbere c’ubwo buhanuzi kiriko kiraranguka, dukwiye gusa kwerekana ibiriko biraba iruhande yacu. Raba Abaporotisanti, abapasitori n’abakristo basanzwe, barondera gushimwa n’Abagatolika, bakabatumira kuza mu makoraniro yabo, n’ibindi. Twibuke ko mu 1885, igihe iyo ntahe yatangwa, ata kimenyetso na kimwe hafi c’ivyo tubona ubu muri ivyo cari bwibonekeze.

GSAM 455.4Kugira ngo nerekane ingene Abaporotisanti barondera ukuboko n’imfashanyo vy’abayoboke ba papa, nsubiramwo ivyanditswe mu kinyamakuru Star co muri Kansas City (Missouri) co ku wa 18 Ntwarante 1896.

GSAM 455Abametodisiti n’Umusi wa Mutagatifu Patrick

GSAM 455.5Ku musi wa Mutagatifu Patrick, ku wa 17 Ntwarante 1896, Dogiteri Mitchell, umupasitori w’ishengero ry’Abametodisiti rikomeye kuruta ayandi i Kansas City, yarashikirije ijambo mu nyubakwa y’ibikino n’indirimbo ya Coates i Kansas City, Missouri. Ikinyamakuru Star kivuga ko igice c’iryo jambo cari “agace gatoya gasa n’ikinamico.” Dogiteri Mitchell yarakomerewe amashi menshi igihe yavuga ati:—

GSAM 455.6“Ukutihanganira abandi mu vy’idini ni umwana w’ukutamenya. Ntitwihanganira abandi kuko tutazi neza ababanyi bacu. Twebwe Abaporotisanti twigishijwe kwemera ibintu bibi bitovugwa ku Bagatolika. Abagatolika na bo bigishijwe kwemera ibintu bibi bitovugwa ku Baporotisanti. Ubu turatahura ko twiyumvirana nabi iyo twegeranye bihagije kugira ngo turabane mu maso twongere dufatane ibiganza; iyaba twarushiriza kumenyana, tworushiriza gukundana. Twagumye twitandukanije turanebagurana. Mbega ibimaramare ku bayoboke ba Kristo ahezagiwe! Abakristo bose bacungujwe amaraso amwe y’igiciro; dushigikiwe n’ubuntu bumwe bw’Imana, kandi twiteze gushika mw’ijuru rimwe. Yemwe bene Data, vyoba vyiza dutanguye kumenyana hano kw’isi.”

GSAM 456.1Ikinyamakuru Star kibandanya kiti:—

GSAM 456.2“Dogiteri Mitchell yaciye ahindukira araba Patiri Dalton [umupatiri w’Umugatolika] yari yicaye inyuma yiwe, aramvura ukuboko, avuga ati: ‘Ng’uku ukuboko kwanje, Mwene Data Dalton.’ Patiri Dalton arahaguruka afata ukwo kuboko kwari kuramvuye. Igihe Dogiteri Mitchell yariko aramuramukanya, yavuze ati: ‘Vyoba ari ibimaramare bikomeye cane hamwe, tumaze kuba igihe kirekire gutyo mu gisagara kimwe hano kw’isi, vyosaba ko umumarayika ari we atumenyekanisha umwe ku wundi mw’ijuru. Reka tumenyane hano kw’isi.’ Abari aho barakomye amashi, hanyuma Patiri Dalton amaze kwicara, Dogiteri Mitchell abandanya ijambo ryiwe.”

GSAM 456Ikintu Gihambaye kandi ca Simusiga

GSAM 456.3Dusubiramwo ivyanditswe mu bundi butumwa bwandikiwe i Melbourne, muri Australiya, ku wa 18 Ruhuhuma 1892:

GSAM 456.3“Nerekwa ijuru ryose ririko ririhweza ingene ibintu bigenda biraba. Mu ntambara ikomeye kandi imaze igihe kirekire yerekeye ubutegetsi bw’Imana kw’isi, hagiye kugaragara igihe c’ingorane zikomeye. Hari ikintu gihambaye kandi ca simusiga kizoba, kandi kizoba vuba cane.”

GSAM 456“Igihugu c’Abakristo” c’Umucamanza Brewer

GSAM 456.4Haciye imisi cumi n’umwe urwo rwandiko rwanditswe, kandi rutarashika muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, hari ikintu cabaye Abaporotisanti n’Abagatolika bose bavuga ko cerekanye mu buryo ntabanduka iyo ico gihugu cogana. Ndavuga ingingo ya Sentare Nkuru ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika ivuga iti: “Iki ni igihugu c’abakristo,” yashikirijwe ku wa 29 Ruhuhuma n’Umukuru w’Abacamanza Brewer. Nk’uko vyamaze kwerekanwa, ku wa 19 Mukakaro muri uwo mwaka nyene, integuro y’itegeko ryo kwugara Imurikagurisha Mpuzamakungu ku musi wa mbere w’indwi yaremejwe. Abapasitori basavye bashimitse cane ko yemezwa, bashingira ugusaba kwabo kuri iki: kubera ko Sentare Nkuru yari yatangaje ko iki ari igihugu c’abakristo, vyari ibisanzwe ko Isabato y’abakristo ikingirwa uguhumanywa. N’umugambwe w’Ivugurura ry’Igihugu wiyumvira gutyo. Kubera ko iki ari igihugu c’abakristo, gikwiye kwemera Imana n’amategeko yayo nk’umushinge w’intwaro, n’ibindi. Mu vy’ukuri, hari ikintu gihambaye kandi ca simusiga cabaye muri iyi ntambara yo mu misi y’iherezo, “kandi cabaye vuba cane.”

GSAM 457Abahanuzi ba Kera

GSAM 457.1Mu mayerekwa yahawe abasavyi b’Imana, ari bo bahanuzi, bisa n’uko hari ubwoko bubiri: bumwe bwitwa “amayerekwa yeruye,” ni ukuvuga ayatangwa aho uwo muntu yashobora kubonwa n’abandi ari mw’iyerekwa; ubundi na bwo bwitwa “amayerekwa yo mw’ijoro.” Ubwo bwa mbere buravugwa muri 1 Samweli 3:1, aho dusanga ivyashikiye umwana Samweli muri aya majambo: “Ijambo ry’Uhoraho ryari imbonekarimwe muri iyo misi; nta yerekwa ryeruye ryariho.”

GSAM 457Amayerekwa Yeruye

GSAM 457.2Ryari iyerekwa nk’iryo, ari ryo yerekwa ryeruye, igihe ukuboko kw’Uhoraho kwari ku muhanuzi Ezekiyeli. Abashingantahe b’Abayuda bari bicaye imbere yiwe baramubona ari mw’iyerekwa ryeruye.8 Ikindi gihe, umuhanuzi Daniyeli yafashwe n’iyerekwa ari hagati y’abatware b’Abakaludaya. Iyo bagumayo, bari gushobora kumubona ari mw’iyerekwa, ariko “bafashwe n’uguhinda agashitsi gukomeye, ku buryo bahunze baja kwinyegeza.”9

GSAM 457Amayerekwa ya Madamu White yo mw’Ijoro

GSAM 457.3Amayerekwa ya mbere ya Madamu White yose yari amayerekwa yeruye. Kuva mu 1884, uburyo amayerekwa yatangwamwo bwarahindutse kuri iyo ngingo, kuko ubu ari ayo Ivyanditswe vyita “amayerekwa yo mw’ijoro.” Si indoto gusa, ahubwo wa mumarayika nyene akayangana aramubonekera, akamuha inyigisho, nk’uko yabigira mu myaka ya mbere mu mayerekwa yeruye. Uburorero bwinshi bw’“amayerekwa yo mw’ijoro” buranditswe muri Bibiliya, nk’uko umuntu abibona bitagoranye asomye Itanguriro 46:2; Daniyeli 2:19; 7:13; Ivyakozwe n’Intumwa 16:9; 18:9; 23:11; 27:23-25.

GSAM 458.1Muri ayo mayerekwa ya Madamu White yo mw’ijoro, haratanzwe ubuhanuzi bwinshi buhambaye bwagiye buraranguka ata gahaze, nk’uko twamaze kubibona. Ubu ngiye kuvuga amwamwe mu mayerekwa yo mu myaka yakurikiye.

GSAM 458Kwimukira i Washington

GSAM 458.2Mu 1893, Madamu White yavuze ati:

GSAM 458.2“Ubu ibikorwa vyinshi cane biriko birundanywa i Battle Creek. Ivyo bikorwa bigabanijwe bigashirwa mu bindi bisagara, aho umuco n’ubumenyi vyohesha umuhezagiro ahandi hantu, vyoba bihuye n’urutonde rw’Imana. Uhoraho ntashaka Yerusalemu ya kabiri i Battle Creek. Nimba ubugombe bw’Imana bukozwe, hazokenerwa amavugurura n’amahinduka akomeye, hamwe no kwimurira ahandi ibikoresho n’ibigo.”

GSAM 458.3Mu Nama Nkuru y’Abadiventiste b’Umusi w’Indwi yabereye i Oakland, California, muri Ntwarante 1903, yavuze ati:

GSAM 458.3“Haraheze imyaka abantu bacu bahabwa iyi mburi: Nimuve i Battle Creek. Ariko kubera ibikorwa vyinshi vyari vyarashinzwe aho, kugumayo vyaraborohera, kandi abantu ntibabona igituma bokwimuka.”

GSAM 458.4“Mu kwishura ikibazo cabajijwe ku bijanye no kwimukira ahandi, ndishura nti: Egome. Ibiro vy’Inama Nkuru y’Abadiventiste b’Umusi w’Indwi n’igikorwa co gusohora ibitabu nibimurwe bive i Battle Creek. Sinzi aho aho hantu hazoba, ko hazoba ku nkengera y’Ibahari Atlantike canke ahandi. Ariko ndavuga ibi: Ntimukigere mushira ibuye canke itafari i Battle Creek kugira ngo mwongere kwubaka ibiro vya Review ngaho. Imana irabifitiye ahantu heza kuruta.”

GSAM 458.5Iryo koraniro ry’abizera rimaze kwumva iyo nyigisho, ryatoye ingingo y’uko “ibiro vy’Inama Nkuru y’Abadiventiste b’Umusi w’Indwi vyimurirwa ahandi ku nkengera y’Ibahari Atlantike, bikava i Battle Creek, Michigan.”

GSAM 459.1Mu nama y’abarongozi b’Inama Nkuru y’Abadiventiste b’Umusi w’Indwi yabereye i Battle Creek inyuma y’ikoraniro ry’Inama Nkuru y’Abadiventiste b’Umusi w’Indwi, hatowe ingingo ivuga iti: “Turashigikiye ko icicaro c’ibiro vy’Inama Nkuru y’Abadiventiste b’Umusi w’Indwi gishingwa hafi y’igisagara ca New York.” Ni ko gutora komite nini kugira ngo irondere ahantu habereye. Iyo komite yaramenyesheje Madamu White umugambi wayo, imubaza ko yoba afise uwundi muco wo kubaha. Yishuye ati:—

GSAM 459.2“Uhoraho adufashe gutera intambwe dutahura kandi dusenga. Ndazi neza ko agomba ko tumenya, kandi vuba cane, aho dukwiye gushinga inzu isohora ibitabu yacu. Ndemera ntakekeranya ko inzira imwe gusa itekanye dufise ari ukwama twiteguriye kugenda igihe igicu kigenda. Dusenge kugira ngo atuyobore. Biciye mu kuntu atwitwararika, yarerekanye ko ashaka ko tuva i Battle Creek....

GSAM 459.3“Igikorwa gikeneye gukorwa i New York, ariko sinshobora kuvuga ko inzu isohora ibitabu yacu ikwiye gushingwa ngaho. Sinovuga ko umuco nahawe utomoye bihagije kugira ngo nshigikire ukwo kwimuka.”

GSAM 459.4Komite yamaze hafi indwi zibiri irondera mu gisagara ca New York no mu bisagara bigikikuje, ariko ntiyashoboye kuronka ahantu habereye inzu isohora ibitabu. Ico gihe hashitse ikete ryanditswe ku wa 30 Rusama, muri ryo Madamu White avuga ati:—

GSAM 459.5“Igihe bene Data barondera aho boshira inzu isohora ibitabu ya Review and Herald, bakwiye kurondera Uhoraho bashimitse. Bakwiye gutera intambwe biyubara cane, bari maso kandi basenga, bama bibuka intege nke zabo. Ntitukwiye kwishimikiza uguca imanza kw’abantu. Dukwiye kurondera ubwenge Imana itanga....

GSAM 459.6“Ku bijanye no gushinga ico kigo i New York, ntegerezwa kuvuga nti: Nimwiyubare. Sinshigikiye ko kiba hafi ya New York. Ubu sinshobora gutanga imvo zanje zose, ariko ndazi neza ko ahantu hose hari ku ntera itarenga mayiro mirongo itatu uvuye muri ico gisagara hoba ari hafi cane. Nimwihweze ibikikuje ahandi hantu. Ndazi neza ko ivyiza biri i Washington, D.C., bikwiye kwihwezwa neza.

GSAM 460.1“Ntitukwiye gushinga ico kigo mu gisagara canke mu micungararo yaco. Gikwiye gushingwa mu gihugu hagati, aho gishobora gukikuzwa n’amatongo.”

GSAM 460Ubuhanuzi bw’Ukugurishwa ku Giciro Ciza

GSAM 460.2Komite imaze kuronka ayo makuru, yatanguye kurondera hafi ya Washington isenga, maze hashika ikete rya gatatu ririmwo iyi nyigisho:

GSAM 460.2“Twarasenze dusaba umuco ku bijanye n’aho twoshira igikorwa cacu mu Buseruko, kandi umuco waradushikiye mu buryo butomoye cane. Narahawe umuco udakekeranywa w’uko tuzoshikirizwa ahantu ho kugura, hakoreshejwe amahera menshi n’abantu bari bafise ayo gukoresha batitangiriye. Bene izo ngoro barapfa, canke bagahindukirira ikindi kintu, maze amatungo yabo agashirwa ku giciro gito cane ngo agurishwe....

GSAM 460.3“Nisunze umuco nahawe, ndazi ko muri iki gihe icicaro ca Review and Herald gikwiye kuba hafi ya Washington.”

GSAM 460Ahantu Hari Haravuzwe mu Buhanuzi Harabonetse

GSAM 460.4Komite imaze kuronka ubwo butumwa, yatanguye kurondera ikibanza mu Ntara ya Columbia, ariko nta tongo ryashoboye kuboneka rigurwa amadolari ari munsi y’igihumbi kuri buri ekari. Amaherezo berekewe ahitwa Takoma Park. Iyi ni yo raporo ya komite:—

GSAM 460.5“Twararonse itongo ry’ekari nka mirongo itanu, inyuma gato y’imbibe z’Intara, ariko mu mbibe z’igisagara ca Takoma Park. Twashobora kurigura amadolari ibihumbi bitandatu, ni ukuvuga amadolari ijana na mirongo ibiri kuri buri ekari. Twarihweje aho hantu twitonze. Twamenye ko hari haciye imyaka mike umuganga w’i Boston ahatoye ngo ahashinge ikigo co kuvura no kuruhukiramwo. Bavuga ko yakoresheje amadolari nk’ibihumbi mirongo itandatu mu kuhagura no mu kuharandura ibisaka vyose, kuvanaho ibishitsi vy’ibiti n’imyanda. Ingorane z’amahera zaramubujije gushitsa imigambi yiwe, maze iryo tongo ryegukira umugabo yari yararigwatirijwe, rimutwara amadolari ibihumbi cumi na bitanu.

GSAM 461.1“Abanyagihugu ba Takoma Park, baserukiwe n’umukuru w’igisagara hamwe na bamwe mu bantu bahambaye, baraduhaye ikaze n’igishika cinshi aho hantu, batwizeza ko bazofatanya natwe nk’abagenzi mu gushitsa imigambi yacu.

GSAM 461.2“Mu ngendo zacu zose no mu kurondera kwacu, nta handi hantu twaronse huye rwose n’ivyadondowe mu ntahe nk’aha. Turizera ko ukwama Imana itwitwararika kwatuyoboye aho ishaka ko tuba.”

GSAM 461.3Turavye intahe nyinshi zarangutse zerekanywe muri iki gice no mu bice vyabanje, reka “twizere Uhoraho Imana yacu, maze dushikame; twizere umuhanuzi wiwe, maze tumererwe neza,” kugira ngo twitegurire ibizoba bikiri imbere, ntibizodushikire tutabizi.

Notes

  1. 2 Ngoma 20:20. ↩
  2. Inyandiko za Mbere, urup. 272. ↩
  3. Muri ico gitabu nyene, 282-283. ↩
  4. 2 Abakorinto 13:8. ↩
  5. Zaburi 76:10. ↩
  6. Intahe z’Ishengero, igitabu ca 5, urupapuro rwa 451. ↩
  7. Intahe z’Ishengero, igitabu ca 5, urupapuro rwa 451. ↩
  8. Ezekiyeli 8:1. ↩
  9. Daniyeli 10:7. ↩

Note

Back