Igice ca 20 — Amaturo mu Gikorwa ca Mbere
GSAM 311.1“Nimunkoranirize abera banje, abo twasezeranye isezerano biciye ku kimazi. Amajuru azotangaza ukugororoka kwiwe, kuko Imana ubwayo ari yo mucamanza.”1
GSAM 311.2Mu kinyamakuru Isuzuma n’Intumwa co ku wa 3 Ruheshi 1902, dusoma ngo:
GSAM 311.2“Abinjira mu gikorwa muri iki gihe bazi bike ku kwiyanka no ku kwitanga vyaranze abo Umwami yikoreje umutwaro w’igikorwa ciwe mu ntango yaco. Bakwiye kwama babwirwa kenshi ivyabaye kera, kuko bategerezwa kubandanya igikorwa bafise ukwicisha bugufi n’ukwitanga nk’ivyaranze abakozi b’ukuri bo mu bihe vyahise.”
GSAM 311.3Vyongeye, mu gitabu Intahe z’Ishengero, umuzingo wa 7, dusangamwo aya majambo:
GSAM 311.3“Turegereje iherezo ry’akahise k’iyi si, kandi imirimo itandukanye y’Imana ikwiye kubandanya hakoreshejwe ukwitanga kuruta cane ukwamaze kugaragazwa.”2
GSAM 311.4Ivyerekeye uko Umukuru Bates yumvise ahamagarirwa kwandika no gusohora igitabu ciwe ca mbere ku vy’Isabato mu 1846 vyaramaze kuvugwa. Haravuzwe kandi ingorane zikomeye Umukuru James White yarimwo igihe yatangura gusohora ikinyamakuru citwa Ukuri kw’iki gihe mu 1849.
GSAM 311Agatabu ku Vyerekeye Amajuru Yuguruka
GSAM 311.5Inyuma y’iyerekwa Madamu White yahawe i Topsham, Maine, mu gatasi ko mu 1846, igihe yerekwa imibumbe imwimwe, Umukuru Bates yateguye icandikano c’agatabu kavuga ivy’Amajuru Yuguruka. Ariko amahera yo kugasohora yari akenewe cane. Kugira ngo aronke ayo mahera, mushiki wacu umwe yaba muri Massachusetts, yari ahejeje kujisha no gusasa itapi nshasha ikozwe mu duhuzu, yarayikuye hasi arayigurisha, maze amahera yayironsemwo ayaha Umukuru Bates. Ivyo vyatumye ashobora gusohora igitabu ciwe ca kabiri.
GSAM 312Agatabu ku Gikorwa co Gushirako Ikimenyetso
GSAM 312.1Inyuma y’iyerekwa ryerekeye igikorwa co gushirako ikimenyetso, ryatangiwe i Dorchester, Mass., ku wa 18 Munyonyo 1848, Umukuru Bates yanditse agatabu ka gatatu, yise Ikimenyetso c’Imana Nzima. Aha na ho yarasubiye guhura n’ingorane yo kutagira amahera yo kugacapura. Umupfakazi akiri muto amaze kubimenya, yagurishije inzu ntoyi yari afise mu mitumba, maze aha Umukuru Bates kimwe ca kabiri c’amahera yayigurishije. Gutyo yarasubiye kuronka uburyo bwo kuriha icapurwa ry’igitabu.
GSAM 312Ivyari Bikenewe mu Gikorwa co Gusohora Ibitabu
GSAM 312.2Mu 1851-52, ikinyamakuru Isuzuma ry’Ukugaruka n’Intumwa y’Isabato cacapurirwa i Saratoga Springs, N.Y. Aho ni ho Bwana Thompson yahaye Umukuru White n’umugore wiwe aho baba ku buntu; bakoresheje ibikoresho vyo mu nzu bari batijwe, barasubiye kuronka akaryo ko gutunganya urugo rwabo.
GSAM 312.3Muri ico gihe abemera ukuri kw’iki gihe bariko bariyongera, kandi uko biyongera ni ko ibikorwa Umukuru White na Madamu White bakora ubwabo vyarushiriza gukenerwa. Ivyo, hamwe n’igikorwa co gutunganya ivyandikwa, vyatumye bakenera ababafasha mu biro. Muri ico gihe nyene abandi bumvise mu mitima yabo ko bakwiye gufasha mu gikorwa co kwandika. Kugira ngo twerekane ingene Umwami akora yishura ukwizera kw’abantu biwe, akongera agahagurutsa abakozi mu gihe gikenewe, turavuga ivyashikiye mushiki wacu yitanze, Madamu Rebecca Smith, w’i West Wilton, N.H.:—
GSAM 312.4Igihe bari biteze kimaze kurengana, umuhungu wiwe Uriah n’umukobwa wiwe Annie R. baripfuje cane kuja kw’ishure kugira ngo bitegurire kuba abigisha. Nyina yaratinya ko abana biwe bariko barakwegerwa n’ivy’isi, kandi mu vy’ukuri ivyo yatinyira ntivyari ata mvo bifise. Abana na bo barakunda nyina nk’uko yabakunda.
GSAM 313Uriah Smith mw’Ishure rya Phillips
GSAM 313.1Kuva mu 1848 gushika mu 1851, uwo muhungu yize mw’Ishure rya Phillips i Exeter, New Hampshire. Aho, abanyeshure bigishwa ivyigwa vyo mu mwaka wa mbere w’ishure rikuru, kugira ngo baryinjiremwo bamaze kunguka umwaka umwe. Ivyo vyigwa yarabirangije. Mu 1851 yarakoze kugira ngo aronke amahera yo kwiga mw’ishure rikuru, ariko uwamukoresha yarahomvye, bituma atakaza amahera yiwe. Ni ko yaheba umugambi yari amaze igihe kirekire afise wo kwiga mw’ishure rikuru.
GSAM 313Umwigeme Smith mw’Ishure ry’Abakobwa
GSAM 313.2Igihe Uriah yari muri iryo shure, mushikiwe yiga mw’ishure ry’abigeme i Charlestown, Mass. Yari hafi kurangiza ivyigwa vyiwe aho, kandi kubera ko yari agiye kuva kw’ishure, we na musazawe barahawe akazi ko kwigisha mw’ishure ry’i Mt. Vernon, N.H., mu myaka itatu, bagahembwa amadolari $1,000 ku mwaka, bagahabwa n’ivyo kurya n’aho kuba.
GSAM 313.3Muri ico gihe nyina yarakiriye “ukuri kw’iki gihe.” Amasengesho yasengera abana biwe yarushirije kuba ayavuye ku mutima kandi ashimitse kuruta mbere, nimba ivyo vyarashoboka. Umukuru Bates yaragendeye i West Wilton, maze Madamu Smith amubwira ivy’abana biwe, bahitamwo gusengera uguhinduka kwabo. Umukuru Bates yari yiteze kugira amakoraniro mu misi mikeyi i Somerville, Mass., mu nzu ya Paul Folsom, kandi Madamu Smith yategerezwa kwandikira umukobwa wiwe amutumira kuri iryo koraniro. Muri ico gihe, Umukuru Bates na nyina bari gusenga basaba Imana gukora ku mutima wiwe kugira ngo aje muri iryo koraniro.
GSAM 313Indoto Zibiri Ziraranguka
GSAM 313.4Umukuru Bates ntiyari bwigere yinjira mu cumba iryo koraniro ryari kuberamwo, rero nta na kimwe yari azi ku kuntu cari kimeze. Mw’ijoro ryabanjirije iryo koraniro, yararose ari muri ico cumba, intebe zose zuzuye kiretse imwe yari iruhande y’umuryango. Yarose kandi yahinduye ikiganiro yari yateguye kuvugako, akavuga ivy’ubuturo bwera; ko bari baririmvye ururirimbo rwa mbere, bagasenga, bakaririmba ururirimbo rwa kabiri, na we akaba yari ahejeje kwugurura Bibiliya yiwe, ariko arasoma ngo: “Hazoca imisi ibihumbi bibiri n’amajana atatu, maze ubuturo bwera buzokwezwa,” atunga urutoke ishusho y’ubuturo bwera iri ku gicapo. Muri uwo mwanya umuryango warugurutse, umwigeme arinjira yicara kuri ya ntebe yari itarimwo umuntu. Yarose kandi ko uwo muntu yari Annie R. Smith, kandi ko yaciye avyitaho, akemera ukuri.
GSAM 314.1Ikoraniro ry’Umukuru Bates ryari ku Isabato (ku wa gatandatu), kandi kubera ko uwo musi ata shure ryari rihari, Annie yavuze ati: “Nzojayo kugira gusa nezereze mama.” Mw’ijoro ryabanjirije iyo Sabato, yararose yagiyeyo agacerwa; ko ageze ku muryango, ururirimbo rwa mbere rwari rwaheze, isengesho ryatanzwe, kandi bari bagiye kurangiza ururirimbo rwa kabiri; ko yinjiye akabona ko intebe zose zuzuye kiretse imwe yari iruhande y’umuryango; ko uwavuga yari umugabo muremure, ateye iteka kandi ahimbaye, yatunga urutoke igicapo nk’ico atari bwigere abona, asubiramwo ati: “Hazoca imisi ibihumbi bibiri n’amajana atatu, maze ubuturo bwera buzokwezwa.” Yarose ko ivyo yavuga vyamushimishije cane kandi ko vyari ukuri.
GSAM 314.2Yahagurutse hakiri kare bihagije kugira ngo aje kw’ikoraniro, ariko arazimira mu nzira, bituma atahashika gushika bariko baririmba igice ca nyuma c’ururirimbo rwa kabiri. Yinjiye, ibintu vyose vyari bimeze neza na neza nk’uko yari yabibonye mu ndoto, kandi wa mugabo nyene yari yabonye mu ndoto yariko asubiramwo, muri bwa buryo nyene, amajambo yo muri Daniyeli 8:14. Ivyo vyaciye bimwemeza mu mutima wiwe.
GSAM 314.3Umukuru Bates ntiyari yiyumviriye indoto yiwe gushika yinjiye mu muryango akicara. Yari yateguye kuvuga ku kindi kiganiro, ariko ivyiyumviro vyiwe bikaguma ku vy’ubuturo bwera. Ariko arasubiramwo uwo murongo, yaciye yibuka indoto yiwe, asenga mu gacerere asaba gufashwa kuvuga ibikora ku mitima y’abamwumva. Yarasiguye yorohewe cane ivyerekeye ukurengana kw’igihe bari biteze, ivyo Annie yari asanzwe azi. Maze yerekana ukuri kw’ubutumwa bw’umumarayika wa gatatu n’ukw’Isabato.
GSAM 315Annie Smith Yemera Ukuri
GSAM 315.1Ahejeje ikoraniro, yegereye Annie, amubwira ati: “Nibaza ko uri umukobwa wa Mushiki wacu Smith w’i West Wilton. Sinari bwigere nkubona, ariko mu maso hawe hamengo ndahazi. Nakarose nkubona mw’ijoro ryakeye.” Maze Annie na we avuga indoto yiwe. Yavuye muri iryo koraniro inyiyumvo ziwe n’ivyipfuzo vyiwe vyose vyahindutse, kuko yari yemeye ukuri kw’Isabato aho nyene muri uwo mwanya.
GSAM 315.2Yasubiye kw’ishure ry’abakobwa, apakira ibintu vyiwe mw’isandugu, aca ataha iwabo. Amaze kumenya imyitwarariko Umukuru White yari afise mu gusohora ibitabu n’imirimo yiwe yo kwamamaza, yumvise ko Imana imuhamagariye kuja kumufasha mu gikorwa co mu biro. Muri Myandagaro 1851, igihe ikinyamakuru cimurwa kiva i Paris kikajanwa i Saratoga Springs, N.Y., Umwigeme Smith yagiyeyo ari umwe mu bakozi.
GSAM 315Ukwitanga n’Ukwiyegurira Imana
GSAM 315.3Mu kinyamakuru Isuzuma n’Intumwa, umuzingo wa 2, inomero ya 7, harimwo imirongo mikeyi yanditse avuga uko yiyumva amaze guheba imigambi yiwe ya mbere, kugira ngo akore igikorwa ciwe giciye bugufi, kitagira ukwiyerekana. Avuga ati:
GSAM 315.3“Nizigiye ko nahevye vyose kugira ngo nkurikire Umwagazi w’Intama aho andongora hose. Isi yaratakaje rwose ivyankwegakwega vyose. Ivyizigiro vyanje, umunezero wanje n’urukundo rwanje ubu vyose bishingiye ku vy’ijuru no ku vy’Imana. Nta handi nipfuza kuba atari ukwicara ku birenge vya Yesu nkamwigirako; nta kindi gikorwa nipfuza atari ugukorera Data wo mw’ijuru; nta wundi munezero nipfuza atari amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’ubwenge bwose.”
GSAM 315.4Imfashanyo Mushiki wacu Annie yatanze mu biro mu gukosora ivyanditswe biteguriwe gucapurwa no mu bindi, yaje ku gihe gikwiye. Mu myaka itatu yakoze adahemuka kandi aroranirwa, agahabwa gusa ivyo kurya n’ivyo kwambara. Iyo myaka irangiye, indwara y’igituntu yari yaramufashe imukururira ku rupfu. Mu gihe iyo ndwara imara igihe kirekire kandi yica yamusinzikaza, yanditse imivugo myiza imwimwe. Uwaruta iyindi yose mu buryohe wari “Iwacu Hano n’Iwacu mw’Ijuru.” Ijambo ryawo ry’ibanze, ryanditswe umusi umwe imbere y’urupfu rwiwe rwo ku wa 26 Mukakaro 1855, rirerekana neza cane ubwiza bw’ubwiyoroshi n’ukwicisha bugufi vyari vyarashinze imizi mu ngeso ziwe, ku buryo tutoreka kurishikiriza ryose:
GSAM 316Gutunganya Urugo mu Ngorane
GSAM 316.3Muri Ndamukiza 1852, Umukuru White yimutse ava i Saratoga Springs aja i Rochester, N.Y. Muri ico gisagara, kw’Ibarabara rya Mt. Hope inomero 124, ni ho batanguriye gutunganya urugo rwabo bakoresheje ibikoresho baguze aho kuba ivyo batijwe. Ariko kubera icipfuzo gikomeye bari bafise c’uko igikorwa co gusohora ibitabu gitera imbere, kugira ngo ikinyamakuru gisohoke ubudahorereza, maze ukuri gukwiragire, bariyima vyinshi mu bisanzwe bituma ubuzima bumera neza.
GSAM 316.4Uko batanguye gutunganya urugo rwabo muri ico gihe murashobora kubisoma muri iri kete ry’umwihariko Madamu White yandikiye umuryango wa S. Howland ku wa 16 Ndamukiza 1852:—
GSAM 316.5“Ubu ni ho turiko turatunganya aho tuba hano i Rochester. Twakose inzu ishaje ku madolari $175 ku mwaka. Imashini icapura iri mu nzu. Iyo bitaba uko, twari kuriha amadolari $50 ku mwaka y’aho gukorera. Mwotwenga iyaba mwoshobora kuturaba mukabona ibikoresho vyacu vyo mu nzu. Twaguze ibitanda bibiri bishaje, kimwe cose ku masenti mirongo ibiri n’atanu. Umugabo wanje yanzaniye intebe zitandatu zishaje, ata n’imwe isa n’iyindi, yazirihiye idolari rimwe; bidatevye yongera kunzanira izindi ntebe zine zishaje zitagira aho kwicara, zose hamwe yarihiye amasenti mirongo itandatu n’abiri. Ibiti vyazo vyari bigikomeye, kandi nagiye ndazitera igitambara gikomeye co kwicarako. Amavuta y’amata arazimvye cane ku buryo tutayagura, eka n’ibiraya nta mahera dufise yo kubigura. Dukoresha isosi y’ivyamwa mu kibanza c’amavuta y’amata, tukarya imizi ya naveti mu kibanza c’ibiraya. Amafunguro yacu ya mbere twayariye ku rubaho rwo gukingira iziko twashize ku magunguru abiri y’ubusa yahoramwo ifu. Turiteguriye kwihanganira ubukene nimba igikorwa c’Imana gishobora gutera imbere. Twizera ko ukuboko kw’Umwami kwari mu kuza kwacu aha hantu. Hari ahantu hanini ho gukorera, ariko abakozi ni bake. Ku Isabato iheze, ikoraniro ryacu ryari ryiza cane. Umwami yaraduhumurije mu kuhaba kwiwe.”
GSAM 317Ugutanga Cane kw’Abizera
GSAM 317.1Mu nomero ya mbere y’ikinyamakuru Isuzuma n’Intumwa yacapuriwe i Rochester, ku wa 6 Rusama 1852, Umukuru White, avuga ivy’ukwimuka bava i Saratoga baja i Rochester, yavuze ati:
GSAM 317.2“Bene Data batanze uburyo bwo gushigikira ikinyamakuru buruta uko twari tuvyiteze. Kandi naho twakoresheje amahera menshi mu kwimuka tuva i Saratoga Springs no mu gutangura gusohora ikinyamakuru muri iki gisagara, nta mwenda dufise.”
GSAM 317Ukwitanga kw’Abakozi
GSAM 317.3Mu gakuru kerekeye ivy’ubutunzi kari mu nomero ya 12, yo ku wa 14 Gitugutu, dusoma ngo:
GSAM 317.3“Ariko ibiro nta mwenda bifise, kubera iyi mvo: Bene Data Belden na Stowell, bakoze mu biro mu mezi atandatu aheze, bahawe akantu gatoyi gusa karenga ku vyo kurya vyabo. Abandi bakora ico gikorwa nyene nta vyo baronse biruta ivyabo. Nta gukeka ko abakunda ukuri kw’iki gihe bose bazohimbarwa no gufasha kwuzuza ikibuze mu mahera yinjira, kugira ngo abakoze cane, na canecane igihe tutari duhari, hagati mu ndwara, mu gusohora ikinyamakuru Isuzuma n’Intumwa, bashobore kuronka ibibabeshejeho neza.”
GSAM 317Abiyongera ku Bizera i Rochester, N.Y.
GSAM 317.4Mu ci ryo mu 1852, igihe igikorwa co gusohora ibitabu cari gitanguye neza i Rochester, Umukuru White n’umugore wiwe bagize urugendo rw’amezi atatu n’ifarasi n’umukogote, bagenda berekeza mu buseruko gushika i Bangor, Maine. Mu nzira baragira amakoraniro bakongera bakagendera abitondera Isabato bari basabagiye hirya no hino. Imbere y’uko bagaruka, guhera ku wa 26 Nyakanga, Umukuru J. N. Andrews yashikirije urukurikirane rw’insiguro kw’Ibarabara rya Mt. Hope inomero 124. Muri ico gihe, Abadiventiste umunani b’umusi wa mbere w’indwi bemeye ukuri kw’iki gihe, kandi uwandika ibi yari umwe muri bo.
GSAM 318Oswald Stowell Arakira
GSAM 318.1Umusi umwe ku wa gatanu ku mugoroba muri Gitugutu, Umukuru White n’umugore wiwe barashitse i muhira bavuye mu rugendo rwabo rwo mu buseruko. Bukeye bwaho (ku Isabato), twarababonye irya mbere mw’ikoraniro ry’Isabato. Igihe c’iryo koraniro, Oswald Stowell, umukozi w’imashini icapura, yari arwaye cane indwara y’igisenge gikikuje amahaha, kandi umuganga wiwe yari yamaze kwihebura ko azokira, yiteze ko apfa. Uwo muganga yavuze ko “ata co agishobora kumukorera.” Mu gihe c’amateraniro, Oswald yari mu cumba kibangikanye n’ico twarimwo, ababara cane mu mubiri. Ikoraniro rirangiye, yarungitse ubutumwa asaba ko bamusengera. Jewe n’abandi twaratumiriwe gufata umwanya wo gusenga. Twarapfukamye iruhande y’igitanda ciwe, kandi mu gihe bariko barasenga, Umukuru White yamusutseko amavuta “mw’izina ry’Umwami.” Mpwemu w’Imana yarahari ku buryo vyumvikana, maze uwo mugabo aca arakira ubwo nyene. Tuva mu masengesho, yari yicaye mu gitanda, yikubita mu mbavu zari zamubabaje cane, avuga ati: “Nakize rwose. Ejo nzoshobora gukoresha imashini icapura ikoreshwa n’amaboko.” Haciye imisi ibiri, yarayikoresheje koko.
GSAM 318Iyerekwa rya Madamu White Imbere y’Umugwi w’i Rochester
GSAM 318.2Wa muhezagiro nyene wakijije Mwene Data Stowell washitse kuri Madamu White ku rugero runini kuruta. Umukuru White ahindukiye kumuraba, yavuze ati: “Ellen ari mw’iyerekwa; ntahumeka igihe ari muri iyi mero. Nimba hari abipfuza kwibonera ko ivyo ari ukuri, murashobora kumusuzuma.” Yagumye muri iryo yerekwa nk’isaha imwe n’iminota mirongo ibiri. Igihe yari muri iyo mero yaravuga amajambo, rimwe na rimwe akavuga interuro zitomoye; yamara naho bamwitegereza cane, nta guhumeka kwashobora kuboneka mu mubiri wiwe.
GSAM 319Iyerekwa ku Ngendo y’Umunywanyi Atari Aho
GSAM 319.1Madamu White amaze kuva muri iryo yerekwa, yashinze intahe y’ivyo yari yabonye. Imbere y’uko Umukuru White n’umugore wiwe bagaruka bavuye mu rugendo rwabo rwo mu buseruko, umwe muri twebwe yari yavuye muri ico gisagara, akaba yariko aragenda mu vy’ubudandaji mu ntara ya Michigan. Ku bw’ivyo, ntiyari muri iryo koraniro, kandi ntiyari bwigere abona Umukuru White canke umugore wiwe. Igihe Madamu White yigana iyerekwa ryiwe, mu bindi yatubwiye, yavuze ivyo yari yabonye vyerekeye umugabo, igihe yari ku rugendo kure y’i muhira, yavuga vyinshi ku vy’amategeko y’Imana n’Isabato, ariko muri ico gihe nyene akarenga rimwe mu mabwirizwa. Yavuze ko yari umuntu atari bwigere ahura na we, ariko ko yizera ko azomubona igihe kimwe, kuko ivyiwe yari yavyeretswe. Yamara nta n’umwe muri twebwe yiyumvira ko yari umuntu twari tuzinanyi.
GSAM 319.2Haciye nk’amayinga atandatu iryo yerekwa rivuzwe haruguru ribaye, wa mwene Data yavuzwe yaragarutse avuye muri Michigan. Madamu White akibona mu maso hiwe, yabwiye umwe muri bashiki bacu ati: “Uyo ni wa mugabo nabonye mw’iyerekwa, umwe nababwira.” Iyerekwa rimaze kwiganirwa uwo mwene Data imbere y’umugore wiwe n’abandi bantu batari bake, Madamu White yamubwiye ati: “Nk’uko Natani yabwiye Dawidi ati: ‘Erega uwo muntu ni wewe.’” Maze akora neza na neza ivyo Pawulo yavuze ko abantu bamwe bazokora igihe bazohanurwa ku vyaha vyabo n’ingabire y’ubuhanuzi: “Ariko nimba bose bavugishwa n’Imana, maze hakinjira umuntu atizera canke atigishijwe, bose baramwemeza ivyaha vyiwe, bose baramucira urubanza; gutyo amabanga yo mu mutima wiwe agashirwa ahabona; maze agwa yubamye, agasenga Imana, akatura ko Imana iri muri mwebwe vy’ukuri.”3 Uwo mwene Data amaze kwumva Madamu White adondora ibibi yari yarakoze, yaciye apfukama imbere y’umugore wiwe, amubwira arira, abwira na bake bari aho ati: “Imana iri kumwe namwe vy’ukuri,” maze yatura vyose ku ngendo yari yagize akiri muri Michigan, arenga ibwirizwa ry’indwi, nk’uko vyari vyahishuwe igihe yariko arabikora, ari kure mu mayiro arenga amajana atanu.
GSAM 320.1Gutyo, mu mayinga makeyi twaronse icemezo gikomeye c’intahe. Ntitwagejejwe gusa ku kuvuga ko zavuka ku bubasha burengeye ubw’abantu, ariko kandi ko zava ku soko ryahana abantu ivyaha vyabo mu majambo atomoye.
GSAM 320Uriah Smith Yinjira mu Biro vy’Isuzuma n’Intumwa
GSAM 320.2Igihe umuzingo wa 3 w’ikinyamakuru Isuzuma n’Intumwa wasohorwa, ni ho Uriah Smith yatangura kwitondera Isabato, akinjira no mu biro vy’Isuzuma n’Intumwa, aho yamaze imyaka myinshi ari umwanditsi n’umutunganya w’ivyandikwa. Icanditswe ciwe ca mbere casohotse muri ico kinyamakuru cari umuvugo witwa “Ijwi ry’Igihe n’Ubuhanuzi Riburira,” wasohotse ku wa 17 Ntwarante 1853.
GSAM 320.3Umukuru Smith yumvise ubutumwa bw’umumarayika wa gatatu irya mbere mw’ikoraniro ryabereye i Washington, N.H., kuva ku wa 10 gushika ku wa 12 Nyakanga 1852. Asubiye i muhira i West Wilton, yarize yitonze ivyo yari yumvise, atangura kwitondera umusi w’indwi ku Isabato ya mbere yo muri Kigarama 1852. Yinjiye mu biro vy’Isuzuma n’Intumwa i Rochester, New York, ku wa 3 Rusama 1853, aho we na mushikiwe Annie bakora kugira ngo bahabwe ivyo kurya n’ivyo kwambara, aho kwigisha mw’ishure bahembwa amadolari $1,000 ku mwaka, bagahabwa n’ivyo kurya. Ubwo ni bwo bwoko bwa bimwebimwe mu vyo bitanze kugira ngo bashinge igikorwa c’ubutumwa bw’umumarayika wa gatatu mu misi yaco ya mbere.
GSAM 320Yimikwa Kuba Umupasitori
GSAM 320.4Nko mu mwaka wa 1863, Umukuru Smith yatanguye gukoresha ingabire yiwe yo kuvugira imbere y’abantu. Mu 1866 yarimitswe aba umupasitori w’ubutumwa bwiza. Kuva ico gihe, yarakoze cane mu makoraniro y’amahema no mu yandi makoraniro mu ntara zitandukanye kuva kuri Atlantike gushika kuri Pasifike, akongera agakora igikorwa c’ubupasitori mw’ishengero ry’i Battle Creek, ari ryo shengero yasengeramwo. Ishure rikuru ry’i Battle Creek rimaze kwugururwa, yarigishije mu gisata ca Bibiliya c’iryo shure ku rugero rutandukanye. Ku bw’inyungu z’ikinyamakuru Isuzuma n’Intumwa, yarajabutse ibahari Atlantike mu mwaka wa 1894, agendera ibihugu bitandukanye vyo mu Buraya. Ari muri Siriya, yarafashwe n’inyonko, ingaruka zayo ntiyigeze azikira rwose.
GSAM 321Imyaka Mirongo Itanu y’Igikorwa Kidatezura
GSAM 321.1Kuva mu 1853 gushika mu 1903, ni ukuvuga igice c’ikinjana, Umukuru Smith yagumye hafi igihe cose mu gikorwa co gutunganya ivyandikwa vy’ikinyamakuru Isuzuma ry’Ukugaruka n’Intumwa y’Isabato; kandi mu gice kinini c’ico gihe, ni we yari ajejwe wenyene ubuyobozi bwose bw’ivyandikwa vyaco. No ku musi yapfuyeko, igihe yakubitwa n’indwara y’ubumuga, yari mu nzira aja mu biro atwaye ivyo yari yateguriye gucapurwa. Yaranongereye ibitabu bihambaye bitari bike ku vyanditswe vy’ishengero. Muri vyo harimwo Ivyiyumviro kuri Daniyeli n’Ivyahishuriwe Yohana, Kamere n’Iherezo ry’Umuntu, umuzingo waguwe werekeye Ubuturo Bwera n’Imisi Ibihumbi Bibiri n’Amajana Atatu, Igitangaza c’Amahanga, n’Ukuvugana n’Imizimu kwo Muri Iki Gihe. Igitabu ca mbere muri ivyo canditswe ahanini hagati y’isaha zitatu z’ijoro no mu gicugu, igikorwa co ku murango co gutunganya ivyandikwa n’ico mu biro kimaze kurangira.
GSAM 321Urupfu rw’Umukuru Smith
GSAM 321.2Ubuzima bwiwe bwari ngirakamaro kandi yabukoresheje neza. Araruhutse ibikorwa vyiwe, amaze gusinzira muri Yesu ku wa 6 Ntwarante 1903. Ariko ku bimwerekeye vyovugwa vy’ukuri ngo: “Ibikorwa vyiwe biramukurikira,” kandi naho yapfuye, aracavuga.