Igice ca 15 — Umuco Wiyongera n’Ibitangaza Bihambaye
GSAM 235.1“Mwibuke imisi ya kera, iyo mwamaze kumurikirwa, mwihanganira intambara ikomeye y’imibabaro; rimwe mukaba akabarore kubera ibitutsi n’imibabaro, rimwe na ho mukifatanya n’abagenzwa batyo.”1
GSAM 235.2Igihe catanguye ku gucika intege kwo mu 1844 gushika umuco utomoye werekeye ubuturo bwera n’ubutumwa bw’umumarayika wa gatatu ushizwe ahabona, cari igihe c’ibigeragezo bidasanzwe. Abadiventiste bari bagikomeye ku ciyumviro c’uko bari mu kuri muri wa mugwi wahise, mu vy’ukuri bari babaye “akabarore” ku bibaza ko ubwo butumwa bwari bwananiwe rwose; kandi ivyo vyatuma bacokorwa cane. Ivyo barashobora kuvyihanganira banezerewe igihe baguma bumiye ku Mwami mu kwizera, bafise Mpwemu Yera wiwe ari kumwe na bo.
GSAM 235Uburyo bubiri budasanzwe bwo gutera
GSAM 235.3Satani yari afise uburyo bubiri budasanzwe bwo kugerageza Abadiventiste. Ubwa mbere bwari ubwo gutuma abari bakomeye ku kwizera ko igihe c’ubuhanuzi cari carangiye bemera yuko ukugaruka kwa kabiri kwa Kristo kwari ukuza mu buryo bw’impwemu, kandi yuko hari ukuntu yari yaje gutyo ku mpera y’imisi 2300. Ubwa kabiri bwari ubwo kwosha abari batanguye gukekeranya ku vyo bari baraciyemwo, ngo babihebe vyose. Ni co gituma, igihe ukuri kwerekeye ubuturo bwera n’ubutumwa bw’umumarayika wa gatatu kwagenda kurahishurwa buhorobuhoro mu Vyanditswe, ubutumwa bwa Mpwemu w’Imana bwatangwa biciye mu ngabire y’ubuhanuzi bwemeza wa mugwi wahise. Bwawita “umuco ukayangana” Imana yashize ku ntango y’inzira, kugira ngo umurikire iyo nzira yose gushika ku gisagara; kandi bwerekana ibimenyamenya vyo mu Vyanditswe vy’uko ukugaruka kwa kabiri kwa Kristo kuzoba ukuri, ubwiwe akaza, bigatuma rero kudashobora kuba ari co cabaye ku mpera y’iyo “misi.”
GSAM 236Ukwigaragaza kw’ibitangaza
GSAM 236.1Hamwe Umwami yobwira abantu biwe akoresheje amayerekwa muri iyi misi y’iherezo, mbega ntitwokwitega ko muri ukwo kwigaragaza nyene hoboneka ibimenyetso bitomoye vy’uko biva ku Mana? Ivyo bimenyetso biraboneka mu mayerekwa ya Madamu E. G. White. Ukuntu ayo mayerekwa aba, nk’uko vyerekanwe mu gice ca 13, ni igitangaza koko; ariko hariho n’ibindi bintu vyinshi bitangaje vyajanye n’amayerekwa yiwe ya mbere, muzobona uko mubandanya gusoma iki gitabu. Mbega hari ibindi twokwitega ku ngabire nk’iyo, Imana yatanze kugira ngo abantu bayitwararike maze bavuge nka Mose bati: “Reka nce hirya, ndabe iki kintu gihambaye”? Umukobwa w’umukene, arwaragurika, afise intege nke, yasa n’uwari ku mpfiro, iyo avuga gusa ko Umwami yamuhaye iyerekwa, ntivyari kuba bihagije ngo bishike kuri iyo ntumbero. Ibintu bitangaje vyajanye n’ayo mayerekwa vyatumye abantu bayitwararika, maze basaba ko uwo mukobwa yogenda ahantu hatandukanye akavuga ivyo Umwami yari yamutegetse kumenyesha abandi.
GSAM 236Ibimenyetso bidasanzwe mw’iyerekwa rya gatatu
GSAM 236.2Ngira mvuge ngaha ibintu bimwebimwe vyerekeye iyerekwa ryiwe rya gatatu, iryo yaherewe mu nzu ya se, ryavuzwe mu gice ca 13, ku rupapuro rwa 212, nk’uko nabibwiwe na se na nyina ba Madamu White, na mushikiwe, Madamu Sarah Belden, hamwe n’abandi.
GSAM 236.3Mu cumba yaherewemwo iryo yerekwa, ku kabati hari hateretse Bibiliya nini cane y’umuryango. Yari imwe mu zasohowe i Boston na Joseph Teale mu mwaka wa 1822. Ico gitabu gifise uburebure bw’inshi 18, ubwaguke bw’inshi 11, ubunini bw’inshi 4, n’uburemere burenga gatoyi amapawundi 18. Ari mw’iyerekwa, yarahagurutse, afata iyo Bibiliya iremereye ayishira ku kuboko kwiwe kw’ibubamfu, yuguruye, maze arambura ukuboko, akugumiza ku nguni igororotse ugereranije n’umubiri wiwe; hanyuma, mu gihe kirenga igice c’isaha, akoresha ukuboko kwiwe kw’iburyo mu kuzingurura impapuro aja ahatandukanye, adoma urutoke ku mirongo itandukanye yo mu Vyanditswe, akayisubiramwo amaso yiwe araba hejuru, mu ruhande rutandukanye n’urwo igitabu carimwo. Mushikiwe Sarah (yahavuye aba umugore wa Stephen Belden), canke rimwe na rimwe uwundi muntu yari aho, yararaba umurongo wose yadomako urutoke, akabona neza ko uko vyagenda kwose yasubiramwo amajambo yo mu Vyanditswe urutoke rwiwe rwari rudomyeko. Madamu Harmon yavuze ko umukobwa wiwe Ellen, mu bisanzwe, “ata nkomezi yari afise zo gukura iyo Bibiliya iremereye kuri ako kabati; ariko mw’iyerekwa yayifata bitamugoye, nk’aho womengo yari Isezerano Rishasha gusa ryo gushira mu mupfuko.”
GSAM 237.1Emwe, ico cari igitangaza! Umukobwa afise intege nke, apima amapawundi 70 gusa, yafashe Bibiliya iremereye mu gihe kirenga igice c’isaha, ayifashe mu buryo umugabo w’inkomezi atoshoboye kuyifata n’iminuta ibiri; kandi akazingurura impapuro aja ku mirongo yo mu Vyanditswe, igihe cose bigasangwa ari yo mirongo yariko arasubiramwo, amaso yiwe na yo araba hejuru, mu ruhande rutandukanye n’urwo igitabu carimwo; ubwa nyuma, ijwi ryumvikana riva ku muntu amahaha yiwe atanyiganyiga kandi adahumeka, rigasubiramwo neza ya mirongo yo mu Vyanditswe yadomweko. Mu vy’ukuri, ivyo ntivyokwemeza ikirego c’uko vyakorwa n’ububasha bw’umuntu canke ko vyaterwa n’indwara. Ababibonye babifashe nk’ukwiyerekana gutomoye cane kwa Mpwemu w’Uwavugiye mu gisaka caka umuriro. Ibimenyetso nk’ivyo vyabaye mw’iyerekwa rya gatatu ry’Inkumi Harmon, aho vyamenyekana, vyatanga icemezo kijijura c’uko hari ububasha burengeye ubw’umuntu muri ayo mayerekwa.
GSAM 237Iyerekwa ry’i Topsham
GSAM 237.2Haheze igihe gito ivyo bibaye, umugwi w’Abadiventiste b’i Topsham, nko ku mamayili 30 mu buraruko bushira ubuseruko bwa Portland, Maine, wumvise ivyo Umwami yakorera Inkumi Ellen G. Harmon, uramutumira ngo aze aho hantu. Yaremeye ubwo butumire, kandi uko ni ko yatanguye kugendera Topsham. Amakoraniro y’Abadiventiste ico gihe yabera mu nzu ya Nyakubahwa Curtiss. Madamu Frances Lunt (yahoze ari Inkumi Frances Howland), w’i Oakland, California, yampaye intahe ikurikira, yanditswe ku wa 19 Nzero 1890:—
GSAM 238.1“Jewe, hamwe n’umuryango wa data, naritavye amakoraniro ya Mushiki wacu Harmon i Topsham mu 1845, kandi muri ayo makoraniro yaragize iyerekwa. Ryari ryo rya mbere twamubonye ari mw’iyerekwa. Mwene Data Curtiss yari afise imwe muri za Bibiliya zo mu buryo bwa kera [Bibiliya y’umuryango ya Teale, ipima amapawundi 18]. Iyo Bibiliya nini Mushiki wacu Harmon yayikuye ku kabati ari mw’iyerekwa, akagenda aradoma urutoke ku mirongo yo mu Vyanditswe uko yazingurura urupapuro ku rundi, amaso yiwe araba hejuru, kure y’ico gitabu. Imirongo yasubiramwo yari amajambo yo kwigisha, yo kuremesha canke yo gukebura. Ikindi kintu kidasanzwe muri ukwo kwigaragaza kw’ububasha ico gihe ni ukuntu ico gitabu cari gifashwe. Yari agifashe ku kiganza cuguruye, gihengamye ku rugero rwa dogere 45; kandi nta wundi yashobora gufata igitabu na kimwe gihengamye gutyo ngo ntigice kimunyerera kiva mu maboko. Ariko Mushiki wacu Harmon yafashe iyo Bibiliya ihengamye gutyo mu minota itari mike, ishikamye nk’aho womengo yari ifatanye n’ikiganza ciwe, muri ico gihe na ho agenda ava ku muntu umwe aja ku wundi muri ico cumba.”
GSAM 238Intahe ya Madamu Truesdail
GSAM 238.2Iyindi ntahe yerekeye iryo yerekwa nyene yavuye kuri Madamu M. C. Truesdail w’i Trenton, Missouri, yanditswe ku wa 27 Nzero 1891. Avuga ati:—
GSAM 238.3“Nari mfise imyaka 15 mu 1845, kandi nari aho igihe Mushiki wacu Harmon yagendera Topsham ubwa mbere, igihe yagira iyerekwa mu nzu ya Mwene Data Curtiss, agatora Bibiliya nini y’umuryango akayifata ayishize hejuru mu buryo ata n’umwe mu bandi yari gushobora gufata igitabu mu maboko ngo ntigice kimunyerera kigakoroka.
GSAM 238.4“Mushiki wacu Harmon yamaze mw’iyerekwa amasaha arenga abiri. Kwari ukwigaragaza gutangaje kuruta ukundi kwose kw’ububasha bw’Imana nari maze kubona, kandi maze kumubona ari mw’iyerekwa incuro zirenga 12. Ivyo bihe vyama vyuzuye icubahiro cinshi no kwisuzuma mu mitima, ariko ico gihe cararuse ibindi vyose. Yoo! Ese ukuntu twajugumira igihe Nyenubuninahazwa wo mw’ijuru yatwigisha akoresheje igikoresho ciwe c’intege nke; uko yadusomera imirongo iduhumuriza kandi ibereye cane ibihe bigoye twarimwo, nk’Abaheburayo 2:2, 3; Yakobo 5:7, 8; Abaheburayo 10:35, 39; 1 Petero 1:7; Luka 12:32-37, hamwe n’iyindi myinshi, afashe Bibiliya nini y’umuryango ayishize hejuru cane ku buryo nategerezwa guhagarara ku ntebe kugira ngo nsome aho yariko aradoma urutoke. Siniyumvira ko Mushiki wacu Harmon yandusha uburebure burenga inshi zibiri.”
GSAM 239.1Ibimenyetso nk’ivyo vyajijuye abafise umutima ugororotse ko hari ububasha burengeye ubw’umuntu bwayobora ico gikoresho cicisha bugufi, maze ubutumire buva mu mihingo itandukanye ya New England bumusaba kuza gushikiriza intahe yiwe.
GSAM 239Gukoresha amaboko kwitwa icaha
GSAM 239.2Haheze igihe gito, Inkumi Harmon yarategetswe mw’iyerekwa kugendera Paris, Maine, aho hari abantu bemera ko gukora ibikorwa vy’amaboko ari icaha. Umukuru Stephens w’i Woodstock, Maine, ni we yari umuyobozi muri iryo kosa, kandi yaragira akosho gakomeye ku bandi. Yari yarigeze kuba umuvugabutumwa w’Abametodiste, kandi yafatwa nk’umukristo yicisha bugufi kandi w’umwizigirwa. Ishaka yari afitiye ukuri n’ubuzima yabamwo bwasa n’ubw’ubweranda vyari vyatumye abantu benshi bamwizigira, bamwe bakemera ko Imana yamuyobora mu buryo budasanzwe. Umwami yahaye Inkumi Harmon amajambo yo kumukebura. Yavuze ko uwo mugabo yariko ararwanya ijambo ry’Imana mu kwirinda gukora, mu kwosha abandi ngo bemere amakosa yiwe, no mu gucira urubanza abo bose batayemera. Yaranse ibimenyamenya vyose Umwami yamuhaye kugira ngo amwereke ikosa ryiwe, kandi aranka kwemera amakosa yiwe. Yakurikira ivyo yiyumvisemwo, akagira ingendo zimuruhisha, akagenda n’amaguru ahantu harehare aho yakirwa n’ibitutsi gusa, akiyumvira ko muri ivyo vyose yariko arababazwa ku bwa Kristo. Yari yarashize ku ruhande ubwenge n’ubushobozi bwo gutandukanya ibintu.
GSAM 239.3Ku vyerekeye intahe y’Inkumi Harmon n’iherezo ry’ico kibazo, ngira nsubiremwo amajambo yo mw’ikete nahawe na Madamu M. C. Truesdail, ico gihe yaba i Paris, Maine. Amaze gutanga amakuru amwamwe ahuye n’ivyo navuze, agira ati:—
GSAM 240.1“Bose baratuye amakosa yabo, kiretse umuyobozi wabo Jesse Stephens. Mushiki wacu Harmon yamuburiye ko aticishije bugufi ngo yature amakosa yiwe, vuba yohagaritse urugendo rwiwe. Bose batahuye ko ubwo bwari ubuhanuzi bw’uko yohavuye yiyahura mu buryo bunaka.”
GSAM 240.2Ibi ni vyo vyakurikiye ku vyerekeye uwo mugabo:—
GSAM 240.3“Ubusho bwiwe butoyi bumaze kumuvirako, yaragize umubabaro mwinshi, bidatevye atakaza ubwenge, akanka kurya ikintu na kimwe catetswe n’abanyakibi. Igihe namushira imfungurwa za ku murango, ntiyari bwumve ko nari nagarutse mvuye muri Massachusetts. Arambuye ikiganza ciwe cari gisigaye ari amagufa gusa, akicisha mu gatoboro ko mw’idirisha, yabajije ati: ‘Mushiki wacu Marion, mbega Imana ni yo yagutumanye ibi?’ Abonye ko nishura nkekeranya, yaranse no kubihonja. Ukuntu yari ameze biteye akagongwe, yugariwe mu cumba gitoyi kwa mwene wabo (atizera), vyanyibukije imburizi yari yarungikiwe n’ijuru n’ubugwaneza bwinshi, ariko we akayanka akomantaje umutima. Haheze imisi ibiri ndamugendeye muri uwo mubabaro, bamujanye mu muryango wiwe, aho yahavuye yiyahura bidatevye, akoze umugozi mu bitambara vyo ku gitanda ciwe.”2
GSAM 240Ubuhanuzi bwarangutse
GSAM 240.4Mu ci ryo mu 1845, Inkumi Harmon yaratumiwe na Otis Nichols, agendera Massachusetts, ari kumwe na mushikiwe Sarah. Bacumbitse mu muryango wa Nyakubahwa Nichols. Uwo mugabo n’umugore wiwe bagenda mu mukogote wabo, bakabajana ahantu hatandukanye kugira ngo bahakorere amakoraniro, aho Inkumi Harmon yashikiriza intahe ziwe. Uko ni ko yashoboye kugendera Boston, Roxbury na Carver. Igihe bagendera Boston, Massachusetts, ubugira kabiri, habaye ikintu gitangaje cane.
GSAM 240.5I Boston no mu micungararo yaho hari umugwi w’abantu b’ishaka rirenze urugero na bo nyene bemera ko gukora ari icaha, ubutumwa bwabo nyamukuru bukaba ubu: “Mugurishe ivyo mufise, muhe abakene imfashanyo.” Bavuga ko bari muri yubile, ko isi ikwiye kuruhuka, kandi ko abakene bategerezwa kubeshwaho badakoze. Sargent, Robbins n’abandi bamwebamwe ni bo bari abayobozi. Bavuga ko amayerekwa yava kuri wa mubi, kubera ko amakosa yabo bwite yari yashizwe ahabona. Bafata nabi cane abo bose batemera nk’uko bemera.
GSAM 241.1Igihe Inkumi Harmon na mushikiwe bari bagendeye inzu ya Nyakubahwa Nichols, Sargent na Robbins bavuye i Boston baza kumusaba ko yobagirira neza mu kintu kimwe, bavuga ko bari baje kumugendera no kurara iwe. Nyakubahwa Nichols yishuye ko anezerewe n’uko baje, kuko Inkumi Sarah na Ellen Harmon bari mu nzu, kandi yipfuza ko babamenyana. Baciye bahindura ivyiyumviro, ntihagira uwushobora kubemeza ngo binjire mu nzu. Nyakubahwa Nichols yabajije nimba Ellen yoshobora gushikiriza ubutumwa bwiwe i Boston, na bo bakumviriza, hanyuma bagacira urubanza ivyo bumvise. Bavuze bati: “Egome, muzoze i Boston kw’Isabato iza [bashaka kuvuga umusi wa mbere w’indwi, kuko batari bwemere Isabato]; twoshima kuronka akaryo ko kumwumviriza.”
GSAM 241.2Nyakubahwa Nichols yambariye ivyo mu nzu yiwe i Dorchester, mu 1858. Yavuze ko yari yarateguye vyose kugira ngo aje i Boston n’umukogote wiwe mu gitondo c’Isabato, ajanye Inkumi Harmon muri rya koraniro ryari ryumvikanyweko. Kuri uwo mugoroba, igihe bariko barasenga mu muryango, yaragize iyerekwa. Amaze kurivamwo, yavuze ati: “Mwene Data Nichols, ejo sinzoja i Boston; Umwami yanyeretse ko ntegerezwa kuja i Randolph. Arafiseyo igikorwa ntegerezwa gukora.” Nyakubahwa Nichols yaritwararika cane gushitsa ijambo ryiwe. Yari yasezeranye kumujana i Boston bukeye, maze abaza ahagaritse umutima ati: “None nzogira nte rya jambo nahaye Sargent na Robbins?” Inkumi Harmon ati: “Ivyo ntibigutere amaganya; Umwami yantegetse guca mu yindi nzira.” Nyakubahwa Nichols ati: “Erega, jewe sindabitahura.” Inkumi Harmon ati: “Umwami yanyeretse ko tuzobitahura nitwahashika.” Nyakubahwa Nichols ati: “Erega, nta buryo ufise bwo gushikayo tutagiye ngo tukujane, ariko sinzi ingene nzosigurira bene Data b’i Boston ivyabaye.”
GSAM 241.2Nyakubahwa Nichols yarongeye ambwira ati: “Mushiki wacu Harmon yabonye mw’iyerekwa uburyarya bwabo, ko ata koraniro ryobaye i Boston kw’Isabato, ko Sargent, Robbins n’abandi baturwanya bokoraniye hamwe n’umugwi munini w’i Randolph (ku mamayili 13 uvuye i Boston) kw’Isabato; kandi ko twategerezwa guhurira n’abo baturwanya i Randolph, mw’ikoraniro ryabo ryo kw’Isabato. Aho ni ho yohawe ubutumwa bwo kubashikiriza, bwojijuye ab’imitima igororotse, batari bwicire urubanza ivyo batarumva, bakamenya nimba amayerekwa yiwe yava ku Mwami canke kuri Satani.” Aho kuja i Boston hanyuma bakaja i Randolph, bakagenda amamayili 22, baciye baja i Randolph nyene, bashikayo hafi y’isaha y’ikoraniro. Basanzeyo ba bandi nyene bari bemeye guhurira na bo i Boston. Ni ho Nyakubahwa Nichols yavuze ati: “Ubu ndabitahuye.”
GSAM 242.1Ako kigoro Sargent na Robbins bagize ko guhunga intahe y’Inkumi Harmon, hamwe n’uburyo yayobowe kugira ngo ahure na bo, vyaragize akosho gakomeye ku vyiyumviro vya bamwe mu bari aho. Ku vyerekeye ikoraniro ubwaryo, ngira nsubiremwo inkuru nk’uko yatanzwe na Nyakubahwa Nichols:—
GSAM 242Ibimenyetso bitangaje
GSAM 242.2“Mushiki wacu Ellen yafashwe n’iyerekwa ryaherekejwe n’ibimenyetso bidasanzwe, abandanya kuvuga ari mw’iyerekwa n’ijwi ritomoye, ku buryo abari aho bose bashobora kumutahura neza, gushika hafi aho izuba rirengera. Sargent, Robbins na French barashavujwe cane no kwumva Mushiki wacu Ellen avuga ari mw’iyerekwa, kandi bibatera umudugararo; bavuze ko iryo yerekwa ryava kuri wa murwanizi. Bakoresheje ububasha bwose bari bafise ku bantu n’inkomezi zose z’imibiri yabo kugira ngo baburizemwo ivyo iryo yerekwa ryakora mu bantu. Bahuriza hamwe bakaririmba n’ijwi rirenga cane, hanyuma bagakurakuranwa mu kuvuga no mu gusoma Bibiliya n’ijwi rirenga, kugira ngo Ellen ntiyumvikane. Babandanije gushika inkomezi zabo ziheze, amaboko yabo agahinda agashitsi ku buryo batashobora gusoma Bibiliya. Ariko muri uwo muvurungano wose n’urwo rwamo rwose, ijwi rya Ellen ritomoye kandi rikarishe, igihe yavuga ari mw’iyerekwa, ryarumvikana neza ku bari aho bose. Abo bagabo babandanije kumurwanya igihe cose bari bagishobora kuvuga no kuririmba, naho bamwe mu bagenzi babo babahambariye bakabasaba guhagarika. Ariko Robbins yavuze ati: ‘Mwarunamye imbere y’ikigirwamana: muriko murasenga inyana y’inzahabu.’
GSAM 243.1“Umushingantahe Thayer, nyene iyo nzu, ntiyari yemejwe rwose ko iyerekwa ryiwe ryava kuri wa murwanizi, nk’uko Robbins yabivuga. Yashaka ko rigeragezwa mu buryo bunaka. Yari yarumvise ko amayerekwa akorwa n’ububasha bwa Satani ahagarikwa no kuzingurura Bibiliya ukayishira ku muntu ari mw’iyerekwa, aca abaza Sargent ko yobigerageza muri ubwo buryo, ariko aranka. Maze umushingantahe Thayer afata Bibiliya y’umuryango nini kandi iremereye, y’urugero runini, yari irambitse ku meza kandi idakunze gukoreshwa, arayizingurura, ayishira izinguye ku gikiriza ca Ellen ari mw’iyerekwa. Ico gihe yari yegamiye inyuma ku ruhome, mu mfuruka y’icumba. Akimara gushirwako iyo Bibiliya, yaciye ahaguruka ahagarara, agenda hagati mu cumba afashe Bibiliya izinguye mu kuboko kumwe, ayiduza hejuru uko yashobora gushikana, amaso yiwe aguma araba hejuru, avuga n’icubahiro cinshi ati: ‘Intahe yahumetswe ivuye ku Mana,’ canke amajambo asobanura nk’ivyo. Maze, agifashe Bibiliya mu kuboko kumwe kwaramvuye, amaso yiwe araba hejuru, ataraba muri Bibiliya, yamaze umwanya muremure ahindura impapuro n’ukundi kuboko, agashira urutoke ku mirongo imweimwe, akavuga neza amajambo yayo n’ijwi ryuzuye icubahiro. Benshi mu bari aho bararaba imirongo urutoke rwiwe rwerekezako, kugira ngo barabe nimba avuga neza amajambo yayo, kuko muri ico gihe amaso yiwe yaguma araba hejuru. Imwe muri iyo mirongo yavuga imanza zizoshitswa ku babi no ku batuka Imana; iyindi yari impanuro n’inyigisho zijanye n’uko ivyacu vyari vyifashe ico gihe.
GSAM 243Iyerekwa ryiwe ryamaze igihe kirekire kuruta ayandi: amasaha arenga atandatu
GSAM 243.2“Yagumye muri iyo mimerere ku muhingamo wose gushika hafi aho izuba rirengera, ni ho yava mw’iyerekwa. Igihe Ellen yahaguruka agahagarara ari mw’iyerekwa, afashe mu kuboko Bibiliya iremereye izinguye, akagendagenda mu cumba avuga imirongo y’Ivyanditswe, Sargent, Robbins na French baciye bacereza. Mu mwanya wose wasigaye barahagaritse umutima, cokimwe n’abandi benshi; ariko baciye bahumiriza, barinangira, ntibemera na gato kwatura ivyo bumva mu mitima yabo.”3
GSAM 244Ubukwe bwa Mwigeme Harmon
GSAM 244.1Ku wa 30 Myandagaro 1846, Umwigeme E. G. Harmon n’Umukuru James White barashingiwe, maze bakorera hamwe kugira ngo ubutumwa butere imbere. Mu mwaka wa 1847, igikorwa cabo cari ahanini muri Maine no muri Massachusetts.
GSAM 244.2Kw’Isabato ya mbere yo muri Ndamukiza, Madamu White yahawe iyerekwa rikwegera umutima cane, mu nzu ya Stockbridge Howland, i Topsham, aho amakoraniro yakunda kubera ico gihe. Iryo yerekwa ni ryo rivugwa mu gitabu Ivyanditswe vya Mbere, aho yabonye ubuturo bwera n’ibikoresho vyabwo, igihe c’amakuba, abera bahunga bava mu bisagara, ababi babakikuje, ugukizwa kwabo kw’ijwi ry’Imana, yubile, ukuza kw’Umwami mw’igare ryo mu bicu, n’ibindi. Vyoba vyiza twihweje bimwe mu vyo yakora n’umubiri wiwe igihe yari muri iryo yerekwa.
GSAM 244Bibiliya nyinshi zakoreshejwe mw’iyerekwa
GSAM 244.3Ku wa 19 Nzero 1890, Madamu Frances Lunt (umukobwa wa S. Howland) yambwiye ati:
GSAM 244.3“Ku ruhande rumwe rw’icumba amakoraniro yaberamwo hari imeza yariko ibitabu bitari bike vy’ubwoko butandukanye, harimwo na Bibiliya nyinshi z’ubunini busanzwe. Igihe Madamu White yari mw’iyerekwa, yarahagurutse, aja kuri iyo meza, atora Bibiliya adakoze ku kindi gitabu. Yayifashe izinguye hejuru y’umutwe wiwe n’ukuboko kw’ibubamfu, urutoke rwo kwerekana rwo ku kuboko kw’iburyo na rwo rwerekeza ku murongo w’Ivyanditswe yariko aravuga, ahagaze imbere y’umuntu uwo murongo wari ugenewe; hanyuma ashira ico gitabu kizinguye ku gikiriza c’uwo muntu yari ahagaze imbere ariko aramubwira uwo murongo. Agarutse ku meza, yatoye iyindi Bibiliya, avuga uwundi murongo w’Ivyanditswe muri ubwo buryo nyene, maze ashira iyo Bibiliya izinguye ku gikiriza c’uwo muntu yariko arabwira. Ivyo yabigiriye abantu bashika nka batandatu; hanyuma, n’ukwifata neza, aricara ku ntebe, kandi ico gihe cose amaso yiwe yaguma araba hejuru, ataraba muri ico gitabu.”
GSAM 245.1Kuri ivyo Madamu Truesdail avuga ati:
GSAM 245.1“Nari aho [muri Ndamukiza 1847] igihe Mushiki wacu White yaja ku meza agatora Bibiliya imwe hanyuma iyindi mu bitabu vyari kuri iyo meza, agashira Bibiliya ku gikiriza c’umuntu yari afitiye umurongo w’Ivyanditswe. Ivyo yabikora amaso yiwe araba hejuru mw’ijuru. Ico gihe yafashe Bibiliya hejuru y’umutwe wiwe ariko arambwira; hanyuma ayishira ku gikiriza canje. Umurongo nahawe wari 2 Ab’i Korinto 6:17.”4
GSAM 245.2Mw’ikete rya Madamu Frances Lunt, aratanga amazina y’abantu batatu bari aho ico gihe, bashizweko Bibiliya igihe Madamu White yababwira ivyerekeye umurongo umwe wese yari agenewe; kandi muri ayo mazina harimwo irya Madamu Truesdail.
GSAM 245Igikorwa ca mbere cakorerwa mu bizera ukugaruka kwa Kristo
GSAM 245.3Igikorwa c’Umwigeme Harmon, ayobowe n’ingabire y’ubuhanuzi, kuva muri Nzero 1845 gushika mu gihe c’ugusubira gutoha kw’ibiti co mu 1846, amezi hafi cumi n’umunani, cakorerwa mu ‘bizera’ ko ukuza kwa Kristo kuri hafi, abo yari asanzwe afatanya na bo. Inyuma y’iherezo ry’imisi 2300 (ku wa 22 Gitugutu 1844), abizera bari mu kaga ko gutwarwa n’ivyiyumviro vy’ibinyoma, canke guheba rwose ivyo bari baraciyemwo mu kwizera, gushika batahuye icatumye bacika intege n’ingene ivyabaye ico gihe vyari bimeze. Ubutumwa yababwira bwari ubu: ‘Inkubiri yo mu gihe caheze yari iy’Imana. Mugumye ukwizera kwanyu mushikamye. Umwami aracafitiye igikorwa abantu biwe. Mwige Bibiliya. Mwihweze Ijambo, muzobona umuco.’
GSAM 245.4Iyo nyigisho irahuye n’umugambi w’Umwami. Umugambi wiwe wamye ari uko ubutumwa bwiwe budasanzwe agenera abantu biwe bukurwa mw’Ijambo ryiwe igihe cabwo kigeze, hanyuma ingabire y’ubuhanuzi igaca iza ‘ubwa kabiri,’ kugira ngo ikomeze abizera kandi ibubake.
GSAM 246.1Akarorero kagaragaza neza ivyo tubona mu vyabaye kuri Koruneliyo, nk’uko vyanditswe mu gitabu c’Ivyakozwe n’intumwa. Umumarayika w’Imana yaramubonekeye, amuha iyerekwa ari mu nzu yiwe bwite. Uwo mumarayika yari azi neza ukuri kw’ubutumwa bwiza, kandi yari gushobora kukwigisha Koruneliyo; ariko yatumwe gukorera uwari umuragwa w’agakiza, mu guha Koruneliyo iyerekwa. Yaramukuye amazinda ko amasengesho yiwe no kwiyegurira Imana vyiwe vyari vyemewe n’Umwami. Ntiyamubwiye ubutumwa bwiza, ariko yamubwiye gusa gutumako Petero, yari acumbitse kwa Simoni, uwatunganya insato, i Yopa. Petero yaraje, abwira Koruneliyo ubutumwa bwiza bwa Kristo abukuye mu Vyanditswe.
GSAM 246Ikibanza c’ingabire y’ubuhanuzi
GSAM 246.2Aha vyoba vyiza twihweje urutonde izo ngabire ziserukiramwo, nk’uko Umwami yarwerekanye mw’Ijambo ryiwe. Paulo arabivuga mw’ikete yandikiye Ab’i Korinto, aho avuga ati: “Imana yashize bamwe mw’ishengero: ubwa mbere intumwa, ubwa kabiri abavugishwa na yo.”5
GSAM 246.3Iyo twihweje ivyo iyo ntumwa yavuze ku bijanye n’isano riri hagati y’izo ngabire mu gikorwa c’ubutumwa bwiza, duca tubona igituma urwo rutonde rukurikizwa. Mu kugereranya izo ngabire, Paulo avuga ati: “Ni co gituma indimi ari ikimenyetso, atari ku bizera, ariko ku batizera; ariko kuvugishwa n’Imana si ukw’abatizera, ni ukw’abizera.”6 Urutonde rw’Umwami ni uko ubutumwa bwiwe budasanzwe agenera isi bukurwa mw’Ijambo ryiwe; ni co gituma avyurira abantu kwihweza Ivyanditswe no kugenda ari intumwa, baremerewe n’ubutumwa bw’Umwami, bakabwamamaza babukuye muri Bibiliya, yo yagiye irageragezwa mu bihe vyinshi kandi ikaguma ishikamye. Iyo abizera babonetse, ingabire y’ubuhanuzi iza ‘ubwa kabiri,’ igashitsa uruhara rwayo “kugira ngo abera batunganywe, kugira ngo igikorwa co gukorera Imana gikorwe, no kugira ngo umubiri wa Kristo wubakwe.”7